ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 55
  • Ni bande amazina yabo yanditse mu “gitabu c’ubuzima”?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni bande amazina yabo yanditse mu “gitabu c’ubuzima”?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Izina ryawe ryoba riri mu “gitabu c’ubuzima”?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Ivyiza bizozanwa n’Umusi w’urubanza w’Imana!
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Woba wanditswe mu “gitabu c’icibutso” c’Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 55

Ni bande amazina yabo yanditse mu “gitabu c’ubuzima”?

Inyishu Bibiliya itanga

“Igitabu c’ubuzima,” icitwa kandi “umuzingo w’ubuzima” canke “igitabu c’icibutso,” kirimwo amazina y’abantu bafise icizigiro co kuzoronka ingabirano y’ubuzima budahera. (Ivyahishuwe 3:5; 20:12; Malaki 3:16) Imana ihitamwo ayo mazina yisunze ukuntu umuntu yayigamburukiye adahemuka.—Yohani 3:16; 1 Yohani 5:3.

Imana yagumye yibuka abasavyi bayo bose b’intahemuka kuva “kw’ishingwa ry’isi,” nk’aho amazina yabo yoba yanditse mu gitabu. (Ivyahishuwe 17:8) Wa mugabo w’umwizigirwa Abeli biboneka ko ari we wa mbere izina ryiwe ryanditswe muri ico gitabu c’ubuzima. (Abaheburayo 11:4) Ico gitabu c’ubuzima si urutonde gusa rw’amazina, ahubwo kiratwereka ko Yehova ari Imana y’inyarukundo ‘izi abayo.’—2 Timoteyo 2:19; 1 Yohani 4:8.

Hoba hari amazina ashobora guhanagurwa muri ico “gitabu c’ubuzima”?

Egome. Ku bijanye n’abantu bagambarara bo muri Isirayeli ya kera, Imana yavuze iti: “Uwancumuyeko wese, ni we nzohanagura mu gitabu canje.” (Kuvayo 32:33) Ariko nitwaba abizigirwa, tuzoguma mu “muzingo w’ubuzima.”—Ivyahishuwe 20:12.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika