ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwex ikiganiro 6
  • Barishuye mu bwitonzi abapadiri barakaye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Barishuye mu bwitonzi abapadiri barakaye
  • Inkuru z’ivyabaye
  • Ivyo bijanye
  • Ivyiza biriko birava ku gukoresha ka kantu k’amapine kw’isi yose
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • Murazi aho twabarondereye?
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017
  • Ukwizera Gukomeye kw’Umugabisha w’Ingabo
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Nubumvirize, ubamenye, kandi ubagaragarize impuhwe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
Inkuru z’ivyabaye
ijwex ikiganiro 6
Umupadiri yarakaye ariko arasanzaza ibitabu biri ku kantu bashirako ibitabu. Umugabo n’umugore b’Ivyabona vya Yehova barahagaze batekanye

Barishuye mu bwitonzi abapadiri barakaye

Artur ni umwe mu bavukanyi bagendera amashengero y’Ivyabona vya Yehova muri Arumeniya (ari bo bitwa abahagarikizi b’imizunguruko). Igihe yariko aragendera ishengero rimwe ryo muri Arumeniya, yasanze ritari bwatangure kwamamaza ku mugaragaro, ubwo akaba ari uburyo bwo kwamamaza hakoreshejwe utuntu bashirako ibitabu. Kugira bakangurire abandi kwamamaza muri ubwo buryo, Artur, umugore wiwe Anna hamwe n’uwundi muvukanyi yitwa Jirayr barateretse mu gasagara kamwe akantu bashirako ibitabu, bagashira ahaca abantu benshi.

Abahita ntibatevye gushimishwa, kandi baraza gutora ibitabu. Ariko rero, n’abarwanya Ivyabona ntibatanzwe. Abapadiri babiri baregereye ako kantu bashirako ibitabu, umwe muri bo aca agatera umugere atabanje no kubaza. Yaciye akubita Artur ikofe mu maso, amarori yiwe akorokera hasi. Artur, Anna na Jirayr baragerageje gutururuza abo bapadiri ariko ntacavuyemwo. Abo bapadiri baciye bahonyanga ako kantu ko gushirako ibitabu bongera barasanza ibitabu. Baciye batuka ivyo Vyabona vya Yehova maze baragenda.

Artur, Anna hamwe na Jirayr baciye bitwara ku biro vy’igipolisi vyo ngaho, baravuga ivyabaye bongera barabwira ivyerekeye Bibiliya abapolisi bamwebamwe hamwe n’abahakorera. Mu nyuma abapolisi baciye batwara Artur, Anna na Jirayr mu biro kwa komiseri. Mu ntango komiseri yashaka gusa kumenya ivyabaye. Ariko aho yumviye ko Artur yakubiswe ikofe ntiyihore kandi ari umugabo yugaye, yaciye ahagarika kubaza ivyabaye atangura kubaza ivyo Ivyabona bemera. Uzi n’amakuru: bamaze amasaha ane bariko barayaga. Komiseri yarashimye cane ivyo bamubwiye aca arinamura ati: «Mbega idini ryiza! Numva naje norijamwo.»

Artur na Anna basubiye kwamamaza ku mugaragaro

Artur na Anna

Bukeye bwaho Artur yarasubiye kwamamaza ku mugaragaro. Umugabo umwe yari yabonye ivyaraye bibaye yaramwegereye, aramukeza kubera yagumye atekanye kandi ntiyihore. Yavuze kandi ko ivyo yabonye vyatumye icubahiro yari afitiye abapadiri gihera.

Ku mugoroba, komiseri yaratumyeko Artur ku biro vy’igipolisi. Aho kumubaza ivya ya ngorane yabaye, yamubajije ibindi bibazo bijanye na Bibiliya. Hari n’abandi bapolisi babiri baje kwumviriza ico kiganiro.

Ku musi ukurikira Artur yarasubiriye kuja kwa komiseri aramwereka amavidewo yacu ashingiye kuri Bibiliya. Komiseri yarahamagaye abapolisi ngo baze kuraba iyo videwo.

Inyifato mbi y’abo bapadiri yatumye abantu benshi bumviriza inkuru nziza ari bwo bwa mbere, baraheza babona mu buryo bwiza Ivyabona vya Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika