ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yb17 rup. 130-131
  • Murazi aho twabarondereye?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Murazi aho twabarondereye?
  • Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017
  • Ivyo bijanye
  • Barishuye mu bwitonzi abapadiri barakaye
    Inkuru z’ivyabaye
  • Itunga ryamaze ibinjana rinyegeye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Nariboneye ivyo Bibiliya ivuga!
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017
  • Urukundo nyakuri ntirwigera runanirwa
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017
Ibindi
Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017
yb17 rup. 130-131

JEWOROJIYA

Murazi aho twabarondereye?

Artur Gerekhelia

  • YAVUTSE 1956

  • YABATIJWE 1991

  • IVYIWE MURI MAKE Haheze amezi umunani gusa abatijwe, yarahevye inzu yiwe n’urudandaza rwamuronsa amahera menshi, aja gukorera ahakenewe abamamaji.

Artur Gerekhelia

NAHERUKA kubatizwa igihe abakurambere bambaza ko noshima kwagura umurimo. Kw’igenekerezo rya 4 Rusama 1992, naritavye inama idasanzwe yari igenewe abipfuza kwimukira ahakenewe abamamaji. Bukeye, jewe n’uwo twari gukorana twarimukiye hafi y’ikivuko c’i Batumi, mu karere ka Ajaria.

Umusi natangura kwamamaza i Batumi, umutima ntiwari mu nda. Naribajije nti: ‘Mbega yemwe ndabihera he?’ Naratangajwe n’ingene umugore natanguye kuganiriza yavyakiriye. Nagiye numva ambwira ati: “Mwari he? Murazi aho twabarondereye?” Yari ashashaye kumenya vyinshi ku vyerekeye Ivyabona ku buryo bukeye yaciye atangura kwiga Bibiliya!

Imbere y’uko tuja i Batumi, twari twaronse aderese z’abantu baho bashimishijwe. Kubera ko tutari tumenyereye ico gisagara, twaza turabaza inzira abo duhuye. Benshi nta co badufashije kuko amazina y’amabarabara nka yose yaheruka guhinduka, ariko barashimishwa n’ubutumwa twabashikiriza. Mu misi mikeyi twari dusigaye twigisha Bibiliya imigwi y’abantu bari hagati ya 10 na 15.

Haheze amezi ane gusa dushitseyo, abantu barenga 40 baritaba amakoraniro badahorereza. Twaribaza duti: ‘Aba bantu bose ni nde azosigara arabitwararika?’ Ariko kubera indyane zari hagati y’igisirikare ca Jeworojiya n’abagomba ko akarere ka Abkhazia kigenga, abantu bose bo mw’ishengero nahozemwo barimukiye i Batumi. Ku musi umwe gusa, ishengero ririmwo abakurambere n’abatsimvyi bazi utuntu n’utundi ryari rivutse!

Abantu bariko barigira hamwe Bibiliya
    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika