ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbv ikiganiro 46
  • 1 Abakorinto 10:13: «Imana ni iyo kwizigirwa»

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 1 Abakorinto 10:13: «Imana ni iyo kwizigirwa»
  • Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico mu 1 Abakorinto 10:13 hasobanura
  • Amakikuro ya 1 Abakorinto 10:13
  • Dutsinde Ubugoyagoye bwa Muntu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Wonanira gute inyosha mbi?
    Be maso!—2014
  • Kugeragezwa
    Be maso!—2017
  • ‘Kugira ngo ntimuje mu mosha mabi’
    Mwame Mugavye!
Ibindi
Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
ijwbv ikiganiro 46

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

1 Abakorinto 10:13​—“Imana ni iyo kwizigirwa”

«Nta kigeragezo cabashikiye kidasanzwe gishikira abandi. Ariko Imana ni iyo kwizigirwa, ntizoreka ngo mugeragezwe n’ibirenze ivyo mushobora kwihanganira. Mugabo ikigeragezo nicashika, izobacira inzira kugira mushobore kucihanganira.»​—1 Abakorinto 10:13, Bibiliya y’isi nshasha.

«Nta cabagerageje kitar’ic’umuntu yoshobora kwihanganira: arikw’Imana n’iyo kwizigirwa, ntizobakundira ko mugeragezwa n’ibiruta ivyo mushobora, ariko hamwe n’ikibagerageza, izobacira icanzo, kugira ngo mubone ingene mushobora kucihanganira.»​—1 Abakorinto 10:13, Bibiliya Yera.

Ico mu 1 Abakorinto 10:13 hasobanura

Uwo murongo werekana kamere nziza cane Imana ifise, na yo akaba ari ukwizigirwa. Abasavyi b’Imana barashobora kwizigira ko izobafasha canecane igihe bari mu ngorane canke mu bigeragezo.

«Nta kigeragezo cabashikiye kidasanzwe gishikira abandi.» Abasavyi b’Imana boshobora kwoshwa gukora ikintu kitayihimbara. Naho ivyo bigeragezo bitoroshe, ni ibisanzwe kubera ko usanga abantu benshi barabiciyemwo.a Rero abasavyi b’Imana barashobora kwemera badakeka ko na bo nyene bashobora kwihanganira ivyo bintu.

«Imana ni iyo kwizigirwa.» Yehovab Imana ni uwo kwizigirwa. Yama nantaryo ashitsa umuhango atanga w’uko atazokwigera aheba abamukunda kandi baguma ari intahemuka kuri we bakongera bakamugamburukira. (Gusubira mu vyagezwe 7:9; Zaburi 9:10; 37:28) Ni yo mpamvu abamusenga bashobora kwizigira yuko azoshitsa kandi umuhango uremesha atanga mu gice gikurikira c’uwo murongo.

«Ntizoreka ngo mugeragezwe n’ibirenze ivyo mushobora kwihanganira.» Imana ni iyo kwizigirwa ku buryo itareka ngo umuntu ashikirwe n’ibigeragezo bikomeye cane adashobora kwihanganira. Irazi ivyo umwumwe wese mu basavyi bayo ashoboye n’ivyo adashoboye.​—Zaburi 94:14.

«Ikigeragezo nicashika, izobacira inzira kugira mushobore kucihanganira.» Imana irashobora gukuraho ikigeragezo canke ikaronsa abasavyi bayo ikintu cose bakeneye kugira ngo bacihanganire. Nk’akarorero, irashobora kudufasha ibicishije ku mpwemu yayo nyeranda, ku ndemesho turonka muri Bibiliya, canke ku yindi mfashanyo iyo ari yo yose duhabwa n’abo dusangiye ukwizera.​—Yohani 14:26; 2 Abakorinto 1:3, 4; Abakolosayi 4:11.

Amakikuro ya 1 Abakorinto 10:13

Uwo murongo uri mw’ikete intumwa Pawulo yandikiye abakirisu bo mw’ishengero ry’i Korinto. Muri iryo kete Pawulo yanditse, mu kuburira Abakorinto yakoresheje akarorero k’ivyabaye ku Bisirayeli ba kera. (1 Abakorinto 10:11) Pawulo aravuga ibintu bitari bike vyagerageje Abisirayeli, ushizemwo ugusenga ibigirwamana n’ubusambanyi. (1 Abakorinto 10:6-10) Bamwebamwe muri bo baraguye kubera ivyo bigeragezo. Pawulo akoresheje ako karorero, aributsa abakirisu yuko badakwiye kwiyizigira birenze biyumvira yuko batokwigera bagwa kubera ikigeragezo. (1 Abakorinto 10:12) Ariko rero, arabahumuriza akoresheje amajambo ari mu 1 Abakorinto 10:13. Abasavyi b’Imana b’intahemuka barashobora gutsinda ikigeragezo ico ari co cose.

Nusome 1 Abakorinto ikigabane ca 10 muri Bibiliya y’isi nshasha. Iyo Bibiliya irakoresha imvugo yoroshe gutahura kandi irimwo insiguro y’amajambo, ivyanditswe vy’inyongera biri ku mubari be n’ikarata.

Raba iyi videwo ngufi yerekana incamake y’igitabu ca 1 Abakorinto.

a Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “ikigeragezo” rishobora kwerekeza ku nyosha mbi canke ku ngorane.

b Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo «Yehova ni nde?»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika