INGENE INTERERANO MUTANGA ZIKORESHWA
Ukuntu umusesekara wa bamwe wuzuriza ugukehanirwa kw’abandi
1 GITUGUTU 2020
Ivyabona vya Yehova bararangura ibikorwa bijanye n’idini hamwe n’ivyo gutabara mu bihugu birenga 200. Ariko ibihugu nka 35 muri vyo ni vyo vyonyene vyikwije ku buryo bishobora kuronka intererano zihagije ku bw’ibikorwa vyose biharangurirwa. None amahera akoreshwa mu bihugu bikenye na yo aboneka gute?
Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova irihweza ivyo Ivyabona bo hirya no hino kw’isi bakeneye kugira basenge Yehova bongere bamamaze inkuru nziza. Barategekanya bitonze ingene amahera atangwa azokoreshwa gutyo bigakunda ko bayakoresha neza. Igihe ibiro vy’ishami bironse amahera y’intererano arengeye ayo bikeneye, bica bitanga ayarengako ngo akoreshwe mu bihugu bitaronse ayakwiye. Ivyo birahuye n’ivyo abakirisu ba kera bagira, bano bakaba baruzurizanya kugira habe “ukunganya.” (2 Abakorinto 8:14) Abafise vyinshi barakoresha umusesekara wabo mu kwuzuriza ugukehanirwa kw’abafise bike.
None abavukanyi baronse intererano zasagutse ku bindi biro vy’amashami biyumva gute? Nk’akarorero muri Tanzaniya, abarenga ica kabiri c’abanyagihugu babeshejweho n’amahera y’amarundi adashika 4.000 ku musi. Rero mwene izo ntererano zarakoreshejwe mu gusanura Ingoro y’Ubwami ikoreshwa n’ishengero rya Mafinga. Iryo shengero ryanditse riti: “Kuva Ingoro y’Ubwami isanuwe, abantu baza ku makoraniro barongerekanye cane. Turakengurukira cane ishirahamwe rya Yehova be n’abavukanyi bacu bo kw’isi yose kubera ugutanga kwabo, kuko batumye turonka ahantu heza cane ho gusengera.”
Bamwe mu bavukanyi bacu bo muri Sri Lanka baratewe n’ubukene bw’ibifungurwa bivuye kuri iki kiza ca korona. Bamwe muri bo ni Imara Fernando n’agahungu kiwe Enosh. Ariko bivuye ku ntererano zavuye mu bindi bihugu, bararonse ivyo bakeneye. Mu gakarata banditse, bavuze bati: “Turakengurukira abavukanyi batugaragarije urukundo muri ibi bihe bitoroshe. Turahimbawe cane no kuba turi muri uwu muryango, kandi tuguma dusaba Yehova ko yobandanya gufasha abavukanyi bacu bose muri iyi misi y’iherezo.”
Imara na Enosh Fernando
Abavukanyi na bashiki bacu, aho boba baba hose, bama biteguriye gusangira n’abandi ivyo bafise. Nk’akarorero, Enosh yarakoze agasandugu gatoyi aza arabikamwo amahera kugira azoyatange ngo afashe abari mu nkenero. Guadalupe Álvarez na we nyene aragaragaza agatima ko gutanga nk’ako nyene. Aba mu gace ka Megizike kabamwo abantu usanga baronka uduhera duke canke mbere bakabura. Yamara, aratanga intererano uko ashoboye kwose. Yandika ati: “Ndakengurukira Yehova ku bw’ukumera neza kwiwe be n’urukundo rwiwe rudahemuka. Ndazi ko intererano ntanga zizokwongerwa ku zo abandi batanga, maze zifashe abavukanyi banje bafise ivyo bakeneye.”
Ibiro vy’amashami bimwebimwe birarungika amahera ahari inkenero. Uwitwa Anthony Carvalho wo muri Komite y’ishami rya Brezile avuga ati: “Mu myaka itari mike iheze, kugira ngo igikorwa cacu kirangurwe mu gihugu cacu, vyasaba ko turonka intererano zivuye ahandi. Bivuye kuri izo ntererano, twariboneye iyongerekana ritangaje. Ubu ibijanye n’ubutunzi vyarahindutse, rero turafise agateka ko gufasha abandi. Abavukanyi bacu bo muri Brezile barabona ibiriko birarangurwa mu gikorwa co kwamamaza kw’isi yose, maze bakiyumvira ico bokora kugira bafashe.”
None uburyo bwiza kuruta Ivyabona vya Yehova bakoresha mu gufasha abavukanyi babo bari mu nkenero ni ubuhe? Umuntu ntarungika amahera ku biro vy’ishami vyo mu gihugu kanaka, ahubwo ayatanga nk’intererano ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Iyo ntererano ayishira mu gasandugu ko ku Ngoro y’Ubwami kanditseko ngo “Igikorwa kirangurirwa kw’isi yose” canke akayitanga biciye kuri donate.jw.org. Turakenguruka cane izo ntererano.