-
Ezekiyeli 41:7Bibiliya y’isi nshasha
-
-
7 Ku vyumba vyo mu mbavu hagenda haraguka hongera higonda amaduga, kuko akayira kagenda kazunguruka ka nya nzu kagenda karaduga irya n’ino muri iyo nzu+. Ni co gituma kuri nya nzu hagenda haraguka amaduga, kandi uwuvuye mw’igorofa yo hasi yarashobora kuduga mw’igorofa yo hejuru+, aciye mw’igorofa yo hagati.
-