ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 7/13 rup. 4-5
  • Ingene wofata umwana akunda kwishavuza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene wofata umwana akunda kwishavuza
  • Be maso!—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • INGORANE
  • Niwigishe umwana kugamburuka
    Be maso!—2015
  • “Imashini ifasha kwiga ifise ubushobozi kuruta ibindi bintu vyose biriho”
    Be maso!—2011
  • Kwigumya
    Be maso!—2019
  • Kurera Abana Kuva Bakiri Bato Rwose
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
Ibindi
Be maso!—2013
g 7/13 rup. 4-5

ICOFASHA UMURYANGO | KURERA ABANA

Ingene wofata umwana akunda kwishavuza

INGORANE

Iyo umwana wawe w’imyaka ibiri ashavuye, aca atangura kubarenza urwamo, akadidagura amaguru hasi, agata amaguru n’amaboko. Uribaza uti: ‘Ubwo umwana wanje arakomeye? Hoba hari ikintu nkora nabi gituma ashavura? Yoba azoteba akabiheba?’

Urashobora gufasha umwana wawe w’imyaka ibiri guhindura iyo nyifato. Ariko rero, banza urimbure ibishobora kuba bituma yishavuza.

IKIBITERA

Abana batoyi usanga bibagora kwigumya. Ico kintu conyene kirashobora gutuma baza barishavuza. Ariko rero hariho n’ibindi.

Zirikana ihinduka riba igihe umwana aba afise imyaka nk’ibiri. Kuva akivuka, abavyeyi biwe bagumye bitaho ivyo akeneye vyose. Nk’akarorero, arize, abavyeyi biwe baca birukanga kumuraba. Baribaza bati: ‘Yoba arwaye? Yoba akeneye kwonka, guhendagizwa, canke guhindurirwa ivyahi?’ Nta co abavyeyi batakora ngo ibintu bigende neza. Kandi ivyo vyari bibereye kuko muri ico kiringo umwana akenera abavyeyi biwe muri vyose.

Ariko rero, iyo umwana afise imyaka nk’ibiri, aratangura kubona ko abavyeyi biwe bagenda baragabanya ukuntu bamwitaho. Nkako, ah’uko abavyeyi baguma bakora ivyo umwana ashaka, baba biteze ko nya mwana ahuza n’ivyo bobo bashaka. Ayo mahinduka, uwo mwana yoshobora kutayakira neza akabanza kunana, kumbure mu kuza arishavuza.

Uko haca igihe, umwana arahava agatahura yuko abavyeyi biwe batajejwe gusa kumukorera ivyo akeneye, ariko kandi ko bajejwe kumutoza indero. Vyongeye, hari aho yohava agatahura ko abwirizwa ‘kugamburukira abavyeyi biwe.’ (Abakolosayi 3:20) Ariko imbere y’uko umwana abitahura, yoshobora kugerageza abavyeyi biwe kugira ngo arabe aho bageza kwihangana, ivyo akabigira mu kuza arishavuza.

ICO WOKORA

Nube umuntu atahura. Umwana aguma ari umwana. Kuba bimugora kwigumya, vyoshobora gutuma arenza urugero igihe hagize ikimushavuza. Nugerageze kwishira mu kibanza ciwe.​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: 1 Abakorinto 13:11.

Nugume utekanye. Igihe umwana wawe yishavuje, guca ushavura nawe nta co bifasha. Uko bishoboka kwose, numere nk’uwuvyirengagiza ntutwarwe n’agashavu. Kwibuka igituma umwana wawe yishavuza bizogufasha kuguma utekanye.​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 19:11.

Ntumworohere. Igihe umwana yishavuje ugaca umwemerera ico agusavye, vyoshobora gutuma ikindi gihe abigenza ukwo nyene. Ukoresheje ubugwaneza, numwereke ko utihindukiza mw’ijambo.​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Matayo 5:37.

Kwibuka igituma umwana wawe yishavuza bizogufasha kuguma utekanye

Niwihangane. Ntiwitege ko umwana wawe azoca ubwo nyene aheba ivyo kwishavuza, canecane mu gihe wamaze kumwereka ko iyo yishavuje uca umukorera ivyo ashaka. Ariko rero, igihe uvyifatamwo neza kandi ntube mahindagu, vyoshobora gutuma ataza arishavuza kenshi. Amaherezo, azobiheba. Bibiliya ivuga iti: “Urukundo ruriyumanganya.”​—1 Abakorinto 13:4.

Gerageza n’ibi bikurikira:

  • Niwabona umwana wawe atanguye kwishavuza, uraca umuterura umufate mu maboko (nimba bishoboka) gutyo umubuze guta amaguru n’amaboko utarinze kumubabaza. Ntumukankamire. Nurindire aturure. Azoteba atahure ko kwishavuza ata ho bimushikana.

  • Nurondere ahantu woshira umwana wawe igihe atanguye kwishavuza. Numubwire yuko aza kuvaho niyaturura, uce umusiga ng’aho.

  • Igihe yishavuje muri mu bantu, nuce umujana ahiherereye. Ntuce umworohera ngo ni uko muri mu bantu. Niwamworohera, bizotuma aca abona ko kwishavuza bituma aronka ico ashaka cose.

IVYANDITSWE NYAMUKURU

  • “Nkir’umwana mutoya, navuga rwana, niyumvira rwana, nibgira rwana.”​—1 Abakorinto 13:11, Bibiliya Yera.

  • “Ugutahura kwimbitse kw’umuntu ntikubura guhwamika ishavu ryiwe.”​—Imigani 19:11.

  • “Ijambo ryanyu Ego niribe Ego, Oya yanyu ibe Oya.”​—Matayo 5:37.

NTUBE MAHINDAGU!

“Ndatwengera mu mutima igihe cose numvise umuvyeyi yidoga avuga ko umwana wiwe ‘adashobora kwemera ko amwankira ikintu kanaka.’ Bintwenza kuko ayo majambo yama ahishura ahanini ukuntu uwo muvyeyi ameze, aho guhishura ukuntu uwo mwana ameze. Iyo umwana adashobora kwemera ko abavyeyi bamwankira ikintu kanaka, akenshi usanga nya bavyeyi batigera bamwankira vy’ukuri ico ashaka. Si ukuvuga ko bakimwankiye atovyemera, ahubwo akwiye kubona ko ata mvo afise zo kutavyemera.”​—Vyavuzwe na John Rosemond, mu gitabu ciwe New Parent Power!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika