ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 90
  • Vyoba ari ngombwa ko umuntu aja mw’idini?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Vyoba ari ngombwa ko umuntu aja mw’idini?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Bibiliya ibivugako iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Idini
    Be maso!—2014
  • Vyoba bikenewe ko uba uri mw’idini kanaka?
    Be maso!—2012
  • Noba nkwiye kuja mw’idini?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 90
Abantu bahuriye hamwe kugira basenge

Vyoba ari ngombwa ko umuntu aja mw’idini?

Inyishu Bibiliya itanga

Ego cane, kuko Imana igomba ko abantu bakoranira hamwe kugira bayisenge. Bibiliya ivuga iti: “Twiyumvirane kugira tuvyuriranire ugukundana n’ibikorwa vyiza, tudaheba kwa gukoranira hamwe kwacu.”​—Abaheburayo 10:24, 25.

Yezu yarerekanye ko abigishwa biwe bobaye bagize umugwi utunganijwe neza igihe yababwira ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.” (Yohani 13:35) Ikintu nyamukuru bokoze mu kwerekana urwo rukundo kwobaye ukwifatanya n’abo basangiye ukwemera. Bobaye bagabuye mu migwi yitwa amashengero, abagize buri mugwi bakaza barahurira hamwe kugira basenge. (1 Abakorinto 16:19) Bose hamwe bobaye bagize umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose.​—1 Petero 2:​17.

Kuba uri mw’idini gusa ntibihagije

Naho Bibiliya yigisha ko abantu bakwiye gukoranira hamwe kugira basenge Imana, ntiyigisha ko kuba umuntu ari mw’idini vyonyene bihagije kugira ahimbare Imana. Kugira yemerwe n’Imana, ategerezwa kubaho yisunga ivyo yigishwa mw’idini. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga iti: “Insengo [canke idini] ityoroye kandi idahumanye ku Mana yacu ikaba na Data ni iyi: kwitaho impfuvyi n’abapfakazi mu makuba yabo, no kuguma wirinze ntutosekazwe n’isi.”​—Yakobo 1:​27.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika