ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 91
  • Kubera iki hari amadini menshi y’abakirisu?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki hari amadini menshi y’abakirisu?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Ni bande ari abakirisu b’ukuri?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Idini imwe y’ukuri y’abakirisu si umugani
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Gereranya ivyo wemera n’ivyo Bibiliya yigisha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Woshobora Gute Kumenya Idini y’Ukuri?
    Ni Ibiki Imana Idusaba?
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 91
Amasengero y’amadini atandukanye ya gikirisu

Kubera iki hari amadini menshi y’abakirisu?

Inyishu Bibiliya itanga

Abantu barakoresheje inyigisho za Yezu Kristu mu gushinga amadini atandukanye y’abakirisu. Ariko rero, Bibiliya yerekana ko hariho idini ry’abakirisu ry’ukuri rimwe gusa. Raba imvo zitatu gusa zemeza ico kintu.

  1. Yezu yavuze ko yigishije “ukuri,” kandi abakirisu bo mu ntango babona ko idini ryabo ari iry’“ukuri.” (Yohani 8:32; 2 Petero 2:2; 2 Yohani 4; 3 Yohani 3) Ivyo birerekana ko abigisha inyigisho ziteye kubiri n’iza Yezu batari mw’idini ry’ukuri.

  2. Bibiliya yigisha abakirisu iti: “Mwese muvuge rumwe.” (1 Abakorinto 1:10) Ariko rero, amadini menshi y’abakirisu ntavuga rumwe ku bijanye n’ico bisobanura kuba Umukirisu. Ayo madini yose ntashobora kuba ari ay’ukuri.​—1 Petero 2:21.

  3. Yezu yari yaravuze ko abantu benshi bokwiyise abakirisu kandi batagamburuka amategeko yiwe. Yavuze kandi ko atokwemeye abantu nk’abo. (Matayo 7:21-23; Luka 6:46) Abantu bamwebamwe bohenzwe n’abigisha b’amadini bonona ugusenga kw’ukuri kugira bironderere inyungu zabo bwite. (Matayo 7:15) Ariko rero, hari n’abandi bohisemwo kuja mw’idini kanaka ry’abakirisu kubera ko bobwiwe ivyo bashaka kwumva aho kubwirwa ukuri kwo muri Bibiliya.​—2 Timoteyo 4:3, 4.

Mu kigereranyo Yezu yatanze c’ingano n’icatsi kibi, yaravuze ko ubukirisu bw’ukuri bworwanijwe cane. (Matayo 13:24-30, 36-43) Hociye igihe kirekire bitoroha gutandukanya abakirisu b’ukuri n’abakirisu b’ikinyoma. Nk’uko Yezu yari yarabivuze, ivyo vyobaye intumwa zimaze gupfa. (Ivyakozwe 20:29, 30) Naho inyigisho z’ikinyoma zishobora kuba atari zimwe, amadini atandukanye ya gikirisu “[y]arataye ukuri” buhere.​—2 Timoteyo 2:18.

Yezu yaravuze kandi ko amaherezo itandukaniro riri hagati y’abakirisu b’ukuri n’abakirisu b’ikinyoma ryokwibonekeje. Ivyo vyabaye muri iki gihe cacu, igihe c’“insozero y’ivy’isi.”​—Matayo 13:30, 39.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika