Ijambo rya Yehova ni rizima
Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Itanguriro—1
“IGITABU c’Itanguriro cigana ukuntu ivyo mu kirere vyabayeho, ukuntu isi yateguwe kugira ngo umuntu ayibeko be n’ukuntu vyagenze ngo umuntu ayibeko”. Musa yandikiye ico gitabu mu bugaragwa bw’i Sinayi, kumbure akaba yakirangije mu 1513 B.G.C.
Igitabu c’Itanguriro kiratubwira ivyerekeye isi y’imbere y’Umwuzure, ivyabaye mu kiringo c’inyuma y’Umwuzure be n’uburyo Yehova Imana yafashe Aburahamu, Isaka, Yakobo na Yozefu. Iki kiganiro kiraca irya n’ino ibikurubikuru vyo mw’Itanguriro 1:1–11:9, na canecane gushika igihe Yehova yatangura kugiranira imigenderanire n’umwe sokuruza Aburahamu.
ISI Y’IMBERE Y’UMWUZURE
Amajambo atangura mw’Itanguriro, ari yo y’aya ngo “ubga mbere na mbere”, yerekeza ku myaka amamiliyaridi n’amamiliyaridi yo muri kahise. Ivyabaye mu “misi” itandatu y’irema, ni ukuvuga ibiringo ibikorwa vy’irema bidasanzwe vyamaze, bidondorwa nk’aho umuntu yari kubibona, iyo aza kuba ari ho ari kw’isi. Imisi itandatu igiye guhera, Imana yararemye umuntu. Naho Iparadizo itatevye gutakara bivuye ku kugambarara kw’umuntu, Yehova yaratanze icizigiro. Ubuhanuzi bwa mbere na mbere bwo muri Bibiliya buravuga ivy’“urubuto” (NW) rwokuyeho ingaruka z’icaha rukongera rugafyonyora Shetani mu mutwe.
Mu binjana 16 vyakurikiye, Shetani yarashoboye kwonkora ku Mana abantu bose uretse abizerwa bakeyi, nka Abeli, Henoki na Nowa. Nk’akarorero, Kayini yaragandaguye mwenewabo Abeli w’umugororotsi. ‘Kwambaza izina rya Yehova vyaratanguye’, bikaba biboneka ko vyagirwa mu buryo bubi. Mu kugaragaza agatima k’ubukazi ko muri ico gihe, Lameki yaratunganije icese kivuga ukuntu yishe umusore umwe yitwaza ngo yariko yivuna. Ibintu vyarunyutse igihe abana b’Imana ari bo bamarayika b’abagambarazi bafata abakobwa bakabagira abagore babo hanyuma bakavyara ibigatanya vy’inkazi vyiswe Abanefili. Yamara, umwizerwa Nowa yarubatse ubwato, hanyuma abigiranye umutima rugabo araburira abantu ivy’Umwuzure wari wimirije, maze we n’umuryango wiwe bararokoka isangangurwa.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
1:16—Imana yashoboye gute kuzana umuco ku musi wa mbere w’irema nimba ibitangamuco bitari bwakorwe gushika ku musi ugira kane? Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “gukora” (NW) mu murongo wa 16 si kimwe n’iryakoreshejwe kw’ijambo ‘kurema’ rikoreshwa mw’Itanguriro ikigabane ca 1, umurongo wa 1, uwa 21 be n’uwa 27. “Ijuru” ririmwo ibitangamuco, ryaremwe kera cane imbere y’uko “umusi wa mbere” unatangura. Mugabo, umuco vyatanga ntiwashika kw’isi. Ku musi wa mbere, ‘umuco warabayeho’ kubera yuko umuco watoboye ibicu, uraheza uboneka kw’isi. Isi rero yaciye itangura kuzunguruka kuri yo, bituma ijoro n’umurango bikurakuranwa (Itanguriro 1:1-3, 5). Aho uwo muco wakomoka hagumye hataboneka kw’isi. Ariko rero, mu kiringo kigira kane c’irema, harabaye ihinduka riboneka. Izuba, ukwezi be n’inyenyeri ico gihe vyarakozwe kugira ngo ‘vyakire isi’ (Itanguriro 1:17). ‘Imana yatanguye kubikora’ (NW) mu buryo bw’uko umuntu yashobora kubibona ari kw’isi.
3:8—Yehova Imana yoba ari we yivuganiye na Adamu? Bibiliya ihishura yuko igihe Imana yavugana n’abantu akenshi yabicisha ku mumarayika (Itanguriro 16:7-11; 18:1-3, 22-26; 19:1; Abacamanza 2:1-4; 6:11-16, 22; 13:15-22). Umuvugizi w’Imana mukuru yari Umwana wayo w’ikinege, yitwa “Jambo” (Yohana 1:1). Birashoboka rwose ko Imana yavuganye na Adamu na Eva ibicishije kuri “Jambo”.—Itanguriro 1:26-28; 2:16; 3:8-13.
3:17—Ni mu buhe buryo isi yavumwe, kandi yavumwe ku bw’igihe kingana gute? Umuvumo wavumwe isi washaka kwerekana yuko ico gihe kuyirima vyocitse ibigoye cane. Ingaruka z’iyo si yavumwe, ushizeko imikere be n’ibitovu vyari kuri yo, zarashitse ku bakomoka kuri Adamu ku buryo bw’uko Lameki se wa Nowa yavuze ivy’“[u]butame bg’amaboko yacu bute[rwa] n’iri vu Uhoraho yavumye” (Itanguriro 5:29). Inyuma y’Umwuzure, Yehova yarahezagiye Nowa n’abahungu biwe, aravuga umugambi yari afise w’uko buzura isi (Itanguriro 9:1). Umuvumo Imana yavumye isi biboneka ko wakuweho.—Itanguriro 13:10.
4:15—Ni mu buhe buryo Yehova ‘yashizeho ikimenyetso ku bwa Kayini’ (NW)? Bibiliya ntivuga yuko hari ikimenyetso cashizwe ku mubiri wa Kayini mu buryo na bumwe. Ico kimenyetso biboneka ko ryari itegeko ntabanduka ryari rizwi n’abandi kandi baryubahiriza, rifise intumbero yo kubuza ko yicwa bivuye ku kwihora.
4:17—Ni hehe Kayini yakuye umugore? Adamu ‘yavyaye abahungu n’abakobwa’ (Itanguriro 5:4). Ku bw’ivyo rero, Kayini yatwaye umwe muri bashikiwe canke kumbure umwe muri bishwawe kibure mu bakobwabo aba umugore wiwe. Mu nyuma, Ivyagezwe Imana yahaye Abisirayeli ntivyemera ko haba ukwabirana kwa gishiki na gisaza bo mu buryo bw’umubiri.—Abalewi 18:9.
5:24—Ni mu buhe buryo Imana ‘yajanye Henoki’? Biboneka ko Henoki yari mu kaga k’urupfu, mugabo Imana ntiyamuretse ngo acumukuzwe n’abansi biwe. Intumwa Paulo yanditse ati: ‘Henoki yarajanywe ngo ntabone urupfu’ (Abaheburayo 11:5). Ivyo ntibisobanura yuko Imana yamujanye mw’ijuru, aho yobandanirije kuba. Yezu ni we yabaye uwa mbere yaduze mw’ijuru (Yohana 3:13; Abaheburayo 6:19, 20). Ivy’uko Henoki ‘yajanywe ngo ntabone urupfu’ bishobora kuba vyerekana yuko Imana yamushize mu ndoto y’ivyo kwerekwa hanyuma irangiza ubuzima bwiwe akiri muri iyo mero. Muri ico gihe, Henoki ntiyacumukuye canke ngo ‘abone urupfu’ arutejwe n’abansi biwe.
6:6—Ni mu buhe buryo bishobora kuvugwa ko Yehova ‘yicujije’ kubona yararemye umuntu? Ngaha, ijambo ry’igiheburayo rihindurwa ngo ‘yaricujije’ rifitaniye isano no guhindura inyifato canke intumbero. Yehova aratunganye, gutyo rero ntiyihenze mu kurema umuntu. Ariko rero, yarahinduye inyifato yo mu muzirikanyi ku bijanye n’iyaruka ry’imbere y’Umwuzure ryakora ikibi. Imana yarahinduye inyifato yo kuba Umuremyi w’abantu, icika uwubasangangura kubera yuko itahimbawe n’ubukozi bw’ikibi bwabo. Kuba yarazigamye abantu bakeyi birerekana yuko yicujije gusa ku bw’abantu bari baracitse inkozi z’ikibi.—2 Petero 2:5, 9.
7:2—Ni igiki cakoreshwa nka ryo shimikiro ryo gutandukanya ibikoko bidahumanye n’ibihumanye? Biboneka yuko ico bishimikiza mu kubitandukanya cari kijanye n’ikoreshwa ry’ibimazi mu gusenga, ariko si ku vyashobora kuribwa canke kutaribwa. Inyama z’ibikoko ntizari mu vyo umuntu yari asanzwe afungura imbere y’Umwuzure. Ukwita imfungurwa ko “zidahumanye” canke “zihumanye” (NW) vyaje kubaho gusa mu gihe c’Ivyagezwe vya Musa, hanyuma birangira igihe ivyo Vyagezwe vyakurwaho (Ivyakozwe 10:9-16; Abanyefeso 2:15). Biboneka yuko Nowa yari azi ibibereye gutangwako ikimazi mu gusenga Yehova. Amaze kuva mu bwato, yaciye “yubakira Uhoraho igicaniro, yābīra mu bitungano vyose no mu bikōko vyose bi[dahumanye], no mu biguruka vyose bi[dahumanye], abitangira kur’ico gicaniro kw ibimazi vyo kwoswa”.—Itanguriro 8:20.
7:11—Amazi yatumye haba Umwuzure ukwiye kw’isi yose yavuye hehe? Mu kiringo canke umusi ugira kabiri w’irema, igihe “itāzānure” ry’isi ryashirwaho, hariho amazi “musi y’itāzānure” no “hejuru yaryo” (Itanguriro 1:6, 7). Amazi yo “musi” ni amazi yari asanzwe ari kw’isi. Amazi yo “hejuru” wari umwuka w’amazi ukanye mwinshi cane wari hejuru y’isi, ukaba wari ugize “ibenga amahero ry’amazi” (NW). Ayo mazi yaraguye kw’isi yo mu gihe ca Nowa.
Ivyigwa tuhigira:
1:26. Kubera yuko abantu baremwe mw’ishusho y’Imana, barafise ubushobozi bwo kugaragaza kamere z’Imana. Turakwiye vy’ukuri gutsimbataza kamere nk’urukundo, imbabazi, ubuntu, kumera neza be n’ukwihangana, zigaragazwa n’umwe yaturema.
2:22-24. Umubano w’ababiranye ni indinganizo y’Imana. Ubucuti bwo mu mubano w’ababiranye bwamaho kandi ni bweranda, umugabo akaba ari we mutwe w’umuryango.
3:1-5, 16-23. Ubuhirwe buva ku kwemera icese ubusegaba bwa Yehova mu buzima bwacu bwite.
3:18, 19; 5:5; 6:7; 7:23. Ijambo rya Yehova ryama nantaryo riranguka.
4:3-7. Yehova yarahimbawe n’ishikanwa rya Abeli kubera yuko yari umuntu agororotse afise ukwizera (Abaheburayo 11:4). Kayini wewe, nk’uko ibikorwa vyiwe bivyerekana, ntiyari afise ukwizera. Ibikorwa vyiwe vyari bibi, bikaba vyarangwa n’ishari, urwanko be n’ubwicanyi (1 Yohana 3:12). Vyongeye, ashobora kuba yitwararika buhoro ishikanwa yatanga kandi akaba yarishikana gusa mu buryo bwo kwikurayo. Ibimazi vyo gushemeza dushikanira Yehova, ntibikwiye none gutanganwa umutima wose kandi tukabitanga dufise agatima kabereye n’inyifato igororotse?
6:22. Naho Nowa vyamutwaye imyaka myinshi kugira ngo yubake ubwato, yakoze ibintu nyene Imana yari yaramutegetse. Ku bw’ivyo rero, Nowa n’umuryango wiwe bararokotse Umwuzure. Yehova avugana natwe biciye kw’Ijambo ryiwe ryanditse kandi agatanga ubuyobozi abicishije kw’ishirahamwe ryiwe. Gutega yompi no kugamburuka ni ku bw’ineza yacu.
7:21-24. Yehova ntarandurana abagororotsi n’abanyakibi.
UMURYANGO W’ABANTU WINJIRA MU KIRINGO GISHASHA
Isi y’imbere y’Umwuzure imaze gukurwaho, umuryango w’abantu warinjiye mu kiringo gishasha. Abantu barahawe uburenganzira bwo kurya inyama mugabo bahabwa itegeko ryo kwirinda kurya amaraso. Yehova yararekuye ivy’uko uwishe acirwa urwo gupfa yongera arashiraho isezerano ry’umunywamazi, asezerana ko atazokwigera asubira kuzana Umwuzure. Abahungu batatu ba Nowa ni bo umuryango wose w’abantu wakomotseko, mugabo umwuzukuruza wiwe Nimurodi yacitse ‘umuhigi w’agahebuza arwanya Yehova’. Aho gukwiragira kw’isi ngo bayibeko, abantu bahisemwo kwubaka igisagara ciswe Babeli be n’umunara kugira ngo biheshe izina rya rurangiranwa. Imigambi yabo yarapfuye igihe Yehova yayoberanya indimi zabo hanyuma akabasabagiza mw’isi yose.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
8:11—Nimba ibiti vyarayogejwe n’Umwuzure, inuma yakuye hehe akababi kabisi k’umwelayo? Hari ibintu bibiri bishoboka. Kubera yuko umwelayo ari igiti gishinga imizi kikaguma, gishobora kuba caragumye munsi y’amazi mu kiringo c’amezi nk’angahe mu gihe c’Umwuzure. Amazi y’Umwuzure amaze kugabanuka, igiti c’umwelayo cari cararengewe n’amazi carongeye kuboneka kw’isi, hanyuma kirashobora gusubira gutoha. Ka kababi k’umwelayo ya numa yazanira Nowa ishobora kuba yagakuye ku muvyaro mushasha wakuze amazi y’Umwuzure amaze kugabanuka.
9:20-25—Ni kubera iki Nowa yavumye Kanani? Birashoboka rwose ko hari ibintu biteye isoni Kanani yakoze kuri sekuru wiwe Nowa. Naho Hamu se wa Kanani yabibonye, nta co yagize ngo abibuze mugabo biboneka ko yakwiragije iyo nkuru. Ariko rero, abandi bahungu babiri ba Nowa, ari bo Shemu na Yafeti barapfutse se wabo. Barahezagiwe ku bw’ivyo, ariko Kanani we yaravumwe, Hamu na we arahabonera bivuye kw’izina ribi ryagiye ku ruvyaro rwiwe.
10:25—Isi ‘yagabanganijwe’ gute mu gihe ca Pelegi? Pelegi yabayeho guhera mu 2269 gushika mu 2030 B.G.C. “Mu gihe ciwe” ni ho Yehova yatumye haba ukwigabanganya guhambaye mu kuyoberanya imvugo y’abariko bubaka Babeli no mu kubasabagiza kw’isi yose (Itanguriro 11:9). Ukwo ni ko ‘isi, ari bo bantu baba kuri yo, yagabanganijwe’ mu gihe ca Pelegi.
Ivyigwa tuhigira:
9:1; 11:9. Nta kintu na kimwe gitegurwa n’umuntu canke akigoro na kamwe agira bishobora gutangira umugambi wa Yehova.
10:1-32. Inkuru zibiri z’urukurikirane rw’imiryango zikikuje inkuru y’Umwuzure, ni ukuvuga iziri mu kigabane ca 5 n’ica 10, zirerekana ubucuti umuryango wose w’abantu ufitaniye na wa muntu wa mbere Adamu biciye ku bahungu batatu ba Nowa. Abashuri, Abakaludaya, Abaheburayo, Abasiriya be n’imiryango imwimwe y’Abarabu, bakomoka kuri Shemu. Abanyetiyopiya, Abanyamisiri, Abanyakanani be n’imiryango imwimwe y’Abanyafirika n’Abarabu, bakomoka kuri Hamu. Abahindi b’Abanyaburaya bakomoka kuri Yafeti. Abantu bose barafitaniye ubucuti, kandi bose barangana imbere y’Imana (Ivyakozwe 17:26). Ukwo kuri gutegerezwa kugira ico gukoze ku kuntu tubona abandi be no ku kuntu tubafata.
Ijambo ry’Imana rirafise ububasha
Igice ca mbere c’igitabu c’Itanguriro ni co kirimwo inkuru yonyene itagira agakosa ya kahise ka kera k’umuntu. Muri ico gihimba, turatahura umugambi Imana yari ifise mu gushira umuntu kw’isi. Ese ukuntu bisubiriza umutima mu nda kubona ata twigoro na tumwe tw’umuntu, nka tumwe twa Nimurodi, dushobora kubuza ishitswa ryawo!
Uko ugira ugusoma Bibiliya kw’umushamvu mu kwitegurira Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi, ukurimbura ivyavuzwe mu gice kivuga ngo “Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe” kuzogufasha gutahura imwimwe mu mirongo yo mu Vyanditswe itoroshe. Amajambo ari ahavuga ngo “Ivyigwa tuhigira” azokwereka ukuntu ushobora kwungukira ku gusoma Bibiliya kw’umushamvu. Igihe bibereye, birashobora kandi kuba mu gihimba c’ibikenewe iwanyu mw’Ikoraniro ry’umurimo. Ijambo rya Yehova ni rizima koko kandi rirashobora kugira ububasha mu buzima bwacu.—Abaheburayo 4:12.