Inkuru y’ubuzima
Twarahezagiwe cane kubera twagumanye agatima k’ubumisiyonari
NK’UKO VYAVUZWE NA TOM COOKE
Urwamo rw’inkoho rwarahungabanije giturumbuka umuhingamo wari utekanye. Amasasu yaranyurangana mu biti vyo mu busitani bwacu. Hariko haba iki? Bidatevye, twaramenye ko hari habaye itembagazwa ry’ubutegetsi kandi yuko Ubuganda bwari bwifatiwe na Jenerali Idi Amin. Aho hari mu 1971.
KUBERA iki twe n’umukenyezi wanje Ann twavuye mu Bwongereza hasa n’ahari amahoro tukaja muri ico gice ca Afirika kidatekanye? Nsanzwe ndi umuntu akunda gutembera, mugabo akarorero k’abavyeyi banje b’abanyamwete mu gikorwa c’Ubwami ni ko ahanini katumye ngira agatima k’ubumisiyonari.
Ndibuka umusi hari hashushe muri Myandagaro 1946, igihe abavyeyi banje bayaga n’Ivyabona vya Yehova ari bwo bwa mbere. Bahagaze imbere y’umuryango maze bayaga n’abo bashitsi babiri mu mwanya wasa n’uko ari amasaha n’amasaha. Abo bashitsi ari bo Fraser Bradbury be na Mamie Shreve baragarutse akatari gake, maze mu mezi yakurikiye ubuzima bw’umuryango wacu bwarahindutse rwose.
Akarorero k’uburindutsi k’abavyeyi banje
Abavyeyi banje baragira uruhara mu bikorwa vyinshi vyo mu kibano. Nk’akarorero, gatoyi imbere y’uko batangura kwiga Bibiliya, inzu yacu yari imanitswemwo amafoto ya Winston Churchill. Mu gihe c’amatora yabaye inyuma y’intambara, inzu yacu yarakoreshejwe bwa kibanza nyamukuru Komite y’umugambwe w’abakonserevateri yahuriramwo. Umuryango wacu kandi wari uzinanye n’abantu bakomakomeye mw’idini no mu kibano. Naho ico gihe nari mfise imyaka icenda gusa, narabonye ko incuti zacu zababaye igihe zamenya yuko tugomba gucika Ivyabona vya Yehova.
Akarorero Ivyabona twifatanya bagaragaza k’ugukora n’umutima wose no kuba intatinya katumye abavyeyi banje bagira umwete mu gikorwa co kwamamaza. Bidatevye, dawe yarashikiriza insiguro aheru akoresheje icuma congereza amajwi mu gice nyamukuru c’ubudandaji c’i Spondon ari co kigwati twabamwo, mu gihe twebwe abana twahagarara ahantu habona dushize hejuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!. Mvugishije ukuri, igihe abana twajana kw’ishure banyegereye, numva umenga isi yotuma imira.
Akarorero k’abavyeyi banje katumye mushikanje mukuru Daphne atangura ubutsimvyi. Mu 1955, yaritavye rya Shure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower hanyuma arungikwa mu Buyapani gukorerayo ari umumisiyonaria. Ariko rero, mushikanje mutoyi Zoe yarahevye gusukurira Yehova.
Muri ico gihe, narangije amashure yanje mu kwiga ivyo gushushanya be n’ivyo gucapa. Muri iyo misi, ikibazo cari gishushe mu bo twigana, cari ico kuja mu bikorwa vyo gukunda igihugu. Igihe nababwira yuko ntashobora kubijamwo bivuye ku vyo nizera, babifashe nk’aho ari ukujajura. Ico kibazo carandonkeje akaryo ko kugiranira ibiganiro vyinshi bishingiye kuri Bibiliya n’abanyeshure bamwebamwe. Bidatevye, naciriwe umunyororo w’amezi 12 kubera yuko nanse kuja mu gisoda. Umwe mu banyeshure bo kuri iryo shure ry’ivy’ugucapa yagaragaje ugushimishwa n’ubutumwa bwo muri Bibiliya, yahavuye aba umugore wanje. Mugabo, reka ndeke Ann abibwirire ukuntu yamenye ukuri.
Ann amenya ukuri
“Umuryango wanje ntiwakunda ivy’idini, kandi nta dini na rimwe nari narabatijwemwo. Mugabo, narashaka kumenya ivy’idini kandi naja mw’isengero iyo ari yo yose abagenzi banje bajamwo. Nashimishijwe na Bibiliya igihe numviriza ibiganiro bishwangamura Tom n’ikindi Cabona bagiranye n’abanyeshure biga kw’ishure. Igihe Tom na nya Cabona kindi bajanwa mw’ibohero kubera banse kuja mu gisoda, vyarambabaje.
“Narabandanije guhanahana amakuru na Tom igihe yari mw’ibohero, maze ndushiriza gushimishwa na Bibiliya. Igihe nimukira i Londres kugira ngo mbandanye amashure, naremeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya na Muriel Albrecht. Muriel yari yarakoreye muri Esitoniya ari umumisiyonari, kandi we na nyina wiwe barambera isoko ry’indemesho. Mu ndwi nkeyi, naritaba amakoraniro kandi ngahagarara ku gituro c’amagariyamoshi citwa Victoria ntanga Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!.
“Nitaba amakoraniro mw’ishengero rya Southwark ryo mu Bumanuko bwa Londres. Ryari rigizwe n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bo mu vy’impwemu baturuka mu bihugu bitandukanye, abenshi muri bo bakaba bari bafise uburyo buke mu vy’umubiri. Naho batari banzi, bamfashe nk’aho ndi uwo muri bo. Urukundo rwarangwa muri iryo shengero ni rwo mu vy’ukuri rwanjijuye yuko ukwo kwari ukuri, ndaheza mbatizwa mu 1960”.
Amahangiro yaguma ari ya yandi naho ibintu vyari vyifashe ukundi
Twubakanye na Ann amaja mu mpera z’umwaka wa 1960, kandi twari dufise ihangiro ryo kwinjira mu murimo w’ubumisiyonari. Mugabo ivyacu vyarahindutse igihe twamenya yuko twari tugiye kuvyara umwana. Agakobwa kacu Sara kamaze kuvuka, twe na Ann twagumye dufise icipfuzo co gusukurira mu gihugu, aho abamamaji b’Ubwami bari bakenewe kuruta ahandi. Narasavye akazi mu bihugu bitari bike, maze amaherezo muri Rusama mu 1966, haza ikete rivuye mu bushikiranganji bw’Indero bwo mu Buganda ryemeza ko nari naronse ikibanza. Ariko rero, ico gihe Ann yari afise imbanyi y’umwana wacu agira kabiri. Bamwebamwe baribajije mbere nimba iciyumviro cacu co kwimukira ahandi cari ikiranga ubukerebutsi. Twarabajije umuganga wacu, akaba yatubwiye ati: “Nimba mugomba kugenda, mutegerezwa gufata indege imbere y’uko imbanyi y’umukenyezi wawe ishikana amezi indwi”. Ku bw’ivyo, twaciye tuja mu Buganda tudatebaganye. Ivyo vyatumye abavyeyi bacu badakubita ijisho agakobwa kacu kagira kabiri kitwa Rachel gushika gashikanye imyaka ibiri. Ubu turi nyokuru na sokuru, turatahura tukongera tugakenguruka bimwe vyuzuye agatima ko kwitanga abavyeyi bacu bakundwa bagize.
Ugushika mu Buganda mu 1966 cari ikintu giteye umunezero kikaba n’ikintu giteye ubwoba. Turiko twururuka tuva mu ndege, twaciye twumva turyohewe n’amabara yaho. Yarakayangana cane. Inzu twashikiyemwo yari iri hafi y’igisagara gitoyi ca Iganga, na co kikaba cari nko ku bilometero 50 uvuye i Jinja, igisagara kiri kw’isoko ry’Uruzi Nili. Ivyabona baba hafi cane yacu, wari umugwi uri ukwa wonyene w’i Jinja. Abamisiyonari Gilbert Walters n’umugore wiwe Joan be na Stephen Hardy n’umugore wiwe Barbara ni bo bitwararika uwo mugwi. Naciye nsaba kwimukira gukorera i Jinja kugira ngo nshobore gusahiriza neza uwo mugwi. Gatoyi inyuma y’aho Rachel avukiye, twarimukiye i Jinja. Ngaho, twaragize umunezero wo gusukura turi kumwe n’umugwi mutoyi w’Ivyabona b’abizerwa gushika urinde ucika ishengero rigira kabiri mu Buganda.
Dusukura uko tugize umuryango mu ndimiro yo mu mahanga
Twe na Ann tubona ko twashoboye gucagura ahantu heza ho gutungira umuryango wacu. Twaragize agahimbare ko gukorana n’abamisiyonari bo mu bihugu bitandukanye no gusahiriza iryo shengero ryari rikivuka kugira ngo rikure. Twarashima kuba kumwe n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bacu b’Abaganda, abama batugendeye kenshi. Stanley Makumba n’umugore wiwe Esinala baraturemesha bimwe bidasanzwe.
Ariko rero, abavukanyi si bo bonyene batugendera, kubera yuko twari dukikujwe n’ibikoko bitangaje bitandukanye. Imvubu zarava mu Ruzi Nili mw’ijoro, hanyuma zikagendagenda hafi y’inzu yacu. Ndacibuka neza igihe twari dutunze mu busitani isato ipima imetero 6. Rimwe na rimwe, twaraja kuraba ibikoko mu gutembera mu maparike yavyo, aho intare n’ibindi bikoko vyitemberera ata co vyinona.
Mu busuku, twaratamarirwa n’abantu bo ngaho batari bwigere babona agapusipusi basunikamwo abana. Uko twagenda inzu ku nzu, kenshi utwana twaradukikuza. Abantu baratwitegereza n’icubahiro cinshi maze bagakora kuri ako kana k’akazungu. Ugushinga intahe cari ikintu gihimbaye kubera yuko abantu baho bari n’urupfasoni rwinshi. Twiyumvira yuko umuntu wese yoje mu kuri kubera yuko vyari vyoroshe cane gutanguza inyigisho za Bibiliya. Ariko rero, abenshi vyarabagoye guheba imigenzo idashingiye ku Vyanditswe. Naho ari ukwo, abatari bake barakurikiye ingingo mfatirwako ziri hejuru za Bibiliya zijanye n’inyifato runtu kandi n’ishengero rirongerekana. Iteraniro ryacu ry’umuzunguruko rya mbere ryabereye i Jinja mu 1968 ryari ikintu c’intibagirwa. Ukubatizwa mu Ruzi Nili kwa bamwebamwe mu bo twari twariganye Bibiliya ni ikintu ciza kitava mu bwenge. Mugabo amahoro yacu yari agiye guhungabana.
Ukubuzwa kwabaye ikigeragezo gisaba ukwizera n’amayeri
Mu 1971, Jenerali Idi Amin yarafashe ubutegetsi. Hari akajagari i Jinja, kandi mu gihe twariko turihereza igikombe c’icayi mu busitani bwacu ni ho bimwe navuga mu ntango vyaba. Mu myaka ibiri yakurikiye, Abanyaziya benshi barirukanywe. Abanyamahanga benshi bahisemwo kwigira, hanyuma amashure n’amavuriro birahabonera. Maze haciye haba itangazo rikaze ry’uko Ivyabona vya Yehova babujijwe. Kubera ukwitwararika umutekano wacu, urwego rujejwe Indero rwatwimuriye mu gisagara c’umurwa mukuru ari co Kampala. Ukwo kwimuka kwabaye ngirakamaro mu buryo bubiri. Ntitwari tuzwi cane muri Kampala, ku bw’ivyo rero twari dufise umwidegemvyo mwinshi wo gutembera. Hariho kandi vyinshi vyo gukora mw’ishengero no mu busuku bwo mu ndimiro.
Brian Wallace n’umugore wiwe Marion be n’abana babo babiri ivyabo vyari vyifashe nk’ivyacu, kandi na bo nyene bahisemwo kuguma mu Buganda. Twaraninovoye cane ukuba kumwe na bo igihe twasukurira mw’ishengero rya Kampala muri ico gihe kigoye. Inkuru twari twarasomye zerekeye abavukanyi bacu basukurira mu bihugu aho igikorwa kibujijwe, ico gihe zabaye indemesho idasanzwe kuri twebwe. Twikoranya mu migwi mitomito, kandi rimwe mu kwezi, twaragira imitororokano mininiminini mu busitani bw’ibiti bw’i Entebbe, tukayigira nk’aho ari umusi mukuru. Abakobwa bacu babona ko ico ari ikintu ciza utoraba.
Twategerezwa kwiyubara ku bijanye n’ukuntu tuja mu gikorwa co kwamamaza. Abazungu bagendeye Abaganda vyari guca bikwega rwose amaso y’abantu. Ku bw’ivyo rero, amamangazini, inyubakwa z’uburaro be n’ibigo vya kaminuza ni vyo vyacitse icibare cacu. Uburyo bumwe nakoresha mu mamangazini kwari ukubaza ikintu naba nzi ko kitakiboneka, nk’isukari canke umuceri. Igihe umudandaza yerekanye ko ababajwe n’ivyariko biraba mu gihugu, naca ntangura kuvuga ubutumwa bw’Ubwami. Ubwo buryo bwaragenda neza. Rimwe na rimwe, nava mu mangazini ntemerewe kuzogaruka vyonyene, ariko kandi ndonse n’agakama gatoyi k’ibintu bitari bikiboneka.
Muri ico gihe, ubukazi bwariko bwaduka hirya no hino. Kubera yuko imigenderanire hagati y’Ubuganda n’Ubwongereza yari yarushirije kwononekara, abategetsi ntibemeye ko nsubira gutera kontara. Mu 1974 rero, inyuma y’imyaka umunani twari tumaze mu Buganda, hari hageze ko natwe dusezera abavukanyi bacu tutabishaka. Yamara, agatima kacu k’ubumisiyonari ntikayamye.
Twimukira muri Nouvelle-Guinée
Muri Nzero 1975, twararonse akaryo ko gukorera muri Papouasie-Nouvelle-Guinée. Gutyo tuba dutanguye imyaka umunani y’umurimo uteye umunezero muri ako karere ka Pasifike. Ubuzima twagize turi kumwe n’abavukanyi be no mu ndimiro bwari n’ico buvuze kandi bwaramara akanyota.
Ikiringo twamaze muri Papouasie-Nouvelle-Guinée umuryango wacu wibuka ko cari igihe c’ibikino, ni ukuvuga ibikino bishingiye kuri Bibiliya. Uko umwaka utashe, twarajamwo mu gutegura ibikino ku bw’ihwaniro ry’intara, kandi urazi ukuntu vyatwenza! Twarinovora ukuba kumwe n’imiryango myinshi yitwararika ivy’impwemu, kandi iyo miryango yaragize akosho keza ku bakobwa bacu. Umukobwa wacu mukuru Sara yubakanye n’umutsimvyi adasanzwe yitwa Ray Smith maze barasukura bari kumwe ari abatsimvyi badasanzwe hafi y’urubibe rwa Irian Jaya, ubu ikaba ari intara yo muri Indoneziya yitwa Papouasie. Baba mu kazu k’ivyatsi ko mu kigwati caho, kandi Sara avuga yuko igihe yamaze muri ico gikebere kwabaye ukumenyerezwa kudasanzwe kuri we.
Tumenyera ibintu bihindagurika
Ico gihe abavyeyi banje bari bakeneye ukwitwararikwa kwiyongereye. Aho kuba ari twebwe dusubira mu Bwongereza, abavyeyi banje baremeye kuza kubana natwe, hanyuma twese turimuka tuja muri Ositaraliya mu 1983. Baramaranye kandi igihe gitoyi na mushikanje Daphne yari akiri mu Buyapani. Abavyeyi banje bamaze gupfa, twe na Ann twarafashe ingingo yo kwinjira mu murimo w’ubutsimvyi busanzwe, ivyo bikaba vyatumye nshikira agateka nasanze katoroshe na gato.
Ni ho twari tugitangura ubutsimvyi igihe twatumirwa kuja mu gikorwa c’umuzunguruko. Kuva mu bwana, nabona ukugenderwa n’umucungezi w’umuzunguruko ko ari igihe kidasanzwe. Ico gihe hoho ni je nari umucungezi w’umuzunguruko. Ico gikorwa cabaye igikorwa kigoye kuruta ibindi vyose twari tumaze gukora gushika ico gihe mu buzima bwacu, ariko Yehova yaguma adufasha mu buryo tutari bwigere tubona.
Mu gihe c’urugendo rwa zone umuvukanyi Theodore Jaracz yagize muri Ositaraliya mu 1990, twaramubajije ko yoba abona yuko dushaje birenze ku buryo tutosukurira mu mahanga turi mu gikorwa c’igihe cose. Yavuze ati: “Mubona gute amazinga ya Salomo?”. Amaherezo, igihe twe na Ann twari tugeze mu myaka 50, twaragiye mu cahavuye kiba igikebere cacu ca mbere c’ubumisiyonari turungitswemwo n’ishirahamwe.
Dusukurira mu “mazinga ahimbawe”
Amazinga ya Salomo azwi ko ari amazinga ahimbawe kandi umurimo twaharanguriye mu myaka mirongo wabaye koko igihe c’agahimbare. Twe na Ann twariboneye umutima mwiza w’abavukanyi n’abavukanyikazi bo mu mazinga ya Salomo uko nakora ndi umucungezi w’intara. Ubwakiranyi twagaragarijwe bwaradukoze ku mutima kandi umuntu wese yaratahura cane utwigoro nagira two gusigura ibintu mu gipijini co mu mazinga ya Salomo niyumvira ko cemewe, na rwo rukaba ari rumwe mu ndimi zifise amajambo agenga ururimi make abaho mw’isi.
Hashize igihe gitoyi dushitse mu mazinga ya Salomo, abaturwanya baragerageje kutubuza gukoresha Ingoro yacu y’Amateraniro. Idini ry’abangilikani ryaragirije Ivyabona vya Yehova, ryivugisha yuko igice c’Ingoro y’Amateraniro yacu nshasha y’i Honiara cari cubatswe mw’itongo ryabo. Ubutegetsi bwarashigikiye ivyo baturega, duca rero twungururiza urubanza muri Sentare Nkuru. Ivyovuye muri ukwo kwunguruza urubanza ni vyo vyokwerekanye nimba twari gusambura Ingoro y’Amateraniro yacu nshasha irimwo ibibanza 1.200.
Urubanza rwamaze indwi yose rwihwezwa muri sentare. Umushingwamanza yaburanira abaturwanya yarishimye igihe ivyo baturega vyashikirizwa. Maze, umushingwamanza wacu, na we akaba yari umuvukanyi Warren Cathcart ava muri Nouvelle-Zélande, akoresheje ivyiyumviro kimwekimwe ku kindi bisambura nya birego, yarabeshuje yongera ahindura ubusa kimwekimwe cose mu birego vy’abatuburanya. Ku wa gatanu, amakuru avuga ivyabereye muri sentare yari yakwiragiye gushika kure, kandi iyo sentare yari yuzuyemwo abanyacubahiro bo muri iryo dini, abategetsi be n’abavukanyi bacu bakirisu. Ndibuka ikosa ryari mw’itangazo rya sentare ryari rimanitswe ahashirwa amatangazo. Ryavuga ngo: “Ubutegetsi bw’amazinga ya Salomo be n’idini ryo muri Melaneziya biburanya Yehova”. Twaratahukanye intsinzi.
Ariko rero, umutekano wasa n’uwurangwa muri ayo mazinga ahimbawe ntiwomaze igihe kirekire. Twe na Ann twasubiye gusanga turi mu ruhagarara be n’ubukazi vyagizwe n’abasoda batembagaje ubutegetsi. Amahane ashingiye ku moko yatumye haba intambara y’abanyagihugu. Ku wa 5 Ruheshi 2000, intwaro yarasenyuwe, maze umurwa mukuru uca ugenzurwa n’abitwaje ibirwanisho. Mu kiringo c’imishamvu mikeyi, Ingoro yacu y’Amateraniro yahindutse ikibanza c’abateshejwe izabo. Abategetsi baratangaye kubona abavukanyi bacu bakirisu bo mu migwi idahuje ubwoko babana bagize umuryango umwe urangwa amahoro mu Ngoro y’Amateraniro. Ese ukuntu ivyo vyabaye intahe nziza!
Mbere n’abitwaje ibirwanisho barubahiriza impagararo y’Ivyabona vya Yehova yo kutagira aho bahengamiye. Ivyo vyatumye dushobora kujijura abakomanda kugira ngo bareke ibikamyo birimwo ibisohokayandikiro n’izindi mfashanyo bishikanwe ku mugwi mutoyi w’abavukanyi bari mu bibanza umuntu yashikamwo abanje guca ahari abarwanya ubutegetsi. Igihe twabona imiryango hari hashize amezi nk’angahe tutari kumwe, sinibaza ko hari uwo muri twebwe atakoroye amosozi.
Hariho ibintu vyinshi vyo gukenguruka
Tuzirikanye ku buzima twagize turi mu murimo wa Yehova, turafise vyinshi cane vyo gukenguruka. Bwa bavyeyi, twaragize umunezero wo kubona abakobwa bacu bompi be n’abanega babo Ray na John babandanya gusukurira Yehova ari abizerwa. Baradushigikiye vy’ukuri mu gikebere cacu c’ubumisiyonari.
Mu myaka 12 iheze, twe na Ann twaratewe agateka ko gusukurira ku biro vy’ishami vyo mu mazinga ya Salomo kandi muri ico gihe, twariboneye ukuntu igitigiri c’abamamaji b’Ubwami bo mu mazinga ya Salomo ciyongereyeko kabiri, gishika ku barenga 1.800. Mperuka guterwa akandi gateka ko kwitaba Ishure ry’abagize Komite y’ishami i Patterson muri New York. Mu vy’ukuri, twarinovoye ubuzima bumara akanyota burimwo imihezagiro myinshi kubera twagumanye agatima k’ubumisiyonari.
[Akajambo k’epfo]
a Raba ikiganiro kivuga ngo “Nous sommes toujours allés de l’avant” co mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Rusama 1977.
[Ifoto ku rup. 23]
Ku musi wacu w’ubugeni mu 1960
[Ifoto ku rup. 24]
Mu Buganda, Stanley Makumba n’umugore wiwe Esinala bari isoko ry’indemesho ku muryango wacu
[Ifoto ku rup. 24]
Sara ariko yinjira mu kazu k’ivyatsi k’umubanyi
[Ifoto ku rup. 25]
Narashushanya kugira nshobore kwigisha abantu bo mu mazinga ya Salomo
[Ifoto ku rup. 25]
Dukoraniye hamwe n’ishengero riri ukwa ryonyene mu mazinga ya Salomo
[Ifoto ku rup. 26]
Umuryango wacu muri iki gihe