Inkuru y’ubuzima
Ibintu bikeyi twahevye vyatumye duhezagirwa cane
NK’UKO VYAVUZWE NA GEORGE ALJIAN N’UMUKENYEZI WIWE ANN
Jewe n’umukenyezi wanje ntitwari bwigere twiyumvira yuko umusi uri izina twokwitiranije amajambo “umwigisha” n’“imbeba”. Ntitwari bwigere twiyumvira yuko nitwagera mu myaka 60 y’amavuka tuzoba turiko turazirikana ku ndome zanditswe mu buryo budasanzwe kugira ngo tuzoshobore kuganira n’abantu bava mu Buseruko bushira Ubumanuko. Yamara, ivyo ni vyo twe na Ann twagize mu mpera z’imyaka ya 1980. Nimudukundire tubiganire ingene ibintu bikeyi twahevye mu buzima vyadushikanye ku mihezagiro myinshi.
NAVUKIYE mu muryango ukomoka ku Banyarumeniya, nkaba nari mw’idini y’Abanyarumeniya. Ann yari mw’idini ya Gatolika y’i Roma. Twempi twaraciye kubiri n’ivyo twemera mu vy’idini igihe twubakana mu 1950. Ico gihe nari mfise imyaka 27, Ann na we 24. Twagiye kuba mu nzu yari hejuru y’iduka yanje yakorerwamwo ivyo guhanagura impuzu, yari mu gisagara ca Jersey, i New Jersey ho muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ico gihe, nari maze imyaka nk’ine nkora ako kazi.
Mu 1955, twaraguze inzu nziza cane ifise ivyumba bitatu mu gisagara ca Middletown co muri New Jersey. Iyo nzu yari nko ku bilometero 60 uvuye aho nakorera igikorwa canje, kuri iryo duka nkaba nahakorera imisi itandatu mu ndwi. Imisi yose nataha bwije. Akaryo konyene nari mfise ko kuvugana n’Ivyabona vya Yehova cari igihe baba baje kw’iduka yanje bakansigira ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya. Ivyo bisohokayandikiro nabisomana umushasharo mwinshi. Naho igikorwa nakora cantwara mwinshi mu mwanya wanje kikongera kikansaba ko ndacitwararika cane, naratsimbataje ukwubaha Bibiliya bimwe bigera ibwina.
Bidatevye, narubuye yuko insamirizi ya Watchtower ari yo WBBR yama isamiriza insiguro zishingiye kuri Bibiliya igihe naba ntwaye umuduga nja kw’iduka yanje n’igihe naba mvuyeyo. Narumviriza nitonze izo nsiguro, maze ugushimishwa kwanje kurarushiriza kwongerekana gushika n’aho nsaba Ivyabona ngo bangendere. Muri Munyonyo 1957, uwitwa George Blanton yarangendeye i muhira hanyuma turatangura kwigana Bibiliya.
Urugo rwacu rufatana mu nda mu gusenga gutyoroye
None ivyo vyose Ann yavyakiriye gute? Reka abibwirire ibimwerekeye muri iyi nkuru.
“Mu ntango, naramurwanya nivuye inyuma. Igihe George yaba ariko ariga Bibiliya, naramubuza amahoro cane gushika n’aho afata ingingo yo kuza arigira ahandi, ivyo akaba yarabigize mu kiringo c’amezi umunani. Muri ico gihe, George yaratanguye kwitaba amakoraniro ku musi w’iyinga ku Ngoro y’Ubwami. Aho ni ho naciye mbona yuko ata gufyina kwarimwo ku bijanye n’inyigisho ya Bibiliya yiwe kubera yuko uwo wari wo musi wonyene ataja ku kazi. Yamara, yagumye ari umunega mwiza akaba na sebibondo mwiza, eka mbere ararushiriza, ari co gituma naciye ntangura guhindura inyifato. Nkako, rimwe na rimwe igihe naba ndiko ndahanagura ameza twafatirako akayi, ata muntu ambona, naratora ikinyamakuru Be maso! George yama asiga ngaho maze nkagisoma. Ibindi bihe, George yaransomera ibiganiro vyo muri Be maso! bitaba bivuga ivy’idini mu buryo bududurirako, ariko vyibanda ku Muremyi.
“Umusi umwe ku mugoroba, igihe George yari yagiye kwigana Bibiliya n’umuvukanyi Blanton, naratoye igisohokayandikiro umwana wacu w’imyaka ibiri yitwa George yari yashize ku meza yari iruhande y’igitanda canje. Cavuga ivyerekeye icizigiro kihari ku bapfuye. Naho nari ndushe, naciye ndakijako ndagisoma kubera ko nyokuru yari aherutse gupfa, nkaba rero nari nihebuye cane. Ubwo nyene naciye mbona nongera ndatahura ukuri kwa Bibiliya kw’uko abapfuye batariko baracumukurira ahantu kanaka be n’uko bazosubira kuba bazima mw’izuka ryo muri kazoza. Igihe George yaza avuye kwiga Bibiliya, nari nicaye ku gitanda ndiko ndasomana umushasharo nongera nca imirongo ku vyiyumviro nashaka kumwereka.
“Umunega wanje vyaramugoye kwemera ko ndi wa wundi asanzwe azi. Igihe yasohoka aja kwiga, yasize ndi umuntu amurwanya, atashe asanga ndiko nigina ukuri kwa Bibiliya kw’akaroruhore nari namenye! Twagumye turi maso gushika inyuma y’igicugu. George yaransiguriye umugambi Imana ifitiye isi. Muri iryo joro nyene, naramubajije nimba bishoboka ko yoza arigira i muhira kugira ngo nshobore kwifatanya na we.
“Umuvukanyi Blanton yatugiriye inama y’uko n’abana boza baraza mu nyigisho yacu. Twiyumvira yuko bari bakiri bato cane, kubera ko umwe yari afise imyaka ibiri gusa uwundi na we ine gusa. Ariko rero, umuvukanyi Blanton yaratweretse mu Gusubira mu vyagezwe 31:12, ahavuga ngo: ‘Muze mukoranye abantu, abagabo n’abagore n’abana . . . , kugira ngo bavyumve, bavyige’ (Ni twe tubihiritse.). Twarakengurutse iyo nama turongera mbere turanatunganya ivy’uko abana boza baratanga insasanuro mu gihe c’iyo nyigisho ya Bibiliya. Twategurira hamwe insasanuro, mugabo ntitwigera na rimwe tubabwira ivyo baza kuvuga. Twibaza yuko ivyo vyafashije abana bacu kugira ukuri ukwabo. Tuzokwama nantaryo twibuka ubuyobozi umuvukanyi Blanton yaduhaye kugira ngo dufashe urugo rwacu gukura mu vy’impwemu”.
Ingorane zasaba ko tugira ivyo duhevye
Muri ico gihe twari dufatanye mu nda mu kwiga Bibiliya, twari dufise izindi ngorane twategerezwa gutorera umuti. Kubera yuko iduka yanje yari kure cane, akenshi nashika i muhira isaha zitatu zo mw’ijoro. Kubera ico, sinashobora kwitaba amakoraniro hagati mu ndwi, naho nyene nayitaba ku misi y’iyinga. Muri ico gihe Ann yaritaba amakoraniro yose kandi yariko atera imbere ningoga na ningoga. Na jewe nyene nashaka kuza nditaba amakoraniro yose nkongera nkarongora inyigisho y’umuryango iri n’akamaro. Nari nzi yuko nategerezwa kugira ivyo mpevye. Ni co gituma nafashe ingingo yo kugabanya amasaha nakoresha mu gikorwa canje, naho nari nzi yuko nshobora gutakaza bamwebamwe mu bakiriya banje.
Ivyo vyaragenze neza cane. Inyigisho y’umuryango twayifatana uburemere cokimwe n’ayandi makoraniro atanu yabera ku Ngoro y’Ubwami. Iyo nyigisho twayita ikoraniro ryacu rigira gatandatu. Twarashinze rero umusi n’isaha ntabanduka, tukaba twayigira ku wa gatatu isaha zibiri zo mw’ijoro. Rimwe na rimwe inyuma y’imfungurwa zo mw’ijoro, duhejeje kwoza ivyombo, waza wumva umwe muri twebwe avuze ati: “Isaha y’‘ikoraniro’ ryacu igira ishike!”. Igihe naba natevye, Ann yaca atanguza iyo nyigisho maze nshitse, ngaca mbandanya kuyirongora.
Ikindi kintu catumye tuguma dukomeye kandi dufatanye mu nda uko tugize umuryango, kwari ugusomera hamwe icanditswe c’umusi mu gitondo. Ariko rero, twari dufise ingorane mu bijanye no kuringaniza ivy’ico canditswe c’umusi. Nta n’umwe yavyukira rimwe n’uwundi. Ivyo twarabiganiriye hanyuma dufata ingingo yuko twoza turavyukira rimwe, tukitanga umusase isaha cumi na zibiri n’inusu, maze tukihwereza hamwe icanditswe c’umusi. Ivyo vyaratugiriye akamaro cane. Abahungu bacu bamaze gukura, bahisemwo kwinjira mu murimo wa Beteli. Twiyumvira yuko ivyo biganiro twagira ku musi ku musi vyagize ico biterera kuri kamere yabo y’ivy’impwemu.
Amabanga twashinzwe inyuma y’ibatisimu yasaba ko turushiriza kugira ivyo duhevye
Nabatijwe mu 1962, maze haciye imyaka 21 nkora ca gikorwa canje, nca ngurisha umutahe wanje ndaheza ndondera akazi mu karere twabamwo hafi y’umuryango wanje kugira ngo dushobore gusukurira Yehova turi kumwe. Ivyo vyaraturonkeje akaryo ko kuronka imihezagiro myinshi. Twarishingiye umugambi w’uko twese twokora ubusuku bw’igihe cose. Uwo mugambi watanguye gushirwa mu ngiro mu ntango zo mu myaka ya 1970 igihe umuhungu wacu w’imfura Edward yacika umusuku w’igihe cose, ni ukuvuga umutsimvyi asanzwe, agiheza amashure yisumbuye. Gatoyi inyuma y’aho, umuhungu wacu George yaratanguye igikorwa c’ubutsimvyi, bidatevye Ann na we aca arakurikira. Uko ari batatu barandemesha cane kubera ko wasanga bambwira ivyo baba biboneye mu murimo wo mu ndimiro. Uko tugize umuryango twaraganiriye ku kuntu twokworosha ubuzima bwacu kugira ngo twese dushobore gukora umurimo w’igihe cose. Twarafashe ingingo yo kugurisha inzu yacu. Twari tumaze imyaka 18 tuba muri iyo nzu kandi twari twarayirereyemwo abana bacu. Emwe, twarakunda rwose iyo nzu yacu, mugabo Yehova yarahezagiye ingingo twafashe yo kuyigurisha.
Edward yahamagawe kuja gukorera kuri Beteli mu 1972, George na we ahamagarwa mu 1974. Naho twe na Ann twiyumvisemwo yuko badusize twenyene, ntitwabandanije kwiyumvira ingene vyobaye vyiza kubabona bari mu kibano cacu, barongora hanyuma bakavyara abana. Ahubwo riho, twaranezerejwe n’uko abana bacu bariko basukurira Yehova kuri Betelia. Turemeranya n’amajambo yo mu Migani 23:15, ahavuga hati: “Mwana wanje, umutima wawe ni wagira ubgenge uwanje mutima bgite uzonezerwa”.
Twinjira mu murimo w’ubutsimvyi budasanzwe
Kubera yuko abahungu bacu bompi bari kuri Beteli, twarabandanije umurimo w’ubutsimvyi. Maze umusi umwe mu 1975, twagiye turonka ikete ridutumira kwinjira mu gikorwa c’ubutsimvyi budasanzwe mu cibare ata we cakebewe co mu gisagara citwa Clinton County, muri Leta ya Illinois. Ico kintu ntitwari tuciteze! Ivyo vyasigura yuko twategerezwa kuva muri New Jersey, aho twari hafi y’abahungu bacu baba i New York tukaba kandi twari tuhafise incuti n’abagenzi. Ariko rero, ico gikorwa twabona yuko ari nk’ico duhawe na Yehova maze turagira ivyo duhevye, bikaba vyadushikanye ku kuronka iyindi mihezagiro.
Haciye amezi menshi dukorera muri ico cibare ata we cakebewe, twaratanguye kugirira amakoraniro mu ngoro rusangi i Carlyle, muri leta ya Illinois. Ariko twashaka ikibanza tuzohora twikoranirizamwo. Hari umuvukanyi n’umukenyezi wiwe baronse ikibanza carimwo akazu gatoyi twashoboye gukotesha. Twaragasukuye kose harimwo n’utuzu twa surwumwe, maze tugahinduramwo ikibanza gitoya co kwikoranirizamwo. Turibukana igishika indogobwa yama ishaka kumenya ibitwerekeye. Akenshi iyo ndogobwa yararungurukira mw’idirisha kugira ngo irabe ivyaba biriko biragirwa kw’ikoraniro!
Mu nyuma, ishengero rya Carlyle ryarashinzwe, kandi twarahimbawe kuba twaragize uruhara muri ivyo. Twarafashijwe n’abatsimvyi bari baherutse kwubakana ari bo Steve Thompson n’umukenyezi wiwe Karil, na bo nyene bakaba bari baje gukorera muri ico cibare ata we cakebewe. Thompson n’umukenyezi wiwe bamaze imyaka myinshi ngaho maze mu nyuma baritaba rya Shure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower, baraheza barungikwa mu gikebere c’ubumisiyonari muri Afirika yo mu Buseruko, aho basukurira mu gikorwa co kugendera amashengero.
Bidatevye, ha hantu hatoyi twagirira amakoraniro hari hasigaye huzura abantu, tukaba rero twari dukeneye ingoro yagutse kuruta. Wa muvukanyi nyene be n’umukenyezi wiwe baciye bahaseruka maze baragura ubwatsi bwari bubereye kwubakwamwo Ingoro y’Ubwami. Ntiworaba umunezero twagize igihe inyuma y’imyaka mikeyi, twatumirwa kw’iyegurwa ry’Ingoro y’Ubwami yari iherutse kwubakwa i Carlyle! Naratewe agateka ko gushikiriza insiguro yo kwegurira Yehova iyo Ngoro. Igikebere twahawe muri ako karere caratubereye ikintu ciza igitangaza mu buzima, kiratubera umuhezagiro uva kuri Yehova.
Turonka indimiro nshasha yo gukoreramwo
Mu 1979, twarahawe igikebere gishasha, turungikwa mu gisagara ca Harrison, muri Leta ya New Jersey. Twahakoreye mu kiringo c’imyaka 12. Muri ico gihe twaratanguje inyigisho ya Bibiliya n’umukenyezi w’umushinwakazi, ivyo bikaba vyadushikanye ku gutanguza izindi nyigisho nyinshi twayoborera abashinwa. Muri ico gihe nyene, twaramenye yuko hariho abanyeshure b’abashinwa be n’imiryango y’abashinwa ibihumbi baba mu karere kacu. Kubera ico, twararemeshejwe kwiga igishinwa. Naho ivyo vyadusaba kumara umwanya ku musi ku musi twiga urwo rurimi, vyatumye dutanguza inyigisho za Bibiliya ziteye umunezero twayoborera abashinwa bari mu karere kacu.
Muri iyo myaka, twarashikiwe n’ibintu bitwengeje, na canecane igihe twaba turiko turagerageza kuvuga igishinwa. Umusi umwe, Ann yaridondoye avuga ko ari “imbeba” ya Bibiliya aho kuvuga ko ari “umwigisha” wa Bibiliya. Ayo majambo arasa cane. Uwo twari dusanze ku muhana yaramwenyuye maze avuga ati: “Nimwinjire. Sinari bwigere nganira n’imbeba ya Bibiliya”. Turacariko turanyinyana n’urwo rurimi.
Inyuma y’aho, twararungitswe gukorera mu kandi karere ko muri New Jersey, aho twashoboye kubandanya gukorera mu ndimiro igizwe n’abashinwa. Haciye igihe, twarasabwe kwimukira i Boston muri Massachusetts, hakaba hari umugwi ukoresha igishinwa wari umaze imyaka nk’itatu utera imbere. Gufasha uwo mugwi mu kiringo c’imyaka indwi no kugira umunezero wo kuwubona ucika ishengero ku wa 1 Nzero 2003, kabaye agateka kuri twebwe.
Imihezagiro twakuye mu buzima bwo kwitanga
Muri Malaki 3:10, tuhasoma ukuntu Yehova yasavye abasavyi biwe kuzana amashikanwa be n’ibimazi vyabo kugira ngo na we abacuncuburire imihezagiro babure n’aho bayikwiza. Twarahevye igikorwa nakunda cane catwinjiriza amahera. Twaragurishije inzu yacu twakunda rwose. Bisubiye twarahevye n’ibindi bintu. Yamara, ivyo bintu twahevye vyari bikeyi cane ugereranije n’imihezagiro twaronse.
Nkako, ntiworaba imihezagiro myinshi Yehova yaduhunze! Twaragize umunezero wo kubona abana bacu bakira ukuri, twaragize umunezero wo kugira uruhara igihe cose mu busuku burokora ubuzima, vyongeye twariboneye ukuntu Yehova yaturonkeje ivyo dukeneye. Vy’ukuri, ibintu bikeyi twahevye vyatumye duhezagirwa cane!
[Akajambo k’epfo]
a Baracasukurira Yehova kuri Beteli ari abizerwa: Edward n’umukenyezi wiwe Connie bari i Patterson, George n’umukenyezi wiwe Grace na bo bakaba bari i Brooklyn.
[Ifoto ku rup. 25]
George Blanton n’umukenyezi wiwe Louise bari kumwe na Ann, mu 1991
[Ifoto ku rup. 26]
Ingoro y’Ubwami y’i Carlyle, yeguriwe Yehova ku wa 4 Ruheshi 1983
[Ifoto ku rup. 27]
Aha twari kumwe n’ishengero rikoresha igishinwa ryari riherutse gushingwa i Boston
[Ifoto ku rup. 28]
Aha twari kumwe na Edward, Connie, George hamwe na Grace