ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/4 rup. 9-14
  • Hengekera Umutima Wawe ku Bukerebutsi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Hengekera Umutima Wawe ku Bukerebutsi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ubukerebutsi mu vyo Tuvuga
  • Ubukerebutsi mu Nyigenzo Yacu
  • Ubukerebutsi mu Gatima Tugaragaza
  • Ubukerebutsi mu Rugo Rwacu
  • Ubukerebutsi mu Ngendo Zacu zo mu Buzima
  • Nantaryo Hanga Amaso Yehova Aguhe Ubukerebutsi
  • Nitwuzure Ubukerebutsi bwo mu vy’Impwemu
  • Reka Ubukerebutsi Bukurinde
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Twigane umutima rugabo wa Yezu n’ugutahura kwiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/4 rup. 9-14

Hengekera Umutima Wawe ku Bukerebutsi

‘Yehova atanga ubwenge, mu kanwa kiwe havamwo ukumenya n’ubukerebutsi.’—IMIGANI 2:6.

1. Dushobora gute guhengekera umutima wacu ku bukerebutsi?

YEHOVA ni we Mucishabwenge wacu Mukuru. (Yesaya 30:20, 21) Mugabo ni igiki dutegerezwa gukora kugira twungukire ku ‘kumenya Imana’ guhishuwe mw Ijambo ryayo? Mu ruhande rumwe, dutegerezwa ‘guhengekera umutima wacu ku bukerebutsi’—tukagira icipfuzo mvamutima c’ukuronka n’ukugaragaza iyo kamere. Kugira ivyo bishoboke, dutegerezwa guhanga amaso Imana, kubera umuntu w’umunyabwenge yavuze ati: ‘Yehova atanga ubwenge, mu kanwa kiwe havamwo ukumenya n’ubukerebutsi.’ (Imigani 2:1-6) Ubumenyi, ubwenge, n’ubukerebutsi ni ibiki?

2. (a) Ubumenyi ni iki? (b) Wosigura ute ubwenge? (c) Ubukerebutsi ni iki?

2 Ubumenyi ni ukuba umuntu azi ibirukuri akura mu vyo yibonera, mu vyo yihweza, canke mu vyo yiga. Ubwenge ni ububangukirwe bw’ugushira mu ngiro ubumenyi. (Matayo 11:19) Umwami Salomo yaragaragaje ubwenge igihe abagore babiri batāta bapfa umwana umwe, hanyuma agakoresha ubumenyi afise ku vyerekeye ukuntu nyina w’umwana yibanda ku ruvyaro rwiwe, kugira abone gutatura ayo matati. (1 Abami 3:16-28) Ubukerebutsi ni “ububangukirwe bw’ukubona ibintu.” Ni “ububasha canke ubushobozi bw’umuzirikanyi butuma uno utandukanya ikintu n’ikindi.” (Webster’s Universal Dictionary) Duhengekeye umutima wacu ku bukerebutsi, Yehova azobuduha abicishije ku Mwana wiwe. (2 Timoteyo 2:1, 7) Mbega none ubukerebutsi bushobora gute kugira ico bukoze ku mice itari imwe y’ubuzima?

Ubukerebutsi mu vyo Tuvuga

3. Wosigura ute Imigani 11:12, 13 kandi ‘ukutagira umutima’ bivuze iki?

3 Ubukerebutsi buradufasha gutahura ko hariho “igihe co gucereza n’igihe co kuvuga.” (Umusiguzi 3:7) Iyo kamere iratuma kandi twiyubara ku vyo tuvuga. Imigani 11:12, 13 hamenyesha icese hati: “Ūkēngēra mugenzi we nta mutima agira, arik’umuntu [w’ubukerebutsi bwinshi] ariyihorerera. Ūgendagenda ar’[umucokōranyi] amena ibanga, arik’ūri n’umutima wizigirwa agumya ijambo.” Ni vyo, umugabo canke umugore aniniriza uwundi muntu ‘nta mutima agira.’ Nk’uko bivugwa n’umwandikanzinduzi Wilhelm Gesenius, umuntu mwen’uyo aba “abuze ubutahuzi.” Aba abuze ukubona ibintu mu buryo buroranye, kandi ikoreshwa ry’ijambo “umutima” ryerekana ko kamere nziza z’umuntu w’imbere ziba zicumbagira. Mu gihe uwiyita Umukirisu yogira urusaku gushika ku gucokōra canke ku gutukana, abakurambere bǎgennywe bategerezwa kugira ico bakoze kugira baherengeteze iyo nyifato y’ibintu nyononyi mw ikorane.—Abalewi 19:16; Zaburi 101:5; 1 Ab’i Korinto 5:11.

4. Abakirisu b’inkerebutsi kandi b’abizerwa bagira iki ku vyerekeye ibintu vy’akabanga babwiwe?

4 Atari nka kumwe kw’ ‘abatagira umutima,’ abantu ‘b’ubukerebutsi bwinshi’ baguma bihoreye iyo bibereye ko babigira batyo. Ntibamena ibanga. (Imigani 20:19) Kubera bazi ko ukuvuga ibisunitswe n’impwemu gushobora kubabaza, inkerebutsi baraba ‘ab’umutima wizigirwa.’ Ni intahemuka ku bizera bagenzi babo kandi ntibandagaza ibintu vy’akabanga vyogeramira abo bandi. Iyo Abakirisu b’inkerebutsi bamenyeshejwe ikintu c’akabanga uko kimeze kwose cerekeye ikorane, barakigumana ubwabo gushika aho iyungungane rya Yehova ribona ko bibereye yuko comenyekanishwa ribicishije ku buryo bwaryo bwite bw’ukumenyekanisha ibintu.

Ubukerebutsi mu Nyigenzo Yacu

5. ‘Ibipfu’ babona bate ukwigenza nabi, kandi kubera iki?

5 Imigani ya Bibiliya iradufasha gukoresha ubukerebutsi no kwirinda inyigenzo mbi. Nk’akarorero, Imigani 10:23 havuga hati: “Gukora ikibi ni nk’ibihimbaro ku gipfu, kand’ubgenge ni ko bumerera umuntu [w’ubukerebutsi].” Abo ukwigenza nabi kwabo ‘kumeze nk’ibihimbaro’ ntibabona ububi bw’inzira yabo hanyuma bakiyobagiza ko Imana ari yo bose bategerezwa kugira ico ibabaza. (Abaroma 14:12) ‘Ibipfu’ mwen’abo usanga bononekara mu kuntu bazirikana gushika aho biyumvira ko Imana itabona ubukozi bw’ikibi bwabo. Mu vyo bakora, kukaba nkako bavuga bati: ‘Yehova ntabaho.’ (Zaburi 14:1-3; Yesaya 29:15, 16) Kubera batarongorwa n’ingingo z’ukwibanga Imana, barabuze ubukerebutsi kandi ntibashobora kubona ibintu mu buryo bushize amakosa.—Imigani 28:5.

6. Ni kuki ukwigenza nabi ari ubupfu, kandi twokubona gute niba dufise ubukerebutsi?

6 ‘Umuntu w’ubukerebutsi’ aratahura ko ukwigenza nabi atari ‘igihimbaro,’ kandi ko atari urukino. Aramenya ko kudahimbara Imana n’uko gushobora gusenyura ubucuti dufitaniye na yo. Ukwigenza mwen’ukwo ni ubupfu kubera gukura ubupfasoni ku bantu, kugasibanganya imibano, kukagirira inabi umuzirikanyi n’umubiri, kandi kugashikana ku gutakaza ugukomera mu vy’impwemu. Ni co gituma twohengekera umutima ku bukerebutsi kandi tukirinda kwigenza nabi canke ubushegabo bwo mu buryo ubwo ari bwo bwose.—Imigani 5:1-23.

Ubukerebutsi mu Gatima Tugaragaza

7. Ingaruka zimwezimwe zo ku mubiri z’uburake ni izihe?

7 Uguhengekera umutima wacu ku bukerebutsi kuradufasha kandi gukontorora agatima tugaragaza. “Ūteba kuraka aba ar’umunya[bukerebutsi] bginshi, arikw ikirandamuke cīhaya ubupfu,” ni ko mu Migani 14:29 havuga. Impamvu imwe ituma umuntu w’inkerebutsi yinanata ngo yirinde uburake budakontoroye ni uko bugira ingaruka mbi ku mubiri wiwe bwite. Burashobora kuvyura ukudurēgwa n’amaraso hamwe n’uguhēma nabinabi. Abaganga baravuze ivy’uko uburake n’ishavu ari inyiyumvo zunyura canke zitera indwara nka asima, indwara z’urukoba, ukugubwa nabi mu nda, n’ibisebe.

8. Ukutiyumanganya gushobora gushikana ku biki, mugabo ubukerebutsi bushobora kudufasha gute muri ivyo?

8 Ukwirinda gukomeretsa amagara yacu vyonyene si vyo vyotuma dukoresha ubukerebutsi kandi tukaba ‘abateba kuraka.’ Ukuba intiyumanganya kurashobora gushikana ku gukora ivy’ubusazi vyotuma mu nyuma twicuza. Ubukerebutsi buratuma turimbura ivyokwanduruka mu mvugo y’ukurofoka canke inyigenzo ya mpfivyongize, maze bukaturinda ‘guhaya ubupfu’ mu kugira ibintu bitaranga ubwenge. Na canecane ubukerebutsi buradufasha gutahura ko ishavu ryonona uburyo bwacu bw’ukwiyumvira, ku buryo tutoshobora gukoresha imbono y’ibintu irongorotse. Ivyo vyogabanya ububangukirwe dufise bw’ugukora ukugomba kw’Imana n’ukubaho mu buryo bujanye n’ingingo zigororotse z’Imana. Ni vyo koko, ukwirekerana uburake budakontoroye biri n’ico vyonona mu vy’impwemu. Kukaba nkako, “uburake” bushirwa mu “[b]ikorwa vy’akameremere” vy’ubuyobe vyotuma tutaragwa Ubwami bw’Imana. (Ab’i Galatiya 5:19-21) Bwa Bakirisu b’inkerebutsi rero, ‘nitwihutire kwumva, dutebe kuvuga, dutebe kuraka.’—Yakobo 1:19.

9. Ubukerebutsi hamwe n’urukundo rwa kivukanyi bishobora kudufasha gute gutorera umuti ukudahuza?

9 Niba bishitse tukaraka, ubukerebutsi bworanga ko dukwiye kwigumya kugira twirinde amahane. Imigani 17:27 havuga hati: “Ūvuga make aba ar’ubgenge, kand’umu[nyabukerebutsi] aba ar’umuntu afise umutima.” Ubukerebutsi hamwe n’urukundo rwa kivukanyi bizodufasha kubona ivy’uko bikenewe ko dukontorora ukurandamukira kuvuga ikintu kibabaza. Niba bimaze gushika tukajanwa n’uburake, urukundo n’ukwicisha bugufi bizotuma dusaba imbabazi, hanyuma tukagira ivyo duhinduye. Mugabo reka dufate ko hoba hariho uwatugiriye nabi. Ni duce tuyaga na we rero twiherereye ukwacu mu buryo bw’ubwiyoroshi n’uguca bugufi kandi dufise icigerero nyamukuru c’ugukorereza amahoro.—Matayo 5:23, 24; 18:15-17.

Ubukerebutsi mu Rugo Rwacu

10. Ubwenge n’ubukerebutsi biri n’uruhara nyabaki mu buzima bw’urugo?

10 Abaharurwa b’urugo barakeneye kugaragaza ubwenge n’ubukerebutsi, kubera izo kamere ari zo ziheza zigakomeza urugo. Imigani 24:3, 4 havuga hati: “Ubgenge ni bgo bgubaka urugo, kand’ubukerebutsi ni bgo burukomeza; guca ubgenge ni kwo kwuzuza inzu zo muri rwo ubutunzi bgose bg’igiciro kinini kandi bg’igikundiro.” Ubwenge n’ubukerebutsi ni nk’ibirokosima vy’ukwubaka kugira habe ubuzima bw’urugo bwerewe. Ubukerebutsi burafasha abavyeyi bakirisu kuvoma inyiyumvo n’imyitwarariko abana babo bafise. Umuntu w’inkerebutsi arashoboye guseruriranira n’abandi akari ku mutima, kwumviriza no kuronka uguca mu kajisho kumutahuza inyiyumvo n’ivyiyumviro vy’uwo bubakanye.—Imigani 20:5.

11. Umugore yubatse w’inkerebutsi ashobora gute ‘kwubaka urugo rwiwe’?

11 Ubwenge n’ubukerebutsi nta gukeka ni ntahara kugira habe ubuzima bw’urugo burangwa agahimbare. Nk’akarorero, Imigani 14:1 havuga hati: “Umugore wese w’ubgenge yubaka urugo rwiwe, arik’uw’igipfu arusambuza amaboko yiwe ubgiwe.” Umugore yubatse w’ubwenge kandi w’inkerebutsi yoróhera vy’ukuri umunega wiwe arakora agatama ku neza y’abo mu rugo, kandi ivyo bigafasha mu kwubaka urugo rwiwe. Ikintu kimwe ‘cubaka urugo rwiwe’ ni uko yama nantaryo arata umunega wiwe, akaba yongereje icubahiro abandi bamufitiye. Kandi umukenyezi abushoboye, w’inkerebutsi afise ugutinya Yehova kurimwo ukumwibanga arihesha ugushemezwa.—Imigani 12:4; 31:28, 30.

Ubukerebutsi mu Ngendo Zacu zo mu Buzima

12. ‘Abatagira umutima’ babona gute ubupfu, kandi kubera iki?

12 Ubukerebutsi buradufasha kugumana ingendo nziza mu vyo dukora vyose. Ivyo birerekanwa mu Migani 15:21, ahavuga ibi: “Ubupfu bunezereza igipfamutima, arik’umuntu w’ubgenge atunganya ingendo ziwe.” Uwo mugani dukwiye kuwutahura gute? Ingendo y’ubupfu, canke ubusazi, iratuma abagabo, abagore hamwe n’abakiri bato b’imburabwenge banezerwa. Nta ‘mutima bagira,’ nta kivyurangiro ciza bafise, kandi nta bwenge bagira ku buryo banezerererwa ubupfu.

13. Salomo yazirikanye ibiki ku vyerekeye ibitwengo n’ubuyayasi?

13 Salomo, Umwami w’inkerebutsi wa Isirayeli, yaramenye ivy’uko ubuyayasi ata co bimaze kinini. Yariyemereye icese ati: “Nibgiye mu mutima wanje, nt’Enda nkugeragereshe ibinezereza; nuko rer’uhimbarwe n’ivyiza: kandi rāba n’ivyo na vyo vyabaye ivy’ubusa. Navuze ku bitwengo, nti Birasaze, no ku binezereza, nti Bimaze iki?” (Umusiguzi 2:1, 2) Kubera yari umuntu w’inkerebutsi, Salomo yabonye ko ibiseko n’ibitwengo vyonyene bitamara akanyota, kuko bitazana agahimbare nyako kandi karamba. Ibitwengo birashobora kudufasha kumara igihe twiyobagije imbangamyi zacu, mugabo mu nyuma zishobora kwiserukiza ku rugero mbere ruruta urwa mbere. Salomo yashoboye kuvuga bibereye, ko ibitwengo ari “ubusa.” Kuki? Kubera ibitwengo vy’ubusa bifurunganya ukubona ibintu mu buryo burongorotse. Bishobora gutuma dufata minenerwe ibintu bihambaye. Ubwo bwoko bw’ukunezerwa bufatanije n’amajambo n’ibikorwa vy’umuntu w’akagûgu, ntibushobora kubonwa nk’uko buvamwo ikintu c’ingirakamaro. Ukuzirikana insiguro y’ukuntu Salomo yabona ibitwengo n’ibiseko biradufasha kwirinda kuba “[a]bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana.”—2 Timoteyo 3:1, 4.

14. Umuntu w’ubukerebutsi “atunganya inzira ziwe” mu buryo ki?

14 Bishoboka gute none ko umuntu w’ubukerebutsi “atunganya inzira ziwe”? Ubukerebutsi bwo mu vy’impwemu hamwe n’ugushira mu ngiro ingingo z’ukwibanga Imana birarongōra abantu mu ngendo igororotse, iramvūtse. Impibanuro ya Byington ivuga idakikiriza iti: “Ubupfu ni urweze ku muntu w’igipfamutwe, mugabo umuntu w’incabwenge azogenda indamvu.” “Umuntu w’ubukerebutsi” araramvura intambwe z’ibirenge vyiwe kandi aramenya gutandukanya iciza n’ikibi kubera ugushira mu ngiro Ijambo ry’Imana mu buzima bwiwe.—Abaheburayo 5:14; 12:12, 13.

Nantaryo Hanga Amaso Yehova Aguhe Ubukerebutsi

15. Ni ibiki twigira mu Migani 2:6-9?

15 Kugira twebwe twese dukurikire ingendo igororotse mu buzima, turakeneye kwemera ko turi n’amakemwa, kandi tugahanga amaso Yehova ngo aduhe ubukerebutsi bwo mu vy’impwemu. Mu Migani 2:6-9 havuga hati: “[Yehova] atanga ubgenge, mu kanwa kiwe havamw’ukumenya n’u[bukerebutsi]. Abīkira abagororotsi ubgenge buroranye, ni we nkinzo y’abagenda batunganye. Kugira ngw arinde inzira z’imanza ziroranye, kand’azigamye urugendo rw’abayoboke biwe. Ni ho uzotahura ubugororotsi n’imanza ziroranye, n’ibitunganye, mbere n’inzira nziza yose.”—Gereranya na Yakobo 4:6.

16. Ni kuki ata bwenge, ubukerebutsi, canke inama biri mu gutera kubiri na Yehova?

16 Kubera twemera ko twigenga Yehova, twicishije bugufi niturondere kuzirikana ukugomba kwiwe mu kwimbika ibwina mw Ijambo ryiwe. Ari n’ubwenge ku rugero runengesereye, kandi inama yiwe yama nantaryo ari ntanganyungu. (Yesaya 40:13; Abaroma 11:34) Kukaba nkako, impanuro yose iteye kubiri n’Ijambo ry’Imana nta co imaze. Imigani 21:30 hamenyesha icese hati: ‘Ubwenge canke ubukerebutsi canke inama, biteye kubiri na Yehova biba ari ubusa.’ (Gereranya n’Imigani 19:21.) Ubukerebutsi bwo mu vy’impwemu bwonyene, butsimbatajwe n’urwigo rw’Ijambo ry’Imana hamwe n’ugufashwa n’ibisohokayandikiro bitangwa biciye kuri wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge,” ni bwo buzodufasha gushishikara ingendo nziza mu buzima. (Matayo 24:45-47, NW) Nuko rero nituyobore uburyo bwacu bw’ukubaho tubuhuze n’inama ya Yehova, tuzi ko naho impanuro ihushanye n’iyiwe yoba isa n’iyokwemerwa gute idashobora kungana n’Ijambo ryiwe.

17. Iyo impanuro mbi itanzwe ni ibiki bishobora kuvamwo?

17 Abakirisu b’inkerebutsi batanga impanuro baratahura ko ikwiye kuba ishingiye rwose kw Ijambo ry’Imana n’uko urwigo rwa Bibiliya hamwe n’ukuzirikana bikenewe imbere y’ukwishura ikibazo. (Imigani 15:28) Iyo ibibazo vyerekeye ibintu bihambaye vyishuwe nabi, bishobora kuvamwo ukugira nabi gukomeye. Ni co gituma abakurambere bakirisu bakeneye ubukerebutsi bwo mu vy’impwemu, kandi barakwiye gusenga kugira baronke uburongōzi bwa Yehova igihe bagwa bavyuka kugira basahirize mu vy’impwemu abizera bagenzi babo.

Nitwuzure Ubukerebutsi bwo mu vy’Impwemu

18. Nk’igihe imbangamyi yinaka yovyuka mw ikorane, ubukerebutsi bushobora gute kudufasha kugumana uburimbane bwacu bwo mu vy’impwemu?

18 Kugira duhimbare Yehova, turakeneye ‘ubukerebutsi mu bintu vyose.’ (2 Timoteyo 2:7) Ukwiga Bibiliya gushashawe hamwe n’ukwisunga ubuyobozi bw’impwemu y’Imana n’iyungungane ryayo bizodufasha kuzirikana ivyo twogira igihe duhanganye n’inyifato z’ibintu zoshobora kudushikana mu ngendo mbi. Nk’akarorero, dufate ko hoba hari ikintu mw ikorane kidatunganijwe nk’uko twebwe twibaza ko cogizwe. Ubukerebutsi bwo mu vy’impwemu buzodufasha kubona ko iyo atari impamvu y’uguhagarika kwifatanya n’igisata ca Yehova, no guheba gusukurira Imana. Iyumvire agateka dufise k’ugusukurira Yehova, umwidegemvyo w’ivy’impwemu tunezerererwa, umunezero dushobora gukura mu busuku turangura turi abamamaji b’Ubwami. Ubukerebutsi bwo mu vy’impwemu buradushoboza kuronka icizero nyakuri no kuzirikana ko twiyeguriye Imana n’uko dukwiye gukunda rwose ubucuti dufitaniye na yo, ata kuraba ivyo abandi bakora. Niba ata kintu na kimwe dushoboye gukora mu buryo bwa gitewokarasi kugira tubone gushira mu buryo imbangamyi yinaka, dukeneye kurindirana ubwiyumanganyi kugira Yehova atorere umuti iyo nyifato y’ibintu. Ah’uguheba canke guta tukihebura, ‘niturindire Imana.’—Zaburi 42:5, 11.

19. (a) Iciyumviro nyamukuru c’isengesho Paulo yatuye ku bw’Abanyafilipi cari ikihe? (b) Ubukerebutsi bushobora gute kudufasha iyo hari ikintu tudatahura vyuzuye?

19 Ubukerebutsi bwo mu vy’impwemu buradufasha kuguma turi intahemuka ku Mana no ku gisata cayo. Paulo yabwiye Abakirisu b’i Filipi ati: “Ico nsengera, n’ukugira ng’urukundo rwanyu rugwire rwongerekane mu [bumenyi ntagakosa n’ubukerebutsi bwuzuye], murobanure ibidahwana, muhore mutagira ubupfunya cank’ibigwisha gushitsa ku musi wa Kristo.” (Ab’i Filipi 1:9, 10) Dutegēje mu buryo bubereye, turakeneye ‘ubumenyi ntagakosa n’ubukerebutsi bwuzuye.’ Ngaha ijambo ry’Ikigiriki ryahinzowe ngo ‘ubukerebutsi’ ryerekana “ukubona ibintu neza mu mutima.” Igihe twize ikintu, turipfuza kumenya ico gisa gisana n’Imana na Kirisitu kandi tukazirikana ukuntu gihayagiza ubumuntu n’intunganyo vya Yehova. Ivyo birongereza ubukerebutsi bwacu n’ugukenguruka dufise kubera ivyo Yehova Mana na Yezu Kirisitu batugiriye. Niba hagize ikintu tudategereye vyuzuye, ubukerebutsi buzodufasha gutahura ko tudategerezwa guta ukwizera dufise mu bintu vy’ingirakamaro vyose twǐze vyerekeye Imana, Kirisitu, hamwe n’intēgo y’Imana.

20. Dushobora gute kwuzura ubukerebutsi bwo mu vy’impwemu?

20 Tuzokwuzura ubukerebutsi bwo mu vy’impwemu niba nantaryo ivyiyumviro n’ibikorwa vyacu tubihuza n’Ijambo ry’Imana. (2 Ab’i Korinto 13:5) Kugira ivyo mu buryo bwubaka bizodufasha guca bugufi, kutaba abanyabihari no kutanebagura abandi. Ubukerebutsi buzodufasha kwungukira ku gukosorwa no ku gutohoza ngo tumenye ibintu birushirije kuba ivy’ingirakamaro. (Imigani 3:7) Nuko rero, dúfise icipfuzo co guhimbara Yehova, niturondere kwuzuzwa ubumenyi ntagakosa bw’Ijambo ryiwe. Ivyo bizodushoboza gutandukanya iciza n’ikibi, tugenekereze ikintu c’ingirakamaro vy’ukuri ico ari co, kandi tudahemuka twumire ku bucuti bw’agaciro dufitaniye na Yehova. Ivyo vyose birashoboka niba umutima wacu tuwuhengekera ku bukerebutsi. Yamara hariho ikindi kintu gikenewe. Dutegerezwa kureka ubukerebutsi bukaturinda.

Wokwishura Iki?

◻ Ni kuki umutima wacu dukwiye kuwuhengekera ku bukerebutsi?

◻ Ubukerebutsi bushobora kugira ico bukoze gute ku mvugo n’inyigenzo vyacu?

◻ Ubukerebutsi bushobora kugira ingaruka gute ku gatima tugaragaza?

◻ Ni kuki nantaryo dukwiye guhanga amaso Yehova ngo aduhe ubukerebutsi?

[Ifoto ku rup. 10]

Ubukerebutsi buradufasha gukontorora agatima tugaragaza

[Ifoto ku rup. 12]

Salomo Umwami w’inkerebutsi yaratahuye ko ubuyayasi ata we bumara akanyota vy’ukuri

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika