ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • cl ikig. 24 rup. 240-249
  • Nta gishobora «kudutandukanya n’urukundo rw’Imana»

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nta gishobora «kudutandukanya n’urukundo rw’Imana»
  • Niwiyegereze Yehova
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yehova araguha agaciro
  • Yehova atubonamwo iki?
  • Yehova ararobanura iciza mu kibi
  • Yehova aragaragaza urukundo rwiwe abigiranye umwete
  • ‘Imana ni urukundo’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Yehova yaraharuye “umushatsi wo ku mitwe yanyu”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Iratwitegereza ikabona agaciro dufise
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Yehova aragukunda!
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
Ibindi
Niwiyegereze Yehova
cl ikig. 24 rup. 240-249
Umugore ababaye ariko arakorora amosozi.

IKIGABANE CA 24

Nta gishobora «kudutandukanya n’urukundo rw’Imana»

1. Ni inyiyumvo mbi izihe zihagarika umutima abantu benshi, harimwo mbere n’abakirisu b’ukuri bamwebamwe?

UBWO Yehova Imana aragukunda ku giti cawe? Bamwebamwe baremera yuko Imana ikunda abantu muri rusangi, nk’uko bivugwa muri Yohani 3:16. Ariko, boshobora kuba biyumvira bati: “Jewe ubwanje Imana ntiyokwigera inkunda.” Mbere n’abakirisu b’ukuri rimwe na rimwe boshobora gukekeranya muri ivyo. Umugabo umwe yari yacitse intege yavuze ati: «Nsanga bigoye cane kwemera yuko Imana yoba inyitwararika na gatoyi.» Ugukekeranya nk’ukwo kwoba rimwe na rimwe kuguhagarika umutima?

2, 3. Ni nde ashaka yuko twemera ko ata gaciro dufise canke ko Yehova atadukunda, kandi dushobora kurwanya gute ico ciyumviro?

2 Shetani aripfuza cane gutuma twemera yuko Yehova Imana atadukunda kandi ko ataduha agaciro. Ego ni ko, akenshi Shetani arakwegakwega abantu akoresheje ubwishime n’ubwibone bibarimwo. (2 Abakorinto 11:3) Mugabo kandi arahimbarwa no guhonyanga agateka k’abantu ba nyarucari. (Yohani 7:47-49; 8:13, 44) Ivyo ni ko biri canecane muri iyi «misi ya nyuma» igoye. Benshi muri iki gihe bakurira mu ngo aho usanga abantu «badakunda ababo.» Abandi bama bari kumwe n’abantu b’inkazi, abikunzi be n’intumva. (2 Timoteyo 3:1-5) Imyaka abantu bamara bafatwa nabi, bashikirwa n’ivangura rishingiye ku moko canke urwanko ishobora kuba yaratumye mwene abo bantu biyumvira yuko badafise agaciro canke ko badakundwa.

3 Nimba wiyumvamwo mwene izo nyiyumvo mbi, ntiwihebure. Benshi muri twebwe rimwe na rimwe turiyagiriza ata mvo yumvikana dufise. Mugabo, ibuka yuko Ijambo ry’Imana rigenewe «kugorora ibintu» be no «[gutembagaza] ibintu bikomeye cane.» (2 Timoteyo 3:16; 2 Abakorinto 10:4) Bibiliya ivuga iti: «Tuzohumuriza imitima yacu imbere y’Imana ku kintu cose imitima yacu yotwagiriza, kuko Imana iruta imitima yacu kandi ikaba izi ibintu vyose.» (1 Yohani 3:19, 20) Nimuze turimbure uburyo bune Ivyanditswe bidufasha «[gu]humuriza imitima yacu» ku vyerekeye urukundo rwa Yehova.

Yehova araguha agaciro

4, 5. Ikigereranirizo Yezu yatanze c’utujuri cerekana gute yuko twebwe dufise agaciro mu kuri Yehova?

4 Ubwa mbere, Bibiliya irigisha idakikiriza yuko Imana ibona agaciro k’umwumwe wese mu basavyi bayo. Nk’akarorero, Yezu yavuze ati: «None utujuri tubiri ntitugurwa igiceri c’agaciro gatoyi? Ariko nta na kamwe muri two gakorokera hasi So atabizi. Mbere n’imishatsi yo ku mitwe yanyu iraharuye yose. Ntimutinye rero: mwebwe murarusha agaciro utujuri twinshi.» (Matayo 10:29-31) Rimbura ico ayo majambo yasigura ku bumviriza Yezu mu kinjana ca mbere.

Ikijuri kiriko kiragaburira umwana waco.

«Mwebwe murarusha agaciro utujuri twinshi»

5 Twoshobora kwibaza igituma umuntu uwo ari we wese yagura akajuri. Mu gihe ca Yezu akajuri kari ko kanyoni kazimbutse kuruta izindi zagurishwa kugira ngo bazifungure. Urabona yuko umuguzi afise igiceri kimwe c’agaciro gatoyi bamuha utujuri tubiri. Mugabo Yezu mu nyuma yavuze yuko mu gihe umuntu yaba yiteguriye gutanga ibiceri bibiri, batamuha utujuri tune, ahubwo ko bamuha dutanu. Iyo nyoni irenzeko bayongerako nk’aho itaba ifise agaciro na gato. Kumbure mwene ivyo biremwa nta gaciro vyari bifise mu maso y’abantu, mugabo Umuremyi we yabibona gute? Yezu yavuze ati: «Nta na kamwe muri two [mbere na kamwe kongerwako] Imana yibagira.» (Luka 12:6, 7) Ubu hoho turashobora gutangura kubona iciyumviro ca Yezu. Nimba Yehova aha agaciro gutyo akajuri kamwe, ntuca wumva yuko umuntu afise agaciro kanini kurusha! Nk’uko Yezu yabisobanuye, Yehova arazi akantu kose mu bigize umubiri wacu. Nakare, n’umushatsi wo ku mitwe yacu waraharuwe!

6. Ni kubera iki twemera tudakeka yuko Yezu yariko aravuga ibintu bishoboka igihe yavuga yuko imishatsi yo ku mitwe yacu yaharuwe?

6 Ngo umushatsi wacu waraharuwe? Hari aboshobora kwiyumvira yuko ng’aha Yezu yariko aravuga ibintu bidashoboka. Mugabo, iyumvire gatoyi ku vyerekeye icizigiro c’izuka. Ese ukuntu Yehova ategerezwa kuba atuzi neza kugira ngo atume dusubira kubaho! Araduha agaciro cane gushika naho yibuka akantu kose, dushizemwo n’utugingo ngengakamere twacu be n’ibintu twabitse mu bwenge be n’ivyo twaciyemwo mu myaka yose tumaze.a Guharura imishatsi yacu, umutwe ugereranye ukaba ushobora kuba ufise iyishika ku 100.000, vyovyo vyomworohera cane.

Yehova atubonamwo iki?

7, 8. (a) Kamere zimwezimwe Yehova ahimbarwa no kubona igihe ariko arasuzuma imitima y’abantu ni izihe? (b) Bimwebimwe mu bikorwa dukora Yehova aha agaciro ni ibihe?

7 Ubugira kabiri, Bibiliya iratwigisha ico Yehova aha agaciro mu basavyi biwe. Mu mvugo itomoye, aranezerwa na kamere nziza zacu be n’utwigoro tugira. Umwami Dawidi yabwiye umuhungu wiwe Salomo ati: «Yehova asuzuma imitima yose akamenya imigambi yose umuntu afise mu mutima n’ivyiyumviro vyiwe.» (1 Ngoma 28:9) Igihe Imana isuzuma imitima y’abantu amamiliyaridi muri iyi si irangwa n’ubukazi kandi yuzuye urwanko, ese ukuntu itegerezwa kuba ihimbarwa iyo isuzumye ikubura umutima ukunda amahoro, ukuri be n’ukugororoka! Bigenda gute igihe Imana ibonye umutima ubogabogamwo ukuyikunda, urondera kwiga ibiyerekeye be no kubwira abandi mwene ubwo bumenyi? Yehova atubwira ko yitwararika ababwira abandi ibimwerekeye. Mbere aranafise «igitabu c’icibutso» ku bw’abantu bose «batinya Yehova n’abiyumvira izina ryiwe.» (Malaki 3:16) Mwene izo kamere ni iz’agaciro kuri we.

8 Ni ibikorwa bimwebimwe ibihe vyiza Yehova aha agaciro? Nta mazinda yuko aha agaciro utwigoro tugira kugira ngo twigane Umwana wiwe Yezu Kristu. (1 Petero 2:21) Igikorwa kimwe gihambaye Imana iha agaciro ni ugukwiragiza inkuru nziza y’Ubwami bwiwe. Mu Baroma 10:15 dusoma duti: «Ewe kuntu biteye igomwe ibirenge vy’abamenyesha inkuru nziza y’ivyiza!» Mu bisanzwe hari aho tutokwiyumvira yuko ibirenge vyacu bisanzwe biteye igomwe. Mugabo ng’aha bigereranya utwigoro abasavyi ba Yehova bagira mu kwamamaza inkuru nziza. Mwene utwo twigoro twose ni twiza cane kandi Yehova araduha agaciro.​—Matayo 24:14; 28:19, 20.

9, 10. (a) Ni kubera iki dushobora gushira amazinda yuko Yehova aha agaciro ukwihangana tugaragaza mu ngorane zitandukanye zidushikira? (b) Ni ivyiyumviro ibihe bitari vyiza Yehova atigera yiyumvira ku basavyi biwe b’abizigirwa?

9 Yehova kandi araha agaciro ukwihangana kwacu. (Matayo 24:13) Ibuka yuko Shetani ashaka ko utera umugongo Yehova. Umusi wose ugumye uri intahemuka kuri Yehova, uba ari uwundi musi uba ufashije kwishura ibitutsi vya Shetani. (Imigani 27:11) Rimwe na rimwe ukwihangana si ikintu coroshe. Ingorane z’amagara, ingorane z’ivy’ubutunzi, intuntu yo mu mutima be n’izindi ntambamyi birashobora gutuma umusi wose uba ikigeragezo. Kwitega ibidashika birashobora na vyo nyene guca intege. (Imigani 13:12) Ukwihanganira mwene izo ngorane ni ikintu c’agaciro cane kuri Yehova. Ni co gituma Umwami Dawidi yasavye Yehova kubika amosozi yiwe mu «mukuza.» Yongerako abigiranye ukwizera ati: «None ntiyanditswe mu gitabu cawe?» (Zaburi 56:8) Egome, Yehova araha agaciro kandi akibuka amosozi yose be n’ingorane zose twihanganira igihe tuguma turi intahemuka kuri we. Na vyo nyene arabiha agaciro.

Yehova araha agaciro ukwihanganira ibigeragezo kwacu

10 Ariko, umutima wiyagiriza urashobora kurwanya mwene ivyo bimenyamenya vy’uko Imana iduha agaciro. Woshobora kubandanya wibwira mu twongoshwe uti: “Ariko hariho abandi benshi cane b’intangakarorero kunduta. Ese ukuntu bitegerezwa kuba bivuna umutima Yehova igihe angereranije na bo!” Yehova ntagereranya abantu; nta n’ubwo adadaza canke ngo abe ruburakigongwe mu vyo yiyumvira. (Abagalatiya 6:4) Asoma mu mitima yacu yitonze, kandi agashima iciza, mbere naho coba ari gitoya.

Yehova ararobanura iciza mu kibi

11. Dushobora kwigira iki kuri Yehova dufatiye ku buryo yavyifashemwo kuri Abiya?

11 Ubugira gatatu, igihe Yehova adusuzuma, arasuzuma yitonze, akaturonderamwo iciza. Nk’akarorero, igihe Yehova yategeka ko umuryango wose uko ungana w’Umwami Yerobowamu wari waguye mu buhuni wategerezwa kwicwa, yategetse yuko umwe mu bana b’umwami, ari we Abiya, ahambwa mu rupfasoni. Kubera iki? Kubera ko «Yehova Imana ya Isirayeli ya[mu]bonyemwo iciza.» (1 Abami 14:1, 10-13) Mu vy’ukuri, Yehova yararondeye mu mutima w’uwo musore maze awusangamwo «iciza.» Uko ico ciza gishobora kuba cari kingana kwose caba gito canke ataco kivuze, Yehova yasanze bibereye ko candikwa mw’Ijambo ryiwe. Mbere yarakimuhereye n’impera, mu kugaragariza ikigongwe kibereye ku rugero runaka uwo muntu umwe mu bagize umuryango waguye mu buhuni.

12, 13. (a) Uko vyagendeye Umwami Yehoshafati vyerekana gute yuko Yehova arondera iciza muri twebwe mbere n’igihe ducumuye? (b) Ku bijanye n’ibikorwa vyacu vyiza be na kamere zacu nzizanziza, Yehova akora gute nk’Umuvyeyi munyarukundo?

12 Akandi karorero mbere keza kuruta ni ak’Umwami mwiza Yehoshafati. Igihe uwo mwami yakora igikorwa kitaranga ubukerebutsi, umuhanuzi wa Yehova yamubwiye ati: «Ko wakoze ivyo, utumye Yehova agushavurira.» Mbega iciyumviro gisaba kuzirikana! Mugabo ubutumwa bwa Yehova ntibwahereye aho. Bwabandanije buti: «Mugabo hari ibintu vyiza Imana yakubonyemwo.» (2 Ngoma 19:1-3) Ishavu rigororotse rero rya Yehova ntiryatumye atabona iciza cari muri Yehoshafati. Ese ukuntu atandukanye na twebwe abantu badatunganye! Igihe abandi batubabaje, hari aho tugira impengamiro yo kutababonamwo iciza. Kandi iyo ducumuye, ugucika intege, isoni be n’ukwumva twiyagirije birashobora gutuma tutabona iciza kiturimwo. Ariko rero, ibuka yuko mu gihe twigaye ibicumuro vyacu kandi tukihatira kutabisubira, Yehova aduharira.

13 Igihe Yehova agusuzuma, arahanagura mwene ivyo bicumuro, mu buryo busa cane n’umucukuzi w’inzahabu ayirobanura mu rucekeri agaheza agata ibidafise agaciro. Tuvuge iki ku vyerekeye kamere zawe nzizanziza be n’ibikorwa vyawe vyiza? Emwe, ivyo ni «inzahabu nziza» Yehova agumana! Woba warigeze kubona uburyo abavyeyi banyarukundo babika ibicapo canke ibikorwa vyo kw’ishure abana babo bakoze, hagahera imyaka mirongo abo bana baramaze kuvyibagira? Yehova ni we Muvyeyi w’umunyarukundo kuruta abandi. Igihe cose tugumye turi intahemuka kuri we, ntiyigera yibagira ibikorwa vyacu vyiza be na kamere zacu nzizanziza. Kukaba nkako, kuvyibagira yobona ko ari ukutagororoka, kandi atigera aba uwutagororotse. (Abaheburayo 6:10) Aradusuzuma kandi mu bundi buryo.

14, 15. (a) Ni kubera iki udusembwa twacu tutigera tubuza Yehova kutubonamwo iciza? Bitangire akarorero. (b) Ibintu vyiza Yehova adusangamwo, azobikoresha iki, kandi abasavyi biwe b’abizigirwa ababona gute?

14 Yehova arirengagiza udusembwa twacu, kandi akabona ico dushobora kuzovamwo. Tubitangire akarorero. Abantu bakunda ibicapo baragira akigoro gakomeye kugira ngo ibicapo vyononekaye canke utundi tugenegene twononekaye bimwe bikomeye badutunganye. Nk’akarorero, mu nzu y’iratiro ry’ibicapo (National Gallery) y’i Londres mu Bwongereza, hari umuntu yarashe igicapo cahinguwe n’umuhinguzi w’utugenegene yitwa Léonard de Vinci cari gifise agaciro k’amadolari y’Abanyamerika imiliyoni nka 30. Nta n’umwe yatanze iciyumviro c’uko ico gicapo cari gikwiye gutabwa kubera ko cari cononekaye. Baciye batangura ubwo nyene gutunganya ico gicapo cari kimaze hafi imyaka 500. Kubera iki? Kubera yuko cari gifise agaciro mu maso y’abakunda kuratira ijisho utugenegene. Mbega none wewe ntusumvya agaciro igicapo bacapishije ingwa n’ikaramu y’igiti? Nta gukeka, Imana iraguha agaciro, uko woba warononekaye kwose bivuye ku gicumuro twarazwe. (Zaburi 72:12-14) Yehova Imana, we Muremyi w’umuryango w’abantu w’umuhanga, azokora ibishoboka vyose kugira ngo atume abo bose bamukunda basubira kuba abatunganye.​—Ivyakozwe 3:21; Abaroma 8:20-22.

15 Egome, Yehova aratubonamwo iciza dushobora kutibonamwo ubwacu. Kandi uko tumukorera, azotuma iciza congerekana gushika naho amaherezo tuzoba abatunganye. Uko isi ya Shetani yoba yaradufashe kwose, Yehova abona yuko abasavyi biwe b’abizigirwa bafise agaciro.​—Hagayi 2:7

Yehova aragaragaza urukundo rwiwe abigiranye umwete

16. Ni ikimenyamenya ikihe gihambaye kuruta ibindi c’urukundo Yehova adukunda, kandi tuzi gute yuko iyo ngabirano iri n’ico ivuze kuri twebwe ubwacu?

16 Ubugira kane, Yehova arakora ibishoboka vyose kugira ngo agaragaze urukundo adufitiye. Nta mazinda, incungu ya Kristu ni inyishu ishika ku nyota kuruta iya ca kinyoma ca Shetani kivuga yuko ata gaciro dufise canke ko tudakundwa. Ntidukwiye kwigera twibagira yuko rwa rupfu rubabaza Yezu yapfuye ari ku giti co kubabarizwako hamwe mbere n’umubabaro ukomeye kuruta iyindi Yehova yihanganiye mu kwitegereza ingene Umwana wiwe mukundwa apfa, ari ikimenyamenya c’urukundo badukunda. Ikibabaje, abantu benshi babona yuko bigoye kwemera ko iyo ngabirano yoshobora kuba ifise ico ivuze kuri bo ubwabo. Biyumvamwo ko badafise agaciro. Ariko, ibuka yuko intumwa Pawulo yahora ahama abayoboke ba Kristu. Yamara yanditse ati: «Umwana w’Imana ya[ra]nkunze a[ra]nyigura.»​—Abagalatiya 1:13; 2:20.

17. Yehova adukwegakwegera kuri we no ku Mwana wiwe akoresheje uburyo ubuhe?

17 Yehova aratugaragariza urukundo adukunda mu kudufasha umwumwe wese ukwiwe kugira ngo twungukire ku vyiza vy’inkuka ya Kristu. Yezu yavuze ati: «Nta muntu ashobora kuza iwanje Data yantumye atamukwegakweze.» (Yohani 6:44) Egome, Yehova ubwiwe aradukwegakwegera ku Mwana wiwe be no ku cizigiro c’ubuzima budahera. Uti gute? Abicisha ku gikorwa co kwamamaza, ico yakoresheje ngo tumenye inkuru nziza umwumwe wese ukwiwe, akabicisha no ku mpwemu yiwe nyeranda akoresha kugira ngo adufashe gutegera ukuri kwo mu vy’impwemu no kugushira mu ngiro naho dufise aho tugarukiriza kandi tukaba turi abacumuzi. Kubera ico, Yehova arashobora kutuvugako amajambo nk’ayo yavuze kuri Isirayeli ati: «Nagukunze urukundo rw’ibihe bidahera. Ni co catumye ndagukwegera iwanje nkoresheje urukundo rudahera.»​—Yeremiya 31:3.

18, 19. (a) Ni ubuhe buryo burushirije kuba ubwa hafi Yehova agaragarizamwo urukundo adukunda, kandi ni igiki cerekana yuko ico kintu ubwiwe acitwararika? (b) Ijambo ry’Imana ridusubiriza umutima mu nda gute yuko Yehova yumviriza abigiranye impuhwe?

18 Kumbure turibonera urukundo Yehova adukunda mu buryo burushirije kuba ubwa hafi, biciye ku gateka dufise ko gutura isengesho. Bibiliya isaba umwumwe wese muri twebwe “gusenga Imana igihe cose.” (1 Abatesalonika 5:17) Irumviriza. Mbere yitwa “Uwumva amasengesho.” (Zaburi 65:2) Nta wundi muntu n’umwe yahaye ico kibanza cayo, habe n’Umwana wayo bwite. Iyumvire gatoyi: Umuremyi w’ibiriho vyose aduhimiriza kumwegera mw’isengesho, dufise umwidegemvyo wo kuvuga. None ni uwumviriza ameze gute? Yoba ari uwumviriza atagira inyiyumvo, atababara abandi, atitwararika abandi? Ihibambewe.

19 Yehova ni umunyempuhwe. Impuhwe ni iki? Umukirisu umwe yitereye mu myaka w’umwizigirwa yavuze ati: «Impuhwe ni ukwumva umubabaro wawe mu mutima wanje.» None umubabaro tugira woba ugira ico ukoze vy’ukuri kuri Yehova? Ku vyerekeye imibabaro abasavyi biwe b’Abisirayeli bagize dusoma duti: «Amarushwa yose yabashikiye yaramuteye intuntu.» (Yesaya 63:9) Yehova ntiyabona gusa amarushwa barimwo; yaranabumvira impuhwe. Ukuntu yabumvira impuhwe mu buryo bukomeye bigaragazwa n’amajambo Yehova ubwiwe yabwiye abasavyi biwe agira ati: «Uwubakozeko aba akoze ku mbone y’ijisho ryanje.»b (Zekariya 2:8) Mbega ukuntu ivyo vyobaye bibabaza! Egome, Yehova aratwumvira impuhwe. Iyo tubabaye, arababara.

20. Kubera iki dutegerezwa kwiyubara nimba dushaka kugamburuka impanuro dusanga mu Baroma 12:3?

20 Nta mukirisu ahumuye n’umwe yokoresha mwene ico kimenyamenya kiranga urukundo Imana ikunda abasavyi bayo be n’ukuntu ibaha agaciro, bwa rwitwazo rwo kugaragaza ubwishime canke ubwikunzi. Intumwa Pawulo yanditse ati: «Biciye ku buntu buhebuje nagiriwe, mbwira umuntu wese hiyo muri mwebwe kutiyumvira ibimwerekeye kuruta uko bikwiriye. Ahubwo yiyumvire mu buryo bubereye, bivanye n’urugero rw’ukwizera Imana yamuhaye.» (Abaroma 12:3) Iyindi mpinduro ihavuga iti: «Nobwira umuntu wese muri mwebwe kutishira hejuru y’agaciro nyakuri afise, mugabo yihe agaciro kabayabaye.» (A Translation in the Language of the People, by Charles B. Williams) Igihe rero twinovora igishika kiranga urukundo rwa Data wa twese wo mw’ijuru, nimuze tube abaroranye mu muzirikanyi kandi twibuke yuko tudaca urukundo rw’Imana canke ngo tube abarubereye.​—Luka 17:10.

21. Ni ibinyoma ibihe vya Shetani dutegerezwa kubandanya kurwanya, kandi ni ukuri ukuhe kuva ku Mana dushobora kubandanya gukoresha mu gukura amazinda imitima yacu?

21 Nimuze twese dukore ikintu cose dushoboye kugira ngo dutere akagere ibinyoma vyose vya Shetani, dushizemwo n’ikinyoma c’uko ngo tudafise agaciro canke tudakundwa. Nimba ivyagushikiye mu buzima vyarakwigishije kubona ko wewe ubwawe uri intambamyi igoye cane ku buryo n’urukundo rw’Imana rutagira aho rugarukira rutogushikako, canke kubona ibikorwa vyiza ukora ko ata co bivuze ku buryo n’amaso yayo abona hose atobibona, canke kubona yuko ibicumuro vyawe ari vyinshi cane ku buryo n’urupfu rw’Umwana wayo mukundwa rutobipfuka, wigishijwe ikinyoma. Niwikunkumure ibinyoma mwene ivyo ubigiranye umutima wawe wose! Nimuze tubandanye guhumuriza imitima yacu dukoresheje ukuri guserurwa mu majambo ya Pawulo yahumetswe agira ati: «Na[ra]jijutse yuko rwaba urupfu, canke ubuzima, canke abamarayika, canke intwaro, canke ibiriho ubu, canke ibizoza, canke ububasha, canke uburebure bw’amahagarara, canke ubwimbike, canke ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristu Yezu Umukama wacu.»​—Abaroma 8:38, 39.

a Bibiliya iguma yerekana isano riri hagati y’icizigiro c’izuka be n’ubushobozi Yehova afise bwo kwibuka. Wa mugabo w’umwizigirwa Yobu yabwiye Yehova ati: «Iyaba . . .  [wonshingiye] igihe maze ukanyibuka!» (Yobu 14:13) Yezu yaravuze ivy’izuka ry’«abari mu mva z’icibutso bose.» Ivyo vyari bibereye kubera yuko Yehova yibuka neza abapfuye, abo afise intumbero yo kuzozura.​—Yohani 5:28, 29, akajambo k’epfo.

b Impinduro zimwezimwe ng’aha zisigura yuko umuntu akora ku basavyi b’Imana aba akoze ku jisho ryiwe bwite canke ku jisho ry’Abisirayeli, ko ataba akoze ku jisho ry’Imana. Iryo kosa ryinjijwemwo n’abanyabwenge b’ivyagezwe bamwebamwe babona yuko ico canditswe kitaranga urupfasoni maze baragikosora. Utwigoro twabo tutari two twarakuyeho uburemere bw’impuhwe Yehova ubwiwe agaragaza.

Ibibazo vy’ukuzirikanako

  • Zaburi 139:1-24 Amajambo yahumetswe y’Umwami Dawidi yerekana gute yuko Yehova atwitwararika cane umuntu wese ukwiwe?

  • Yesaya 43:3, 4, 10-13 Yehova yiyumva gute ku vyerekeye abamukorera ari Ivyabona vyiwe, kandi inyiyumvo ziwe ziserukira gute mu bikorwa?

  • Abaroma 5:6-8 Ni kubera iki dushobora kwemera tudakeka yuko ukuba turi abanyavyaha bitabuza ko urukundo rwa Yehova rudushikira kandi rukatugirira akamaro?

  • Yuda 17-25 Dushobora gute kwigumiza mu rukundo rw’Imana, kandi ni utwosho utuhe tutubuza kubigira?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika