Ukuntu Tworushiriza Kuronkera Umunezero ku Makoraniro
1 Amakoraniro ni ngirakamaro kugira tumererwe neza mu vy’impwemu. Umunezero dukura mu makoraniro ujana n’ivyo tugira imbere yayo, mu gihe cayo hamwe n’inyuma yayo. Twebwe ubwacu twokwifasha gute tugafasha n’abandi kugumya umunezero mwinshi wo kwitaba amakoraniro?
2 Imbere y’Amakoraniro: Ukwitegura kuragira ico gukoze ku munezero dukura ku makoraniro. Igihe twiteguye neza, biratuma dutega yompi ku makoraniro kandi tukayagiramwo uruhara. Vyongeye, ikigabu cose turonka mw’ikoraniro dukwiye kugitegura neza dufise intumbero yo gushikiriza iyo nkuru mu buryo butagira amakosa twisunze ivyo dusabwa gukurikiza, kandi turondera yuko abatwumviriza bagumana ugushimishwa. Dukwiye kuza turagisubiramwo twitonze. Igihe tugize ico duterereye gituma amakoraniro aba ayahimbaye kandi yubaka umwe wese akungukiraho, iterambere ryacu riribonekeza tugaca tugira umunezero mwinshi.—1 Tim. 4:15, 16.
3 Mu Gihe c’Amakoraniro: Kugira ico tuvuga ku makoraniro birashobora kudufasha kuyanezererwa gusumba. Ibihimba bisaba ko abumviriza bagiramwo uruhara bikwiye kubonwa nk’ibigabu bihawe umuntu wese mw’ishengero. Mu bisanzwe, ibishikirijwe mu buryo burashe biraba kirumara kuruta. Twiganye muri make ivyabaye birashobora kuturemesha no kudukomeza cane, kandi dukwiye kwama tugabirije kubishiramwo igihe cose bikwiriye gushirwa muri porogarama. (Imig. 15:23; Ivyak. 15:3) Igihe dushikiriza ikigabu kw’ikoraniro, dukwiye kuvugana igishika n’ukujijuka, tugatuma kiba igishimishije, c’ukuri, kandi kigira ico gikoze.
4 Inyuma y’Amakoraniro: Gusangira n’abandi akajambo kameze neza, indamukanyo ya kigenzi, hamwe n’ivyiyumviro bikurubikuru bikeyi vyihwejwe mu makoraniro, twese tuzovyungukirako. Guserura umunezero dufise wo kubona abakiri bato, abakuze hamwe n’abakiri bashasha babigiramwo uruhara birakomeza urukundo rwa kivukanyi. Aho kunegura bamwe bashobora gusiba amakoraniro, dukwiye gusangira na bo umunezero twakuye kuri yo, gutyo tukaba tubaremesheje kuyitaba.—Heb. 10:24, 25.
5 Ntitwiyime iyo ntunganyo ngirakamaro y’ivyukuremeshanya. (Rom. 1:11, 12) Mu kugira ico dutereye bivuye ku mutima dukoresheje akigoro gakomeye kose, twese turashobora kugumana umunezero wo kwitaba amakoraniro ya gikirisu.