Amakoraniro y’Umurimo Muri Gitugutu
Indwi Itangura ku wa 4 Gitugutu
Ururirimbo rw’147
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa Dukorera Ubwami.
Imin. 17: “Ijambo ry’Ubuhanuzi ry’Imana Ryose Rizoranguka!” Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu. Niwerekane ivyiyumviro bikeyi bivuye muri ca gitabu gishasha bigaragaza ico ibihe turimwo bisobanura.
Imin. 18: Niwame wibuka ibinyamakuru! Vuga igitigiri c’ibinyamakuru ishengero ryashikirije mu kwezi guheze. Ivyo twobigereranya gute n’igitigiri Ishirahamwe riturungikira? Niba hari itandukaniro rinini, ni igiki gikenewe gukorwa? Saba abumviriza bagire ico bavuze kuri ibi bikurikira: (1) Umwamamaji wese akwiye kugira komande ikwiriye ariko akaba ari igitigiri kibereye. (2) Kubona ko uwa Gatandatu wose ari Umusi w’Ibinyamakuru. (3) Tunganya urutonde rw’ibikorwa vyawe, ushiremwo n’ibihe bimwebimwe vyo gutanga ibinyamakuru uko ukwezi gutashe. (4) Nutegekanye kurushiriza gushinga intahe akaryo kizanye, ukoresheje ibinyamakuru mu gutanguza ibiganiro. (5) Nushire abadandaza n’abakozi ba Leta ibinyamakuru biberekeye bishobora kubashimisha. (6) Uko utanga ibinyamakuru uraguma uvyandika neza, ugire inzira y’ibinyamakuru, kandi uze urasubirayo udahengeshanya ujanye inomero nshasha zose z’ibinyamakuru. (7) Koresha neza ibinyamakuru vyose vya kera kugira ntihabe ibiguma ngaho birundanye. Erekana ibinyamakuru biheruka gusohoka, maze werekeze ku biganiro bishobora kuvyura ugushimishwa. Nusabe uwukuze n’uwukiri muto, umwe wese muri bo agire umwerekano mugufi w’uburyo bwo gushikiriza ibinyamakuru.—Raba inyongera y’Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Nyakanga 1995.
Ururirimbo rw’105 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 11 Gitugutu
Ururirimbo rw’194
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte.
Imin. 15: Ibikenewe aho iwanyu. Udukuru twa Gitewokarasi n’Ivyibukijwe vy’Ingirakamaro.
Imin. 20: “Ukuntu Tworushiriza Kuronkera Umunezero ku Makoraniro.” Hakoreshwe ibibazo n’inyishu. Vuga uturorero turashe tw’ingene dushobora kwubahana no kuremeshanya ku makoraniro. Nusabe abumviriza bigane uturorero tw’ivyo biboneye ubwabo.
Ururirimbo rw’152 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 18 Gitugutu
Ururirimbo rw’196
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu n’ivyabonywe mu gikorwa co mu ndimiro.
Imin. 13: “Woba Ushaka Kwimuka?” Insiguro iremesha ishikirizwa n’umunyamabanga. Igihe abamamaji babonye ko bikenewe yuko bimukira mu rindi shengero, ni ivy’ingirakamaro ko bashinga imizi aho bagiye kugira ngo birinde uguhororokerwa ukwo ari kwo kwose kwo mu vy’impwemu. Nushimike ku vy’uko bikenewe ko abakurambere bamenya ivyerekeye mwene iyo migambi, kandi agasaba ko bamufasha gushikira ishengero agiyemwo.
Imin. 22: “Duhindure Abigishwa mu Babanyi Bacu b’Abanyaziya.” Hakoreshwe ibibazo n’inyishu. Niwerekane ibintu dushobora guhurirako n’Umunyaziya. Nimugire umwerekano wateguwe neza w’ukuntu twoyaga na bo. Nuvuge yuko hari Abanyaziya batari bake bagirisha abonema y’ibinyamakuru vyacu.
Ururirimbo rw’142 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 25 Gitugutu
Ururirimbo rw’179
Imin. 15: Amatangazo y’iwanyu. Nufashe bose bitegurire gushikiriza ka gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? canke ca gitabu Ubumenyi mu kwezi kwa Munyonyo. Nusigure ingene bokwitegurira gushikiriza ikiganiro cerekeza kuri iki kibazo kigira giti: “Imana yoba yishura amasengesho?” Nukoreshe ivyiyumviro bivuye mu cigwa c’7 muri ako gatabu canke mu kigabane ca 16, Ingingo ya 12-14 mu gitabu Ubumenyi. Nimugire umwerekano woroshe urimwo icanditswe kimwe.
Imin. 15: Gutora Inyishu z’Ibibazo Vyerekeye Bibiliya. Umwamamaji yahuye n’umuntu yashimishijwe n’ikibazo gishingiye kuri Bibiliya aze kubaza umukozi w’ishengero. Aho kumuha inyishu, uyo mukozi w’ishengero amusigurire ingene yoshobora kuyitora. Ubwa mbere, niyihweze inama dusanga mu gitabu Kiongozi cha Shule, Icigwa c’7, ingingo y’8-9. Nibace baronderera hamwe inyishu ku kibazo gikunda kuvyurwa mu karere bakebewe. Nibarondere amarabiro manaka ajanye n’ico kibazo bongere barondere ivyiyumviro bitomora iyo nyishu Bibiliya itanga. Remesha abumviriza kugira inyigisho nk’iyo yo kurondera inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya.
Imin. 15: Imigambi Twoshobora Kwishingira. Insiguro hamwe n’uguhana ijambo n’abumviriza. Nimwihweze imigambi ngirakimazi yanditse mu ruzitiro rwo mu Munara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Ntwarante 1997, ku rupapuro rwa 11. Nushiremwo indemesho zo kugira uruhara mu murimo w’ubutsimvyi bwo gufasha canke ubw’intahorereza. Nusigure ingene gushitsa iyo migambi bishobora kutuzanira ivyiza twebwe ubwacu. Nusabe abumviriza bavuge umunezero bironkeye igihe bashobora gushitsa imigambi imwimwe ya Gitewokarasi.
Ururirimbo rw’151 n’isengesho ryo gusozera.