ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 10/99 rup. 8
  • Duhindure Abigishwa mu Babanyi Bacu b’Abanyaziya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Duhindure Abigishwa mu Babanyi Bacu b’Abanyaziya
  • Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Ivyo bijanye
  • Woba uriko urakoresha utu dutabu?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Ingene twokoresha agatabu Inkuru nziza iva ku Mana
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Niwigishe ukoresheje agatabu Inkuru nziza
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Gufasha abataragera kwiga igitabu Ivyo Bibiliya yigisha
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—1999
km 10/99 rup. 8

Duhindure Abigishwa mu Babanyi Bacu b’Abanyaziya

1 ‘NIWAGUKE’—Nutsimbataze Umwete wo Kubwira Inkuru Nziza Abanyamahanga: Hari abantu benshi baturuka muri Aziya baba muri Afirika yo mu Buseruko. Abenshi baje bava muri ca gihugu kinini c’Ubuhindi ariko abatari bake bavukiye muri Afirika yo mu Buseruko mu nyuma. Ahanini usanga bakuriye mw’idini y’Abahindu, y’Abasiki, canke y’Abisilamu.

2 Ubu turafise Ivyabona bamwebamwe bavuga Igipunjabi, Ikigujarati n’Igihindi, tukagira kandi n’inyigisho za Bibiliya zitari nke mu Banyaziya. Henshi mu bisagara vyacu bitobito na bininibinini hariyo imiryango mininiminini yabo, ariko n’ahari amashengero yo mu gihugu hagati usanga hariyo amabutike n’uburiro vyabo. Turafise agateka n’ibanga vyo guhindura abigishwa mu babanyi bacu b’Abanyaziya, aho twobasanga hose, mu buryo buhuje n’ibwirizwa rya Yezu. (Mat. 28:19, 20) Woba uzofasha mw’iyimbura ry’iyo ndimiro?—Mat. 9:37, 38; Yoh. 4:35.

3 Ni ibisanzwe kwumva ko tutabishoboye igihe dushingira intahe abantu bafise ururimi, idini, n’imico kama tutamenyereye. Yamara abamamaji bacu benshi b’Abanyaziya bafashijwe kumenya ukuri n’Ivyabona batakuriye muri bo. Dutegerezwa kwibuka yuko ari Yehova adushoboza igikorwa ciwe.—2 Kor. 3:5.

4 None rero, ni igiki cotuma dutunganirwa muri iyo ndimiro y’ “abanyamahanga”? Ni ugukunda abantu b’ubwoko bwose ata gutoranya, mu gutuma imitima yacu ‘yaguka’! (2 Kor. 6:11-13) Urukundo rwa gikirisu mwene urwo rurakomeza umwete wo kubwira inkuru nziza abanyamahanga, rugakomeza n’agatima nk’aka Kirisitu, mu kwitwararika ineza y’abandi.—Flp. 2:1-4.

5 Igihe intumwa Paulo yari muri Atenayi, ntiyaraba gusa ‘ivyo basenga’ vyari bimukikije. Ahubwo, ‘yaravyihweje yitonze.’ (Ivyak. 17:23, Ubwuzure Bushasha) Kugira tube abamamaji kirumara b’inkuru nziza, birakenewe ko tugira nk’ukwo nyene. Igihe twegereye ku rugo rubamwo umuryango w’Umunyaziya, ni igiki dukwiye kurondera kugira hagire ico tumenya kw’idini y’abo tuhasanze? Nk’akarorero:

◼ Inzu y’Abasiki: Ishobora kwerekanwa n’urugi rumaditseko akantu kanditse mu rurimi rw’Igipunjabi canke ikimenyetso ca nishan sahib, kikaba kigizwe n’inkota ikarishe impande zose iri mu muzingi, ikikujwe n’inkota zibiri zihese. Imbere mu nzu, ushobora kubonamwo amafoto y’abakuru b’iryo dini be n’ay’Urusengero rw’Inzahabu rw’i Amritsar.

◼ Ubwinjiriro bw’Abahindu: Ku gishimaryango hashobora kuba hashushanijweko swastika, kikaba ari ikintu kimeze nk’umusaraba, canke hakaba hashushanijweko inazi. Imbere y’umuryango hejuru harashobora kandi kuba hari umurongo w’amababi y’imyembe canke akantu gahometsweko (kariko ikimenyetso ca Om).

6 Dushobora gute kwitegurira gushingira intahe Abahindu n’Abasiki? Mu kumenya neza vya bintu vyatohojwe neza vyanditse mu gitabu Jitihada ya Ainabinadamu ya Kutafuta Mungu, ku kigabane ca 5 kigira giti: “Uhindu—Jitihada ya Kutafuta Kukombolewa.” (‘Ubuhindu—Uburyo bwo kurondera guhabuzwa’) Raba ingene ico kigabane kitumenyesha iciyumviro c’Abahindu ku vyerekeye: Imana (Ing. ya 27-32); Ivyanditswe vyeranda (Ing. ya 10-14); Uburyo butandukanye bwo gusenga (Urupapuro rw’110); Intumbero y’ubuzima (Ing. ya 24); Uko abapfuye bamerewe (Ing. ya 39-43); Ugucumukura kw’Abantu (Ing. ya 21-23). Inyigisho nyamukuru z’Abasiki zivuzwe ku rupapuro rw’100-101. Mu gihe hoba hari ico dutahura ku vyerekeye ivyanditswe vy’Abahindu n’imigenzo yabo, twokoresha ivyo tuzi bikaba nk’inzira y’intango yo kubafasha kuzirikana kuri Bibiliya, nka kumwe intumwa Paulo yabigira.—Ivyak. 17:22-31.

7 Igihe uramukije ku mihana y’Abanyaziya, gerageza imbere ya vyose uganire na nyene urugo. Igihe ushoboye kugira gutyo arashobora guca atumira abandi bagize umuryango ngo bifatanye muri ico kiyago.—Gereranya n’Ivyakozwe 16:32.

Indamukanyo yo mu Gipunjabi Sat Siri Akal, Ki Haal Hai? (“Ukuri kwamaho, amakuru maki?”)

Indamukanyo yo mu Kigujarati Kem Chho? (“Amakuru maki?”)

◼ Nimba bakwakiriye, uriyubara nturiremwo mbege, canke ngo uhamare umwanya muremure birenze.—Gereranya n’Imigani 25:17.

◼ Mu gutanguza ibiyago n’Abanyaziya bafise imyaka itandukanye, koresha amajambo ntanguzakiyago aboneka munsi y’imitwe ikurikira mu gitabu Kutoa Sababu, ku rupapuro rw’9-15:

Abageze mu Zabukuru: Ubukozi bw’ikibi/Ugutekanirwa; Urukundo/Umutima mwiza; Ubusaza/Urupfu

Abavyeyi: Umuryango/Ibibondo; Ubuzima/Agahimbare

Urwaruka: Akazi/Uburaro; Akarenganyo/Ugucumukura

◼ Ivyo wokwifashisha mu bintu bikunda guharīrwako dushobora kandi kubisanga mu gitabu Kutoa Sababu, munsi y’imitwe ivuga ngo:

Bibiliya: Urupapuro rwa 48—‘Bibiliya ni igitabu c’Abazungu’

Ukuba Warandikiwe Ibigushikira: Urupapuro rwa 27—Umwe wese yoba yarashingiwe “umusi wiwe wo gupfa”?

Ukwongera Kuvukira mu Kindi Kiremwa: Urupapuro rw’158—‘Nemera yuko umuntu apfuye avukira mu kindi kiremwa’

Idini: Urupapuro rwa 69—Vyoba bibereye kuva mw’idini y’abavyeyi?

8 Dushaka ko abantu bo mu karere twakebewe batubonamwo ca gishika n’ukwitaho abantu Yezu Kirisitu yagaragaje mu gikenurwa ciwe. Birakenewe ko tugaragaza ico gishika ibihe vyose! Naho abo tuganiriza boba berekana ko ubutumwa bwacu bubashimisha buhoro, inyifato batubonanye ibasigara mu bwenge, kandi bizotuma Icabona azoharamutsa ubukurikira yoroherwa.

9 Ubutumwa bw’Abakirisu burafise ububasha. Bushobora ‘gushingura impari n’igishizwe hejuru cose, kihashiriwe kurwanya ukumenya Imana.’ (2 Kor. 10:4, 5) Ariko igihe dushingira intahe abo bafise ukwizera kudashingiye kuri Bibiliya, biba bikenewe ko tugira ubumenyi bw’ishimikiro bw’ivyo bemera n’inyigisho zabo kugira dushobore kubakwegera kw’Ijambo rya Yehova. Ico gihe gusa niho dushobora guhindura abigishwa mu buryo kirumara. Igitabu Jitihada ya Ainabinadamu ya Kutafuta Mungu kirashobora kudufasha muri ivyo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika