ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 1/00 rup. 1
  • Wewe Ni Ho Uzoba Uri?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Wewe Ni Ho Uzoba Uri?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ivyo bijanye
  • Ihwaniro ry’intara ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu 2006 ryataziriwe ngo “Igihe co kurokorwa kiregereje”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Woba Uzovyitaba?
    Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Woba Ushima Ibintu Vyeranda?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ihwaniro ry’intara ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu 2007 ryataziriwe ngo “Kurikira Kristu!”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2000
km 1/00 rup. 1

Wewe Ni Ho Uzoba Uri?

1 Igihe kimwe Icabona amaze igihe kirekire yavuze ati: “Iyo usivye umusi wa mbere w’iteraniro, emwe, uba uhomvye vyinshi kurenza!” Ni kuki yabibonye muri ubwo buryo? Kubera umusi wa mbere uba ari yo ntango y’amazimano yo mu buryo bw’impwemu ishirahamwe rya Yehova riba ryaduteguriye. (Yes. 25:6) Tubaye ari ho turi kuva ku ntango, vyerekana yuko duhuza inyiyumvo n’umwanditsi wa Zaburi yagize ati: “Naranezerewe hamwe bambgira, bati Tugende tuje ku ngoro y’Uhoraho.”—Zab. 122:1.

2 Mugabo, kuri amwamwe muri ya Materaniro y’Intara yatazirwa ngo “Ijambo ry’Ubuhanuzi ry’Imana,” abayitavye ku wa Gatanu bari bakeyi cane ugereranije n’abo ku wa Gatandatu no ku w’Iyinga. Ivyo bisigura yuko igice kinini kw’ijana c’abavukanyi bacu bahomvye ukwumva ibihimba vy’iteraniro vyatanze amayagwa y’agaciro yerekeye ijambo ry’ubuhanuzi. Vyongeye barahomvye ukuja hamwe guhimbaye n’abo basangiye ukwizera.

3 Ntureke ngo Akazi Kagusivye: Kurazwa ishinga n’uko wohava utakaza akazi birashobora kuba impamvu yatumye bamwe batitaba iteraniro ku wa Gatanu. Ariko rero, Ivyabona batari bake basanze abakoresha babo biteguriye gufashanya na bo muri ivyo mu gihe basavye uruhusha hakiri kare. Umukoresha umwe yaratangajwe cane n’umwiyemezo ushikamye umuvukanyikazi umwe w’umutsimvyi yari afise wo kwitaba amakoraniro y’ishengero be n’amateraniro yose, gushika aho uwo mukoresha yaciye amara umusi wose uko ungana ari kw’iteraniro uwo muvukanyikazi yari yitavye!

4 Ntukwiye kwibwira yuko umukoresha wawe atokurekura, eka mbere ntukwiye kuvuga yuko gusiba umusi umwe w’iteraniro ataco bizoba bitwaye. Ukoresheje ukujijuka kuvuye ku mutima, niwitegurire kwereka umukoresha wawe, ubigiranye ukwiyubara kandi ukoresheje Ivyanditswe, igituma kwitaba iteraniro ari umuce uhambaye w’ugusenga kwawe. (Heb. 10:24, 25) Maze rero niwizigire rwose imihango ya Yehova, wemere icese yuko ico usaba cose mu vy’umubiri uzokironka niwagumiza mu kibanza ca mbere mu buzima bwawe ivy’ukenera vyo mu buryo bw’impwemu.—Mat. 6:33; Heb. 13:5, 6.

5 Ikintu nyamukuru ni ugushima “ibintu bihambaye kuruta.” (Flp. 1:10, 11, NW; Zab. 27:4) Ivyo bituma twishingira imigambi yo kuzokwungukira bimwe vyuzuye kuri iyo ntunganyo ihambaye iva kuri Yehova. Nutangure ubu gushinga imigambi itomoye, kandi wiyemeze yuko wewe uzoba ari ho uri mu misi yose uko ari itatu!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika