Bavyeyi, Ronkere Akanyamuneza mu Bana Banyu
“So na nyoko ni banezerwe.”—IMIGANI 23:25.
1. Ni igiki kizotuma abavyeyi baronkera akanyamuneza mu bana babo?
INGENE ari vyiza kubona umuvyaro ukura ugacika igiti c’inganzamarumbu kizana ubwiza n’igitûtu—canecane iyo wawuteye kandi ukawubungabunga! Ni cokimwe, abavyeyi babungabunga abana babo bakura gushika babe abasuku b’Imana bahumuye, bararonkera akanyamuneza kenshi muri bo, nk’uko uyu mugani wo muri Bibiliya ubivuga: “Se w’umugororotsi azogira akanyamuneza kenshi, n’ūvyaye umwana w’ubgenge azomunezererwa. So na nyoko ni banezerwe, nyoko yakuvyaye n’ahimbarwe.”—Imigani 23:24, 25.
2, 3. (a) Abavyeyi bashobora gute kuzibukira intuntu n’agaterantuntu? (b) Ni igiki imivyaro be n’abana bikeneye kugira bicike isôko ry’akanyamuneza?
2 Yamara, umwana ntashoka acika “umugororotsi” n’ ‘uw’ubwenge.’ Akigoro kanini karakenewe kugira abakiri batoyi bagume bakingiwe ngo ntibacike isôko ry’“intuntu” n’“agaterantuntu,” nk’uko nyene ugukora igikorwa gushobora gukenerwa kugira umuvyaro uhindurwemwo igiti c’inganzamarumbu. (Imigani 17:21, 25) Nk’akarorero, ibirembezo birashobora gufasha umuvyaro ukiri muto gukura ugororotse kandi ukomeye. Ukuvomerwa kudahorereza ni ukwa nkenerwa cane, kandi n’umuvyaro woshobora gukenera gukingirwa indwara z’akaranda. Ubwa nyuma, ugututūrira igiti kurashobora kugifasha kuba ic’ubwiza.
3 Ijambo ry’Imana rirahishura yuko abana bakeneye ibintu nk’imenyerezwa mvamana, uguhazwa amazi y’ukuri kwa Bibiliya, ugukingirwa ugukorerwa amabi mu vya runtu, hamwe n’itozwandero mvarukundo vyo gututūra utugeso tubitubi. Kugira izo nkenero zuzurizwe, ba se canecane barahimirizwa kurera abana babo ‘mw itozandero no mw igororabuzirikanyi vya Yehova.’ (Abanyefeso 6:4) Ivyo birimwo ibiki?
Ugutsindagirira ku Majambo ya Yehova
4. Ni ibanga nyabaki abavyeyi bafise ku bana babo, kandi ni igiki gisabwa imbere y’uko bashobora kurishitsa?
4 ‘Igororabuzirikanyi rya Yehova’ bisobanura ukugorora ukwiyumvira kwacu kugahuza n’igomba rya Yehova. Abavyeyi rero bategerezwa kwinjiza mu mizirikanyi y’ibibondo vyabo ukuntu Yehova yiyumvira ibintu. Vyongeye bategerezwa kandi kwigana akarorero k’Imana mu vy’ugutanga itozandero ryen’imbabazi, canke ukumenyerezwa kubahubûra. (Zaburi 103:10, 11; Imigani 3:11, 12) Ariko imbere y’uko abavyeyi bashobora kugira ivyo, bo ubwabo bategerezwa kunywa amajambo ya Yehova, nka kumwe Musa wa mumenyeshakazoza w’Imana yakebura Abisirayeli ba kera, ati: ‘Ayo majambo [ava kuri Yehova] ndababwirije uyu musi aze abe ku mutima wanyu.’—Gusubira mu vyagezwe 6:6, NW.
5. Ni ryari kandi mu buryo ki abavyeyi b’Abisirayeli babwirizwa gucisha ubwenge abana babo, kandi “kwigisha” bisigura iki?
5 Ugutohoza Bibiliya kudahorereza, ukuzirikana hamwe n’izambo biraronsa abavyeyi ivyangombwa vy’ukugira ivyo Musa yategetse mu nyuma: “[Amajambo ya Yehova] muze mugire umwete wo kuyigisha abana banyu; muze muyahoze mu kanwa iyo mwicaye mu nzu, n’iyo muriko muragenda mu nzira, n’iyo muryamye, n’iyo muvyutse.” (Impirikano ni izacu.) Ijambo ry’Igiheburayo ryahibanuwe ngo “kuyigisha” risobanura “gusubiramwo,” “kuvuga kenshi kenshi,” “kudomanga ukanoza.” Raba ukuntu Musa yongeye gutsindagirira ku nkenero y’ukugumya amajambo ya Yehova aha mbere: “Muze muyahambire ku maboko yanyu, ababere ikimenyetso, muyashire mu ruhanga nk’amambe, abe hagati y’amaso yanyu. Muze muyandike ku bishimaryango vy’amazu yanyu no ku bikingi vy’amarembo.” Biratomotse, Yehova asaba abavyeyi kwitwararika abana babo ubudahorereza kandi babishizemwo urukundo!—Gusubira mu vyagezwe 6:7-9.
6. Ni ibiki abavyeyi babwirizwa kwigisha abana babo, bigaheza bikabungura gute?
6 None ‘ayo majambo’ ya Yehova abavyeyi bǎbwirizwa kwigisha abana babo ni amaki? Musa yari ahejeje gusubiramwo igisanzwe citwa Amabwirizwa Cumi, hashizwemwo za mbwirizo z’ukutica, kudakora uburengabigo, kutiba, kudashinga intahe y’ikinyoma, n’ukudahungungwa. Ivyo bisabwa vya runtu, hamwe na ya mbwirizo ngo “mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, n’inkomezi zanyu zose,” ni vyo canecane abavyeyi b’Abisirayeli bari kwigisha ababo bakiri batoyi. (Gusubira mu vyagezwe 5:6-21; 6:1-5) Ntimwokwemera none ko ubwo ari bwo bwoko bw’inyigisho abana bakaneye kino gihe?
7. (a) Abana bagereranywa n’iki muri Bibiliya? (b) None ubu tugiye kwihweza iki?
7 Se w’abana w’Umwisirayeli yabwirwa ati: “Umugore wawe azoba nk’umuzabibu wama cane, ari haruguru mu nzu yawe; abana bawe bazoba nk’utugemwe twa elayo, bakikije ameza yawe.” (Zaburi 128:3) Yamara, kugira abavyeyi baronkere akanyamuneza mu “mivyaro” yabo hako bagira intuntu, bategerezwa kwitaho abana babo umwumwe ukwiwe, buri musi. (Imigani 10:1; 13:24; 29:15, 17) Reka turabe ukugene abavyeyi bashobora kumenyereza, kuvomera mu vy’impwemu, gukingira no gutoza indero mu rukundo abana babo, ku buryo bashika ku kuronkera muri bo akanyamuneza nyako.
Ukubamenyereza Guhera mu Buhinja
8. (a) Ni bande bǎranguye uruhara rw’ibirembezo kuri Timoteyo? (b) Ukumenyereza kwatanguye ryari kandi kwanzukamwo iki?
8 Rimbūra Timoteyo uwaronse inshigikiro iva ku vyo twokwita ibirembezo bibiri bishinze mu buryo bushikamye—ari vyo nyina wiwe na inakuru. Kubera ko se wa Timoteyo yari Umugiriki kandi bikaba biboneka ko yari utizeye, nyina wiwe w’Umuyudakazi Ewunike na inakuru Lowisi ni bo bigishije nya gahungu ‘guhera mu buhinja mu vyandiko vyeranda.’ (2 Timoteyo 1:5; 3:15; Ivyakozwe n’intumwa 16:1) Ugushiruka ubute kwabo mu kwigisha Timoteyo—no mu gihe nyene yari uruyoya—“ibikorwa bitangaje [Yehova] yakoze” kwarahêrewe vyinshi. (Zaburi 78:1, 3, 4) Timoteyo yahavuye acika umumisiyonari mu bihugu vya kure ngirango igihe yari akiri umwebeya, kandi yaragize uruhara ruhambaye mu vy’ugukomeza amakorane makirisu ya kare.—Ivyakozwe n’intumwa 16:2-5; 1 Ab’i Korinto 4:17; Ab’i Filipi 2:19-23.
9. Abakiri batoyi bashobora gute kwiga kuzibukira imitego y’ikundamaronko?
9 Bavyeyi, mwebwe muri ibirembezo bwoko ki? Nk’akarorero, mwoba mushaka ko abana banyu bakomeza imbono irimbanye ku bintu vy’umubiri? Mutegerezwa rero gutanga akarorero keza mu kudakurikirana buri bihingurano muderiwanyuma vyose canke ibindi bintu mudakeneye vy’ukuri. Niba muhisemwo gukurikirana uturusho two mu vy’umubiri, ntimuzotangare abana banyu nibabatora akôko. (Matayo 6:24; 1 Timoteyo 6:9, 10) Nawe wumva, mu gihe ibirembezo bitagororotse, vyoshoboka bite ko imivyaro ikura iramvuye?
10. Ni ubuyobozi bwa nde abavyeyi bakwiye kwama barondera, kandi ni agatima gaki bakwiye kugira?
10 Abavyeyi baronkera akanyamuneza mu bana babo bazoguma barondera imfasho mvamana mu kubamenyereza, nantaryo bakarimbūra icokwungura abana babo mu vy’impwemu rwose kuruta. Hariho nyina wa bane umwe yiganye ibi: “N’imbere y’uko abana bacu bavuka, twarazamba Yehova ubudahorereza ngo adufashe kuba abavyeyi beza, tuyoborwe n’Ijambo ryiwe kandi turikurikize mu buzima bwacu.” Yongeyeko ati: “ ‘Yehova aza ubwa mbere’ ntiryari iryungane risanzwe gusa ariko bwari bwo buryo twabaho mu buzima bwacu.”—Abacamanza 13:8.
Ukuronsa “Amazi” Ubudahorereza
11. Ni igiki imivyaro n’abana vyompi bisaba kugira bikure?
11 Imivyaro canecane irakeneye kwama ironswa amazi ubudasiba, nk’uko vyerekanwa n’ukuntu ibiti bikura neza iyo biri iruhande y’uruzi. (Gereranya n’ Ivyahishuriwe Yohani 22:1, 2) Inzoya na zo nyene zizokwezeza mu vy’impwemu niba zironswa amazi y’ukuri kwa Bibiliya ubudahorereza. Ariko abavyeyi barakeneye kutiyobagiza igihe umwana wabo aba ashoboye kwitunira ibintu. Kumbure ibiringo vy’ugucisha ubwenge bipfunyapfunywe bihozako vyoshobora kuba kirumara gusumba birebire bigirwa rimwerimwe. Ntimugafatire mu rwara agaciro k’ibiringo bigufibigufi kuruta mwen’ivyo. Ukumarana umwanya ni ngirakamaro cane kugira haremwe ubunywanyi hagati y’umuvyeyi n’umwana, ubwegerane budasiba kuremeshwa mu Vyanditswe.—Gusubira mu vyagezwe 6:6-9; 11:18-21; Imigani 22:6.
12. Agaciro k’ukuzamba muri kumwe n’ibibondo ni akahe?
12 Kimwe mu biringo vyo kumarana n’ibibondo gishobora kuba mu mpera y’umusi. Hari umuto umwe w’umwigeme yibuka ibi: “Abavyeyi banje bǎricara ku mpera y’igitanda buri joro hanyuma bakatwumviriza igihe dutura amazambo yacu bwite.” Ku vy’agaciro k’ukugira ivyo, uwundi yavuze ati: “Ivyo vyaranteye akamenyero k’ukuzamba Yehova buri joro imbere y’uko nja kuryama.” Iyo abana buri musi bumva abavyeyi babo bávuga ivya Yehova kandi bakamuzamba, araheza agacika umuntu atari umugani kuri bo. Umuto umwe yavuze ati: “Narahumiriza ndiko ndasenga Yehova, nkabóna umuntu mutarumugani ameze nka sogokuru. Abavyeyi banje baramfashije kubona ko Yehova arangura uruhara mu vyo dukora no mu vyo tuvuga vyose.”
13. Ibiringo vy’inyigisho bidahorereza bishobora gushirwamwo n’iki?
13 Kugira ibibondo bifashwe kunywa nya mazi y’ukuri kwa Bibiliya, abavyeyi bashobora gushiramwo ibintu ngirakimazi vyinshi mu biringo vy’ugucisha ubwenge bidahorereza. Abavyeyi b’abana babiri batarashikira ubwebeya bavuze bati: “Abo bana bompi bǎtanguye kuronka indero y’ukwicara batekereje mu Ngoro y’Ubwami guhera ku mishamvu mikeyi ya mbere y’ubuzima bwabo.” Hari se w’abana umwe yadondoye ico urugo rwiwe rwagira ati: “Twaratondekanya ibitabu vyose vya Bibiliya ku dukarata tw’ironderero hanyuma tukaja turimenyereza kudushira ku rupange, twese tuja turakuranwa. Abana bǎma babirindiriye.” Ingo nyinshi zirashiramwo ibiringo vy’incishabwenge imbere canke inyuma y’ugufungura. Se w’abana umwe yavuze ati: “Ibifungurwa vyo ku mugoroba vyaratubereye igihe ciza c’uguhana ijambo ku gisomwa ca Bibiliya c’umusi.”
14. (a) Ni ibikenurwa nyabaki bironsa impêra mu vy’impwemu vyoshobora gusangirirwa hamwe n’ibibondo? (b) Abana bafise ubushobozi nyabaki bw’ukwiga?
14 Ibibondo birashobora kandi kwinovora ukwumviriza inkuru za Bibiliya zishwangamura zo mu Gitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya.a “Igihe abana bari bakiri bato,” ni ivyavuzwe n’inyabubiri imwe, “twarahwanya icigwa co mu gitabu Inkuru za Bibiliya, abana bagashirako imyambaro hanyuma bagakina nya bihimba vyazo mu buryo bw’akadarǎmu gatoyi. Ivyo barabikunda cane, kandi kenshi barashimika ku vy’uko batokina inkuru imwe gusa kuri buri rwigo.” Ntugakengere ubushobozi umwana wawe afise bw’ukwiga. Hari abana b’imyaka inine bafashe ku mutwe ibigabane binaka uko binganangana vy’igitabu Inkuru za Bibiliya kandi bariga mbere gusoma Bibiliya! Hari umwigeme umwe yibuka yuko igihe yari afise nk’imyaka itatu n’igice yaguma asoma nabi imvugo “judicial decisions” (ingingo z’ubutungane), ariko se wiwe yamuremesheje kubandanya kuja arimenyereza.
15. Ni ibintu biki bishobora gushirwa mu biyago bigiranwa n’abana kandi ni ikimenyamenya giki kihari c’uko ibiyago mwen’ivyo ari ivy’agaciro?
15 Kumarana ibiringo n’ibibondo vyanyu kurashobora kandi gukoreshwa kugira mubategure basabikanye n’abandi ya mazi y’ukuri, nko mu gusasanura ku mahwaniro. (Abaheburayo 10:24, 25) “Mu gihe c’ibiringo twagiramwo ukwimenyereza nabwirizwa gusasanura mu majambo yanje bwite,” vyibukwa n’umwigeme umwe. “Sinarekurirwa gusoma gusa ntatahura.” Vyongeye, abana barashobora kumenyerezwa kujamwo mu gikorwa ngenerwa co mu ndimiro mu buryo buri n’ico buvuze. Hari umukenyezi yarezwe n’abavyeyi batinya Imana asigura ati: “Ntaho twigeze tuba inkurikira zipfa guherekeza abavyeyi bacu mu gikorwa cabo. Twari tuzi ko dufisemwo umugabane, naho kwaba ari ukuvuza gusa agakengeri ko ku muryango no gusiga akandikano gatoyi. Kubera twitegura twitonze ku bw’ibikenurwa vyo ku mpera-mushamvu, twari tuzi ico twovuga. Ntaho twigera tugira Uwagatandatu mu gitondo tuvyuka tubaza ko twoba tuja kugenda mu gikorwa ngenerwa. Twaba tuzi ko tugenda.”
16. Ni kubera iki ukudahorereza mu kugirira hamwe n’abana urwigo rw’urugo bihambaye?
16 Inkenero y’ukuronsa ibibondo amazi y’ukuri kwa Bibiliya ubudahorereza ntitwokwirirwa turayirandirako, bikaba bisobanura ko urwigo rwa Bibiliya rw’urugo rwa buri mushamvu ari nkenerwa rwose. Hari se w’ibibondo bibiri umwe avuga yuko “inyungamwo nyayo imwe mu vy’ukuratsa abana ari ukuba mahindagu.” (Abanyefeso 6:4) Yavuze ati: “Umukazi wanje hamwe nanje twaraca umusi n’isaha tukarongōra nk’uko bitegerezwa urwigo rw’urugo rwari rutegekanijwe. Abana ntibatevye kwama babirindiriye kuri ico gihe.” Umumenyerezo mwen’uwo wose utangurira mu buhinja urahambaye cane, dukurikije uku kuri ntaharirwa ngo ‘Uko umwana arezwe ni ko akura.’
17. Ni igiki gihambaye nk’ukuronsa ibibondo ibintu-kuri vya Bibiliya?
17 Ukuronsa ibibondo ibintu-kuri vya Bibiliya ni ikintu gihambaye, ariko akarorero k’abavyeyi na ko nyene si ko gato. Abana banyu boba bahora bababona mwiga, mwitaba amahwaniro mudahorereza, mujamwo mu gikorwa ngenerwa co mu ndimiro, ego, muronkera akanyamuneza mu kugira igomba rya Yehova? (Zaburi 40:8) Ni ivya nkenerwa rwose ko bababona mubigira. Uca unyurwa n’igituma umwigeme umwe yavuze ivya nyina wiwe yari yarindiyeko ururwanyo yaterwa n’umunega wiwe akaba kandi yareze abana batandatu bagacika Ivyabona b’abizerwa, ati: “Icatujongoroye kuruta ibindi kari akarorero ka Mawe ubwiwe—karatubereye ya ngiro iruta imvugo.”
Ukuronsa Ibibondo Ubukingizi
18. (a) Abavyeyi bashobora gute kuronsa abana ubukingizi bakeneye? (b) Ni incishabwenge bwoko ki ibibondo vyahabwa muri Isirayeli ku biraba ibihimba vy’irondoka?
18 Nk’uko imivyaro ikunda gukenera gukingirwa indwara z’akaranda z’ingeramizi, muri uru runkwekwe rubi rw’ibintu, ibibondo birakeneye gukingirwa “abantu babi.” (2 Timoteyo 3:1-5, 13) Abavyeyi bashobora gute gutanga ubwo bukingizi? Mu kubifasha bikaronka urwevu mvamana! (Umusiguzi 7:12) Yehova yategetse Abisirayeli—ushizemwo n’“abana” babo—kwumviriza isomwa ry’Iteka yashinze, iryarimwo n’igenekerezwa ry’inyirongōro ibereye n’iyitabereye mu vy’uguhuza ibitsina. (Gusubira mu vyagezwe 31:12; Abalewi 18:6-24) Ibihimba vy’irondoka biracishwamwo kenshi, ushizemwo “amavya” hamwe n’ ‘igihimba c’ivyara.’ (Abalewi 15:1-3, 16; 21:20; 22:24; Guharūra 25:8, NW; Gusubira mu vyagezwe 23:10) Kubera ubwononekare burenze bw’isi ya kino gihe, ibibondo birakeneye kumenya ikoresha ribereye n’iritabereye ry’ivyo bihimba vy’umubiri bishirwa mu vyaremwe Imana yise “vyiza cane.”—Itanguriro 1:31; 1 Ab’i Korinto 12:21-24.
19. Ni incishabwenge nyabaki ibereye yo guha ibibondo ku biraba ibihimba vyavyo vy’umubiri vyiherereye?
19 Iciza, abavyeyi bompi hamwe canke mwene kurera wese akuze, bakwiye kugenekereza umwana ibihimba vyiwe vy’umubiri vyiherereye. Bakwiye maze kubasigurira yuko ata bandi bantu bemerewe gukora kuri ivyo bihimba. Kubera ko abasindira abana kenshi usanga bakunda gupima ukugene ibibondo vyifata iyo biyengayenzwe ku rwenge ngo bisambanywe, umwana akwiye kwigishwa kunana ashikamye akavuga, ati “Ndakurega!” Igishe ibibondo vyanyu yuko bikwiye kwama birega uwo wese agerageza kubikorako mu buryo butuma vyumva bitewe isoni, naho bobitera ubwoba bimwe bikomeye gute.
Ugutanga Itozandero ry’Urukundo
20. (a) Itozandero rihuriye he n’itutūra? (b) Mu ntango itozandero rigira ingaruka nyabaki, ariko umwanzuro waryo ni umuki?
20 Ibibondo birungukira kw itozwandero ry’urukundo, nk’uko igiti cungukira ku gututurirwa. (Imigani 1:8, 9; 4:13; 13:1) Igihe amashami y’intakimazi acacuwe, ikura ry’ayandi riba riremeshejwe. Nuko, niba abana banyu bariko bashimikira canecane ku bitungano vy’umubiri canke bakaba bahengamira ku migendano mibi canke ku kwisamaza kwonona, izo mpengamiro mbi zimeze nk’amashami akeneye gucacurwa. Mu gihe bikuweho, abana banyu bazofashwa kugira bakurire mu nzira y’ivy’impwemu. Mu ntango, mwen’iryo tozandero rishobora kutaba iriryoshe, nk’uko nyene itutūra rishobora gukomeretsa igiti. Ariko ingaruka nziza y’itozandero ni ikura risanuwe mu nzira mushaka ko umwana wanyu akuriramwo.—Abaheburayo 12:5-11.
21, 22. (a) Ni igiki cerekana yuko itozandero ritaryoha haba mu kuritanga canke mu kurihabwa? (b) Ni kubera iki abavyeyi badakwiye gutinyatinya gutanga itonzandero?
21 Ivy’uko itozandero ritaryoha haba mu kuritanga canke mu kurihabwa, si ikigoye kwemera. “Umuhungwanje yaramarana umwanya utari muto n’umuhungu abakurambere bari barambûriye ko atari umugendano mwiza,” ni ivyavuzwe na se w’abana umwe. “Narî nkwiye gukora vuba birushirije uko nagize. Naho umuhungwanje atagiye mu bukorakibi bwiyanitse, kubogora ukwiyumvira kwiwe vyatwaye igihe.” Nya muhungu yavuze uku: “Igihe nacacurwa ku mugenzi wa mbere nari mfise, numvise ntabanutse.” Ariko yongeyeko ati: “Iyo yari ingingo nziza ifashwe, kubera ko mu nyuma gatoyi yahavuye agacibwa.”
22 ‘Uguhana kw’ukwigisha ni inzira y’ubuzima,’ ni vyo Ijambo ry’Imana rivuga. Nuko rero, ata kuraba ukugene itozandero ryoba rigoye gutanga, ntimukaryime abana banyu. (Imigani 6:23; 23:13; 29:17) Mu nyuma, bazokura ubwatsi yuko mwabakosoye. “Ndibuka ko nashavuriye abavyeyi banje igihe bǎntoza indero,” ni umuto umwe avyibuka. “Ubu ho norushirijeho gushavura iyaba abavyeyi banje baranyimye iryo tozwandero.”
Impêra Yavyo Irakwiriye Akigoro
23. Ni kubera iki ikebu ry’urukundo ryose rigirirwa abakiri batoyi rikwiriye akigoro?
23 Aho nta kibazo, abana abavyeyi hamwe n’abandi nyene baronkeramwo akanyamuneza ni umwimbu uva kw ikebu ryinshi ry’urukundo, rya buri musi. Ariko rero, akigoro kose bagirirwa—baba abana bwana canke abo mu vy’impwemu—karakwiriye impêra ishobora kwinovorwa. Umuposolo Yohani yari arugenze mu myaka ivyo yarabiranze igihe yandika ibi: “Nta wundi munezero mfise uruta uyu, kwumva kw abana banje bagendera mu kuri.”—3 Yohana 4.
[Akajambo k’epfo]
a Casohowe na Watchtower Bible and Tract Society of New York, Inc.
Woba Uvyibuka?
◻ Imivyaro be n’abana vyompi bikeneye iki kugirango bicike ibibereye gushemezwa?
◻ Mu binyakuri, abavyeyi bashobora gute gukora bwa birembezo vya kirumara?
◻ Ni ibiki bishobora gushirwamwo mu biringo vy’incishabwenge bigiranwa n’ibibondo kandi ni ibiki bino bikwiye kwigishwa kunanira?
◻ Nk’uko itutūra rimera ku giti, itozandero riba nzananyungu mu buryo ki ku mwana?
[Abo dukesha ifoto ku rup. 20]
Gitanzwe na Green Chimney’s Farm