Nubumbwe n’Ivyo Ufise
1 Ivyanditswe biraduhimiriza kuronsa umuryango wacu ivyo ukeneye mu buryo bw’umubiri, ariko rero ivyo ntibikwiye kuba yo ntumbero yacu nyamukuru mu buzima. Ibintu vy’impwemu bitegerezwa kuja mu kibanza ca mbere. (Mat. 6:33; 1 Tim. 5:8) Muri ibi “bihe bigoye,” kugira uburimbane bubereye ni urugamba. (2 Tim. 3:1) Ni igiki kizodufasha kubigira?
2 Niwisunge Ico Bibiliya Ivuga: Ijambo ry’Imana riratugabisha yuko gukurikirana amaronko bishobora gutuma umuntu asenyuka mu vy’impwemu. (Umus. 5:10; Mat. 13:22; 1 Tim. 6:9, 10) Muri iki kiringo c’ibihe bigoye, hagize umuntu n’umwe muri twebwe atwarwa cane n’akazi k‘ivy’umubiri canke n’imyitwarariko y’ivy’ubutunzi bigatuma ibikorwa vyo mu vy’impwemu nk’amakoraniro, ukwiyigisha be n’umurimo bija mu kibanza ca kabiri mu buzima bwacu, vyokwega akarambaraye. (Luka 21:34-36) Mu buryo bunyuranye n’ivyo, Bibiliya iduhanura iti: “Iyo dufise ivyo turya n’ivyo twambaye biba bitubūmvye.”—1 Tim. 6:7, 8.
3 Ivyo ntibisigura yuko Abakirisu basabwa kubaho mu bukene bishizemwo ubwabo. Ariko rero, biradufasha kumenya vy’ukuri ivyo dukeneye mu vy’umubiri ni ukuvuga ibifungurwa, ivyambarwa be n’uburaro bukwiriye. Nimba dufise ibikenewe mu buzima, ntidukwiye kuguma dukurikirana uburyo bwo kubaho buhanitse. Igihe twiyumvira kurondera canke gukora akandi kazi kiyongereye ku ko dusanganywe, dukwiye kwibaza tuti: ‘Ivyo vyoba bikenewe vy’ukuri?’ Kubigira bizodufasha kwitondera iyi mpanuro yahumetswe igira iti: “Gukunda amahera ntikube mu ngeso zanyu; ivyo mufise bibabumbe.”—Heb. 13:5.
4 Nitwizigira Yehova, azoduhezagira. (Imig. 3:5, 6) Naho dutegerezwa gukora cane kugira ngo turonke ivyo dukenera ku musi ku musi, ntidushingira ubuzima bwacu kuri ivyo bintu. Twaba dufise bike canke vyinshi, twiheka kuri Yehova kugira ngo aturonse ivyo dukenera. (Flp. 4:11-13) Ico bivamwo, turinovora umunezero uva ku Mana bifatanije n’iyindi mihezagiro myinshi.
5 Niwigane Ukwizera kw’Abandi: Umuvyeyi umwe yireranye umukobwa wiwe mu kuri, yagiye arorosha buhorobuhoro ubuzima bwiwe. Naho yanezerererwa inzu yiwe nziza, yarimukiye mu nzu ibayabaye maze mu nyuma yimukira mu cumba c’inzu y’igorofa yabamwo abantu benshi. Ivyo vyatumye ashobora kugabanya amasaha y’akazi yakora kugira ngo ashobore kumara umwanya munini mu busuku. Umukobwa wiwe amaze gukura akubaka urwiwe, uwo muvyeyi yasavye guhagarika akazi atarashikira imyaka yo gukukuruka naho ivyo vyategerezwa kugabanya umushahara wiwe. Uwo muvukanyikazi wacu ubu akaba ageze ku mwaka ugira indwi ari umutsimvyi asanzwe kandi ntiyicuza kubona yahevye ivy’umubiri kugira ngo ashire inyungu z’ivy’Ubwami mu kibanza ca mbere mu buzima bwiwe.
6 Umukurambere umwe n’umukenyezi wiwe bamaze imyaka myinshi ari abatsimvyi bakaba kandi bari bareze abana batatu. Uko bagize umuryango, barize kubumbwa n’ivyo bafise mu kwironsa ivyo bakeneye aho kwironsa ivyo bashaka. Uwo muvukanyi avuga ati: “Twategerezwa kubaho mu buryo busanzwe. Naho twagize ibihe bimwebimwe vy’ingorane, Yehova yama nantaryo aturonsa ivyo twakenera. . . . Igihe mbonye ukuntu umuryango wanje ushira inyungu z’ivy’impwemu mu kibanza ca mbere, numva ko vyose bigenda neza, kandi nkumva ko hari ico nashitseko.” Umukenyezi wiwe yongerako ati: “Igihe mbonye [umunega wanje] akora vyinshi mu vy’impwemu, ndiyumvamwo umunezero mu mutima.” Abana babo na bo nyene barahimbawe kubona abavyeyi babo barafashe ingingo yo gukorera Yehova igihe cose.
7 Kuri abo bose bahitamwo iyo ngendo yo kwubaha Imana aho gukurikirana ibintu vy’umubiri, Bibiliya ibasezeranira imihezagiro itagira uko ingana haba ubu no mu buzima bwo muri kazoza.—1 Tim. 4:8.