Igikorwa Gisaba Ukwicisha Bugufi
1 Ijambo ry’Imana ridukebura kuba abantu ‘bicisha bugufi mu mutima, batagera ikibi ku kindi, . . . ariko bama bahezagira.’ (1 Pet. 3:8, 9) Iyo mpanuro irajanye koko n’igikorwa co kwamamaza. Kukaba nkako, ubusuku bwa gikirisu burashobora kuba ikintu kigeza ukwicisha bugufi kwacu.
2 Ukwicisha bugufi ni kamere idufasha kwihanganira ibintu bitera umubabaro. Igihe twamamaza, twegera abantu tutazi kandi batanaduhaye ikaze. Tuba tuzi yuko bamwebamwe batazotwakira neza. Kubandanya kwamamaza bakwakira gutyo, bisaba ukwicisha bugufi. Mu cibare kimwe kigoye cane, hari abavukanyikazi babiri b’abatsimvyi bamaze imyaka ibiri bamamaza inzu ku nzu ata muntu abaha ikaze! Ariko rero, barumiye kw’ibanga, maze muri ako karere ubu hakaba hari amashengero abiri.
3 Twihanganire Abatatwishurana Urupfasoni: Ukwicisha bugufi kuzodufasha kwigana Yezu igihe abandi badufashe nabi canke ntibatugaragarize urupfasoni. (1 Pet. 2:21-23) Hari umuvukanyikazi yatutswe ku rugo rumwe, ubwa mbere yatutswe n’umugore hanyuma atukwa n’umugabo, uno akaba yaciye amutegeka kumuvira mu rugo. Uwo muvukanyikazi ico yakoze yaramwenyuye hanyuma avuga yuko yizigiye kuzoyaga na bo ikindi gihe. Ivyo vyaratangaje cane uwo mugabo n’umugore ku buryo bw’uko bateze yompi umuvukanyikazi yabagendeye inyuma y’aho, maze baraheza baremera ubutumire yabahaye bwo kwitaba ikoraniro ribera ku Ngoro y’Ubwami. Wa muvukanyikazi birukana ubwa mbere ni ho yari ari, arabaramutsa yongera gusubira kubabwira ubutumwa. Na twebwe nyene twoshobora guhwamika abanka kwakira ubutumwa bw’Ubwami mu kuvugana ‘ubugwaneza n’icubahiro cinshi.’—1 Pet. 3:15; Imig. 25:15.
4 Twirinde Kuba Abantu b’Amanyama: Ubumenyi bwa Bibiliya dufise ntibutuma dusuzugura abantu canke tubavugavuga dukoresheje amajambo yo kubanegura. (Yoh. 7:49) Ahubwo, Ijambo ry’Imana riduhanura ‘kutagira uwo twambika ibara.’ (Tito 3:2) Igihe twiyoroheje mu mutima nk’uko Yezu yari ameze, turaruhurira abandi. (Mat. 11:28, 29) Twegereye abantu twicishije bugufi biratuma barushiriza gukwegerwa n’ubutumwa tubashira.
5 Vyemere, ukwicisha bugufi kuradufasha kwumira kw’ibanga mu cibare usanga kigoye. Ukwicisha bugufi kurashobora guhwamika abanka kwakira ubutumwa bw’Ubwami, kandi kugakwegera abandi kuri bwo. Ikiruta vyose, kurahimbara Yehova, we ‘agirira ubuntu abicisha bugufi.’—1 Pet. 5:5.