Urutonde rw’Amakoraniro y’Umurimo
Indwi Itangura ku wa 13 Nzero
Ururirimbo rwa 1 (13)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa Dukorera Ubwami. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 4, nimugire imyerekano ibiri y’ukuntu umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Kigarama na Réveillez-vous! yo ku wa 22 Kigarama. Muri umwumwe wose, ivyo binyamakuru vyompi bikwiye gushikirizwa icarimwe, naho kimwe ari co conyene umwamamaji yerekana.
Imin. 15: Barareshwa Ata Jambo Rivuzwe. Insiguro be n’uguhana ijambo n’abumviriza. Ingeso nziza z’Abakirisu zirashinga intahe ikomeye. Zaratumye abantu bamwebamwe batizera bubakanye n’Ivyabona bacika abasavyi ba Yehova. (1 Pet. 3:1, 2) Niwigane ivyabonywe biri mu Munara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 1 Nzero 1999, urupapuro rwa 4 hamwe no mu Munara w’Inderetsi wo ku 1 Gitugutu 1995, urupapuro rwa 21-23 be no muri Annuaire 1995, urupapuro rwa 46. Nutegekanye imbere y’igihe abantu babiri canke batatu bazogira ico bavuze ku bintu vyiza biboneye bivuye ku gushira mu ngiro impanuro za Bibiliya muri uwo muce.
Imin. 20: “Tubeho Duhuza n’Ukwiyegura Kwacu.”a Mumaze kurimbura ingingo ya 3, nubaze ibibazo muri make uwukiri muto amaze kugera mu bigero canke umuyabaga yabatijwe. Ni ingorane izihe zamushikiye kuva aho amariye kubatizwa? Ni igiki camufashije kuzihanganira? Yungukiye gute ku kuba yareguriye ubuzima bwiwe Yehova?
Ururirimbo rwa 5 (46) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 20 Nzero
Ururirimbo rwa 4 (43)
Imin. 8: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte.
Imin. 15: Woba Uhora Wihweza Ivyanditswe ku Musi ku Musi? Insiguro be n’uguhana ijambo n’abumviriza. Nuremeshe bose gukoresha neza ka gatabu Twihweze Ivyanditswe ku Musi ku Musi—2003. Nimuganire ku bivugwa mu majambo y’intangamarara ari ku rupapuro rwa 3-4, nimba ako gatabu kariho. Nimba ata karaboneka, nimukoreshe ako mu mwaka w’2002. Nutange amagirenama y’ukuntu imiryango ishobora kuganirira hamwe icanditswe c’umusi. Kugira werekane ivyiza biva ku kurimbura icanditswe ku musi ku musi, nimuganire ku turorero tubiri canke dutatu tw’igisomwa be n’insasanuro zaco bizokwihwezwa mu kwezi gukurikira. Nimushiremwo umwerekano mugufi, aho umugabo n’umugore barimburira hamwe icanditswe c’umusi be n’insasanuro zaco.
Imin. 22: “Igisha Abandi Ururimi Rutyoroye.”b Mumaze kurimbura ingingo ya 6, nusabe umwamamaji abishoboye agire umwerekano w’ukuntu umuntu ashobora gutanguza inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana igihe asubiye kugendera umuntu, akoresheje bumwe mu buryo bwo gutanguza ikiganiro buri mu nyongera y’Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Nzero 2002, ku rupapuro rwa 4. Nibarimburire hamwe n’ingingo imwe yo mu gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? Nya mwamamaji nasozere mu kuvyura ikibazo gishingiye ku ngingo ikurikira, hanyuma ategekanye kuzokwishura ico kibazo niyasubira kumugendera. Nuremeshe bose kuraba niba umuntu wese mu bo bagendera yoba yipfuza kwiga Bibiliya muri ubwo buryo.
Ururirimbo rwa 26 (212) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 27 Nzero
Ururirimbo rwa 18 (162)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 4, nimugire imyerekano ibiri y’ukuntu umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero na Réveillez-vous! yo ku wa 8 Nzero. Muri umwumwe wose, umwamamaji nasozere ashikiriza uwo asanze ku muhana ka gapapuro kavuga ngo Woba Ushaka Kumenya Vyinshi ku Vyerekeye Bibiliya? Agashikiriza umuntu yanka kwakira ibinyamakuru be n’uwemera kuvyakira. Nusigure muri make ukuntu twokurikirana abo twasigiye ibinyamakuru mu gihe dusize ako gapapuro k’inkuru nziza.—Raba Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Ruheshi 2002, urupapuro rwa 4, ingingo y’10.
Imin. 15: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 20: ‘Nidushikirize Abantu b’Ingero Zose Igitabu Agahimbare mu Rugo.’ Umukurambere ayage kuri ico kiganiro n’abamamaji babishoboye babiri canke batatu. Nashimike ku ntumbero yo gufasha abandi kubona yuko akabanga ko kugira agahimbare mu rugo gahagaze ku gukurikiza impanuro za Bibiliya. (Raba igitabu Agahimbare mu Rugo, urupapuro rw’9-12.) Nimugire umwerekano w’imwe mu nshikirizo twagiriwe inama yo gukurikiza. Niwerekane ukuntu umuntu yocishamwo ivy’ugutanga intererano n’ukuntu yotunganya ivy’ukuzosubirayo.
Ururirimbo rwa 13 (124) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 3 Ruhuhuma
Ururirimbo rwa 8 (53)
Imin. 15: Amatangazo y’iwanyu. Nimwihweze Inyishu ku Bibazo Vyanyu.
Imin. 12: Niwigane Ukwizera Kwabo. Nubaze ibibazo umukurambere amaze imyaka myinshi asukurira Yehova abigiranye ukwicisha bugufi kandi adahemuka. (Heb. 13:7) Yize ukuri gute? Ni intambamyi izihe yategerejwe gutsinda mu gufata iyo mpagararo? Ni intunganyo canke indemesho izihe zo mu vy’impwemu zamufashije gutera imbere? Yakoze iki kugira ngo ashikire ako gateka mw’ishengero? (1 Tim. 3:1) Ni igiki camufashije kugira uburimbane hagati y’amabanga yo mw’ishengero be n’ivyo ajejwe gukora mw’isi no mu muryango? (1 Tim. 5:8) Yumva amerewe gute ku vyerekeye agateka afise ko gusahiriza abandi mw’ishengero?
Imin. 18: “Igikorwa Gisaba Ukwicisha Bugufi.”c Igihe muganira ku ngingo ya 3, nusabe abumviriza batange ivyiyumviro ku kuntu bovyifatamwo iyo mu cibare dukoreramwo hagize umuntu agerageza kudutyekeza, canke igihe hagize umuntu atatwishurana urupfasoni, aharira cane canke ashavura. Igihe muganira ku ngingo ya 4, nushiremwo insasanuro zivuye mu gitabu Étude perspicace, Imbumbe ya 1, urupapuro rw’1158, ingingo ya 2, aho kiboneka.
Ururirimbo rwa 3 (32) n’isengesho ryo gusozera.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.