ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 1/03 rup. 8
  • Igisha Abandi Ururimi Rutyoroye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igisha Abandi Ururimi Rutyoroye
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ivyo bijanye
  • Woba uriko uravuga neza rwa “rurimi rutunganye”?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • “Isi yose yari ifise ururimi rumwe”
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
  • Tuvuge rwa “rurimi rutyoroye”
    Ririmbira Yehova amashemezo
  • Abasavyi ba Yehova Basubijwe Umutamana Baramushemeza kw’Isi Yose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2003
km 1/03 rup. 8

Igisha Abandi Ururimi Rutyoroye

1 Naho Ivyabona vya Yehova bava mu ‘mahanga menshi, mu miryango myinshi, mu moko menshi no mu ndimi nyinshi,’ ni abantu bunze ubumwe, bagize ikivukano nyakuri gikwiye kw’isi yose. (Ivyah. 7:9) Ivyo si agaseseshwarumuri muri iyi si y’amacakubiri. Ivyo bishoboka bite? Ni kubera yuko ‘twahinduwe tukagira ururimi rutyoroye.’—Zef. 3:9.

2 Ingaruka Nziza Igitangaza: Urwo rurimi rutyoroye ni iki? Ni ugutahura mu buryo bubereye ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana kwerekeye Yehova n’imigambi yiwe, canecane ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana. Nk’uko vyabuwe na Yezu, ukwo kuri kuriko gutangwa biciye ku muhora uboneka wo kw’isi, na wo akaba ari “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” (NW). Ico bivamwo, ni uko abantu “b[a]va mu mahanga y’indimi zidahwanye” bariko baraza mu gusenga kw’ukuri.—Mat. 24:45; Zek. 8:23.

3 Uko abantu biga urwo rurimi rutyoroye, baravyurirwa umutima wo guhuza ubuzima bwabo n’ingingo mfatirwako za Yehova. Bariga kuba abantu ‘batunganijwe rwose hamwe, bahuje umutima n’inama.’ (1 Kor. 1:10) Inyigisho iva ku Mana ituma kandi bagira inyifato igororotse be n’imvugo nziza kandi y’ukuri, canecane mu bijanye no kubwira abandi inkuru nziza. (Tito 2:7, 8; Heb. 13:15) Iryo hinduka ryiza igitangaza bagira riratera iteka Yehova.

4 Nk’akarorero, hari umugabo yabwiwe inkuru nziza yari asanzwe afise ibibazo vyinshi, vyose akaba yarabironkeye inyishu zivuye muri Bibiliya. Ivyo yumvise vyatumye atangura kwiga kabiri mu ndwi yongera aritaba amakoraniro. Yaratangajwe n’ukuntu bamwakiranye igishika ku Ngoro y’Ubwami, naho benshi mu bari bahari batari bahuje ubwoko na we. Mu gihe gitoyi, we n’umukenyezi wiwe baragize amahinduka mu buzima bwabo hanyuma barabatizwa. Kuva ico gihe aramaze gufasha nk’abantu 40 gusukurira Yehova, ushizemwo n’abantu batari bake bo mu muryango iwabo. Naho ari ikimuga, aherutse gutangura gusukura ari umutsimvyi.

5 Kwigisha Abandi: Ibintu biba kw’isi biriko bituma abantu benshi b’umutima nziraburyarya basubira gusuzuma ivyiyumviro vyabo be n’ubuzima bwabo. Nka kumwe kwa Yezu, dukwiye kwipfuza kubafasha. Amasubirayo be n’inyigisho za Bibiliya kirumara, ni vyo bintu nyamukuru bituma dufasha abantu b’imitima nziraburyarya kwiga ururimi rutyoroye.

6 Uburyo bwagaragaye ko ari kirumara mu gushikira abantu bafise vyinshi bacurumbamwo ni ukubarongorera inyigisho ya Bibiliya ngufi ugishika ku muryango. (km-RU 5/02 rup. 1) Woba umaze kugerageza ubwo buryo? Igihe uriko uritegurira gusubira kubagendera, nuhitemwo uburyo bwo gutanguza ikiganiro bubereye ku muntu wosanga ku muhana buri mu nyongera y’Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Nzero 2002. Bwinshi mu buryo bwo gutanguza ikiganiro buri muri iyo nyongera butuma uca winjira mu kiyago gishingiye ku gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? canke mu gitabu Ubumenyi. Niwimenyereze ubwo buryo bwo gutanguza ikiganiro kugira ngo ushobore kworoherwa no kuva ku majambo y’intangamarara ugaca winjira mu kiganiro gishingiye ku ngingo imwe mu ngingo zihari. Nuhitemwo icanditswe kimwe canke bibiri vyo muri iyo ngingo muza gusoma kandi mukaganirako, wongere utegure ikibazo uza gusozererako. Ivyo bizogufasha guca winjira mu ngingo utegekanya ko muzoganirako niwasubira kumugendera.

7 Abasavyi ba Yehova bariko barironkera imihezagiro myinshi iva ku kwiga ururimi rutyoroye. Nimuze tugire umwete wo gufasha abandi kwifatanya natwe mu ‘kwambaza izina rya Yehova’ no mu ‘kumukorera duhuje inama.’—Zef. 3:9.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika