Abasavyi ba Yehova Basubijwe Umutamana Baramushemeza kw’Isi Yose
“Nzohindura amoko bagire ururimi rut[yoro]ye, kugira ngo bose babone kwambaza izina ryanje jewe [“Yehova,” “NW”].”—ZEFANIYA 3:9.
1. Ni kuki ubutumwa bw’urubanza bwarangukiye ku Buyuda no ku yandi mahanga?
MBEGA ubutumwa bukomeye bwerekeye urubanza, ubwo Yehova yahumekeye Zefaniya ngo abushikirize! Ubwo butumwa bw’urubanza bwarangukiye kw’ihanga ry’Ubuyuda n’umurwa mukuru waho, Yeruzalemu, kubera ko abarongozi be n’abanyagihugu bafatiwe hamwe batariko barakora ivyo Yehova agomba. Amahanga ahegereye, nk’Ubufilisitiya, Mowabu hamwe na Amoni, na yo nyene yokwiboneye uburake bw’Imana. Kubera iki? Kubera bamaze ibinjana n’ibindi barwanya abasavyi ba Yehova mu buryo buranga ubunyamaswa. Kubera iyo mvo nyene, inganji nganzasi ya Ashuri yosanganguwe ntize yongere gushingwa ukundi.
2. Ni bande basa n’ababwiwe ibiri muri Zefaniya 3:8?
2 Ariko rero, hari hariho abantu bamwebamwe bari bafise imitima igororotse mu Buyuda bwa kera. Bari barindiranye umushasharo ko Imana ishitsa urubanza ku babisha, kandi bisa n’uko ari bo babwirwa aya majambo agira ngo: “Nuko rero, ni mundorēre, ni k’Uhoraho agize, gushitsa ku musi nzohaguruka nja kunyaga: kuko nagabiye gukoraniriza amahanga hamwe, negeranye ibihugu, ngo mbasukek’ubushangashirwe bganje, ni bgo burake bganje bgose bg’inkazi: kukw isi yose izotongōrwa n’umuriro w’ifūhe ryanje.”—Zefaniya 3:8.
“Ururimi Rut[yoro]ye” ku bwa Bande?
3. Ni ubutumwa ubuhe bw’icizigiro Zefaniya yahumekewe ngo ashikirize?
3 Egome, Zefaniya yarashikirije ubutumwa bw’urubanza bwa Yehova. Ariko kandi uwo muhanuzi yarahumekewe ngo ashiremwo ubutumwa bwiza igitangaza bw’icizigiro—ubwobaye ari ubuhumuriza cane ku babandanije kuba abizerwa kuri Yehova. Nk’uko vyanditswe muri Zefaniya 3:9, Yehova Imana yavuze ati: “Kukw ico gihe nzohindura amoko bagire ururimi rut[yoroye], kugira ngo bose babone kwambaza izina ryanje jewe [“Yehova,” NW], bankorere bahuje inama.”
4, 5. (a) Ni ibiki vyoshikiye abagabitanya? (b) Ni bande bovyungukiyeko, kandi kuki?
4 Hobayeho abantu batohawe ururimi rutyoroye. Ubwo buhanuzi burabavuga, mu kugira buti: “[Nzogukuramwo] abihayagiza bībona.” (Zefaniya 3:11) Rero, abihayagiza bakengera amategeko y’Imana kandi bagabitanya, bokuweho. Maze ni bande bovyungukiyeko? Muri Zefaniya 3:12, 13 havuga hati: “[Jewe Yehova] nzogusigamw’abaciye bugufi na ba nyarucari, abo ni bo bazokwizigira izina ryanje jewe [“Yehova,” NW]. Amasigarira y’Abisirayeli ntibazokora ivyo kugabitanya, canke ngo bavuge ibinyoma, kandi nta rurimi rw’ubugunge ruzoboneka mu kanwa kabo: bazorisha bagaramange, ata wubateye ubgoba.”
5 Amasigarira y’abizerwa yo mu Buyuda bwa kera yarahungukiye. Kuki? Kubera bakoze ibihuye n’aya majambo agira ati: “Murondere Uhoraho, yemwe bagwaneza mwese bo kw isi, bashitsa amabgirizwa yiwe: murondere ubugororotsi, bo n’ukwicisha bugufi; kumbure muzokinjishwa ku musi w’uburake bg’Uhoraho.”—Zefaniya 2:3.
6. Ni ibiki vyabaye mw’iranguka rya mbere ry’ubuhanuzi bwa Zefaniya?
6 Mw’iranguka rya mbere ry’ubuhanuzi bwa Zefaniya, Imana yarahanye Ubuyuda bwahemutse mu kureka Inganji Nganzasi ya Babuloni ngo ibuneshe yongere itware inyagano abantu babwo mu 607 B.G.C. Bamwebamwe, harimwo n’umuhanuzi Yeremiya, barazigurijwe, abandi na bo babandanya kuba abizerwa kuri Yehova mu bunyagano. Mu 539 B.G.C., Babuloni yaratembagajwe n’Abamedi n’Abaperesi mu gihe c’ingoma y’Umwami Kuro. Haciye nk’imyaka ibiri, Kuro yarasohoye itegeko ryo kurekura amasigarira y’Abayuda ngo basubire mu gihugu cabo c’amavukiro. Mu nyuma, urusengero rw’i Yeruzalemu rwarasubiye kwubakwa, kandi ubuherezi bwarongeye gusubizwaho kugira ngo bwigishe abantu Ivyagezwe. (Malaki 2:7) Gutyo Yehova yaratumye amasigarira yasubijwe umutamana asagamba—bugingo bari bagumye ari abizerwa.
7, 8. Amajambo y’ubuhanuzi yo muri Zefaniya 3:14-17 yerekeza kuri bande, kandi ni kuki wishuye gutyo?
7 Ku vyerekeye abokwinovoye ukwo gusubizwa umutamana, Zefaniya yabuye ati: “Ririmba, wa mukobga w’i Siyoni; semerera, yemwe Bisirayeli; nezerwa uhimbarwe n’umutima wawe wose, yewe mukobga w’i Yerusalemu. Uhoraho yagukūyekw imanza yari yāguciriye, yirukaniye kure umwansi wawe. Umwami w’Abisirayeli, ari we Uhoraho, ari hagati muri wewe; ntuzoba ukibona ivyago ukundi. Kur’uwo musi Yerusalemu hazobarirwa, ngo Ntutinye: nawe Siyoni, amaboko yawe ntadendebuke. Uhoraho Imana yawe ari hagati muri wewe n’umuhizi ashobora gukiza: azokunezererwa n’akanyamuneza, ahwekerere mu rukundo rwiwe; azokunezererwa avuza impundu.”—Zefaniya 3:14-17.
8 Ayo majambo y’ubuhanuzi yerekeza ku masigarira yari yaratororokanijwe akuwe mu buja bw’i Babuloni hanyuma agatahukanwa mu gihugu c’abasekuruza babo. Muri Zefaniya 3:18-20, haravyerekana mu buryo butomoye, aho dusoma duti: “Nzogukūrakw ivyago, ntuz’usubire gutētērwa ukundi. Ehe rāba, ico gihe abāguhahaza bose nzobibabaza; kandi nzokiza abacumbagira, n’abirukanywe ndabakoranirize hamwe; kand’abāri n’ibitētērwa kw isi yose nzobahindura ishimwe n’izina rya rurangiranwa. Ico gihe nzobacūra i muhira, mber’ico gihe nzobakoraniriza hamwe: kuko nzobahindura ishimwe n’izina rya rurangiranwa mu moko yose yo kw isi, igihe nzogarukana abanyu bajanywe ar’inyagano muvyibonera, ni k’Uhoraho agize.”
9. Ni gute Yehova yihesheje izina ryiza mu bijanye n’Ubuyuda?
9 Iyumvire ukuntu abo mu mahanga yari abakikuje bari abansi b’abasavyi b’Imana boguye mu gahundwe! Ababa mu Buyuda bari baratwawe inyagano na Babuloni y’inyankomezi, bigasa n’uko ata cizigiro bari bafise co kuzokwigera bidegemvya. Vyongeye, igihugu cabo cari umusaka. Ariko, ku bw’ububasha bw’Imana, barasubijwe mu gihugu cabo c’amavukiro haheze imyaka 70, mu kiringo amahanga y’abansi yari agiye gusenyagurwa. Ese izina ryiza Yehova yihesheje mu gutahukana ayo masigarira y’abizerwa! Yabahinduye “ishimwe n’izina rya rurangiranwa mu moko yose.” Ese ukuntu ukwo gusubizwa umutamana kwazaniye ishimwe Yehova n’abitirirwa izina ryiwe!
Ugusenga Yehova Gushirwa Hejuru
10, 11. Iranguka nyamukuru ry’ubuhanuzi bwa Zefaniya bw’ivy’ugusubizwa umutamana ryabaye ryari, kandi ivyo tubizi gute?
10 Ukundi gusubizwa umutamana kwabaye mu kinjana ca mbere mu Gihe Cacu, igihe Yezu Kirisitu yegeraniriza amasigarira ya Isirayeli mu gusenga kw’ukuri. Ivyo vyari imponjo y’ivyobaye, kubera ko iranguka rikomeye ry’ukwo gusubizwa umutamana ryari rikiri iryo muri kazoza. Ubuhanuzi bwa Mika bwabuye buti: “Mu misi y’i[mperuka] umurwa wubatswekw ingoro y’Uhoraho uzotsimbatara ku mpinga y’umusozi, ushirwe hejuru y’iyindi mirambi; kand’amoko azosendanisha aja kuri wo.”—Mika 4:1.
11 Ivyo vyoshitse ryari? Nk’uko ubwo buhanuzi bwabivuze, “mu misi y’i[mperuka]”—egome, muri iyi “misi y’iherezo.” (2 Timoteyo 3:1) Ivyo vyobaye imbere y’umuhero w’uru runkwekwe rw’ibintu rubi, mu kiringo amahanga yobaye agisenga imana z’ibinyoma. Muri Mika 4:5 havuga hati: “Ayandi mahanga yose azogenda, ihanga ryose rigendere mw izina ry’imana yaryo.” Bite ho ku vyerekeye abasenga b’ukuri? Ubuhanuzi bwa Mika bwishura buti: “Ariko tweho tuzogendera mw izina ry[a Yehova] Imana yacu gushitsa ibihe bitazoshira.”
12. Ugusenga kw’ukuri kwadugijwe gute muri iyi misi y’iherezo?
12 Muri iyi misi y’iherezo rero, “umurwa wubatswekw ingoro y’Uhoraho [wa]ratsimbata[ye] ku mpinga y’umusozi.” Ugusenga Yehova kw’ukuri kwarasubiye gushirwa hejuru cane, kuratsimbatazwa kandi kwaradugijwe hejuru y’ubundi bwoko bwose bw’idini. Nk’uko ubuhanuzi bwa Mika kandi bwabibuye, “amoko azosendanisha aja kuri wo.” Vyongeye abasenga mw’idini y’ukuri “[ba]zogendera mw izina ry[a Yehova] Imana ya[bo] gushitsa ibihe bitazoshira.”
13, 14. Ni ryari iyi si yinjiye “mu misi y’i[mperuka],” kandi ni ibiki vyagiye birashika guhera ico gihe ku vyerekeye ugusenga kw’ukuri?
13 Ibintu biba mw’iranguka ry’ubuhanuzi bwa Bibiliya birerekana yuko iyi si yinjiye “mu misi y’i[mperuka]”—imisi ya nyuma yayo—mu mwaka w’1914. (Mariko 13:4-10) Inkuru ya kahise irerekana yuko Yehova yatanguye kwegeraniriza mu gusenga kw’ukuri amasigarira y’abasizwe b’abizerwa, bafise icizigiro c’ijuru. Ivyo vyakurikiwe n’itororokanywa ry’“ishengero ryinshi . . . bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose”—bafise icizigiro co kuzoba kw’isi ibihe bidahera.—Ivyahishuriwe 7:9.
14 Kuva ku Ntambara ya Mbere y’Isi Yose gushika uyu musi, ukwambaza Yehova kw’abitirirwa izina ryiwe kwarateye imbere bikomeye munsi y’ubuyobozi bwiwe. Abasenga Yehova barongerekanye bavuye ku bihumbi bikeya inyuma y’Intambara ya Mbere y’Isi Yose, ubu bakaba ari nk’imiliyoni zitandatu, batororokaniye mu mashengero nk’91.000 mu bihugu 235. Uko umwaka utashe, abo bamamaji b’Ubwami bamara amasaha arenga umuliyaridi bariko barashemeza Imana icese. Biragaragara yuko ivyo Vyabona vya Yehova ari bo bashitsa amajambo y’ubuhanuzi ya Yezu agira ati: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza.”—Matayo 24:14.
15. Muri Zefaniya 2:3 hariko haranguka gute muri iki gihe?
15 Muri Zefaniya 3:17 havuga hati: “Uhoraho Imana yawe ari hagati muri wewe n’umuhizi ashobora gukiza.” Ugusagamba kwo mu buryo bw’impwemu abasavyi ba Yehova binovora muri iyi misi y’iherezo ni ingaruka yibonekeje y’ukuba bamufise ‘hagati muri bo’ bwa Mana yabo mushoboravyose. Uko ni ko biri no muri iki gihe nyene nk’uko vyari mu gusubizwa umutamana kw’Ubuyuda bwa kera mu 537 B.G.C. Gutyo turashobora kubona ingene Zefaniya 2:3 haranguka mu buryo buhambaye muri iki gihe cacu, igihe havuga hati: “Murondere Uhoraho, yemwe bagwaneza mwese bo kw isi.” (Ni twe tubihiritse.) Mu 537 B.G.C., muri abo bavugwa ngo “mwese” harimwo n’amasigarira y’Abayuda bari bahindukiye bavuye mu buja bw’Abanyababuloni. Ubu bagereranya abagwaneza bo mu mahanga yose bakwiragiye kw’isi nzima, abakiriza yompi igikorwa co kwamamaza Ubwami gikorerwa ku mubumbe wose kandi basendanisha baja ku “murwa wubatswekw ingoro y’Uhoraho.”
Ugusenga kw’Ukuri Gusagamba
16. Bisa n’uko abansi bacu bavyakira gute babonye isagamba ry’abasavyi ba Yehova bo muri bino bihe vya none?
16 Inyuma yo mu 537 B.G.C., abenshi mu mahanga yari abakikuje barumiwe n’ugusubizwa umutamana kw’abasavyi b’Imana mu vy’ugusenga kw’ukuri mu gihugu cabo c’amavukiro. Yamara, ukwo gusubizwa umutamana kwabaye ku rugero ruto ugereranije. Woba ushobora kwiyumvira ivyo bamwebamwe—mbere n’abansi b’abasavyi b’Imana—bavuga muri iki gihe babona iyongerekana n’isagamba bitangaje hamwe n’iterambere vy’abasavyi ba Yehova bo muri bino bihe vya none? Bisa n’uko bamwe muri abo bansi bumva bamerewe nk’uko Abafarizayo bamerewe igihe babona ukuntu abantu barindiga baja kuri Yezu. Batangaye bati: “Rāba isi yose yamukondoreye inyuma!”—Yohana 12:19.
17. Ni ibiki umwanditsi umwe yavuze ku vyerekeye Ivyabona vya Yehova, kandi ni iyongerekana irihe bagize?
17 Mu gitabu ciwe (These Also Believe [Aba Na Bo Nyene Baremera]), Porofeseri Charles S. Braden yavuze ati: ‘Ivyabona vya Yehova barujuje bwuzuze isi yose ugushinga intahe kwabo. Twoshobora kuvuga vy’ukuri ko ata wundi mugwi w’ivy’idini mw’isi wagaragaje umwete mwinshi n’ugushikama kuruta Ivyabona vya Yehova mu kigoro ko gukwiragiza inkuru nziza y’Ubwami. Biboneka yuko uwo muhari uzobandanya kuguma urushiriza gukomera.’ Ese ukuntu yavugishije ukuri! Igihe yandika ayo majambo ubu hakaba haciye imyaka 50, hari Ivyabona nk’300.000 gusa bariko baramamaza hirya no hino kw’isi. None ubu hoho yovuga iki, aho nk’incuro 20 z’ico gitigiri—ni ukuvuga nk’imiliyoni zitandatu—bariko baramamaza inkuru nziza?
18. Ururimi rutyoroye ni iki, kandi ni bande Imana yaruhaye?
18 Biciye ku mumenyeshakazoza wayo, Imana yasezeranye iti: “Nzohindura amoko bagire ururimi rut[yoro]ye, kugira ngo bose babone kwambaza izina ryanje jewe [“Yehova,” NW], bankorere bahuje inama.” (Zefaniya 3:9) Muri iyi misi y’iherezo, ni Ivyabona vya Yehova bambaza izina rya Yehova, bakamukorera bagize urunani mu mugozi w’intamenwa w’urukundo—egome, “bahuje inama.” Ni bo Yehova yahaye ururimi rutyoroye. Urwo rurimi rutyoroye rurimwo ugutahura mu buryo bubereye ukuri kwerekeye Imana n’imigambi yayo. Yehova wenyene ni we atanga ukwo gutahura akoresheje impwemu yera yiwe. (1 Ab’i Korinto 2:10) Ni bande yahaye impwemu yiwe? ‘Yayihaye abamwumvira [bwa mutegetsi]’ bonyene. (Ivyakozwe 5:32) Ivyabona vya Yehova ni bo bonyene bafise umutima ukunze wo kugamburukira Imana muri vyose nka yo Mutegetsi. Ni co gituma ari bo baronka impwemu y’Imana kandi bakaba ari bo bavuga rwa rurimi rutyoroye, kwa kuri kwerekeye Yehova n’imigambi yiwe y’akaroruhore. Barakoresha urwo rurimi rutyoroye kugira ngo bashemeze Yehova kw’isi yose ku rugero runini cane kandi rurushiriza kwongerekana.
19. Kuvuga ururimi rutyoroye birimwo n’ibiki?
19 Kuvuga ururimi rutyoroye ntibisaba gusa kwemera ukuri no kukwigisha abandi, ariko kandi bisaba ko umuntu ahuza imigenzo yiwe n’amategeko be n’ingingo vy’Imana. Abakirisu basizwe baragiye imbere mu vy’ukurondera Yehova no mu vy’ukuvuga ururimi rutyoroye. Iyumvire ibimaze kurangurwa! Naho nyene igitigiri c’abasizwe cagabanutse, bakaja munsi y’8.700, abandi bababa imiliyoni zitandatu bariko barigana ukwizera kwabo mu kurondera Yehova no mu kuvuga nya rurimi rutyoroye. Abo bagize ca gitigiri kidasiba kwongerekana c’ishengero ryinshi riva mu mahanga yose baragaragaza ukwizera mu nkuka y’incungu ya Yezu, bakarangurira umurimo mweranda mu kigo co kw’isi c’urusengero rwo mu vy’impwemu rw’Imana, kandi bazorokoka wa “mubabaro mwinshi” uri hafi gushikira iyi si irangwa n’ukugabitanya.—Ivyahishuriwe 7:9, 14, 15.
20. Ni ibiki biri imbere ku bwa bamwe basizwe b’abizerwa hamwe no ku bw’abagize rya shengero ryinshi?
20 Ishengero ryinshi rizokwinjizwa mw’isi nshasha y’Imana irangwa n’ukugororoka. (2 Petero 3:13) Yezu Kirisitu hamwe na bamwe basizwe 144.000 bazukira mu buzima bwo mw’ijuru kugira ngo basukure ari abami n’abaherezi, bazoba bagize kumwe na we umugwi mushasha uganza isi. (Abaroma 8:16, 17; Ivyahishuriwe 7:4; 20:6) Abarokotse ya marushwa ahambaye bazokora kugira ngo bahindure isi iparadizo kandi bazobandanya kuvuga ururimi rutyoroye bahawe n’Imana. Ku bwa ngingo, ni bo berekezwako aya majambo agira ati: “Aba[hungu] bawe [n’abakobwa nyene] bose bazokwigishwa nanje, jewe Uhoraho, kand’amahoro aba[hungu] bawe bazogira azoba menshi. Uzoshikamishwa n’ukugororoka.”—Yesaya 54:13, 14.
Igikorwa c’Ukwigisha Gihambaye Kuruta Ivyigeze Kurangurwa Muri Kahise
21, 22. (a) Nk’uko vyerekanwa mu Vyakozwe 24:15, ni bande bazokenera kwigishwa ururimi rutyoroye? (b) Ni igikorwa c’ukwigisha ntangere ikihe kizorangurwa kw’isi munsi y’ubutegetsi bw’Ubwami?
21 Umugwi munini uzohabwa akaryo ko kwiga ururimi rutyoroye mw’isi nshasha ni abavugwa mu Vyakozwe 24:15, ahavuga hati: “Hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya.” Muri kahise, abantu amamiliyaridi barabayeho maze barapfa batagira ubumenyi nyakuri bwerekeye Yehova. Mu buryo buri ku rutonde, azogenda arabasubiza bazima. Kandi mwene abo bantu bazoba bazutse, bazokenera kwigishwa nya rurimi rutyoroye.
22 Ese ukuntu kazoba ari agateka kugira uruhara muri ico gikorwa kinini co kwigisha! Kizoba ari co gikorwa co kwigisha gihambaye kuruta ivyigeze kubaho muri kahise k’abantu. Cose kikazoba kirangurwa munsi y’ubutegetsi bugira neza bwa Kirisitu Yezu mu bubasha bw’Ubwami. Amaherezo, bizotuma abantu bibonera iranguka rya Yesaya 11:9, ahavuga hati: “Kumenya Uhoraho kuzoba kwuzuye mw isi, nk’ukw amazi abugereye mu kiyaga.”
23. Ni kuki wovuga yuko twebwe abasavyi ba Yehova twatewe agateka gakomeye?
23 Ese ukuntu ari agateka twatewe muri iyi misi y’iherezo kuba turiko turitegurira ico gihe c’akaroruhore aho ukumenya Yehova kuzoba kwuzuye mw’isi vy’ukuri! Kandi ese ukuntu muri iki gihe dufise agateka ko kuba abasavyi b’Imana, bibonera iranguka rihambaye ry’amajambo y’ubuhanuzi yanditswe muri Zefaniya 3:20! Tuhasanga amajambo adukura amazinda ya Yehova agira ati: “Nzobahindura ishimwe n’izina rya rurangiranwa mu moko yose yo kw isi.”
Wovyishura Gute?
• Ubuhanuzi bwa Zefaniya bw’ugusubizwa umutamana bwagize amaranguka ayahe?
• Ugusenga kw’ukuri kwagiye kurasagamba gute muri iyi misi y’iherezo?
• Ni igikorwa kinini ikihe co kwigisha kizorangurwa mw’isi nshasha?
[Ifoto ku rup. 16]
Abasavyi ba Yehova barasubiye mu gihugu cabo c’amavukiro kugira ngo basubire gushinga ugusenga gutyoroye. Woba uzi ico ivyo bisobanura muri iki gihe?
[Ifoto ku rup. 18]
Mu kuvuga “ururimi rut[yoro]ye,” Ivyabona vya Yehova barashikiriza abantu ubutumwa buhumuriza bwo muri Bibiliya