ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 7/14 rup. 3
  • Mufatire akarorero ku bahanuzi—Zefaniya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Mufatire akarorero ku bahanuzi—Zefaniya
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Ivyo bijanye
  • Rondera Yehova Umusi w’Uburake Bwiwe Utaraza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Umusi w’Urubanza wa Yehova Uri Hafi!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Rondera Yehova umusi w’ishavu ryiwe utarashika
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
  • Abasavyi ba Yehova Basubijwe Umutamana Baramushemeza kw’Isi Yose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2014
km 7/14 rup. 3

Mufatire akarorero ku bahanuzi—Zefaniya

1. Ibintu vyari vyifashe gute igihe Zefaniya yari umuhanuzi, kandi ni gute atubera akarorero keza muri iki gihe?

1 Hari hagati na hagati mu kinjana c’indwi Imbere ya Kristu, kandi ivyo gusenga Bayali vyari vyiraye muri Yuda. Umwami mubi Amoni yaheruka kwicwa, kandi Umwami akiri muto Yosiya ni we yaganza. (2 Ngo. 33:21–34:1) Muri ico gihe, Yehova yarahagurukije Zefaniya kugira ngo amenyeshe ubutumwa bwiwe bwerekeye urubanza. Naho Zefaniya ashobora kuba yari uwo mu muryango wa cami wa Yuda, ntiyaciye yorosha ubutumwa bwa Yehova bwo gucira urubanza abaja imbere abandi muri Yuda. (Zef. 1:1; 3:1-4) Na twebwe nyene, turihatira kwigana umutima rugabo Zefaniya yari afise kandi turirinda kureka ngo ubucuti bwo mu muryango bugire ikintu kibi bukoze ku gusenga Yehova kwacu. (Mat. 10:34-37) Ni ubutumwa ubuhe Zefaniya yamenyesha, kandi havuyemwo iki?

2. Dutegerezwa gukora iki kugira ngo tuzohishwe kuri wa musi w’ishavu rya Yehova?

2 Rondera Yehova: Yehova wenyene ni we ashobora kurokora abantu ku musi w’ishavu ryiwe. Ku bw’ivyo, Zefaniya yarahimirije abantu bo muri Yuda kurondera Yehova, kurondera ubugororotsi be no kurondera ubutekereji igihe vyari bigishoboka. (Zef. 2:2, 3) Ukwo ni ko bimeze no muri iki gihe cacu. Cokimwe na Zefaniya, turaremesha abandi kurondera Yehova, ariko na twebwe nyene dutegerezwa kugira ico dukoze, tukiyemeza kutigera ‘dusubira inyuma tukareka gukurikira Yehova.’ (Zef. 1:6) Ahubwo, turarondera Yehova mu kwiga Ijambo ryiwe twitonze no mu kumusenga tumusaba ubuyobozi. Turondera ubugororotsi mu kubaho twigenza mu buryo budahumanye. Turondera ubutekereji mu gutsimbataza inyifato iranga ukugamburuka no mu kwitegurira kwakira ubuyobozi duhabwa n’ishirahamwe rya Yehova.

3. Ni kubera iki dukwiye kuguma tubona ibintu mu buryo bwiza ku bijanye n’ubusuku?

3 Ivyiza bivamwo: Ubutumwa bw’urubanza Zefaniya yashikiriza bwaragize ico bukoze n’imiburiburi kuri bamwebamwe mu bantu bo muri Yuda, ariko biboneka ko na canecane bwagize ico bukoze ku wukiri muto Yosiya, uno akaba yatanguye kurondera Yehova akiri agahungu gatoyi. Mu nyuma Yosiya yaragize isekeza rikomeye ryo kurwanya ugusenga ibigirwamana mu gihugu. (2 Ngo. 34:2-5) Muri iki gihe, naho zimwe mu mbuto z’Ubwami zigwa iruhande y’inzira, izindi mu rubuyebuye, izindi na zo mu mahwa, hariho n’izigwa mw’ivu ryiza maze zikama ivyamwa. (Mat. 13:18-23) Turizigiye tudakeka ko Yehova azobandanya guhezagira utwigoro tugira uko tuguma tubiba cane imbuto z’Ubwami.​—Zab. 126:6.

4. Ni kubera iki dukwiye ‘kuguma twiteze Yehova’?

4 Abantu bamwebamwe bo muri Yuda biyumvira ko Yehova atogize ico akoze. Ariko, Yehova yarabakuye amazinda bose ko umusi wiwe uhambaye wari hafi. (Zef. 1:12, 14) Abobaye barahungiye muri we ni bo bonyene borokotse. (Zef. 3:12, 17) Uko ‘tuguma twiteze Yehova,’ ese tworonkera umunezero mu gukora twunze ubumwe n’abandi basavyi b’Imana yacu ihambaye!—Zef. 3:8, 9.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika