Rondera Yehova Umusi w’Uburake Bwiwe Utaraza
“Murondere Uhoraho . . . murondere ubugororotsi, bo n’ukwicisha bugufi; kumbure muzokinjishwa ku musi w’uburake bg’Uhoraho.”—ZEFANIYA 2:3.
1. Igihugu c’Ubuyuda cari cifashe gute mu buryo bw’impwemu igihe Zefaniya yatangura igikorwa ciwe co kuvuga ivya kazoza?
ZEFANIYA yatanguye igikorwa ciwe co kuvuga ivya kazoza mu gihe kigoye ca kahise k’Ubuyuda. Igihugu cari kigeze ahanyerera mu vy’impwemu. Aho kwizigira Yehova, abanyagihugu bariko bahanga amaso abaherezi n’abaragurisha inyenyeri b’abapagani ngo babahe ubuyobozi. Ukwambaza Bayali, harimwo n’imigenzo yakwo ijanye n’ivy’irondoka n’isagamba ry’uburimyi, kwari kwakwiragiye mu gihugu. Abaganza—ni ukuvuga abaganwa, abatware n’abacamanza—bariko bacura bufuni na buhoro abo bari bakwiye gukingira. (Zefaniya 1:9; 3:3) Ntibitangaje kuba Yehova yarafashe ingingo yo ‘kubangurira ukuboko kwiwe’ Ubuyuda na Yeruzalemu kugira ngo ahasangangure!—Zefaniya 1:4.
2. Ni icizigiro ikihe cari kiriho ku basavyi b’Imana b’abizerwa bo mu Buyuda?
2 Ntako ibintu vyari vyifashe nabi, ariko hari hariho ikizigizigi. Yosiya, umuhungu wa Amoni yari ku ngoma ico gihe. Naho yari agahungu gatoyi, Yosiya yarakunda Yehova vy’ukuri. Uwo mwami mushasha aramutse asubijeho ugusenga gutyoroye i Buyuda, ibaze ukuntu vyokoze ku mutima abantu b’inkehwa bariko basukurira Imana ari abizerwa! Abandi bovyuriwe umutima wo kwifatanya na bo maze kandi bakazigamwa ku musi w’uburake bwa Yehova.
Ibisabwa Kugira ngo Umuntu Azigamwe
3, 4. Ni ibintu bitatu ibihe bisabwa umuntu ategerezwa gushitsa kugira ngo azozigurizwe ku “musi w’uburake bg’Uhoraho”?
3 Ubwo hobayeho koko abantu bozigurijwe kuri nya musi w’uburake bwa Yehova? Egome cane, bokize gushitsa ibi bintu bitatu bivugwa muri Zefaniya 2:2, 3. Uko dusoma iyo mirongo, reka turabe mu buryo budasanzwe ibi bintu vyasabwa. Zefaniya yanditse ati: “Mutaratūmūrirwa kure nk’umuguruka, kand’uburake bg’Uhoraho bg’inkazi butarabashikako, mbere wa musi w’uburake bg’Uhoraho utarabashikīra. Murondere Uhoraho, yemwe bagwaneza mwese bo kw isi, bashitsa amabgirizwa yiwe: murondere ubugororotsi, bo n’ukwicisha bugufi; kumbure muzokinjishwa ku musi w’uburake bg’Uhoraho.”
4 Kugira rero ngo umuntu azigamwe, yategerezwa (1) kurondera Yehova, (2) kurondera ubugororotsi, no (3) kurondera ukwicisha bugufi. Ivyo bintu vyasabwa ni ibintu dukwiye kwitwararika cane muri iki gihe cacu. Kubera iki? Kubera ko nka kurya Ubuyuda na Yeruzalemu vyari bihanganye n’umusi w’ukubazwa ico vyakoze mu kinjana c’indwi B.G.C., amahanga y’Abitwa Abakirisu—mu vy’ukuri abanyakibi bose—bariko baratera bagana ku gihe bazotana mu mitwe na Yehova Imana kuri ya “marushwa ahambaye” ariko araza. (Matayo 24:21) Umuntu wese yipfuza gukinjishwa muri ico gihe ategerezwa gutera intambwe kanaka ubutisubirako ubu. Gute? Mu kurondera Yehova, mu kurondera ubugororotsi no mu kurondera ukwicisha bugufi hatararengerana!
5. ‘Kurondera Yehova’ harimwo n’ibiki muri iki gihe?
5 Woshobora kuvuga uti: ‘Ndi umusavyi w’Imana yiyeguye, yabatijwe, umwe wo mu Vyabona vya Yehova. None simaze gukwiza ivyo bintu bisabwa?’ Mu vy’ukuri, hari ibindi bisabwa uretse kwiyegurira Yehova kwacu. Isirayeli ryari ihanga ryiyeguye, ariko mu gihe ca Zefaniya abanyagihugu bo mu Buyuda ntibariko babaho bisunga ukwo kwiyegura. Amaherezo ivyo vyatumye iryo hanga riterwa akagere. ‘Kurondera Yehova’ muri iki gihe birimwo gutsimbataza no kuzigama ubucuti burangwa igishika umuntu agiranira na we mu kwifatanya n’ishirahamwe ryiwe ryo kw’isi. Ni ukuvuga kumenya ingene Imana ibona ibintu kandi tukitwararika inyiyumvo zayo. Turondera Yehova mu gihe twiga Ijambo ryiwe twitonze, tukarizirikanako, kandi tugashira mu ngiro impanuro turikuramwo mu buzima. Vyongeye, uko turondera ubuyobozi bwa Yehova mw’isengesho duturana ubwira tukongera tugakurikira uburongozi bw’impwemu yiwe yera, ubucuti tugiranira na we buragera ibwina maze tukagoberwa no kumusukurira ‘n’umutima wacu wose, n’ubugingo bwacu bwose, be n’inkomezi zacu zose.’—Gusubira mu Vyagezwe 6:5; Ab’i Galatiya 5:22-25; Ab’i Filipi 4:6, 7; Ivyahishuriwe 4:11.
6. Ni gute “[t]uronder[a] ubugororotsi,” kandi ni kuki ivyo bishoboka no muri iyi si?
6 Ikintu ca kabiri gisabwa cavuzwe muri Zefaniya 2:3 ni “[uku]ronder[a] ubugororotsi.” Benshi muri twebwe twaragize amahinduka ahambaye kugira ngo tube abakwiriye ibatisimu ya gikirisu, ariko dutegerezwa kubandanya kuguma ku ngingo ngenderwako z’Imana zigororotse mu buzima bwacu bwose. Bamwebamwe bari batanguye neza muri ivyo, barirekeranye baranduzwa n’isi. Ntivyoroshe kurondera ubugororotsi, kubera dukikijwe n’abantu babona yuko ubushegabo, kubesha hamwe n’ibindi bicumuro ari ibintu bisanzwe. Yamara, icipfuzo gikomeye co guhimbara Yehova kirashobora kunesha impengamiro iyo ari yo yose yo kurondera kwemerwa n’isi mu kugerageza gucudika na yo. Ubuyuda bwaratakaje ugutoneshwa n’Imana kubera ukwigana amahanga mabanyi yabwo adahimbara Imana. Aho kwigana isi, nimuze rero ‘twigane Imana,’ mu gutsimbataza “wa muntu musha, yaremwe mw ishusho y’Imana mu kugororoka no mu kwera kw’ukuri.”—Abanyefeso 4:24; 5:1.
7. Ni gute ‘turondera ukwicisha bugufi’?
7 Iciyumviro kigira gatatu cashikirijwe muri Zefaniya 2:3, ni ic’uko nimba dushaka guhishwa ku musi w’uburake bwa Yehova, dutegerezwa ‘kurondera ukwicisha bugufi.’ Ku musi ku musi, twama turi kumwe n’abagabo, abagore, abakiri bato baticisha bugufi. Kuri bo gutekereza ni akanenge. Ukwiyorosha gufatwa nk’ukugoyagoya gukomeye. Baragorana, bakikunda, kandi bakaba ba mudakurwakwijambo, biyumvira yuko ivyo bafitiye “uburenganzira” n’ibibashimisha bategerezwa kubironka naho vyosaba iki. Ese ukuntu vyoba bibabaje igihe zimwezimwe muri izo nyifato zotwandukira! Iki ni igihe co ‘kurondera ukwicisha bugufi.’ Gute? Mu kwiyorosha ku Mana, tukemera gutozwa indero twicishije bugufi kandi tugahuza n’ukugomba kwayo.
Ni Kuki “Kumbure” Tuzokinjishwa?
8. Ni igiki cerekanwa n’ikoreshwa ry’ijambo “kumbure” muri Zefaniya 2:3?
8 Urabona yuko muri Zefaniya 2:3 havuga hati: “Kumbure muzokinjishwa ku musi w’uburake bg’Uhoraho.” Ni kuki hakoreshwa ijambo “kumbure” igihe habwirwa “abagwaneza . . . bo kw’isi”? Emwe, abo bagwaneza barateye intambwe nziza, ariko ukwiyizigira nta kibanza kwari gufise. Ntibari bwashike ku mpera y’ingendo y’ubuzima bwabo bakiri abizerwa. Vyari ibishoboka yuko bamwe muri bo bari kugwa mu caha. Ukwo ni kwo biri no kuri twebwe. Yezu yavuze ati: “Uwihangana, agashitsa kw iherezo, ni we azokira.” (Matayo 24:13) Egome, ubukiriro ku musi w’uburake bwa Yehova tubukesha ukubandanya dukora ibigororotse mu nyonga ziwe. Ico coba ari co wiyemeje ushikamye?
9. Ni intambwe izihe zigororotse zatewe n’Umwami akiri muto Yosiya?
9 Biboneka yuko mu kwitaba akamo k’amajambo ya Zefaniya, Umwami Yosiya yavyuriwe umutima wo ‘kurondera Yehova.’ Ivyanditswe bivuga biti: “Mu mwaka ugira umunani ari ku ngoma, [Yosiya] akir’umwana [amaze imyaka nka 16], yatanguye kurondera Imana ya sekuruza Dawidi.” (2 Ngoma 34:3) Yosiya kandi yarabandanije ‘kurondera ubugororotsi’ kubera dusoma duti: “Mu mwaka ugira icumi na kabiri [igihe Yosiya yari amaze imyaka nka 20] atangura gutunganya i Buyuda n’i Yerusalemu, ahakūra ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi, n’inkingi bāshingiye Ashera, n’ibishushanyo bibājwe bo n’ivyavugutiwe mu nkero; basangangura ibicaniro vya za Bayali abahagarikiye.” (2 Ngoma 34:3, 4) Yosiya ‘yararondeye kandi ukwicisha bugufi,’ arakora yiyoroheje kugira ngo ahimbare Yehova mu guhumanura i gihugu akagikuramwo ugusenga ibigirwamana n’iyindi migenzo y’idini y’ikinyoma. Ese ingene abicisha bugufi bandi bategerezwa kuba baranezerejwe n’ivyo bintu vyari biranguwe!
10. Ni ibiki vyabaye mu Buyuda mu 607 B.G.C., ariko ni bande bazigurijwe?
10 Abayuda benshi barasubiye kuri Yehova mu kiringo c’ingoma ya Yosiya. Ariko rero, uwo mwami amaze gupfa, benshi barasubiye mu nzira zabo za kera—mu migenzo Imana idashima na gato. Nk’uko Yehova yari yarabivumereye, Abanyababuloni baratsinze Ubuyuda batako basangangura umurwa mukuru waho, ari wo Yeruzalemu, mu 607 B.G.C. Yamara, ntizari zinyazwe. Umuhanuzi Yeremiya, Ebedumeleki wa Munyetiyopiya, abakomoka kuri Yonadabu hamwe n’abandi bantu b’abizerwa ku Mana barakinjishijwe kuri uwo musi w’uburake bwa Yehova.—Yeremiya 35:18, 19; 39:11, 12, 15-18.
Yemwe Bansi b’Imana—Muragabe!
11. Ni kuki ari urugamba kuguma umuntu ari umwizerwa ku Mana muri iki gihe, ariko vyoba vyiza abansi b’abasavyi ba Yehova barimbuye iki?
11 Mu gihe tukirindiriye umusi Yehova ashikana uburake bwiwe kuri uru runkwekwe rubi, “[tu]gwa mu bigeragezo bitari bimwe.” (Yakobo 1:2) Mu bihugu bitari bike bivuga yuko biha agaciro umwidegemvyo wo gusenga, abakuru b’amadini bazi kwifatira abantu barakoresheje akosho bafise ku bategetsi kugira ngo bateze uruhamo rukaze abasavyi b’Imana. Abantu batagira ico bibanga baradodobereje Ivyabona vya Yehova, bakabita ngo ni “akadumbi k’idini gateye akaga.” Imana irazi ivyo bakora—kandi ntizogenda itabibahaniye. Abansi bayo vyoba vyiza barimbuye ivyashikiye abansi ba kera b’abasavyi bayo nk’Abafilisitiya. Ubwo buhanuzi bugira buti: “Gaza hazohebga, Ashikeloni hahinduke imisaka: abo muri Ashidodi bazokwirukanwa ku murango w’amashōka, na Ekuroni hazorandurwa.” Ibisagara vy’Abafilisitiya vya Gaza, Ashikeloni, Ashidodi na Ekuroni vyosenyaguwe.—Zefaniya 2:4-7.
12. Ni ibiki vyashikiye Ubufilisitiya, Mowabu, na Amoni?
12 Ubwo buhanuzi burabandanya buti: “Numvise ibitutsi vya Mowabu, n’ugucokorana kw’Abamoni, bācokoye abantu banje, bakarya urubibe rwabo bihayagiza.” (Zefaniya 2:8) Ni vyo, Misiri na Etiyopiya vyaracumukuye mu maboko y’Abanyababuloni babitera. Mugabo ni uruhe rubanza Imana yaciriye Mowabu na Amoni, amahanga yakomoka ku mwishwa wa Aburahamu, ari we Loti? Yehova yabuye ati: “Mowabu hazoba nk’i Sodomu, n’Abamoni nk’i Gomora.” Mu buryo bunyuranye na ba inakuruza babo—abakobwa babiri ba Loti, abarokotse rya sangangurwa ry’i Sodoma n’i Gomora—Mowabu na Amoni vy’abanyabwibone ntivyokinjishijwe imanza z’Imana. (Zefaniya 2:9-12; Itanguriro 19:16, 23-26, 36-38) Muri iki gihe, Ubufilisitiya buri hehe kandi ibisagara vyabwo biri hehe? Bite ho ku vyerekeye Mowabu na Amoni vyahoze vyibona? Nubirondere gute, ntavyo uzotora.
13. Ni ibintu vy’ubucukuzi ibihe vyagizwe i Ninewe?
13 Mu gihe ca Zefaniya, Inganji Nganzabami y’Abashuri yari yashikiriye ububasha bwayo bw’agaheta. Umucukuzi w’ivya kera Austen Layard yaranditse adondora igice kimwe c’ikirimba c’Umwami yari yubuye mu murwa mukuru w’i Ashuri, ari wo Ninewe, ati: “Amadari . . . yari agabuyemwo ibihimba vy’ikwadarato, bishushanijeko amashurwe canke amashusho y’ibikoko. Bimwe muri vyo vyari bitatsweko amasenge y’inzovu, igihimba cose kikaba gikikujwe n’amasozo be n’udutako bibereye ijisho. Amatanga, cokimwe n’insika, bishobora kuba vyari bikuyengeje canke mbere bisizwe inzahabu n’ifeza; kandi n’imbaho z’imbonekarimwe kuruta zose, muri zo iz’isederi zikaba zari zibereye ijisho, zari zarakoreshejwe ku bibazano.” Ariko nk’uko vyari vyarabuwe mu buhanuzi bwa Zefaniya, Ashuri hobwirijwe gusangangurwa be n’umurwa mukuru waho, ari wo Ninewe, hohindutse “amatongo.”—Zefaniya 2:13.
14. Ubuhanuzi bwa Zefaniya bwarangukiye gute kuri Ninewe?
14 Haciye imyaka 15 gusa Zefaniya avuze ubwo buhanuzi, Ninewe ahari hakomeye harasanganguwe, ikirimba c’aho gicika ishingwe. Egome, ico gisagara c’ubwibone carasenyuwe gicika umukungugu. Urugero iryo sangangurwa ryashitseko ryari ryarabuwe mu buryo bukomeye muri aya majambo agira ati: “Inkongori n’ibinyogoto bizokwībēra ku bisapfu vy’amazu yaho [vyaguye]: amajwi yavyo azokwumvikanira mu madirisha; mu rwinjiriro rw’imiryango yaho hazoba amasakamburira.” (Zefaniya 2:14, 15) Inyubakwa ziteye igomwe z’i Ninewe zobaye gusa zibereye kuba icumbi ry’ibinyogoto n’inkongori. Akamo k’abadandaza, akaruru k’abarwanyi, indirimbo z’abaherezi, ntivyobaye bikivugira mu mabarabara y’ico gisagara. Muri utwo tuyira twahora tunyagaramwo abantu, hokwumvikanye gusa ijwi ririmbana agahinda mw’idirisha, kumbure ikaba ari indirimbo yo gucura intimba y’inyoni canke agahwa k’umuyaga. Ese abansi bose b’Imana boherengetera nk’ukwo nyene!
15. Ni ibiki dushobora kwigira ku vyashikiye Ubufilisitiya, Mowabu, Amoni na Ashuri?
15 Ni igiki dushobora kwigira ku vyashikiye Ubufilisitiya, Mowabu, Amoni hamwe na Ashuri? Ni iki: Bwa basavyi ba Yehova, nta na kimwe dukwiye gutinya ku bansi bacu. Imana irabona ibikorwa vy’abarwanya abasavyi bayo. Yehova yaragize ico akora mu kurwanya abansi biwe muri kahise, kandi imanza ziwe zizoshitswa kw’isi yose ibako abantu muri iki gihe. Yamara, hazogira abarokoka—‘ishengero ryinshi ryo mu mahanga yose.’ (Ivyahishuriwe 7:9) Woshobora kuzoba uri muri bo—ariko bizoshoboka gusa nimba ubandanya kurondera Yehova, kurondera ubugororotsi, kandi ukarondera ukwicisha bugufi.
Ibara Rizobonwa n’Abanyakibi b’Abanyabwibone!
16. Ubuhanuzi bwa Zefaniya bwavuze iki ku vyerekeye abaganwa n’abarongozi b’idini bo mu Buyuda, kandi ni kuki ayo majambo abereye Abitwa Abakirisu?
16 Ubuhanuzi bwa Zefaniya burongera gushimika ku Buyuda no kuri Yeruzalemu. Muri Zefaniya 3:1, 2 havuga hati: “Uzobona ibara, urya murwa wagararije, wanduye, kand’uhahaza! Ntiwumviye ijwi riwubarira, ntiwemeye guhanūrwa, ntiwizigiye Uhoraho, ntiwiyegereje Imana yawo.” Ese ukuntu ari agacamutima kubona utwigoro twa Yehova two gutoza indero abasavyi biwe twagiye twirengagizwa! Mu vy’ukuri, agahahazo k’abaganwa, k’abatware n’ak’abacamanza kari agahomerabunwa. Zefaniya yarateye ivyatsi ubushizi bw’isoni bw’abarongozi b’idini, avuga ati: “Abavugishwa bawo n’ibihuruduka kandi n’abaryarukanyi; abaherezi bawo bahumanije ahēra, kandi bishe ivyagezwe ku manyama.” (Zefaniya 3:3, 4) Umve ukuntu aya majambo adondora neza uko ivy’abahanuzi n’abaherezi b’Abitwa Abakirisu vyifashe muri iki gihe! Mu buryo buranga ugushira isoni, barakuye izina ry’Imana mu mpinduro zabo za Bibiliya kandi bigisha inyigisho zerekana ukutariko uwo bavuga ko bambaza.
17. Abantu bakwumviriza canke batakwumviriza, ni kuki ukwiye kubandanya kwamamaza inkuru nziza?
17 Abigiranye ubwitwararitsi, Yehova yaraburiye abasavyi biwe ba kera ku vyerekeye ikintu yagira akore. Yararungikiye abasavyi biwe abahanuzi—nka Zefaniya na Yeremiya—guhimiriza abantu ngo bigaye. Egome, “Uhoraho . . . ntazokora ivyo kugabitanya; uko bukeye aserura ahibonekeza imanza ziwe ziroranye, ntatenzekanya.” Bavyakiriye gute? Zefaniya yavuze ati: “Arikw ikigoryi nta dusoni kigira.” (Zefaniya 3:5) Imburizi nk’iyo iriko irasamirizwa muri iki gihe. Nimba uri umwamamaji w’inkuru nziza, uriko uragira uruhara muri ico gikorwa co kuburira abantu. Nubandanye kwamamaza inkuru nziza udatezura! Abantu bakwumviriza canke batakwumviriza, ubusuku bwawe burererwa mu nyonga z’Imana, magingo uburangura uri umwizerwa, ntukeneye kugira isoni mu gihe ukorana umwete igikorwa c’Imana.
18. Muri Zefaniya 3:6 hazoranguka gute?
18 Ishitswa ry’urubanza Imana yaciye ntirizogarukirizwa gusa kw’isangangurwa ry’Abitwa Abakirisu. Yehova ashira ku kabarore n’amahanga yose yo kw’isi, akagira ati: “Naranduye amahanga, iminara yabo isigaye ar’imisaka; nashibije inzira zabo, bituma ata wukihahita; ibisagara vyabo birasanganguwe.” (Zefaniya 3:6) Ayo majambo rero Yehova avuga yerekeye isangangura ni ayo kwizigirwa, nk’aho yoba amaze kuranguka. Ni ibiki vyashikiye ibisagara vy’Ubufilisitiya, Mowabu, na Amoni? Kandi tuvuge iki ku murwa mukuru wa Ashuri, ari wo Ninewe? Isangangurwa ryavyo ni akarorero mburizi ku mahanga yo muri iki gihe. Imana ntihemwa.
Nubandanye Kurondera Yehova
19. Ni ibibazo ibihe bituma umuntu azirikana twoshobora kwibaza?
19 Mu gihe ca Zefaniya, uburake bw’Imana bwararekuriwe ku “[b]onona ibikorwa vyabo vyose” babigiranye ububisha. (Zefaniya 3:7) Ikintu nk’ico kizoshika mu gihe cacu. Woba ubona ikimenyamenya c’uko umusi w’uburake bwa Yehova uri hafi? Woba uriko ubandanya ‘kurondera Yehova’ mu gusoma Ijambo ryiwe udahorereza ni ukuvuga ku musi ku musi? Woba “[u]ronder[a] ubugororotsi” mu kugira ubuzima butyoroye mu vyo kwigenza runtu mu buryo buhuje n’ingingo ngenderwako z’Imana? Vyongeye woba uriko “[u]raronder[a] ukwicisha bugufi” mu kugaragaza inyifato iranga ukwicisha bugufi, n’ukwiyorosha ku Mana no ku ndinganizo yashizeho zituma haba ubukiriro?
20. Ni ibibazo ibihe tuja kurimbura mu kiganiro gisozera uru rukurikirane rushingiye ku buhanuzi bwa Zefaniya?
20 Nitwabandanya kurondera Yehova, ubugororotsi, n’ukwicisha bugufi turi abizerwa, turashobora kwitega kwinovora imihezagiro irimwo vyinshi ubu bwa none—egome, no muri iyi “misi y’iherezo” igerageza ukwizera. (2 Timoteyo 3:1-5; Imigani 10:22) Ariko twoshobora kwibaza duti: ‘Ni mu buryo butari bumwe ubuhe turiko turahezagirwa bwa basavyi ba Yehova bo muri kino gihe, kandi ni imihezagiro iyihe ya kazoza ubuhanuzi bwa Zefaniya bushira imbere abazokinjishwa ku musi uriko uregereza wihuta w’uburake bwa Yehova?’
Wovyishura Gute?
• Abantu “[ba]ronder[a] Uhoraho” gute?
• ‘Kurondera ubugororotsi’ harimwo n’ibiki?
• Dushobora gute “[k]uronder[a] ukwicisha bugufi”?
• Ni kuki dukwiye kubandanya kurondera Yehova, ubugororotsi, n’ukwicisha bugufi?
[Ifoto ku rup. 10]
Woba uriko urarondera Yehova biciye ku kwiga Bibiliya no kw’isengesho uturana ubwira?
[Ifoto ku rup. 13]
Kubera abagize ishengero ryinshi babandanya kurondera Yehova, bazorokoka umusi w’uburake bwiwe