ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/3 rup. 3-8
  • Umusi w’Urubanza wa Yehova Uri Hafi!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umusi w’Urubanza wa Yehova Uri Hafi!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukuboko kwa Yehova Kurabanguye
  • Iherezo ry’Abitwa Abakirisu Riri Hafi!
  • Vuba​—Umusi w’Amaborogo!
  • “Umusi Uhambaye w’Uhoraho Uri Hafi”
  • Rondera Yehova Umusi w’Uburake Bwiwe Utaraza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Mufatire akarorero ku bahanuzi—Zefaniya
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Abasavyi ba Yehova Basubijwe Umutamana Baramushemeza kw’Isi Yose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • ‘Umusi uhambaye wa Yehova uri hafi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/3 rup. 3-8

Umusi w’Urubanza wa Yehova Uri Hafi!

“Umusi uhambaye w’Uhoraho uri hafi; uri hafi kand’urihuta.”​—ZEFANIYA 1:14.

1. Ni imburizi iyihe Imana yatanze biciye kuri Zefaniya?

YEHOVA IMANA ari mu guhagurukira ababisha. Umve! Iyi ni yo mburizi atanga, agira ati: “Nzokwanzura abantu . . . nzorandura abantu bose kw isi.” (Zefaniya 1:3) Ayo majambo y’Umukama Segaba Yehova yavuzwe biciye ku muhanuzi wiwe Zefaniya, uwari kumbure inzukuruza y’Umwami w’umwizerwa Hezekiya. Ivyo vyatangajwe mu misi y’Umwami mwiza Yosiya, ntivyabura ivyiza ku babisha baba mu gihugu c’Ubuyuda.

2. Ni kuki ibikorwa vya Yosiya bitabujije ko umusi w’urubanza wa Yehova uza?

2 Nta gukeka ko ugushikiriza ubuhanuzi kwa Zefaniya kwatumye umusore Yosiya arushiriza kwibonera ko vyari bikenewe yuko ugusenga guhumanye gukurwa mu Buyuda. Ariko rero, ibikorwa uwo mwami yakoze mu gukura mu gihugu idini y’ikinyoma ntivyakuye ububisha bwose mu bantu canke ngo bihongere ivyaha vya sekuru, Umwami Manase, uwari “y[ar]ujuje i Yerusalemu amaraso y’aberanda.” (2 Abami 24:3, 4; 2 Ngoma 34:3) Ni co gituma rero, umusi w’urubanza wa Yehova wari kuza ata kabuza.

3. Dushobora gute kudakeka yuko bishoboka kurokoka wa “musi w’uburake bg’Uhoraho”?

3 Yamara, hobayeho aborokotse uwo musi uteye ubwoba. Ni co gituma umuhanuzi w’Imana yahimirije ati: “Mutaratūmūrirwa kure nk’umuguruka, kand’uburake bg’Uhoraho bg’inkazi butarabashikako, mbere wa musi w’uburake bg’Uhoraho utarabashikīra. Murondere Uhoraho, yemwe bagwaneza mwese bo kw isi, bashitsa amabgirizwa yiwe: murondere ubugororotsi, bo n’ukwicisha bugufi; kumbure muzokinjishwa ku musi w’uburake bg’Uhoraho.” (Zefaniya 2:2, 3) Dufise mu mizirikanyi icizigiro co kurokoka mu gihe c’umusi w’urubanza wa Yehova, reka dutangure kwihweza igitabu co muri Bibiliya ca Zefaniya. Candikiwe i Buyuda imbere yo mu 648 B.G.C., kikaba kiri mu bigize “ijambo [ry’ubuhanuzi]” ry’Imana, iryo twese dukwiye gutega yompi n’umutima wacu wose.​—2 Petero 1:19.

Ukuboko kwa Yehova Kurabanguye

4, 5. Ni gute muri Zefaniya 1:1-3 harangukiye ku babisha bo mu Buyuda?

4 “Ijambo ry’Uhoraho” ryaje kuri Zefaniya, ritangura na ya mburizi yavuzwe mu ntango. Imana ivuga iti: “Nzokwanzura rwose ibintu vyose biri kw isi, ni k’Uhoraho agize. Nzokwanzura abantu n’amatungo, nzokwanzura ibiguruka mu kirēre n’amafi yo mu kiyaga, n’abanyakibi nzobatega urutsiburira; eka nzorandura abantu bose kw isi, ni k’Uhoraho agize.”​—Zefaniya 1:1-3.

5 Egome, Yehova yari agiye kurangiza ububisha bw’agaterasoni mu gihugu c’i Buyuda. Imana yokoresheje nde ngo “[y]anzur[e] rwose ibintu vyose biri kw isi”? Kubera bisa n’uko Zefaniya yashikirije ubuhanuzi mu ntango y’inganji y’Umwami Yosiya, iyatanguye mu 659 B.G.C., ayo majambo y’ubuhanuzi yarangutse mu gihe c’isangangurwa ry’Ubuyuda be n’umurwa mukuru waho, Yeruzalemu, mu maboko y’Abanyababuloni mu 607 B.G.C. Muri ico gihe, harabaye ‘ukwanzurwa rwose’ kw’ababisha bo mu Buyuda.

6-8. Ni ibiki vyabuwe muri Zefaniya 1:4-6, kandi ubwo buhanuzi bwarangutse gute mu Buyuda bwa kera?

6 Muri Zefaniya 1:4-6 habura ivyo Imana yogiriye abasenga imana z’ibinyoma havuga hati: “Nzobangurira ukuboko kwanje Abayuda n’ababa i Yerusalemu bose; nzorandura amasigarira ya Bayali aho hantu, n’izina ry’ibishegu hamwe n’abaherezi; n’abasenga inyenyeri, ari zo ngabo zo kw ijuru, būriye hejuru ku mazu; n’abasenga bandahira jewe Uhoraho bagatako bakarahira na Milikomu; n’abasubiye inyuma bakareka kunkurikira jewe Uhoraho; n’abatigeze kundondera, canke ngo bagire ico bansiguza.”

7 Ukuboko kwa Yehova kwarabanguriwe ku bantu bo mu Buyuda n’i Yeruzalemu. Yari yiyemeje kurandura akica abasenga Bayali, imana y’ivy’irondoka n’isagamba ry’uburimyi y’Abanyakanani. Imana zitandukanye z’aho bazita za Bayali kubera abazisenga bibaza yuko zigabira uturere tunaka zikongera zikagira akosho kuri two. Nk’akarorero, hariho Bayali yasengwa n’Abanyamowabu hamwe n’Abamidiyani ku Musozi Peyori. (Guharūra 25:1, 3, 6) Hose mu Buyuda, Yehova yoranduye abaherezi ba Bayali, be n’abaherezi b’abahemu b’Abalewi bariko baca kubiri n’icagezwe c’Imana mu kugiranira ubucuti na bo.​—Kuvayo 20:2, 3.

8 Imana yoranduye kandi ‘abunamira ingabo zo kw’ijuru,’ biboneka ko bakora imigenzo yo kuragurisha inyenyeri bakongera bakambaza izuba. (2 Abami 23:11; Yeremiya 19:13; 32:29) Uburake bw’Imana bwosutswe kandi ku bagerageza kuvanga ugusenga kw’ukuri n’idini y’ikinyoma ‘mu kurahira Yehova no mu kurahira Milikomu.’ Milikomu rishobora kuba ari irindi zina rya Moleki, imana nkuru y’Abamoni. Ugusenga Moleki kwarajamwo ugutangako ibimazi abana.​—1 Abami 11:5; Yeremiya 32:35.

Iherezo ry’Abitwa Abakirisu Riri Hafi!

9. (a) Abitwa Abakirisu bagirizwa iki? (b) Mu buryo butandukanye na ba bahemu bo mu Buyuda, dukwiye kwiyemeza gukora iki?

9 Ivyo vyose vyoshobora kutwibutsa neza Abitwa Abakirisu, abanyengeterewe n’ugusenga kw’ikinyoma be n’ukuragurisha inyenyeri. Kandi uruhara rwabo mu gutangako ibimazi ubuzima bw’abantu amamiliyoni ku gicaniro c’indwano zishigikiwe n’abakuru b’amadini, ni ikintu gisesemye vy’ukuri! Nimuze ntitwigere tuba nka ba bahemu bo mu Buyuda, ‘basubiye inyuma bakareka gukurikira Yehova,’ bagacika ba sindabibazwa kandi ntibabe bakimurondera canke ngo barondere ubuyobozi bwiwe. Ahubwo, nimuze tugume turi intadohoka ku Mana.

10. Wosigura gute insobanuro menyeshakazoza ya Zefaniya 1:7?

10 Amajambo akurikira y’uwo muhanuzi arakwiranye n’inkozi z’ibibi zo mu Buyuda hamwe n’ababisha bo mu gihe cacu. Muri Zefaniya 1:7 havuga hati: “N’uhwekerere imbere y’Umwami Uhoraho: kuk’umusi w’Uhoraho uri hafi; Uhoraho yiteguye ikimazi, kandi yejeje abatumire biwe.” Abo “batumire” bisa n’uko bari Abakaludaya banka Ubuyuda. Ico “kimazi” bwari Ubuyuda ubwabwo, tutibagiye n’umurwa mukuru waho. Gutyo Zefaniya yaratangaje umugambi w’Imana wo gusangangura Yeruzalemu, vyongeye ubwo buhanuzi bwerekeza no kw’isangangurwa ry’Abitwa Abakirisu. Kukaba nkako, kubera umusi w’urubanza rw’Imana uri hafi cane muri iki gihe, isi yose ikwiye ‘guhwekerera imbere y’Umukama Segaba Yehova,’ igaheza ikiyumvira ico avuga biciye ku “busho buto” bugizwe n’abayoboke ba Yezu basizwe no kuri bagenzi babo, ari zo “zindi ntama” ziwe. (Luka 12:32; Yohana 10:16) Iherengetezwa ririndiriye abantu bose batazokwumviriza kandi bakaba gutyo bahakanye gutegekwa n’Ubwami bw’Imana.​—Zaburi 2:1, 2.

Vuba​—Umusi w’Amaborogo!

11. Insobanuro y’ishimikiro yo muri Zefaniya 1:8-11 ni iyihe?

11 Ku vyerekeye umusi wa Yehova, Zefaniya 1:8-11 hongerako hati: “Kur’uwo musi w’ikimazi canje jewe Uhoraho, nzohana abaganwa n’abana b’umwami, n’abambaye imyambaro y’inyamahanga. Kur’uwo musi nzohana abasimba urwinjiriro rw’urusengero bose, bakuzuza inzu ya shebuja umuryano n’uruhendo. Maze kur’uwo musi, ni k’Uhoraho agize, hazokwumvikana induru kw irembo ryitwa iry’Amafi, n’umuborogo mu gice c’igisagara ca kabiri, n’ugusenyerana gukomeye kuzokwumvikana mu misozi. Ni muboroge, yemwe ababa i Makiteshi, kukw abantu bose b’i Kanani bageseye, n’abagera ifeza ku munzane baranduwe.”

12. Bigenda gute ngo bamwebamwe babasange “bamba[ra] imyambaro y’inyamahanga”?

12 Umwami Yosiya yosubiriwe na Yehowahazi, na Yehoyakimu hamwe na Yehoyakina. Maze hoje inganji ya Zedekiya, yoranzwe n’isangangurwa rya Yeruzalemu. Naho bari bahanganye n’ivyo vyago, bisa n’uko bamwebamwe barondeye kwemerwa n’amahanga mabanyi, mu “[kw]amba[ra] imyambaro y’inyamahanga.” Muri ubwo buryo nyene, benshi muri iki gihe baragaragaza mu buryo butandukanye yuko batari mu bagize ishirahamwe rya Yehova. Kubera ko vyibonekeza ko bari mu bagize umuce w’ishirahamwe rya Shetani, bazohanwa.

13. Mu buryo buhuje n’ubuhanuzi bwa Zefaniya, ni ibiki vyotegerejwe gushika igihe Abanyababuloni bateye Yeruzalemu?

13 “Uwo musi” w’aho Ubuyuda bubazwa ivyo bwakoze uhwanye n’umusi Yehova azoshitsa urubanza ku bansi biwe, arangize ububisha, yongere yemeze ubukuru bwiwe. Igihe Abanyababuloni boteye Yeruzalemu, induru zovugiye kw’irembo ryitwa Irembo ry’Amafi. Birashoboka ko hiswe gutyo kubera hari hafi y’akaguriro k’amafi. (Nehemiya 13:16) Amasinzi y’Abanyababuloni bokwinjiye mu kagari kitwa igisagara ca kabiri, kandi “ugusenyerana . . . kuzokwumvikana mu misozi” gushobora kuba gusobanura amajwi y’Abanyakaludaya bariko baregereza. Hobaye “umuborogo” uvuzwa n’ababa i Makiteshi, kumbure amaja haruguru y’Akabande k’i Tiropoweyoni. Ni kubera iki bovugije amaborogo? Kubera ko umurimo wo kudandaza utobaye ukiriho, tutibagiye n’uw’“abagera ifeza ku munzane.”

14. Imana yosuzumye kugeza ku rugero rungana iki abavuga ko bayisenga?

14 Yehova yosuzumye kugeza ku rugero rungana iki abavuga ko bamusenga? Ubwo buhanuzi burabandanya buti: “Ico gihe, muri Yerusalemu nzohaseranguza imuri, mpane abantu bīrāye nka vino yiretse ku mvūzo, bibgira mu mitima yabo, bat’Ari ciza ari kibi, Uhoraho ntaco azokora. Itunga ryabo rizocika isahu, n’amazu yabo ahinduke imisaka: mbere bazokwubaka amazu, ntibayabemwo, batere n’imizabibu, ntibanywe vino yayo.”​—Zefaniya 1:12, 13.

15. (a) Ni ibiki vyari bigiye gushikira abaherezi b’abahakanyi b’i Yeruzalemu? (b) Ni ibiki bibikiwe abasenga mw’idini y’ikinyoma muri iki gihe?

15 Abaherezi b’abahakanyi b’i Yeruzalemu bariko baravanga ugusenga Yehova n’idini y’ikinyoma. Naho bumva batekanye, Imana yobarondeye nk’uwukoresha ikimuri conyengetereye mu mwiza w’ivy’impwemu bari baragize ubuhungiro bwabo. Nta n’umwe yohunze itanganzwa n’ishitswa ry’urubanza rw’Imana. Abo bahakanyi ataco binona bari biyicariye nk’imvuzo mu ntebe y’umubindi wa vino. Ntibashaka kuvurugwa n’itangazwa na rimwe ry’uko Imana yokwinjiye mu vyo abantu bakora, ariko ntiborokotse ishitswa ry’urwo Imana yabaciriye. N’abasenga mw’idini y’ikinyoma muri iki gihe ntibazorokoka, tutibagiye abo mu Bitwa Abakirisu cokimwe n’ababaye abahakanyi bagaheba ugusenga Yehova. Mu guhakana yuko iyi ari imisi y’iherezo, bibwira mu mutima wabo bati: “Ari ciza ari kibi, Uhoraho nta co azokora.” Ese ukuntu bihenda!​—2 Timoteyo 3:1-5; 2 Petero 3:3, 4, 10.

16. Ni ibiki vyotegerejwe gushika igihe urubanza rw’Imana rwoshikijwe ku Buyuda, kandi ni gute ukubimenya gukwiye kugira ico gukoze kuri twebwe?

16 Abahakanyi bo mu Buyuda bari baraburiwe yuko Abanyababuloni bosahuye amatungo yabo, bagasiga amazu yabo ari umusaka, bakongera bagasoroma ivyamwa vy’inzabibu zabo. Amatungo ntaco yomaze igihe urubanza rw’Imana rwoshikijwe ku Buyuda. Ivyo ni vyo bizoshika igihe umusi w’urubanza wa Yehova uzoza kuri uru runkwekwe rw’ibintu. Ese rero twobona ibintu mu buryo bw’impwemu tugatako ‘tukirundaniriza ubutunzi mw’ijuru’ mu kugumiza umurimo wa Yehova mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu!​—Matayo 6:19-21, 33.

“Umusi Uhambaye w’Uhoraho Uri Hafi”

17. Nk’uko Zefaniya 1:14-16 habivuga, umusi w’urubanza wa Yehova wegereje ku rugero rungana iki?

17 Umusi w’urubanza wa Yehova wegereje ku rugero rungana iki? Nk’uko Zefaniya 1:14-16 habivuga, Imana iradukura amazinda iti: “Umusi uhambaye w’Uhoraho uri hafi; uri hafi kand’urihuta; umusi w’Uhoraho, guhinda kwawo kurumvikana; umuhizi araborogana intuntu. Uwo musi n’umusi w’uburake, n’umusi w’amagorwa n’amarushwa, n’umusi w’ibitongozi n’imisaka, n’umusi w’umwiza n’ubuzinze ināni, n’umusi w’ibicu n’umwiza w’umuzitanya, n’umusi wo kwumva inzamba n’akaruru k’abirukira ibisagara vyubakiwe inzitiro z’amabuye n’iminara miremire.”

18. Ni kuki tudakwiye gupfundika iciyumviro c’uko umusi w’urubanza wa Yehova uzoza muri kazoza ka kure?

18 Abaherezi, abaganwa n’abanyagihugu b’abacumuzi bo mu Buyuda baragabishijwe yuko ‘umusi uhambaye wa Yehova uri hafi.’ ‘Umusi wa Yehova wokwihuse cane’ gushika ku Buyuda. Muri ubwo buryo nyene muri iki gihe cacu, ntihagire umuntu n’umwe yiyumvira yuko Yehova azoshitsa urubanza ku babisha muri kazoza ka kure. Ahubwo riho, nk’uko Imana yabikoze yihuta mu Buyuda, ni ko ‘izokwihutisha’ umusi wayo w’urubanza. (Ivyahishuriwe 16:14, 16) Ese ukuntu azoba ari igihe kibishe ku bantu bose birengagiza imburizi Yehova atanga biciye ku Vyabona vyiwe bakongera bakananirwa kwinjira mu gusenga kw’ukuri!

19, 20. (a) Ni imice imwimwe iyihe y’igaragazwa ry’uburake bw’Imana ku Buyuda no kuri Yeruzalemu? (b) Turavye ugusangangura kurobanura guhanganye n’uru runkwekwe rw’ibintu, ni ibibazo ibihe bivyuka?

19 Igihe Imana yagaragaza uburake bwayo ku Buyuda no kuri Yeruzalemu wari “umusi w’amagorwa n’amarushwa.” Abanyababuloni bahigaruriye barateje amakuba menshi ababa mu Buyuda, tutibagiye n’amarushwa aterwa n’ukuranduka umutima kuvuye ku guhangana n’urupfu be n’isangangurwa. Uwo “musi w’ibitongozi n’imisaka” wari umusi ucura umwiza, w’ibicu n’umuzitanya, kumbure atari mu mvugo ngereranyo gusa ariko kandi vyabaye nya kuba kubera ko umwotsi n’ugutikizwa vyari ahantu hose. Wari “umusi wo kwumva inzamba n’akaruru,” ariko imburizi zasamiranye ku vy’ubusa.

20 Abareretsi b’i Yeruzalemu ntibagize ico bavuna uko amahiri y’Abanyababuloni yahenura “iminara miremire.” Inzitiro z’uru runkwekwe rw’ibintu rubi na zo nyene zizoba zitagira akamaro imbere y’ibirwanisho vy’Imana vyo mw’ijuru, iyiteguriye kubikoresha hakiri kare muri ukwo gusangangura kurobanura. Woba wizigiye kuzozigurizwa? Woba warafashe impagararo ishikamye ku ruhande rwa Yehova, ‘we azigama abamukunda bose; arikw abanyakibi bose akazobahonya’?​—Zaburi 145:20.

21, 22. Muri Zefaniya 1:17, 18 hazoranguka gute muri iki gihe cacu?

21 Mbega umusi w’urubanza uteye ubwoba wabuwe muri Zefaniya 1:17, 18! Yehova Imana avuga ati: “Nzotēza ivyago abantu, bitume bagenda nk’impumyi, kuko bancumuyeko jewe Uhoraho; kand’amaraso yabo azosēswa nk’umukungugu, n’imibiri yabo nk’ibishēshe. Nta feza zabo nta n’izahabu bizoshobora kubakiza ku musi w’uburake bg’Uhoraho; arikw isi yose izomarwa n’umuriro w’ifūhe ryiwe: kukw ababa kw isi bose azobaherengeteza rwose giturumbuka.”

22 Nk’uko yabigize mu misi ya Zefaniya, Yehova vuba agiye guteza ivyago “ababa kw’isi bose,” ni ukuvuga abanka gutega ugutwi imburizi ziwe. Kubera bacumura ku Mana, bazodaguza nk’impumyi ataco zishoboje, zidashobora kuronka agakiza. Ku musi w’urubanza wa Yehova, amaraso yabo “azosēswa nk’umukungugu,” nk’ikintu kitagira agaciro. Nkako, iherezo ryabo rizoba ari iriteye isoni, kubera ko Imana izosanzaza kw’isi imivyimba y’abo babisha, mbere n’ibisogi vyabo, “nk’ibishēshe.”

23. Naho inkozi z’ibibi zitazorokoka ku “musi w’uburake bg’Uhoraho,” ni icizigiro ikihe ubuhanuzi bwa Zefaniya buserura?

23 Nta n’umwe ashobora gukiza abarwanya Imana bakongera bakarwanya abasavyi bayo. Nta feza canke inzahabu vyoshoboye kurokora izo nkozi z’ikibi zo mu Buyuda, yaba ari ubutunzi buhishijwe canke ibiturire ntibizokingira canke ngo bibarokore ku “musi w’uburake bg’Uhoraho” uzoshika ku Bitwa Abakirisu no ku basigaye bo muri uru runkwekwe rw’ibintu. Kuri uwo musi w’ubutigu, “isi yose izomarwa” n’umuriro w’ishaka ry’Imana igihe azoherengeteza ababisha. Kubera dufise ukwizera mw’ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana, twarajijutse yuko ubu tugeze kure mu “gihe c’iherezo.” (Daniyeli 12:4) Umusi w’urubanza wa Yehova uri hafi, kandi vuba azokwihora abansi biwe. Yamara, ubuhanuzi bwa Zefaniya buraserura icizigiro c’ukurokoka. None rero, ni igiki dusabwa nimba dushaka gukinjishwa ku musi w’uburake bwa Yehova?

Wovyishura Gute?

• Ubuhanuzi bwa Zefaniya bwarangukiye gute ku Buyuda no kuri Yeruzalemu?

• Ni ibiki bibikiwe Abitwa Abakirisu n’ababisha bose bo muri iki gihe cacu?

• Ni kuki tudakwiye kwiyumvira yuko umusi w’urubanza wa Yehova uzoza muri kazoza ka kure?

[Ifoto ku rup. 4]

Zefaniya yaramenyesheje ashize amanga yuko umusi w’urubanza wa Yehova wari hafi

[Abo dukesha ifoto]

From the Self-Pronouncing Edition of the Holy Bible, containing the King James and the Revised versions

[Ifoto ku rup. 5]

Umusi wa Yehova washitse ku Buyuda no kuri Yeruzalemu mu maboko y’Abanyababuloni mu 607 B.G.C.

[Ifoto ku rup. 7]

Woba wizigiye kuzozigurizwa Yehova niyasangangura ababisha?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika