ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 6/04 rup. 1
  • Yehova arafasha abamwizigira

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova arafasha abamwizigira
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ivyo bijanye
  • Ukwizigira ni ntahara mu vyo kugira ubuzima buhimbaye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Niwizigire abavukanyi bawe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Niwizigire Yehova uko umuhero wegereza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Porogarama Nshasha y’Iteraniro ry’Umuzunguruko
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2004
km 6/04 rup. 1

Yehova arafasha abamwizigira

1 Abantu benshi babona ko ukugira amahera, ububasha be n’ubuhanga ari vyo bituma umuntu aroranirwa (Zab. 12:4; 33:16, 17; 49:6). Ariko rero, abatinya Yehova bakongera bakamwizigira, Bibiliya ibakura amazinda yuko “[ari] we mutabazi wabo n’inkinzo yabo” (Zab. 115:11). Nimuze turimbure imice ibiri dukeneye kugaragazamwo ko twizigira Yehova.

2 Bwa basuku bakirisu: Igihe cose turangura ibikorwa twashinzwe mw’ishengero canke igihe twigisha mu busuku bwo mu ndimiro, dutegerezwa kwiheka ku Mana yacu. Rimbura akarorero ka Yezu. Naho yari Umwana w’Imana, ntiyizigiye ubukerebutsi canke ubushobozi bwiwe bwite, ahubwo yarizigiye Se wiwe wo mw’ijuru araherezako (Yoh. 12:49; 14:10). Ese ukuntu bihambaye ko turushiriza kumwizigira (Imig. 3:5-7)! Duhezagiwe na Yehova ni ho honyene utwigoro twacu turi n’aho tugarukira tuzomutera iteka tukongera tukagirira akamaro abandi.—Zab. 127:1, 2.

3 Tugaragaza ko twizigira Yehova mu kumusenga tumusaba ubuyobozi be n’imfashanyo y’impwemu yiwe yera (Zab. 105:4; Luka 11:13). Ikigeretseko, twerekana ko twizigira Imana mu gushingira inyigisho zacu kw’Ijambo ryayo Bibiliya. Ubutumwa buri muri ryo burafise ububasha bwo gukora ku mutima no guhindura ubuzima (Heb. 4:12). Igihe “[dusukura nk’aba]fise ubushobozi Imana itanga”, Yehova araninahazwa.—1 Pet. 4:11.

4 Igihe dutorera umuti ingorane: Turakeneye kandi guhanga amaso Yehova kugira adufashe igihe duhanganye n’imikazo be n’ingorane (Zab. 46:1). Nk’akarorero, umukoresha yoshobora kugonanwa kuduha ikonji ryo kwitaba iteraniro, canke tugashobora guhura n’ibintu bitoroshe mu buzima bwacu bwo mu rugo. Twerekana ko twizigira Yehova mu kumutakambira dukobeje no mu gushira mu ngiro ubuyobozi atanga biciye kw’Ijambo ryiwe no kw’ishirahamwe ryiwe (Zab. 62:8; 119:143, 173). Abasavyi ba Yehova babigenjeje gutyo, baribonera ukuntu ukuboko kwiwe kubafasha mu buzima bwabo.—Zab. 37:5; 118:13, 16.

5 Yehova ubwiwe adukura amazinda ati: “Arahiriwe umuntu yizigira Uhoraho, Uhoraho akaba ivyizigiro vyiwe” (Yer. 17:7). Ese twogaragaza ko tumwizigira mu vyo dukora vyose!—Zab. 146:5.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika