Ururirimbo rwa 36
‘Hahiriwe abitonda’
(Matayo 5:5, NW)
1. ’Man’ihezagir’abitonda;
’Buhirwe barironkera.
Mu marushwa ntibagumuka,
Imana bakarindira.
Ababi bariyemera,
Ariko ntibabakanga.
Bazi kw’abo batazobaho,
Ariko ko bazoyonga.
2. “Hari igihe nari muto,
Ubu ho jewe ndashaje,
Ariko sinigeze mbona
Umwiz’asegerereje”.
Nk’uko Dawidi yavuze,
Yehova n’ukumwizera.
Niwahimbarwa na we koko,
’Vy’ukor’azohezagira.
3. Vuba ababi bazoshira,
Ahabo ntihazorangwa,
Abitonda bab’amahoro,
Isi bo bakazoragwa.
’Jambo ry’Imana twemere,
’Kibi tugir’indahiro.
Rero tuguman’ukwitonda,
Mu mvug’eka no mu ngiro.