Niwitwararike abandi mu kugira umutima mwiza
1 Igihe umukenyezi umwe yari yahoze yiyumvira Ivyabona uko batari yibuka umusi yahura n’Icabona ca Yehova ari bwo bwa mbere, yavuze ati: “Sinibuka neza ivyo twayaze, ariko ico nibuka coco ni umutima mwiza yanyeretse, ukuntu yanganirije neza hamwe n’ukwicisha bugufi kwiwe. Emwe, numvise ndamukunze”. Ayo majambo arashimika ku vy’uko kwitwararika bimwe bivuye ku mutima abo tubwira inkuru nziza ari ikintu gihambaye.—Flp. 2:4.
2 Urukundo rugira neza: Uburyo bumwe twokwerekana ko dukunda abandi, ni mu kugira umutima mwiza (1 Kor. 13:4). Umuntu w’umutima mwiza aritwararika ineza y’abandi akavyerekanira mu bikorwa, akarondera kugira ico yobamarira. Ni ivy’ukuri yuko igikorwa co kwamamaza ubwaco ari igikorwa kiranga umutima mwiza. Ariko rero, kwitwararika abantu tubikuye ku mutima ntibigarukira gusa ku kubabwira inkuru nziza. Mu migenderanire yose tugiranira na bo, ni ukuvuga ukuntu tubafata nk’abagenzi, urupfasoni tugira, ukuntu twumviriza, ivyo tuvuga be n’ingene tubivuga, eka mbere n’ukuntu turaba abandi, birerekana ko tubitwararika koko.—Mat. 8:2, 3.
3 Kwitwararika abantu tubitumwe n’urukundo bizotuma kandi tubafasha mu buryo buboneka. Igihe umuvukanyi umwe w’umutsimvyi yariko aramamaza inzu ku nzu, umupfakazi umwe ageze mu zabukuru yaciye buno nyene amwamirira kure amaze kumenya ko ari Icabona. Uwo mupfakazi yavuze ko yari ku ngazi mu gikoni ariko agerageza gusubiriza irampuru igihe yaza yumva uwo muvukanyi avugije agakengeri ko kw’irembo. Nya muvukanyi yaciye amubwira ati: “Ivyo kubikora uri wenyene ni ukwishira mu kaga”. Nya mupfakazi yaciye amuha ikaze mu nzu. Uwo muvukanyi yarasubirije nya rampuru, aca arigira. Igihe umuhungu w’uwo mukenyezi yahicisha mu nyuma aje kuraba ingene amerewe, uwo mukenyezi yaramwiganiye ivyari vyabaye. Uwo muhungu vyaramukoze ku mutima gushika n’aho arondera nya muvukanyi kugira amushimire. Ivyo vyavuyemwo ikiyago ciza cane, biranatuma nya muhungu yemera kugirirwa inyigisho ya Bibiliya.
4 Iyo tugize umutima mwiza, tuba twerekanye urukundo Yehova akunda abantu, kandi tukaba dusharije ubutumwa bw’Ubwami. Nimuze rero imisi yose twame “twishimagiza . . . nk’abakozi b’Imana . . . mu kuba inda nziza”, ari kwo kugira umutima mwiza.—2 Kor. 6:4, 6.