Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
Indwi itangura ku wa 10 Gitugutu
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Nimukoreshe inama ziri ku rupapuro rwa 8 (nimba zibereye mu cibare canyu) kugira mwerekane ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga na Réveillez-vous! yo ku wa 8 Nyakanga. Inyuma y’umwerekano umwumwe wose, nimushire ahabona ibintu vyizavyiza mwabonye muri wo. Niwibutse kandi abumviriza gukoresha ibiganiro bitajanye n’umutwe-shimikiro wo ku gipfukisho c’ikinyamakuru bishobora gushimisha abantu bo mu cibare canyu.
Imin. 15: Woba ukunda gusoma? Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku bice vyarobanuwe mu gitabu Ishure ry’Ubusuku, ku rupapuro rwa 21-26. Ni ibiki twoshira mu rutonde rwacu rwo gusoma? (rup. 21, uruzitiro) Ni kubera iki bihambaye ko dusoma ibitabu turonswa? (rup. 23, ing. 2) Akabanga ko kugumana urutonde rwiza rwo gusoma ni akahe? (rup. 26, ing. 3-4) Wishingiye umwanya uwuhe wo gusoma ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!? Ivyo wavyungukiyeko gute?
Imin. 20: “Bandanya kuvuga ijambo ry’Imana ushize amanga”.a Nusabe abumviriza bavuge ibihe bitandukanye aho usanga bisaba ko umuntu arya umutima amenyo kugira ngo ashinge intahe. Ni ibiki vyabafashije kubishikako?
Ururirimbo rwa 78 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 17 Gitugutu
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Mukoresheje igice ca 3 co mu nyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Nyakanga 2005, nimwihweze iciyumviro kimwe canke bibiri ku bijanye n’ingene twokoresha neza Ivyanditswe igihe turongora inyigisho za Bibiliya.
Imin. 15: Niwirinde ibintu vyo kuri bwa buhinga bwa Internet bishobora kukugirira nabi. Insiguro ishikirizwa n’umukurambere ishingiye kuri Réveillez-vous! yo ku wa 8 Kigarama 2004, ku rupapuro rwa 18-21.
Imin. 20: “Niwitwararike abandi mu kugira umutima mwiza”.b Nusabe abumviriza bavuge ingene twokwereka abandi umutima mwiza igihe turi mu busuku bwo mu ndimiro. Ubundi buryo bwo kwitwararika abo tubwira inkuru nziza buzokwihwezwa mu nomero z’Igikorwa dukorera Ubwami zo hanyuma.
Ururirimbo rwa 2 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 24 Gitugutu
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nusome raporo y’ivy’amakonte be n’ivyete vyemeza ko intererano mwatanze zashitse. Mukoresheje bumwe mu buryo bwo gutanguza ibiyago buri mu nyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Nzero 2005 canke ubundi buryo bubereye ku cibare canyu, nimwerekane ingene umuntu yoshikiriza ibisohokayandikiro bizoshikirizwa muri Munyonyo.—Raba Igikorwa dukorera Ubwami co muri Nzero 2005, rup. 8, ing. 5.
Imin. 15: Ibikenewe iwanyu. Aho amahwaniro amaze kuba, nimwihweze ivyiyumviro bikurubikuru vy’ihwaniro. Raba ivyamenyeshejwe ku rupapuro rwa 2, mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Ruheshi 2005.
Imin. 20: Twisunge ingingo mfatirwako z’Imana mu kuntu twambara no mu kuntu twitunganya. Insiguro n’ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza bishikirizwa n’umukurambere, bikaba bishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Myandagaro 2002, ku rupapuro rwa 17-19. Nusabe abumviriza bavuge ingene ukwitunganya neza gushobora kuducira inzira yo gushinga intahe.
Ururirimbo rwa 153 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 31 Gitugutu
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro yo muri Gitugutu. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 8 (nimba zibereye mu cibare canyu), nimwerekane ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Nyakanga na Réveillez-vous! yo ku wa 22 Nyakanga. Muri umwe muri iyo myerekano, umwamamaji nashireho umushinge wo gusubira kugendera uwo muntu, mu kumwereka ibiri mu ruzitiro ruvuga ngo “Mu nomero yacu iza”.—Raba Igikorwa dukorera Ubwami co muri Gitugutu 1998, rup. 4, ing. 7-8.
Imin. 15: Nutsimbataze ugushimishwa mu kwama ushira abantu ibinyamakuru. Insiguro n’ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza bishingiye ku Gikorwa dukorera Ubwami co muri Rusama 2005, ku rupapuro rwa 8. Twohera hehe kugira ngo twame dushira umuntu ibinyamakuru? (ing. 1) Twotegura gute urukurikirane rw’ibiganiro bishingiye ku canditswe kimwe? (ing. 3) Ni kubera iki hakenewe n’ibindi uretse gusa gusoma icanditswe cacaguwe? (ing. 4) Umuntu twama dushira ibinyamakuru ashobora gute gutangura kwiga Bibiliya? (ing. 5) Nimushiremwo umwerekano aho umwamamaji aganira ku canditswe kimwe n’umuntu yama ashira ibinyamakuru igihe asubiye kumuraba.
Imin. 20: Urwaruka rushikamye yamara rwubaha. Insiguro ishikirizwa n’umukurambere ishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Nyakanga 2002, ku rupapuro rwa 23-24, munsi y’agatwe kavuga ngo “Nuvyirinde Ubigiranye Ukwubaha”. Nuringanize imbere y’igihe ivy’uko hagira abakiri bato babiri bagira ico bavuze ku bigeragezo vyabashikiye kw’ishure be n’icabafashije kubitsinda.
Ururirimbo rwa 222 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 7 Munyonyo
Imin. 5: Amatangazo y’iwanyu n’Udukuru twa gitewokarasi.
Imin. 20: Nuryohore uburyo witunira ku makoraniro. Insiguro n’ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza bishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Nyakanga 2002, ku rupapuro rwa 12-14, ingingo ya 11-14. Nimwihweze inama zatanzwe, wongere usabe abumviriza bavuge ivyabafashije kwungukira bimwe bishitse ku makoraniro y’ishengero.
Imin. 20: “Nutsimbataze ubuhanga mu bijanye no gufasha abandi kuzirikana”.c Nusabe abamamaji bacaguwe bigane ingene bafasha kuzirikana abantu batandukanye bo mu cibare canyu.
Ururirimbo rwa 50 n’isengesho ryo gusozera.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.