ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 2/07 rup. 1
  • Twabikijwe ubutunzi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twabikijwe ubutunzi
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ivyo bijanye
  • Nugumize umutima kw’itunga ryo mu vy’impwemu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Urashobora kuronka “ukumenya Imana”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Nuhe agaciro agateka watewe ko kwamamaza
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Niwerekane ko uha agaciro amatunga ataboneka
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2007
km 2/07 rup. 1

Twabikijwe ubutunzi

1 Intumwa Paulo yaraha agaciro igikorwa yashinzwe n’Imana co kwamamaza bituma acita “ubutunzi” (2 Kor. 4:7). Yarihanganiye ingorane be n’uruhamo vyamushikira igihe yariko ararangura ico gikorwa yari yarashinzwe. Ntiyahengeshanya kubwira ubutumwa bwiza umuntu wese yaba ashoboye gushikira. Yaragize ingendo nyinshi zigoye kandi zirimwo akaga, aca ku butaka no mu mabahari. None dushobora gute kwigana Paulo, gutyo tukagaragaza ko dukunda cane ubusuku bwacu (Rom. 11:13)? Ni igiki gituma ubusuku turangura buba ubutunzi ntangere?

2 Ubutunzi buruta ubundi bwose: Kugira ubutunzi bwo mw’isi, kenshi biherekezwa n’intuntu nyinshi yo mu mutima kandi bikavamwo ivyiza bike gusa canke vy’akanya gato. Ubusuku turangura bwobwo buzana ivyiza biramba, haba kuri twebwe eka no ku bandi (1 Tim. 4:16). Burafasha abantu b’inziraburyarya gushika ku kumenya Yehova, kugira amahinduka akenewe mu buzima bwabo no kugira icizigiro nyakuri c’ubuzima budahera (Rom. 10:13-15). Mu gihe duha agaciro cane ubusuku bwacu, turagira intumbero imara akanyota mu buzima, tukabona ko hari ico turiko dushikako kiramba kandi tukagira icizigiro giteye umunezero cerekeye kazoza.—1 Kor. 15:58.

3 Nugaragaze ko uha agaciro ubutunzi ufise: Agaciro duha ikintu, kenshi kagaragarira ku vyo dushobora guheba ku bw’ico kintu. Ese ukuntu ari agateka gukoresha umwanya wacu n’inguvu zacu mu gushemeza Yehova (Ef. 5:16, 17)! Uburyo dukoresha umwanya wacu bukwiye kugaragaza ko ivy’impwemu ari vyo duha agaciro kuruta ivyo kwiruka inyuma y’amaronko. Kubera yuko dufise ikintu c’agaciro kangana gutyo dushikiriza, vyoba vyiza twamamaje n’igishika tukongera tukaguma turi maso kugira ngo ntitugishe akaryo na kamwe ko kubwira abandi inkuru nziza.

4 Ibintu vy’agaciro ntangere kenshi usanga bitanyegezwa, ahubwo bishirwa ahabona kugira ngo abandi babibone. Nimba tubona yuko ubusuku turangura ari itunga, buzoba bwo muce nyamukuru w’ubuzima bwacu (Mat. 5:14-16). Ese twokwama nantaryo twigana intumwa Paulo dufise umutima wuzuye ugukenguruka, maze ntitugishe akaryo na kamwe ko kwerekana ko duha agaciro koko ubusuku bwacu, tukabufata ko ari ubutunzi!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika