Ihwaniro ry’intara ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu 2009
1. (a) Ni imihezagiro iyihe tuzokwironkera mu kwitaba imisi itatu yose y’ihwaniro ry’intara? (b) Ni ibiki dukwiye gutunganya ubu?
1 Twese turiteganye igishika ihwaniro ry’intara ryo mu 2009 be n’uturyo dushasha tuzoronka two gukoranira hamwe n’abo dufadikanije mu gushemeza Yehova, “bazi ko bakeneye ivy’impwemu.” (Mat. 5:3) Kubera yuko umusi wa Yehova uriko uregereza wihuta, duhimirije umwe wese kuzokwitaba imisi itatu yose kugira ngo azokwungukire bimwe bishitse ku kwifatanya kurangwa igishika n’abakirisu bagenziwe hamwe no ku ndemesho zo mu vy’impwemu zizodufasha kuguma dushikamye mu kwizera. (Zef. 1:14) Nimumenyeshe abigisha be n’abakoresha yuko ihwaniro ari umuce uhambaye ugize ugusenga kwanyu. Nimutunganye ibintu hakiri kare mubigiranye ubwira mwongere murondere umuhezagiro wa Yehova. Murashobora guhera amazinda ko azobashigikira.—Yes. 50:10.
2. Ni kubera iki twoshobora kwitega ko amahwaniro y’intara azoba ameze nk’amahwaniro mpuzamakungu, mbere naho tutoba twaratumiwe muri ayo ya kabiri?
2 Amahwaniro mpuzamakungu: Kubera yuko ayo mahwaniro azobera mu bihugu no mu bisagara bikeya, abazoba bagenywe gusa ni bo bakwiye kuzoyitaba. Dusenyeye ku mugozi umwe n’iyo ndinganizo bizotuma hataba umurengera w’abantu. (1 Kor. 14:40; Heb. 13:17) Yamara rero, amahwaniro y’intara atari make azoba ameze nk’amahwaniro mpuzamakungu, kubera yuko abamisiyonari benshi, abanyabeteli bakorera mu mahanga be n’abubatsi mvamakungu bazoba bitavye amahwaniro yo mu bihugu iwabo.
3. Dushobora gute kugaragariza urukundo rwa gikirisu bamwebamwe mu bo mw’ishengero ryacu?
3 Nufashe abandi bazoryitabe: Hoba hariho abantu bamwebamwe bo mw’ishengero iwanyu bakeneye gufashwa kugira ngo bazokwitabe iryo hwaniro? Igihe ufashije abandi kuryitaba, uba uriko urashira mu ngiro iyi mpanuro igira iti: “Umwe wese ku ruhande rwiwe [ntagumize] ijisho ku vyiwe bwite gusa, ariko kandi ku ruhande rwiwe, agumize ijisho no ku vy’abandi.”—Flp. 2:4.
4, 5. Nimba bibaye ngombwa ko witaba ihwaniro atari iryo ishengero ukukira rizokwitaba bivanye n’uko ivyawe vyifashe, ukwiye kubigenza gute?
4 Ukuntu woronka amakuru: Kugira ngo igitigiri c’abantu baterefona ku biro vy’ishami babaza amatariki be n’ibibanza ihwaniro rizoberako kigabanuke, turagusavye uzobanze kuraba amakuru ukeneye mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ntwarante 2009 canke uyabaze umunyamabanga w’ishengero.
5 Nimba uzokwitaba ihwaniro atari iryo ishengero ukukira rizokwitaba, woshobora kwandikira ibiro vy’ishami. Ayo makuru azoshikirizwa umuhagarikizi ajejwe ivy’uburaro kw’ihwaniro utegekanya kwitaba.
6. Umuntu ashobora gute kuronka uburaro kw’ishure canke ku Ngoro y’Ubwami, ariko ni igiki dukeneye kwibuka?
6 Uburaro: Abenshi bashima kurara mu mashure yo hafi canke mu Ngoro z’Ubwami ziri hafi. Nimba ari vyo ushimye, turagusavye ubimenyeshe abakurambere bo mw’ishengero ukukira kugira ngo bagushire ku rutonde. Utwo ni uturyo duteye umunezero, mugabo turamaze kuronka amakuru atubwira yuko hari abaganira bongera batwenga ijoro ryitereye, bigatuma abandi badashobora gutora agatiro. Turabinginze mwibuke kwitwararika abandi.
7. Ni ikintu nyamukuru ikihe dukwiye kwitwararika uko twitegurira kuzokwitaba ihwaniro ry’intara ryo mu 2009?
7 Ibikorwa bininahaza Imana: Igihe tugaragaza ivyamwa vy’impwemu mu vyo dukora vyose, tukitwararika bimwe bidasanzwe imvugo yacu be n’inyifato yacu igihe tuvugana n’abakora kw’ihoteli hamwe n’abandi baba bari mu gisagara kiberamwo ihwaniro, turatuma abasavyi ba Yehova barushiriza kuvugwa neza kandi tukirinda gutsitaza abandi. (1 Kor. 10:31; 2 Kor. 6:3, 4) Ese kuba ari ho uzoba uri be n’ukuntu wigenza vyoninahaza Imana mu buryo nk’ubwo kw’ihwaniro ry’intara ryo mu 2009!—1 Pet. 2:12.
[Uruzitiro ku rup. 6]
Ibihe vya porogarama:
Ku wa kane
(Amahwaniro mpuzamakungu yonyene)
7:20 zo ku muhingamo–10:55 zo ku muhingamo
Ku wa gatanu
2:30 zo mu gitondo–10:05 zo ku muhingamo
Ku wa gatandatu
4:30 zo mu gitondo–11:25 zo ku muhingamo
Ku w’iyinga
2:30 zo mu gitondo–9:10 zo ku muhingamo