Ururirimbo 78
Twigane ukwiyumanganya kwa Yehova
Integuro icapuwe
1. Yehov’izina ryiwe
Ararifitiy’ishaka.
Agomba risubizwe
Itek’ababi baryaka.
Mu mayaruka menshi
Yariyumanganije;
Yarihanganye cane,
Yama yigumije.
Agomba yukw’abantu
B’uburyo bwose bakizwa.
Kwiyumanganya kwiwe
Kuzotum’ashimagizwa.
2. Iyo twiyumanganya
Bituma tumuhimbara.
Bituma dutekana,
Tukirinda kurakara,
Tubon’abandi neza
Tukanabizigira,
Tukirinda gutemba
Mu vyago tugira.
Kumwe n’ibindi vyamwa
Impwemu y’Iman’izana,
Ukwo kwiyumanganya
Gutuma twigan’Imana.
(Raba kandi Kuv. 34:14; Yes. 40:28; 1 Kor. 13:4, 7; 1 Tim. 2:4.)