Amahwaniro yacu y’intara arashingira intahe ikomeye ukuri
1. Imisi mikuru Abisirayeli bagira ku mwaka ku mwaka yabaha akaryo ko kuzirikana no kuganira ku kuri guhambaye ukuhe kwo mu vy’impwemu?
1 Abisirayeli ba kera barakoranira hamwe gatatu mu mwaka kugira bahimbaze imisi mikuru yaba uko haciye igihe kinaka. Naho abagabo ari bo gusa basabwa kuyitaba, akenshi imiryango yarafata urugendo ikaja i Yeruzalemu kuri ayo mahwaniro ateye umunezero. (Gus. 16:15, 16) Muri ivyo bihe bararonka akaryo ko kuzirikana no kuganira ku kuri kwo mu vy’impwemu guhambaye. Bimwebimwe mu vyari bigize ukwo kuri ni ibihe? Kimwe co ni ic’uko Yehova ari Imana itanga cane ibigiranye urukundo. (Gus. 15:4, 5) Ikindi na co ni ic’uko dushobora kwizigira ko Imana ituyobora ikongera ikadukingira. (Gus. 32:9, 10) Abisirayeli barashobora kandi kuzirikana ku vy’uko bategerezwa kugaragaza mu buryo bubereye ubugororotsi bwa Yehova kubera bari igisata citirirwa izina ryiwe. (Gus. 7:6, 11) Muri iki gihe, amahwaniro y’intara tugira ku mwaka ku mwaka aratugirira akamaro mu buryo nk’ubwo.
2. Kw’ihwaniro ry’intara ni ibiki bizodufasha gutahura ukuri?
2 Aradufasha gutahura ukuri: Ku mahwaniro y’intara, turakurikira insiguro, ibikino, ibiganiro vyo kubaza ibibazo n’imyerekano bidufasha gutahura ukuri guhambaye cane kwo muri Bibiliya. (Yoh. 17:17) Haramaze gukorwa ibitari bike ku bijanye n’ihwaniro ryimirije. Ishirahamwe rya Yehova ririko rirategura inyigisho zihuje neza n’ivyo abantu bo mu mihingo yose y’isi bakeneye. (Mat. 24:45-47) Woba ushashaye kwumva no kubona ibizoshikirizwa?
3. Twokora iki kugira ngo twungukire ku bizoshikirizwa?
3 Ariko ntiwumve, tuzoryungukirako cane nitwaba ari ho turi mu misi itatu yose rizomara kandi tugatega yompi. Nimba utaraganira n’umukoresha wawe ngo umusabe agakonje, vyoba vyiza ubigize. Uritwararika kuruhuka neza buri joro kugira ngo uzokurikire neza ibizoshikirizwa. Abenshi basanze kugumiza amaso ku mushikirizansiguro no kugira utwo biyandikiye bibafasha gukurikira neza. Ntureke ngo telefone ngendanwa yawe canke akandi kuma ko guhanahana amakuru bigusamaze canke bisamaze abandi. Niwirinde kuyaga, kwandikiranira n’abandi kuri telefone, gufungura canke kunywa utuntu mu gihe c’ihwaniro.
4. Abavyeyi bofasha gute abana babo kwungukira ku bishikirizwa kw’ihwaniro?
4 Mu myaka y’Amasabato, igihe imiryango y’Abisirayeli yaba ikoraniye hamwe kugira ngo yumve rya Tegeko ririko rirasomwa mu gihe c’Umusi mukuru w’Insago, yaba iri kumwe n’ “abana batoyi . . . kugira bumvirize no kugira bige.” (Gus. 31:12) Urazi ukuntu biremesha kubona imiryango yicaye hamwe mu gihe c’ihwaniro, abana bakaba bari maso bariko bakurikira ibiriko birashikirizwa! Mubona gute buri mugoroba musuzumye utwo mwanditse mukaganirira hamwe ivyabaryoheye cane mu vyashikirijwe? Kubera ko “ubupfu buboheye ku mutima w’umwana,” vyoba vyiza mu karuhuko ka sasita n’igihe muri aho murara, mwebwe abavyeyi ‘mutarekeranye’ abana banyu ahubwo mukabacungera, ushizemwo n’abageze mu buyabaga.—Imig. 22:15; 29:15.
5. Inyifato nziza tuzogaragaza mu kibanza c’uburaro izoshariza gute ukuri?
5 Inyifato yacu nziza irashariza ukuri: Inyifato nziza tugira igihe turi mu gisagara kiberamwo ihwaniro irashariza ukuri. (Tito 2:10) Abajejwe inyubakwa z’uburaro barabibona igihe dukurikije amategeko ajanye no gukoresha izo nyubakwa kandi tukagaragaza ukwihangana n’igikundiro mu kuntu dukorana n’abakozi baho. (Kol. 4:6) Mu mwaka uheze, igihe abaserukira ibiro vy’ishami bimwe bariko bavugana n’abajejwe ihoteli, umuyobozi wayo yababwiye ati: “Turakunda ko abantu banyu baza mw’ihoteli yacu kubera ko ari abantu beza. Ni abantu b’urupfasoni kandi b’umutima mwiza, kandi bama bubaha abakozi bacu n’inyubakwa ya-cu.”
6. Twoshariza gute ukuri mu kuntu twambara igihe turi mu gisagara kiberamwo ihwaniro?
6 Igihe twambaye agakarata karanzi k’ihwaniro, biramenyekanisha ihwaniro bikongera bigatuma abandi baje kw’ihwaniro batumenya, ariko kandi bigashinga intahe ku batwitegereza. Abantu bo mu gisagara kiberamwo ihwaniro bazobona yuko abambaye utwo dukarata bambaye neza kandi rupfasoni, batambaye imideri imeze ukuntu kandi ivyura inambu y’umubiri irangwa mw’isi. (1 Tim. 2:9, 10) Ku bw’ivyo, dukwiye kwitwararika ukuntu twambara n’ukuntu twitunganya igihe turi mu gisagara kiberamwo ihwaniro, eka n’igihe dushitse aho turara. Kuhashika twambaye amabutura n’udupira ntivyoba bibereye. Mbere n’igihe ihwaniro ribera mu kibuga, dukwiye kwambara mu buryo buteye iteka. Duhisemwo guhindura ivyambarwa inyuma ya porogarama kugira tuje gufungura, dukwiye kwibuka yuko ihwaniro rikibandanya, tukaba rero tudakwiye gupfa uko twiyambariye.
7. Uburyo bumwe bwo guhimbarirwa ubumwe bwacu bwa gikirisu ku mahwaniro ni ubuhe?
7 Ku misi mikuru Abisirayeli bagira ku mwaka ku mwaka, barahimbarwa no kwifatanya n’abo basangiye ugusenga bo mu yindi mihingo y’ihanga ryabo no mu yindi mihingo y’isi bakaremeshanya, kandi ivyo vyararemesha ubumwe. (Ivyak. 2:1, 5) Mu mahwaniro y’intara biribonekeza neza ko tugize umuryango w’abavukanyi utameze nk’iyindi. Uwo muce uhimbaye w’iparadizo yacu yo mu buryo bw’impwemu akenshi urakora ku mutima abatwitegereza. (Zab. 133:1) Aho kuva mu kibanza c’ihwaniro ngo tuje kugura imfungurwa, vyorushiriza kuba vyiza tuje twibangikanije udufungurwa tworoshe maze tukaboneraho akaryo ko kubonana no kuyaga na bene wacu na bashiki bacu bicaye hafi yacu.
8. Ni imvo izihe zotuma twitanga nimba vyodukundira?
8 Abatwitegereza barakunda gukorwa ku mutima n’ukuntu amahwaniro yacu atunganijwe neza n’ingene arangwamwo urutonde, na canecane igihe bamenye yuko vyose bikorwa n’abitanze babikunze. Woba ushobora ‘kwitanga ubikunze’ kugira ufashe mu bikorwa kw’ihwaniro? (Zab. 110:3) Imiryango yose uko yakabaye irakunze kwitanga kugira ngo imenyereze abana babo kwitanga. Nimba uri umuntu w’amasoni, gufasha kw’ihwaniro ni uburyo bwiza bwo kumenyana n’abandi bavukanyi na bashiki bacu. Mushiki wacu umwe yavuze ati: “Nta bandi bantu twari tuzinanyi kiretse umuryango wanje n’abagenzi bakeyi. Mugabo igihe nafasha mw’isuku, naramenyanye n’abo dusangiye ugusenga benshi. Ntiworaba ukuntu vyari biryoshe!” Kwaguka tukarondera n’abandi bagenzi mu kwitaba ihwaniro bizotuzanira umunezero mwinshi. (2 Kor. 6:12, 13) Nimba utarigera witanga, nubaze abakurambere ico wokora kugira ngo ufashe.
9. Tuzotumira gute abandi ngo bitabe ihwaniro?
9 Dutumire abandi kugira bumve ukuri: Nk’uko twabigize muri iyi myaka iheze, hasigaye amayinga atatu ngo ihwaniro tuzokwitaba ribe, tuzogira isekeza ryo gutumira abandi kw’ihwaniro. Amashengero azoshima guhetura icibare uko ashoboye kwose atanga ubutumire. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “Tuzotanga gute ubutumire?”) Ubuzoba busigaye bukwiye kuzanwa kw’ihwaniro. Abazoba bitavye ihwaniro bazobukoresha mu gushinga intahe akaryo kizanye mu gisagara kiberamwo ihwaniro.
10. Niwigane ivyabonywe vyerekana ko isekeza tugira ku mwaka ku mwaka ryo gutanga ubutumire rivamwo ivyiza.
10 Abantu boba bitaba ubwo butumire dutanga ku mwaka ku mwaka? Kw’ihwaniro rimwe, hari uwakira abantu yafashije umugabo n’umugore kuronka aho bicara. Bamubwiye ko baronse ubutumire maze bibwira bati: “Bisa n’ibizoba biryoshe.” Baragize urugendo rw’ibilometero birenga 300 n’umuduga kugira bitabe iryo hwaniro! Ahandi na ho, mushiki wacu umwe yariko atanga ubutumire inzu ku nzu maze aha ubutumire umugabo umwe yasa n’uwushaka kumenya ivy’iryo hwaniro. Yaciye afata umwanya wo kuganira na we ivy’ubwo butumire. Haciye imisi mikeyi, igihe uwo mushiki wacu yari yitavye ihwaniro, yarabonye uwo mugabo hamwe n’umugenzi wiwe bari kuri iryo hwaniro, kandi bari bafise kimwe mu bitabu vyari vyasohotse!
11. Kubera iki kwitaba amahwaniro tugira ku mwaka ku mwaka bihambaye?
11 Imisi mikuru yaba ku mwaka ku mwaka yari intunganyo iranga urukundo Yehova yashizeho yo gufasha Abisirayeli “[kumukorera] ata mahinyu no mu kuri.” (Yos. 24:14) Muri ubwo buryo nyene, kwitaba amahwaniro y’intara aba ku mwaka ku mwaka biradufasha “kugendera mu kuri” kandi ni umuce uhambaye cane w’ugusenga kwacu. (3 Yoh. 3) Ese Yehova yohezagira utwigoro abakunda ukuri bose bagira kugira bitabe ihwaniro bongere baryungukireko bimwe bishitse!
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 5]
Inyifato nziza tugira igihe turi mu gisagara kiberamwo ihwaniro irashariza ukuri
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 6]
Hasigaye amayinga atatu ngo ihwaniro tuzokwitaba ribe, tuzogira isekeza ryo gutumira abandi kw’ihwaniro
[Uruzitiro ku rup. 6, 7]
Ivyibukijwe Ku Vyerekeye Ihwaniro Ry’intara Ryo Mu 2012
◼ Ibihe porogarama izoberako: Ku wa gatanu no ku w’iyinga, porogarama izotangura isaha 2:30 zo mu gitondo, ku musi wa gatandatu na ho izotangura isaha 4:30 zo mu gitondo. Igihe umuziki w’Ubwami wugurura utanguye, twese dukwiye gufata ivyicaro kugira ngo porogarama itangure mu buryo buteye iteka. Ku wa gatanu porogarama izorangira isaha 10:05 zo ku muhingamo, ku wa gatandatu irangire isaha 11:00 zo ku mugoroba, ku w’iyinga na ho irangire isaha 8:55 zo ku muhingamo.
◼ Ugufatira abandi ibibanza: Dukwiye gufatira ibibanza gusa abo tubana mu nzu, abo twazananye mu muduga canke abo dusanzwe twigana Bibiliya.—1 Kor. 13:5.
◼ Imfungurwa za sasita: Turabinginze muzoze mwitekereye impamba, aho kuva mu kibanza c’ihwaniro mugiye kurondera ibifungurwa mu karuhuko ka sasita.
◼ Intererano: Turashobora kwerekana ko dukenguruka intunganyo zagizwe ku bw’ihwaniro mu gutanga intererano zivuye ku mutima ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose, haba ku Ngoro y’Ubwami iwacu canke kw’ihwaniro. Amasheki yoba atanzwe bwa ntererano kw’ihwaniro akwiye kuba yanditseko yuko ayo mahera ahabwa ishirahamwe “ Les Témoins de Jéhovah. ”
◼ Amasanganya hamwe no gutabarwa vyihutirwa: Mu gihe mu kibanza c’ihwaniro habaye ibintu bisaba gutabarwa vyihutirwa, turagusavye uce ubimenyesha uwakira abantu akwegereye na we azoce ubwo nyene abimenyesha Urwego rujejwe gutabara abarwaye, kugira ngo abantu bajejwe ico gikorwa babimenyereye bari ng’aho bashobore kuraba nimba bikomeye canke bidakomeye maze bagire ico bafashije.
◼ Ugufata amajwi n’amasanamu: Ivyuma bifata amajwi n’amasanamu vy’ubwoko ubwo ari bwo bwose ntibikwiye gucomekwa ku vyuma biduza amajwi canke ku muyagankuba vy’aho hantu, kandi vyoshobora gukoreshwa gusa mu buryo budatuma abandi basamara.
◼ Udupapuro two kwuzuza hasabwa gukurikirana umuntu yashimishijwe: Agapapuro ko kwuzuza kavuga ngo Turabasavye mukurikirane uwu muntu yashimishijwe (S-43) gakwiye gukoreshwa mu gutanga amakuru yerekeye umuntu uwo ari we wese ashimishijwe igihe dushinze intahe akaryo kizanye mu gihe c’ihwaniro. Abamamaji bakwiye kugenda kw’ihwaniro bitwaje mwene ako gapapuro kamwe canke tubiri. Udupapuro twujujwe woshobora kuduha abo mu Rwego rujejwe ibitabu canke ukaduha umunyamabanga w’ishengero ryanyu umaze gutaha.—Raba Igikorwa dukorera Ubwami co muri Rusama 2011, urupapuro rwa 3.
◼ Amaresitora: Nutere iteka izina rya Yehova biciye ku nyifato nziza ugira uri mw’iresitora.
◼ Uburaro: Ku bipfuza gucumbika mw’ihoteli canke iyindi nzu y’uburaro, boshobora gushikira Urwego rujejwe uburaro kugira ngo rubagire inama. Mu mihingo imwimwe hazoboneka amasomero yo kuraramwo. Akenshi bizokenerwa ko umwe wese yizanira ibisaswa hamwe n’ibikoresho vyo guteka. Turabasavye mutashe, muzosige aho hantu hasukuye. Ivyo bizoshingira intahe ikomeye izina rya Yehova be n’abasavyi biwe.
◼ Abitanga bavyishakiye: Uwo wese yipfuza gufasha akwiye gushikira Urwego rw’abitanga bavyishakiye kw’ihwaniro. Abana batarakwiza imyaka 16 barashobora na bo nyene kugira ico baterereye mu gukora bahagarikiwe n’umuvyeyi canke umurezi, canke uwundi muntu akuze yavyemerewe n’uwo muvyeyi canke uwo murezi.
[Uruzitiro ku rup. 7]
Tuzotanga gute ubutumire?
Kugira ngo duheture icibare cacu, dukwiye guca make. Twoshobora gusa kwivugira duti: “Ndabaramukije. Turiko turashikiriza kw’isi yose ubu butumire. Ubwanyu ng’ubu. Amakuru yiyongereye murayasangamwo.” Nubushikirize n’igishika. Igihe utanga ubwo butumire ku mpera z’imishamvu, woshobora gutanga n’ibinyamakuru igihe bibereye.