Nugire ico ukoze udatebaganye
Kubera ko umuhora wacu watunganijwe bushasha watanguye gukoreshwa, abantu basaba biciye kuri Internet kugirirwa inyigisho ya Bibiliya bariyongereye cane. Hari abandi basaba biciye kuri bwa buryo bushasha bwo kwamamaza ku mugaragaro. Ibiro vy’ishami bica birungika ukwo gusaba vuba bishoboka. Nk’akarorero, igihe hari uwusavye biciye kuri jw.org kugirirwa inyigisho, abakurambere bo mu cibare uwo muntu arimwo akenshi baronka agakete kavuye ku biro vy’ishami kabibamenyesha inyuma y’imisi ibiri gusa. Yamara, amaraporo ava mu ndimiro yerekana ko hari abasavye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya ariko hakaba haraciye amayinga atari make atawurabagendera. Twokwiyemeza gute ko uwo muntu yafashijwe ugushimishwa kwiwe kutarayama?—Mrk. 4:14, 15.
Igihe hari umuntu ataba mu cibare canyu agaragaje ugushimishwa, nuce ubwo nyene wuzuza ka gapapuro kavuga ngo Turabasavye mukurikirane uwu muntu yashimishijwe (S-43) maze uce ugaha umunyamabanga w’ishengero hatarenze ku makoraniro muzogira ubukurikira. Mu kiringo c’umusi umwe canke ibiri umunyamabanga w’ishengero akwiye guca aha ako gapapuro ishengero ribereye canke akakarungika ku biro vy’ishami kibure akarungika ayo makuru akoresheje umuhora w’ishengero kuri jw.org. Abakurambere barakwiye kwama basuzuma uwo muhora. Igihe baronse ubutumwa bubasaba kugendera umuntu kanaka, bakwiye guca bavyitwararika badatebaganye. Umwamamaji wese asabwe kuja kuraba uwo muntu akwiye kubona ko ari co gikorwa akwiye gushira imbere y’ibindi. Uwo muntu utamusanze muhira, kumbure woshobora gusiga agakete kariko amakuru y’ingene yogutora.