Duhimbarirwe Ubugororotsi bwa Yehova
“Uwitwaririka ivy’ubugororotsi n’imbabazi aronka ubu[zima] n’ubugororotsi n’icubahiro.”—IMIGANI 21:21.
1. Muri iki gihe ni inzira z’abantu izihe zabashikanye ku bintu vy’agahomerabunwa?
“HARIH’INZIRA umuntu yibgira kw ari nziza, arikw amaherezo yayo n’inzira ishikana mu rupfu.” (Imigani 16:25) Ese ukuntu uwo mugani wa Bibiliya udondora ata kwihenda inzira abantu benshi bagenderamwo muri iki gihe! Muri rusangi, abantu bitwararika gusa gukora ibintu bibonera ko ari vyiza, bakiyobagiza mbere n’ibintu nyamukuru abandi bakenera. (Imigani 21:2) Bavuga ko bubaha amategeko n’ingingo zikurikizwa mu gihugu ku karimi gusa, mugabo bakarondera ukuntu babica ku ruhande igihe cose babironkeye akaryo. Ivyo bica bivyara ikibano cuzuye amacakubiri n’umuvurungano.—2 Timoteyo 3:1-5.
2. Ni igiki gikenewe mu buryo bwihutirwa ku bw’ineza y’umuryango w’abantu?
2 Ku bw’ineza yacu bwite no ku kugira ngo umuryango w’abantu iyo uva ukagera ugire amahoro n’umutekano, turakeneye bimwe vyihutirwa itegeko canke ingingo mfatirwako biranga ubutungane kandi bigororotse, ivyo abantu bose bokwemerana umutima ukunze kandi bakagamburuka. Biragaragara yuko ata tegeko canke ingingo mfatirwako ryashinzwe n’umuntu n’umwe rishobora gushitsa ico kintu gikenewe, yaba ari umunyabwenge gute canke akabigira abikuye ku mutima. (Yeremiya 10:23; Abaroma 3:10, 23) Niba iyo ngingo mfatirwako iriho, dushobora kuyisanga hehe kandi yoba imeze gute? Kumbure ikibazo gihambaye kuruta ni iki: Niba ingingo ngenderwako nk’iyo ibaho, yoba izoguhimbara kandi ukayikurikiza n’umutima ukunze?
Kuronka Ingingo Mfatirwako Igororotse
3. Ni nde arusha abandi kuba uwubereye gutanga ingingo mfatirwako yemewe ku bantu bose kandi ibagirira akamaro, kandi ni kubera iki?
3 Kugira ngo turonke ingingo mfatirwako yemerwa na bose kandi ibagirira akamaro, tuzotegerezwa kwirukira umuntu arengera ivy’amoko, imico kama n’ivya politike, akaba kandi adashobora gutangirwa n’ukutabona kure be n’udusembwa biranga abantu bose. Nta nkeka ko ata wundi abikwiriye atari Umuremyi mushoboravyose, Yehova Imana, we avuga ati: “Nk’ukw ijuru ryītāngūye isi, ni kw inzira zanje zītāngūye inzira zanyu, n’ivyiyumviro vyanje vyītāgūye ivyiyumviro vyanyu.” (Yesaya 55:9) Ikindi kandi, Bibiliya idondora ko Yehova ari “Imana yo kwizigirwa, itarimwo kugabitanya, [igororotse] kandi y’Inyakuri.” (Gusubira mu Vyagezwe 32:4) Muri Bibiliya yose, tuguma duhura n’imvugo ngo ‘Yehova ni umugororotsi.’ (Kuvayo 9:27; 2 Ngoma 12:6; Zaburi 11:7; 129:4; Gucura Intimba 1:18) Emwe, turashobora guhanga amaso Yehova kugira aturonse ingingo mfatirwako isumba izindi zose, kubera yuko ari umwizigirwa, intungane akaba n’umugororotsi.
4. Ijambo “umugororotsi” risobanura iki?
4 Ijambo “umugororotsi” ntirikundwa cane muri iki gihe. Kukaba nkako, abantu benshi muri iki gihe baribona nabi, eka mbere bakanarikengera, bakabona ko ari cokimwe no kwishira hejuru canke kwigira umweranda n’uburyarya n’akantu. Ariko rero, nk’uko inyizamvugo imwe ibivuga, “umugororotsi” bisobanura “intungane, uwugororotse, umunyangeso nziza; atagīrwa n’icaha, adaharurwako icaha; yisunga ingingo ngenderwako zo mu vyagezwe vy’Imana canke ingingo mfatirwako zemewe zo mu vyo kwigenza runtu; agakora mu bugororotsi canke mu butungane.” Ntiwonezerezwa n’icagezwe canke n’ingingo mfatirwako birangwa na kamere nzizanziza nk’izo?
5. Dondora kamere y’ubugororotsi nk’uko ivugwa muri Bibiliya.
5 Ku biraba kamere y’ubugororotsi, intohozamajambo imwe (Encyclopaedia Judaica) ivuga iti: “Ubugororotsi si iciyumviro nsigabwenge, ahubwo riho risobanura gukora ibitunganye kandi bigororotse mu migenderanire yose tugirana n’abandi.” Nk’akarorero, ubugororotsi bw’Imana si kamere gusa iri imbere muri yo canke kamere yifitiye, nk’uko biri ku bweranda bwayo no ku kuba ityoroye. Ahubwo, ni uburyo bwo guserura uko imeze mu buryo bugororotse kandi butunganye. Twoshobora kuvuga yuko, kubera ko Yehova ari mweranda kandi atyoroye, ikintu cose akora n’ikintu cose kiva kuri we kiragororotse. Nk’uko Bibiliya ibivuga, “Uhoraho agororoka mu nzira ziwe zose, n’umunyabuntu mu bikorwa vyiwe vyose.”—Zaburi 145:17.
6. Paulo yavuze iki ku biraba abatizera bamwebamwe b’Abayuda bo mu gihe ciwe, kandi kubera iki?
6 Intumwa Paulo yarashimitse kuri ico ciyumviro mw’ikete yandikiye Abakirisu b’i Roma. Ku biraba Abayuda bamwebamwe batizera, yanditse ati: “Ko batari bazi ukugororoka kuva ku Mana bakarondera kwishingira ukugororoka kwabo ubgabo, ntibāganjwe n’ukuva ku Mana.” (Abaroma 10:3) Kubera iki Paulo avuga yuko abo bantu “batari bazi ukugororoka kuva ku Mana”? None ntibari barigishijwe Ivyagezwe, ari zo ngingo mfatirwako zigororotse z’Imana? Ego cane bari baravyigishijwe. Ariko rero, benshi muri bo babona ko ubugororotsi ari gusa ingeso nziza ziranga umuntu, bugashikirwa mu kwubahiriza amabwirizwa y’idini urudome ku rundi kandi mu buryo bwo kwibabaza, aho kubona ko ari ingingo mfatirwako ibayobora mu vyo bakorana n’abandi bantu nka bo. Nka kurya kw’indongozi z’idini zo mu gihe ca Yezu, ntibatahuye na gato insobanuro nyakuri y’ubutungane n’ubugororotsi.—Matayo 23:23-28.
7. Ubugororotsi bwa Yehova buserurwa gute?
7 Ubugororotsi bwa Yehova buratandukanye cane n’ubw’abo Bayuda, ubwiwe bukaba buserukira kandi bubonekera mu buryo butomoye mu vyo akorana n’abandi vyose. Naho ubugororotsi bwiwe busaba ko adapfa kurenza uruho rw’amazi ku vyaha bikorwa n’abacumura nkana, ivyo ntibituma aba Imana itagira impuhwe kandi isaba ibirenze, ikwiye gutinywa no kuzibukirwa. Ahubwo riho, ibikorwa yakoze biranga ubugororotsi vyaratanze ishingiro rituma umuryango w’abantu ushobora kumwegera maze ukarokorwa ingaruka z’icaha z’agahomerabunwa. Birakwiriye rero yuko Yehova adondorwa ko ari “Imana igororotse kand[i ari] Umukiza.”—Yesaya 45:21.
Ubugororotsi n’Ubukiriro
8, 9. Ni mu buryo butari bumwe ubuhe Ivyagezwe vyaseruye ubugororotsi bw’Imana?
8 Kugira ngo dutahure isano riri hagati y’ubugororotsi bw’Imana n’ibikorwa vyayo biranga urukundo vyo gukiza, rimbura Ivyagezwe yahaye ihanga rya Isirayeli biciye kuri Musa. Nta wogira amakenga ngo Ivyagezwe ntivyari bigororotse. Mu majambo yiwe ya nyuma, Musa yibukije Abisirayeli ati: “Har’ihanga rihambaye rifise amabgirizwa n’amatēka ashinzwe [agororotse], nk’ukw ibi vyagezwe vyose biri, nshize imbere yanyu uyu musi?” (Gusubira mu Vyagezwe 4:8) Haciye ibinjana, Umwami wa Isirayeli Dawidi yavuze ati: “Amateka y’Uhoraho n’ay’ukuri, aragororotse rwose.”—Zaburi 19:9.
9 Biciye ku Vyagezwe, Yehova yaratomoye ingingo mfatirwako ziwe zerekeye iciza n’ikibi. Ivyagezwe vyaravuze ido n’ido ry’ukuntu Abisirayeli bari bakwiye kwigenza, atari mu bintu bijanye n’idini gusa, mugabo kandi no mu bintu vyerekeye urudandaza, umubano w’ababiranye, ibifungurwa, isuku, tudasize inyuma n’ingingo zijanye n’ivy’imanza. Ivyagezwe vyarimwo kandi ibihano ruhasha ku babirengako, bikanashinga mbere n’igihano co gupfa mu bihe bimwebimwe.a Mugabo, nk’uko abantu babivuga muri iki gihe, ubwo ivyo vyasabwa n’Imana bigororotse biserurwa mu Vyagezwe, vyoba vyarakandamiza abantu bikababera n’umuzigo ubaruhisha, bikabatwara umwidegemvyo n’umunezero?
10. Abakunda Yehova bumva bamerewe gute ku biraba ivyagezwe vyiwe?
10 Abakunda Yehova bararonkera akanyamuneza mu vyagezwe vyiwe hamwe no ku mategeko yashinga bigororotse. Nk’akarorero, nk’uko twabibonye, turetse ko umwami Dawidi yemera icese yuko imanza za Yehova ari iz’ukuri kandi zigororotse, yaranazikunda akongera akazikenguruka bivuye ku mutima. Ku biraba ivyagezwe vya Yehova n’ingingo zo mu vy’imanza ziwe, yanditse ati: “N’ivyo kwifuzwa kuruta izahabu, naho zoba izahabu nyinshi zitarimw’inkamba: bisōsa kurusha ubūki, n’umutsāma w’ikigigu utonyanga. Kandi ni vyo bibūrira umusavyi wawe; kuvyitondera harimw’impēra nini.”—Zaburi 19:7, 10, 11.
11. Ivyagezwe vyabaye gute ‘umurezi ajana kuri Kristo’?
11 Haciye ibinjana, Paulo yaradomye urutoke ku gaciro k’Ivyagezwe kanahambaye kuruta. Mw’ikete yandikiye Abagalatiya, yanditse ati: “Ivyagezwe vyatubereye umurezi aturera akadushikiriza Kristo, ngo dutsindanishirizwe n’ukwizera.” (Ab’i Galatiya 3:24) Mu misi ya Paulo, umurezi (umwigisha, Kingdom Interlinear) yari umusuku canke umushumba wo mu rugo rugizwe n’abantu benshi. Ibanga yari ajejwe ryari iryo gukingira abana no kubaherekeza kw’ishure. Muri ubwo buryo nyene, Ivyagezwe vyarakingiye Abisirayeli ingeso mbi n’imigenzo y’amadini y’amahanga yari abakikije. (Gusubira mu Vyagezwe 18:9-13; Ab’i Galatiya 3:23) Ikindi kandi, Ivyagezwe vyatumye Abisirayeli batahura ko ari abanyavyaha hamwe n’uko bakeneye uguharirwa be n’ubukiriro. (Ab’i Galatiya 3:19) Indinganizo zerekeye ibimazi zerekeza ku vy’uko inkuka y’incungu ikenewe, zikongera zigatanga icitegererezo menyeshakazoza Mesiya yomenyekaniyeko. (Abaheburayo 10:1, 11, 12) Ni co gituma, naho Yehova yaseruye ubugororotsi bwiwe biciye ku Vyagezwe, ivyo yabigize afise mu muzirikanyi ineza y’abantu be n’ubukiriro bwabo bw’ibihe bidahera.
Abo Imana Yaharura ko Ari Abagororotsi
12. Iyo Abisirayeli bitondera Ivyagezwe, bari kwunguka iki?
12 Kubera yuko Ivyagezwe vyatanzwe na Yehova vyari bigororotse mu buryo bwose, iyo Abisirayeli babigamburuka Imana yari kubona ko ari abagororotsi mu nyonga zayo. Igihe Abisirayeli bari bimirije kwinjira muri ca Gihugu c’Isezerano, Musa yabibukije ati: “Ni twitondera ivyo vyagezwe vyose imbere y’Uhoraho Imana yacu, nk’uko yabitugeze, bizoduharūrwako nk’ukugororoka.” (Gusubira mu Vyagezwe 6:25) Turetse ivyo, Yehova yasezeranye ati: “Muze mwitondere amabgirizwa yiwe, n’ivyagezwe vyiwe; umuntu azokora ivyo, ni vyo bizomubeshaho: nd’Uhoraho.”—Abalewi 18:5; Abaroma 10:5.
13. Yehova yoba yarakoresha akarenganyo mu gusaba abasavyi biwe kwitondera Ivyagezwe bigororotse? Sigura.
13 Ikibabaje ni uko Abisirayeli, uko bagize ihanga, bananiwe “[k]witondera ivyo vyagezwe vyose imbere y’Uhoraho,” kubera ico ntibaronse imigisha basezeraniwe. Bananiwe kwitondera amabwirizwa y’Imana yose kubera yuko Ivyagezwe vy’Imana vyari bitunganye bo bakaba batari batunganye. Ivyo vyoba bisobanura none ko Imana idakurikiza ubutungane canke ubugororotsi? Eka namba. Paulo yanditse ati: “Nuko tuvuge iki? Mbeg’Imana iragabitanya? Eka na mba!” (Abaroma 9:14) Ikizwi coco, ni uko imbere y’uko Ivyagezwe bitangwa be n’inyuma y’aho, hari abantu Imana yaharura ko ari abagororotsi naho nyene bari abanyagasembwa n’abanyavyaha. Urutonde rw’abantu nk’abo batinya Imana rurimwo Nowa, Aburahamu, Yobu, Rahabu na Daniyeli. (Itanguriro 7:1; 15:6; Yobu 1:1; Ezekiyeli 14:14; Yakobo 2:25) Ikibazo rero gica kivyuka ni iki: abo bantu Imana yaharura ko ari abagororotsi hishimikijwe iki?
14. Bibiliya iba ishaka kuvuga iki igihe ivuga ko umuntu kanaka ari “umugororotsi”?
14 Igihe Bibiliya ivuga ko abantu ari “abagororotsi,” ntiba ishaka kuvuga ko badakora icaha canke ko batagira agasembwa. Ahubwo, bisobanura yuko bashitsa ico babwirizwa gukora imbere y’Imana n’abantu. Nk’akarorero, Nowa yiswe “umugororotsi” yitwa kandi “[uwut]agira agasembga mu gihe c’urunganwe rwiwe” kubera yuko “[y]abigenza . . . ukw Imana yamubariye kwose [akaba ari kwo] yakoze.” (Itanguriro 6:9, 22; Malaki 3:18) Zakariya na Elizabeti, abavyeyi ba Yohani Umubatizi, “bā[ra]gororoka imbere y’Imana, bā[ka]gendera mu vyagezwe n’amabgirizwa vy’Umwami Imana vyose, batagawa.” (Luka 1:6) Hari n’umuntu atari Umwisirayeli, yari intwazangabo mu gisirikare c’Abataliyano yitwa Koruneliyo, yadondowe ko yari “umuntu agororoka yubaha Imana.”—Ivyakozwe 10:22.
15. Ni igiki gifitaniye isano rya hafi n’ukugororoka?
15 Ikindi, ubugororotsi mu bantu ntibufitaniye isano gusa n’uko umuntu akora ivyo Imana isaba, ariko ahanini bufitaniye isano n’ikiba kiri mu mutima wiwe, ni ukuvuga ukuba yizera, akenguruka kandi akunda Yehova n’imihango yiwe. Ivyanditswe bivuga yuko Aburahamu “yizera Uhoraho, Uhoraho abimuharūrako nk’ukugororoka.” (Itanguriro 15:6) Aburahamu ntiyizera gusa yuko Imana iriho, ariko kandi yarizera umuhango yatanze werekeye “urubuto.” (NW) (Itanguriro 3:15; 12:2; 15:5; 22:18) Yishimikije ukwo kwizera be n’ibikorwa bijanye n’ukwizera, Yehova yarashobora kugiranira ubucuti na Aburahamu hamwe n’abandi bizerwa akongera akabahezagira, naho bari abanyagasembwa.—Zaburi 36:10; Abaroma 4:20-22.
16. Ukwizera incungu vyavuyemwo iki?
16 Amaherezo, ukugororoka kw’abantu gushingiye ku kwizera inkuka y’incugu ya Yezu Kirisitu. Ku biraba Abakirisu bo mu kinjana ca mbere, Paulo yanditse ati: “babona kuba intungane ataco barinze gutanga, ku buntu bwayo, kubera icungurwa bahabwa muri Kristu Yezu.” (Abaromani 3:24, UB) Aho Paulo yariko avuga ibiraba abantu bagenywe ngo babe abaraganwa na Kirisitu mu Bwami bw’ijuru. Mugabo, inkuka y’incungu ya Yezu yarugururiye kandi abandi bantu amamiliyoni akaryo ko kuba abagororotsi mu nyonga z’Imana. Mu vyo intumwa Yohani yeretswe, yarabonye “ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharūra . . . bahagaze imbere y’[i]ntebe n’imbere y’Umwagazi w’Intama, bambaye imvune zera.” Izo mvune zera zigereranya ivy’uko bahumanuwe n’uko ari abagororotsi mu nyonga z’Imana, kubera yuko “bamesuye imvune zabo bazezesha amaraso ya wa Mwagazi.”—Ivyahishuriwe 7:9, 14.
Duhimbarirwe Ubugororotsi bwa Yehova
17. Ni izihe ntambwe zitegerezwa guterwa mu vy’ukubandanya kurondera ubugororotsi?
17 Naho Yehova abigiranye urukundo yatanze Umwana wiwe Yezu Kirisitu, kugira abe uburyo butuma abantu bashikira kuba abagororotsi imbere yiwe, ivyo ntibipfa kwizana. Umuntu ategerezwa kugaragaza ukwizera iyo ncungu, agahuza ubuzima bwiwe n’ivyo Imana igomba, akiyegurira Yehova, maze akabigereranya mu kubatizwa mu mazi. Hanyuma rero, ategerezwa kubandanya gukurikirana ubugororotsi, be n’izindi kamere zo mu vy’impwemu. Timoteyo, Umukirisu yabatijwe yahamagariwe ijuru, yahimirijwe na Paulo ati: “Ukurikire ukugororoka, n’ukwubaha Imana, n’ukwizera, n’urukundo, n’ukwihangana n’ubugwaneza.” (1 Timoteyo 6:11; 2 Timoteyo 2:22) Yezu na we nyene yarashimitse ku vy’uko bikenewe ko umuntu abandanya kugira akigoro, igihe yavuga ati: “Mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo.” Turashobora kugira akigoro gakomeye ko kurondera imihezagiro y’Ubwami bw’Imana, mugabo twoba twigora muri ubwo buryo nyene mu vy’ukubandanya gukurikirana inzira zigororotse za Yehova?—Matayo 6:33.
18. (a) Ni kuki bitoroshe gukurikirana ubugororotsi? (b) Dushobora kwigira iki ku karorero ka Loti?
18 Ego ni ko, ntivyoroshe gukurikirana ubugororotsi. Ivyo ni kubera yuko twese turi abanyagasembwa kandi mu bisanzwe tukaba duhengamiye ku kutagororoka. (Yesaya 64:6) Si ivyo gusa, dukikijwe n’abantu bitwararika buhoro ivy’inzira zigororotse za Yehova. Ivyacu vyifashe neza na neza nk’uko vyari vyifashe kuri Loti, akaba yaba mu gisagara c’i Sodomu cari ruhebwa mu bubisha. Intumwa Petero yarasiguye igituma Yehova yabonye ko bibereye kurokora Loti mu gatikizo kari kahasugereje. Petero yavuze ati: “Uyo mugororotsi, aho yaba muri bo, yagira akabonge uko bukeye mu mutima wiwe ugororoka kubg’ibikorwa vyabo vy’ubugarariji yabona, akumva.” (2 Petero 2:7, 8) Ni co gituma vyoba vyiza umwe wese muri twebwe yibajije ati: ‘Noba mu mutima wanje nshigikira nihoreye ingeso z’ubuhumbu tubona hirya no hino? Ibinezereza canke inkino bihurumbirwa na benshi ariko biranga ubukazi, noba mbona gusa ko bitaryoshe? Canke noba numva mbabazwa cane n’ibikorwa nk’ivyo bitaranga ubugororotsi nk’uko na Loti vyamubabaza?’
19. Ni iyihe mihezagiro ishobora kuba iyacu turamutse duhimbawe n’ubugororotsi bw’Imana?
19 Muri iyi misi yuzuye akaga buca bugacana ayandi, guhimbarirwa ubugororotsi bwa Yehova ni isoko ry’umutekano n’uburinzi. Ku kibazo kibaza giti: “Uhoraho, ni nde azosembera mw ihema ryawe? Ni nde azogerēra ku musozi wawe wera?” Umwami Dawidi yishuye ati: “N’ūgendera mu bitunganye, agakora ivy’ukugororoka.” (Zaburi 15:1, 2) Dukurikiranye ubugororotsi bw’Imana kandi bukaduhimbara, turashobora kuzigama ubucuti bwiza dufitaniye na yo kandi tukabandanya gutoneshwa n’uguhezagirwa na yo. Ni co gituma tubumbwa n’uko tubayeho, mu buzima tukaba twiyubashe kandi dufise amahoro yo mu mutima. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Uwitwaririka ivy’ubugororotsi n’imbabazi aronka ubu[zima] n’ubugororotsi n’icubahiro.” (Imigani 21:21) Ikindi na co, tugerageje uko dushoboye kwose gukora ibiranga ubutungane n’ubugororotsi, bituma tugiranira ubucuti burangwa agahimbare kandi tukagira n’ubuzima buryohoye mu vy’inyifato runtu no mu vy’impwemu. Umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Hahirwa abitondera ibitunganye, hahirwa uwama akora ivyo kugororoka na ntaryo.”—Zaburi 106:3.
[Akajambo k’epfo]
a Kugira ngo umenye ido n’ido ku vyerekeye urugero Ivyagezwe vya Musa vyagerako, raba ikiganiro kivuga ngo “Abrégé de l’alliance de la loi” (Ibintu Bimwebimwe Vyaranga Isezerano ry’Ivyagezwe), mu mbumbe ya 2 y’igitabu Étude perspicace des Écritures, ku rupapuro 154-160, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
Woba Ushobora Kubisigura?
• Ubugororotsi ni iki?
• Ubukiriro bufitaniye isano gute n’ubugororotsi bw’Imana?
• Imana iharura ko abantu ari abagororotsi yishimikije iki?
• Dushobora gute guhimbarirwa ubugororotsi bwa Yehova?
[Amafoto ku rup. 23]
Umwami Dawidi yaraseruye ukuntu akunda ivyagezwe vy’Imana bimwe bivuye ku mutima
[Amafoto ku rup. 24]
Nowa, Aburahamu, Zakariya na Elizabeti hamwe na Koruneliyo, Imana yabaharuye ko ari abagororotsi. Woba uzi igituma?