UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IMIGANI 17-21
Rondera amahoro
Amahoro arangwa mu basavyi ba Yehova si ikintu capfuye kwiyadukiza. Igihe habaye ukudahuza, birashobora gutuma umuntu ababara cane, ariko impanuro zo mw’Ijambo ry’Imana ziramufasha kubirengera.
Igihe hadutse ingorane, abakirisu b’abizigirwa bararondera amahoro . . .
mu kuguma batekanye
mu kubanza kwiyemeza ko bafise amakuru yose imbere yo kugira ico bavuze
mu guharira uwabacumuyeko babitumwe n’urukundo