Ibibazo vy’abasomyi
Amajambo dusanga mu Migani 22:6 yoba yemeza ko mu gihe abana b’abakirisu batojwe indero neza, batazota inzira ya Yehova?
Ico canditswe kivuga giti: “Toza umwana indero akwiye kwamana, azorinda asāza atarayivamwo”. Nka kurya nyene kugonda ishami ry’igiti bigira ico bikoze ku kuntu rikura, n’abana batojwe indero neza usanga barushiriza kugira impengamiro yo kubandanya bakorera Yehova bamaze gukura. Nk’uko umuvyeyi wese abizi, ukwo gutoza indero usanga bifata igihe kitari gito bigasaba n’utwigoro dukomeye. Kugira ngo abavyeyi bahindure abana babo abigishwa bakirisu, bategerezwa kubigisha neza, kubahanura, kubaremesha, kubatoza indero, tutibagiye no kubabera akarorero keza. Ivyo bategerezwa kumara imyaka myinshi babigira badatezura kandi mu buryo buranga urukundo.
None ivyo vyoba bisobanura yuko nka hamwe umwana ahevye gukorera Yehova, abavyeyi biwe baba batamutoje indero neza? Mu bihe bimwebimwe, hari aho abavyeyi bashobora kuba batashikije neza ivyo basabwa mu twigoro bagize two kurera abana babo, babahana babahanura nk’uko Yehova agomba (Abanyefeso 6:4). Ariko rero, ayo majambo yo mu Migani ntiyemeza ko gutoza indero nziza abana bituma baguma ari intahemuka ku Mana. Abavyeyi ntibashobora gutuma abana babo bahinduka ngo babe uko bo bavyipfuza kwose. Cokimwe n’abakuze, abana barafise uburenganzira bwo kwihitiramwo, kandi impera n’imperuka ni bo bazotegerezwa guhitamwo ukuntu bazokoresha ubuzima bwabo (Gusubira mu vyagezwe 30:15, 16, 19). Naho abavyeyi bagira utwigoro dukomeye cane, hari abana bahemuka, nk’uko na Salomo uwanditse iki canditswe turiko turarimbura vyashitse agahemuka. Hari mbere n’abana ba Yehova babaye ibihemu.
Ku bw’ivyo rero, ico canditswe ntigisobanura yuko mu bihe vyose, indero umwana atozwa ‘atazoyivamwo’, ariko cerekana ko akenshi ashobora kutayivamwo. Ese ukuntu ivyo biremesha abavyeyi! Abavyeyi bakwiye kuremeshwa no kumenya yuko utwigoro dukomeye bagira kugira ngo batoze indero abana babo mu buryo Yehova ashima tuzovamwo ivyiza. Kubera ko abavyeyi bafise ibanga rihambaye, akosho kabo na ko kakaba gakomeye, baremeshwa gufatana uburemere iryo banga.—Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7.
Naho nyene abana boheba gukorera Yehova, abavyeyi bitayeho ivyo gutoza abana babo indero barashobora kwizigira yuko bano bazokwikubita agashi. Ukuri kwo muri Bibiliya kurafise ububasha, kandi indero abavyeyi batanga ntishoka yibagirwa.—Zaburi 19:7.