ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/2 rup. 30-31
  • Impanuro Iranga Ubukerebutsi y’Umuvyeyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Impanuro Iranga Ubukerebutsi y’Umuvyeyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Impanuro Ibereye Umwami
  • Umugore Aroranye
  • Umunega Aroranye
  • Ingene Bibiliya idondora umugore abishoboye
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Umugabo wiwe ‘ni umuntu azwi neza mu marembo’
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Urashobora gufasha umuryango wawe kugira umunezero
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Umunarugo Yokundwa Cane Uwo Ari We
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/2 rup. 30-31

Impanuro Iranga Ubukerebutsi y’Umuvyeyi

“Mwana wanje, umva inyigisho ya so, kandi ntute ibgirizwa rya nyoko.”​—Imigani 1:8.

ABAVYEYI bacu​—dawe na mawe—​barashobora kuba isoko ry’agaciro ry’indemesho, ry’ugufatwa mu mugongo, n’iry’impanuro. Igitabu ca Bibiliya c’Imigani kitubwira ivyerekeye umwami umwe yari akiri muto, ari we Lemuweli, uwahawe na nyina “ubutumwa buremereye,” bw’“ugukosorwa.” Ayo majambo yanditse mu Migani ikigabane ca 31, kandi na twe turashobora kwungukira kuri izo mpanuro ziranga ubukerebutsi z’uwo muvyeyi.​—Imigani 31:1.

Impanuro Ibereye Umwami

Nyina wa Lemuweli atangurira ku bibazo bituma turushiriza gushimishwa. Abaza ati: “Nguhanūre ngw iki ga mwana wanje? Nguhanūre ngw iki ga mwana w’ubura bganje? Nguhanūre ngw iki ga mwana w’amasezerano yanje?” Intakambo yiwe yasubiwemwo gatatu igaragaza ukuntu yari arajwe ishinga n’uko umuhungu wiwe yotega yompi amajambo amubwira. (Imigani 31:2) Ukuntu yitwararika ineza yo mu vy’impwemu y’uruvyaro rwiwe ni akarorero keza ku bavyeyi b’Abakirisu muri iki gihe.

Ku vyerekeye ineza y’umuhungu, ni igiki gishobora gutera umutima uhagaze umuvyeyi kuruta akaborerwe n’ubuhumbu vyo mu kayoga, mu bagore no mu ndirimbo vyabaye iciro ry’umugani? Nyina wa Lemuweli aduze kw’ijambo ati: “Ntukarekurire inkomezi zawe mu bagore.” Inyifato y’ubushurashuzi ayita ikintu “[c]onona abami.”​—Imigani 31:3.

Kunywa izirenze urugero na vyo ntibikwiye kurenzwako uruho rw’amazi. Yabuye ati: “Ntibibereye abami, Lemuweli we, ntibibereye abami kunywa vino.” Igihe umwami yama nantaryo aborewe, yoca urutomoye gute rutari urwa ngondegonde kandi ntiyigere ‘yibagira ivyagezwe, ngo adambikanye urubanza rw’umuntu wese w’umurushwa’?​—Imigani 31:4-7.

Ahubwo mu gihe umwami agumye yirinda amabi nk’ayo, azoshobora “[gucira] imanza impahazwa n’umugorwa.”​—Imigani 31:8, 9.

Naho urwaruka b’Abakirisu batoshobora kuba “abami” muri iki gihe, impanuro iranga ubukerebutsi ya nyina wa Lemuweli no kuri bo irahuye n’igihe, eka mbere yonarushiriza. Akaborerwe, kunywa itabi, be n’ubuhumbu birimonogoje mu rwaruka muri iki gihe, kandi ni ngirakamaro cane ko urwaruka rukirisu rutega yompi igihe abavyeyi barwo barushikiriza “ubutumwa buremereye.”

Umugore Aroranye

Ba inabibondo barakwiriye kuba bitwararika ivy’ugushinga urugo muri kazoza kw’abahungu babo bariko baregereza kugera mu bigero. Ubukurikira, nyina wa Lemuweli ahindukiriza ivyiyumviro kuri kamere nziza z’umugore nyawe. Nta nkeka ko umusore yoharonkera ivyiza vyinshi igihe arimbuye uburyo umugore abona ivy’ico kibazo gihambaye.

Ku Img 31 murongo w’⁠10, “umugore aroranye” asanishwa n’utubuyenge tw’imbonekarimwe twitwa marijani tw’igiciro kinini, mu bihe vya Bibiliya bakaba baturonka igihe gusa bagize akigoro gakomeye. Mu buryo nk’ubwo, kugira umuntu arinde atora umugore aroranye bisaba akigoro. Aho kwihutagiza kwubaka n’igihababu n’akantu, vyoba vyiza umusore yihaye umwanya uhagije wo gushobora guhitamwo. Aho ni ho ashobora kuzoha agaciro cane ico yatoye c’agaciro.

Ku vyerekeye umugore aroranye, Lemuweli abwirwa ati: “Umutima w’umugabo wiwe wama umwizigira.” (Img 31 Umurongo wa 11) Mu yandi majambo, umugabo ntakwiye gushimika yuko umugore yorinda kuronka uruhusha rwiwe ku kantu kose. Ego ni ko, abubakanye bakwiye kuja inama imbere yo gufata ingingo zikomakomeye, nk’izerekeye kugura ibintu bizimvye canke kurera abana babo. Kuyaga kuri ivyo bintu birongereza umwumvikano hagati yabo.

Ego ni ko, umugore aroranye afise ibintu vyinshi akora. Ku Img 31 murongo wa 13 gushika ku wa 27 haratondetswe impanuro n’ingingo ngenderwako abagore bo mu biringo vyose bashobora gukoresha ku bw’inyungu y’imiryango yabo. Nk’akarorero, turavye ukuntu ivyambarwa n’ibikoresho birushiriza kuzimba, umugore aroranye ariga gukerebukira udukorwa tw’iminwe no kudasesagura kugira ngo abo mu rugo rwiwe bambare neza kandi baryohere ijisho. (Img 31 Umurongo w’⁠13, 19, 21, 22) Kugira ngo agabanye amahera y’ibifungurwa, ararima utwo ashoboye akongera agasuma ku rugero.​—Img 31 Umurongo wa 14, 16.

Bigaragara yuko uwo mugore atarya “ivyo kurya vy’ukwamikara.” Arakura amaboko mu mpuzu kandi akagenzura mu buryo bubereye ibikorwa vyo mu rugo rwiwe. (Img 31 Umurongo wa 27) “Akenyera inkomezi,” bikaba bisobanura yuko yitegurira gukora ibikorwa biruhisha umubiri. (Img 31 Umurongo wa 17) Azinduka izuba ritararasa kugira yanzike umusi wiwe w’ibikorwa, kandi agakora atama gushika mw’ijoro. Ni nk’aho itara rimurikira ibikorwa vyiwe nantaryo ryama ryaka.​—Img 31 Umurongo wa 15, 18.

Ikirushirije, umugore aroranye ni umuntu akomeye mu vy’impwemu. Aratinya Imana kandi akayisenga n’icubahiro cinshi be n’akoba karanga ukuyisonera. (Img 31 Umurongo wa 30) Arasahiriza kandi umunega wiwe mu vy’ukumenyereza abana babo ngo bazobigenze kuno nyene. Img 31 Umurongo wa 26 uvuga uti: “Mu bukerebutsi,” (NW) arigisha abana biwe, kandi “icagezwe c’ineza kiri ku rurimi rwiwe.”

Umunega Aroranye

Kugira ngo Lemuweli ashobore gukwegera umugore aroranye, yokeneye kurangura amabanga yega umunega aroranye. Nyina wa Lemuweli aramwibutsa ayatari make muri yo.

Umunega aroranye yoyazwe neza “mu bakuru b’igihugu.” (Imigani 31:23) Ivyo bisobanura yuko yobaye ari umuntu abushitse, w’inzirabugunge, w’umwizigirwa kandi atinya Imana. (Kuvayo 18:21; Gusubira mu Vyagezwe 16:18-20) Yomenyekanye ko ari ukwo “mw ikombe ry’igisagara,” aho abagabo ba rurangiranwa batororokanira kugira ngo batunganye ibiraba igisagara. Kugira ngo ‘amenyekane’ nk’umugabo atinya Imana, yobwirijwe kuba umuntu akora ibitegereka, kandi agakora ibintu ahuza n’abakurambere b’ico “gihugu,” kikaba kumbure cari intara canke akarere.

Nta nkeka nyina wa Lemuweli avuga afatiye ku vyo yiboneye ubwiwe igihe yibutsa umuhungu wiwe ivyerekeye akamaro ko gushima uwo bokwubakanye. Nta wundi kw’isi uwo musore yokunze gusumba uwo mugore. Niwiyumvire rero akanyengetera kagera ibwina kumvikanira mu kajwi kiwe igihe yiyemerera imbere ya bose ati: “Har’abagore benshi bakora ivyiza, ariko weho ubarusha bose.”​—Imigani 31:29.

Biribonekeza yuko Lemuweli yakengurutse impanuro iranga ubukerebutsi ya nyina. Turabona nk’akarorero yuko ku Img 31 murongo wa 1 yerekeza ku majambo ya nyina nk’aho ari ayiwe bwite. Ni co gituma yashize ku mutima ivyo ‘yamukosoye’ yongera yungukira ku mpanuro ziwe. Nimuze natwe ntitugishe ubwo “butumwa buremereye” mu gushira mu ngiro ingingo ngenderwako ziri muri bwo mu buzima bwacu.

[Amafoto ku rup. 31]

Umukenyezi aroranye “ntarya umutsima wo kwamikara”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika