Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
3-9 MUKAKARO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | EZEKIYELI 11-14
“Woba ufise umutima w’inyama?”
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Ezekiyeli—Igice ca 1
Mu 612 B.G.C., Ezekiyeli arajanwa i Yeruzalemu nko mu ndoto. Mbega ibintu bisesemye abona biriko birabera mu rusengero rw’Imana! Igihe Yehova arungika ingabo ziwe zo mw’ijuru akoresha mu gushitsa imanza ziwe (izigereranywa na ba “bantu batandatu” b’abagabo) kugira ngo yerekane uburake afitiye abo bahuni, abashizweko “ikimenyetso mu ruhanga” ni bo bonyene bazigurizwa (Ezekiyeli 9:2-6). Ubwa mbere hoho “amakara yaka”, ni ukuvuga ubutumwa bw’Imana bumeze nk’umuriro bujanye n’isangangurwa, ategerezwa gukwiragizwa hejuru y’ico gisagara (Ezekiyeli 10:2). Naho Yehova ‘azosubiza ku mitwe y’abanyakibi ingeso zabo’, asezerana gusubira gukoranya abasabagiye bo mu Bisirayeli.—Ezekiyeli 11:17-21.
Wokwisunga iki mu gufata ingingo?
9 Kugira dufate ingingo ziranga ubukerebutsi nk’ukwo kwa Yezu, dutegerezwa kwemera kuyoborwa na Yehova. Dukwiye kwisunga iyi mpanuro nziza igira iti: “Wizigire Yehova n’umutima wawe wose kandi ntiwishimikize ubwenge bwawe bwite. Mu nzira zawe zose umwibuke, na we azogorora iminyuro yawe. Ntube inkerebutsi mu maso yawe bwite. Tinya Yehova, uce kure ikibi.” (Imig. 3:5-7) Iyo twize Bibiliya tukamenya ingene Yehova abona ibintu, birashobora kudufasha gutahura ico Imana yoshima ko dukora mu gihe kanaka. Uko turushiriza kumenya ivyiyumviro vya Yehova ni ko umutima wacu urushiriza kworoha, tukemera kuyoborwa na we.—Ezk. 11:19.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Ezekiyeli—Igice ca 1
12:26-28. N’abatwengera mw’ijigo ubutumwa Ezekiyeli yashikiriza, yari kubabwira ati: “Amajambo [ya Yehova] yose nta na rimwe rizosubira kurekerwa mu rutendeko”. Dutegerezwa gukora uko dushoboye kwose kugira dufashe abandi ngo bizigire Yehova imbere y’uko azana umuhero w’ivy’isi.
Niwungukire bimwe bishitse ku vyo Yehova aturonsa
13 Nk’akarorero, rimbura ibivugwa muri Ezekiyeli 14:13, 14, ahavuga hati: “Ku bijanye n’igihugu, nicancumurako mu gukora ivy’ubuhemu, nanje nzokiramvurirako ukuboko kwanje, mvune inkoni zaco zitungîrwako imikate imeze nk’ikigōmbo, kandi nzokirungikako ikigoyi, ndandure muri co icitwa umuntu yakuwe mw’ivu be n’igitungwa. ‘Kandi iyo aba bagabo batatu, Nowa, Daniyeli na Yobu baja kuba bari hagati muri co, abo ubwabo bokijije ubuzima bwabo kubera ubugororotsi bwabo,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.” Tugize ubushakashatsi, turatahura ko ico gice co muri Ezekiyeli canditswe nko mu mwaka wa 612 imbere ya Kristu. Ico gihe, Nowa na Yobu bari bamaze ibinjana barapfuye, ariko Imana yari icibuka ukudahemuka kwabo. Mugabo rero Daniyeli yari akiriho. Nkako, ashobora kuba yari umuyabaga w’imyaka nka 20 igihe Yehova yavuga ko Daniyeli yari agororotse cokimwe na Nowa be na Yobu. None icigwa ni ikihe? Yehova arabona kandi agaha agaciro ugutungana kw’abasavyi biwe bose b’abizigirwa, ushizemwo n’abakiri bato.—Zab. 148:12-14.
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Ezekiyeli—Igice ca 1
14:12-23. Gushikira ubukiriro ni ibanga ryega umuntu wese ku giti ciwe. Nta wushobora kuburonderera uwundi.—Abaroma 14:12.
10-16 MUKAKARO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | EZEKIYELI 15-17
“Woba ushitsa ivyo usezerana?”
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Ezekiyeli—Igice ca 1
17:1-24—Inkukuma zibiri niniya zigereranya bande, udutwetwe two mu bushorishori tw’igiti c’isederi na two ducibwa gute, kandi ni nde agereranya “agatwetwe koroshe” katewe na Yehova? Izo nkukuma zibiri zigereranya umutware w’i Babiloni be n’uwa Misiri. Inkukuma ya mbere iza kugwa ku gatwetwe ko hejuru ku giti c’isederi, akagereranya umutware w’ingoma yatwarwa n’abo mu muryango wa cami wa Dawidi. Iyo nkukuma ica agatwetwe ko mu bushorishori mu kugena Zedekiya ngo abe umwami mu gishingo c’Umwami Yekoniya w’Ubuyuda. Naho Zedekiya yari yaragize indahiro y’ukudahemuka, ararondera gufashwa n’iyindi nkukuma, iyigereranya umutware wa Misiri, ariko ntiyererwa. Azojanwa mu bunyagano i Babiloni kandi apfireyo. Yehova kandi araca “agatwetwe koroshe”, akagereranya Umwami Mesiya. Uno aterwa “ku mpinga y’umusozi muremure ahibonekeza”, ni ukuvuga ku Musozi Siyoni wo mw’ijuru, akahabera “igiti c’isederi ciza”, ni ukuvuga isoko ry’imihezagiro nyakuri ku baba kw’isi.—Ivyahishuriwe 14:1.
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Ezekiyeli—Igice ca 1
17:1-24—Inkukuma zibiri niniya zigereranya bande, udutwetwe two mu bushorishori tw’igiti c’isederi na two ducibwa gute, kandi ni nde agereranya “agatwetwe koroshe” katewe na Yehova? Izo nkukuma zibiri zigereranya umutware w’i Babiloni be n’uwa Misiri. Inkukuma ya mbere iza kugwa ku gatwetwe ko hejuru ku giti c’isederi, akagereranya umutware w’ingoma yatwarwa n’abo mu muryango wa cami wa Dawidi. Iyo nkukuma ica agatwetwe ko mu bushorishori mu kugena Zedekiya ngo abe umwami mu gishingo c’Umwami Yekoniya w’Ubuyuda. Naho Zedekiya yari yaragize indahiro y’ukudahemuka, ararondera gufashwa n’iyindi nkukuma, iyigereranya umutware wa Misiri, ariko ntiyererwa. Azojanwa mu bunyagano i Babiloni kandi apfireyo. Yehova kandi araca “agatwetwe koroshe”, akagereranya Umwami Mesiya. Uno aterwa “ku mpinga y’umusozi muremure ahibonekeza”, ni ukuvuga ku Musozi Siyoni wo mw’ijuru, akahabera “igiti c’isederi ciza”, ni ukuvuga isoko ry’imihezagiro nyakuri ku baba kw’isi.—Ivyahishuriwe 14:1.
Ego yanyu nibe Ego
11 Ni kubera iki Yehova yatwandikishirije ubwo burorero mw’Ijambo ryiwe? Kandi kureka Ego yacu ikaba Ego bihambaye ukungana iki? Bibiliya iragabisha mu buryo butomoye yuko umuntu “[ata] amasezerano” ari mu bantu “bakwiriye gupfa.” (Rom. 1:31, 32) Farawo wo mu Misiri, Umwami Zedekiya wa Yuda hamwe na Ananiya na Safira, ni bamwe mu bantu bavugwa muri Bibiliya babaye uburorero bubi, abo Ego yabo itabaye Ego. Bose bariboneyeko bakaba batubera uburorero bwo kutuburira.—Kuv. 9:27, 28, 34, 35; Ezk. 17:13-15, 19, 20; Ivyak. 5:1-10.
w88 15/9 17 ing. 8
Yehova asokora inkota yiwe
8 Ubukurikira, umwami wa Babiloni n’uwa Misiri bagereranywa n’inkona nini zibiri. Imwe yarahanyuye ubushorishori bw’isederi mu gukuraho Umwami Yehoyakini ikamusubiriza Zedekiya. Zedekiya yari yararahiye ko atazohemukira Nebukadinezari, mugabo yarabirenzeko aja gutabaza mu vya gisirikare umwami wa Misiri, ya nkona nini ya kabiri. Nimba Zedekiya yarashizemwo izina ry’Imana igihe yarahira iyo ndahiro, kuyirengako vyaratukishije Yehova. Icipfuzo co kudatukisha Imana gikwiye gutuma twirinda kwihindukiza mw’ijambo. Twebwe Ivyabona vya Yehova twatewe iteka rihambaye cane ryo kwitirirwa izina ry’Imana!—Ezekiyeli 17:1-21.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
w88 15/9 17 ing. 7
Yehova asokora inkota yiwe
7 Yuda yagereranijwe n’umuzabibu wo mw’ishamba utama ivyamwa, ata kindi ubereye atari uguturirwa, kubera ibicumuro vy’abahaba. (Ezekiyeli 15:1-8) Yagereranijwe kandi n’uruyoya rwatawe. Imana yararutoye irukura mu Misiri, irarurera gushika ruvuyemwo umwigeme ageze mu bigero. Yehova yaciye amugira umugore wiwe, mugabo we aca aja ku mana z’ikinyoma. Ni co gituma yotikijwe kubera yarenze ibigo mu buryo bw’impwemu. Mugabo abogumye ari intahemuka, Imana ‘yobashingiye isezerano ryamaho igihe kitagira urugero’: iryo ni rya sezerano rishasha yagiranye na Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu.—Ezekiyeli 16:1-63; Yeremiya 31:31-34; Abagalatiya 6:16.
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Ezekiyeli—Igice ca 1
17:1-24—Inkukuma zibiri niniya zigereranya bande, udutwetwe two mu bushorishori tw’igiti c’isederi na two ducibwa gute, kandi ni nde agereranya “agatwetwe koroshe” katewe na Yehova? Izo nkukuma zibiri zigereranya umutware w’i Babiloni be n’uwa Misiri. Inkukuma ya mbere iza kugwa ku gatwetwe ko hejuru ku giti c’isederi, akagereranya umutware w’ingoma yatwarwa n’abo mu muryango wa cami wa Dawidi. Iyo nkukuma ica agatwetwe ko mu bushorishori mu kugena Zedekiya ngo abe umwami mu gishingo c’Umwami Yekoniya w’Ubuyuda. Naho Zedekiya yari yaragize indahiro y’ukudahemuka, ararondera gufashwa n’iyindi nkukuma, iyigereranya umutware wa Misiri, ariko ntiyererwa. Azojanwa mu bunyagano i Babiloni kandi apfireyo. Yehova kandi araca “agatwetwe koroshe”, akagereranya Umwami Mesiya. Uno aterwa “ku mpinga y’umusozi muremure ahibonekeza”, ni ukuvuga ku Musozi Siyoni wo mw’ijuru, akahabera “igiti c’isederi ciza”, ni ukuvuga isoko ry’imihezagiro nyakuri ku baba kw’isi.—Ivyahishuriwe 14:1.
17-23 MUKAKARO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | EZEKIYELI 18-20
“Iyo Yehova ababariye, yoba yibagira?”
Iyo Imana ibabariye umuntu, yoba yibagira?
Biciye ku muhanuzi Ezekiyeli, Yehova yaramenyekanishije urubanza yaciriye Yuda na Yeruzalemu umurwa mukuru waho kubera ubuhemu bwabo. Iryo hanga turifatiye hamwe ryari ryarahevye ugusenga Yehova, ryuzuza igihugu ubukazi. Yehova yamenyesheje ko Yeruzalemu yotikijwe n’Abanyababiloni. Ariko naho Yehova yatanze ubwo butumwa bw’urubanza, yaratanze n’icizigiro. Umuntu wese yarashobora kwihitiramwo; umwe wese ku giti ciwe yobajijwe ivyo yakoze.—Umurongo wa 19, 20.
Iyo Imana ibabariye umuntu, yoba yibagira?
Vyogenze gute umuntu ahevye ikibi agakora iciza? Yehova yavuze ati: “Nayo umubisha, niyahindukira akava mu bicumuro vyiwe vyose yakoze, akagumya koko ivyagezwe vyanje vyose, agashitsa ubutungane n’ubugororotsi, ntazobura kubandanya kubaho. Ntazopfa.” (Umurongo wa 21) Vy’ukuri, Yehova yari “[y]iteguriye kubabarira” umucumuzi agaragaje ukwigaya nyakuri agahindukira agaheba ingendo yiwe mbi.—Zaburi 86:5.
None vyari kugenda gute ku bijanye n’ibicumuro uwo muntu yari yarakoze? Yehova yasiguye ati: “Ibigabitanyo vyiwe vyose yakoze, ntibizokwibukwa ngo abihorwe.” (Umurongo wa 22) Urabona ko ibicumuro vy’uwo mucumuzi yigaya “[bitokwibutswe] ngo abihorwe.” Kubera iki ivyo biri n’ico bivuze?
Muri Bibiliya, ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “kwibuka” ntiryama risobanura gusa kugarukana mu bwenge ikintu cabaye muri kahise. Ku bijanye n’iryo jambo, igitabu kimwe kivuga giti: “Mu bisanzwe, akenshi riba ritekeye iciyumviro c’igikorwa canke rikaboneka riri kumwe n’amavuga yerekana igikorwa.” Ku bw’ivyo, “kwibuka” birashobora gusobanura “gukora.” Igihe rero Yehova avuga ko ibicumuro vy’umucumuzi yigaya “[bita]zokwibukwa ngo abihorwe,” aba ashaka kuvuga ko amaze kumubabarira ata co azokora ngo amuhore ibicumuro vyiwe, nk’akarorero mu kubimwagiriza canke mu kumuhana.
Amajambo yo muri Ezekiyeli 18:21, 22 arerekana mu buryo bukora ku mutima aho Imana igeza mu kubabarira. Yehova atubabariye ibicumuro vyacu, ntazokwigera abiduhora muri kazoza. Ahubwo riho, ibicumuro vy’abigaya abiterera inyuma yiwe. (Yesaya 38:17) Ni nk’aho ahanagura ivyo bicumuro aho vyari vyanditse.—Ivyakozwe 3:19.
Kubera ko turi abantu badatunganye, turakenera imbabazi z’Imana. Nakare ducumura kenshi. (Abaroma 3:23) Mugabo Yehova yipfuza ko tumenya yuko iyo twigaye bivuye ku mutima, yiteguriye kutubabarira. Kandi iyo ababariye, aribagira, bisobanura ko atagaruka ku bicumuro twakoze ngo asubire kubitwagiriza canke kubiduhanira. Umve ntuze ukuntu bihumuriza! Imbabazi z’Imana zoba zikuvyuriye umutima wo kurushiriza kuyiyegereza?
Harumagedoni—Intambara y’Imana izorangiza izindi ntambara zose
Kubera yuko Imana ari yo Mucamanza, turashobora gushira amazinda yuko mu kintu cose, imanza izocira inkozi z’ikibi zizoba zigororotse. Aburahamu yabajije ati: “Umucamanza w’isi yose ntiyokora ibigororotse?” Inyishu Aburahamu yaronse ni iy’uko Yehova yama nantaryo agororotse. (Itanguriro 18:25) Vyongeye, Bibiliya iradukura amazinda yuko Yehova adahimbarwa no gusangangura inkozi z’ikibi; ivyo abigira gusa igihe ata kundi aba ari bugire.—Ezekiyeli 18:32; 2 Petero 3:9.
Ico bisobanura gukunda bagenzi bacu
11 Uburyo bwiza kuruta ubundi dushobora kugaragariza urukundo abadakorera Imana, ni mu kwigana Yehova ubwiwe. Naho yanka ububi, aragaragariza ubuntu-mvarukundo abantu bose mu kubaronsa akaryo ko guheba inzira zabo mbi no kuzoshobora kubaho ibihe bidahera (Ezekiyeli 18:23). Yehova ‘agomba ko bose bigaya’ (2 Petero 3:9). Agomba ko “abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ivy’ukuri” (1 Timoteyo 2:4). Ni co gituma Yezu yashinze abayoboke biwe igikorwa co kwamamaza, kwigisha no “[guhindura] abantu bo mu mahanga yose abigishwa” (Matayo 28:19, 20, NW). Tugize uruhara muri ico gikorwa, tuba twerekanye yuko dukunda Imana na bagenzi bacu, eka mbere ko dukunda n’abansi bacu.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ntiwigere ‘ugirira ubushangashirwe Yehova’
9 Ntitumenya amakuru yose. Kubera ko Abisirayeli bo mu gihe ca Ezekiyeli batari bazi amakuru yose, babona ko inzira ya Yehova ‘idatumbereye.’ (Ezk. 18:29) Ni nk’aho bari bigize abacamanza bacira urubanza Imana, bagafata ingingo mfatirwako zabo zigenga ubutungane bakazishira hejuru y’iza Yehova maze bakamucira urubanza bisunze ugutahura kwabo kwari n’aho kugarukira. Hamwe vyoshika ntidutahure neza inkuru yinaka yo muri Bibiliya canke ukuntu ibintu biriko biragenda mu buzima bwacu, twoba kumbure twokwiyumvira mu mutima wacu yuko inzira ya Yehova itaroranye, ni ukuvuga ‘idatumbereye’?—Yobu 35:2.
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Ezekiyeli—Igice ca 1
20:1, 49. Ukuntu ba bakuru b’Abisirayeli bakiriye ivyo Ezekiyeli yari yababwiye, birerekana ko babikekeranya. Ese tutokwigera tugira inyifato yo gukekeranya ku bijanye n’imburi duhabwa n’Imana!
24-30 MUKAKARO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | EZEKIYELI 21-23
“Ubwami bwahawe uwubifitiye uburenganzira”
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Ezekiyeli—Igice ca 1
Mu mwaka ugira indwi Abayuda bari mu bunyagano, ni ukuvuga mu 611 B.G.C., bamwe mu bakuru b’Abisirayeli baraza kuri Ezekiyeli “gusiguza Uhoraho”. Barumva inkuru ndende yerekeye ukugarariza kw’Abisirayeli bakumva n’imburi ivuga ko ‘Uhoraho azosokora inkota yiwe’ kugira ngo abarwanye (Ezekiyeli 20:1; 21:3). Yehova abwira kizigenza w’Abisirayeli (Zedekiya) ati: “Kūra umugāra, wiyambure igitsibo; ntibizosubira kumera nk’uko vyari bisanzwe. Icāri hasi kizoshirwa hejuru, kand’icāri hejuru kizosubizwa hasi. Amatongo, amatongo, nzobigira amatongo masa: kandi ni ko bizokwama, gushitsa igihe nyenevyo [Yezu Kristu] azozira; nanje nzobimuha”.—Ezekiyeli 21:26, 27.
Bararindiriye Mesiya
6 Mesiya yategerezwa kuvukira mu muryango wa Isirayeli wa Yuda. Igihe umwe sekuruza w’imiryango Yakobo yariko arahezagira abahungu biwe ari ku mpfiro, yavuze ati: “Agakoni k’ubutware ntikazova kuri Yuda, eka n’inkoni ya kizigenza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, gushika Shilo aje; ni we ibisata vy’abantu bizogamburukira.” (Ita. 49:10) Incabwenge nyinshi z’Abayuda za kera zavuze yuko ayo majambo yerekeza kuri Mesiya. Guhera ku ngoma y’Umwami w’Umuyuda Dawidi, ako gakoni k’ubutware (ni ukuvuga ubutegetsi bwa cami) be n’inkoni ya kizigenza (ni ukuvuga ububasha bwo gutegeka) vyari mu muryango wa Yuda. “Shilo” bisobanura ngo “Nyenevyo; Uwo vyegukira.” Abami bakomoka mu muryango wa Yuda bobandanije gukurakuranwa gushika kuri “Shilo,” uno akaba ari samuragwa w’ubwami yamaho, kubera ko Imana yabwiye Zedekiya, wa mwami wa nyuma wa Yuda, yuko ubwo butware bwohawe uwubufitiye uburenganzira ahabwa n’amategeko. (Ezk. 21:26, 27) Inyuma ya Zedekiya, Yezu ni we muntu wenyene akomoka kuri Dawidi yasezeraniwe ubwami. Imbere y’uko Yezu avuka, umumarayika Gaburiyeli yabwiye Mariya ati: “Yehova Imana azomuha intebe y’ubwami ya Dawidi se wiwe, kandi azoganza inzu ya Yakobo ibihe vyose, kandi ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo.” (Luka 1:32, 33) Shilo ategerezwa kuba ari Yezu Kristu, uwakomoka kuri Yuda no kuri Dawidi.—Mat. 1:1-3, 6; Luka 3:23, 31-34.
Niwizere Ubwami utanyiganyiga
14 Rimbura ivyo Yehova yasezeraniye Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera biciye kw’isezerano Imana yagiraniye na Dawidi. (Soma 2 Samweli 7:12, 16.) Yehova yagiraniye na we iryo sezerano igihe Dawidi yaganza i Yeruzalemu, akaba yamusezeraniye ko Mesiya yokomotse kuri we. (Luka 1:30-33) Yehova rero yararushirije gutanga amakuru adomako yerekana umuryango rwa ruvyaro rwokomotsemwo. Yavuze ko samuragwa wa Dawidi yobaye ‘afise uburenganzira’ bwo kuja ku ntebe y’Ubwami bwa Mesiya. (Ezk. 21:25-27) Biciye kuri Yezu, ingoma ya Dawidi “izoshimangirwa igihe kitagira urugero.” Nkako, uruvyaro rwa Dawidi “ruzokwamaho mbere gushika igihe kitagira urugero, intebe yiwe y’ubwami na yo nk’izuba.” (Zab. 89:34-37) Ubutegetsi bwa Mesiya ntibuzokwigera bwononekara, kandi ivyo buzorangura bizokwamaho ibihe bidahera.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Ezekiyeli—Igice ca 1
21:3—“Inkota” Yehova asokora mu rwubati rwayo igereranya iki? “Inkota” Yehova akoresha mu gushitsa urubanza rwiwe kuri Yeruzalemu no ku Buyuda biboneka ko ari Umwami Nebukadinezari w’i Babiloni hamwe n’ingabo ziwe. Ishobora kandi kuba irimwo n’igice c’ishirahamwe ry’Imana co mw’ijuru, ikigizwe n’ibiremwa vy’impwemu bifise inkomezi.
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Ezekiyeli—Igice ca 1
23:5-49. Kugiranira amasezerano y’ivya politike n’ayandi mahanga, vyashikanye Isirayeli n’Ubuyuda ku kwigana insengo y’ikinyoma y’ayo mahanga. Nimuze twirinde kugiranira n’isi ubucuti bushobora gusenyura ukwizera kwacu.—Yakobo 4:4.
31 MUKAKARO–6 MYANDAGARO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | EZEKIYELI 24-27
“Ubuhanuzi bwa Tiro butuma twizigira cane Ijambo rya Yehova”
bsi07 7 ing. 4
Igitabu ca Bibiliya nomero 26—Ezekiyeli
4 Hari n’ikindi cerekana ko igitabu ca Ezekiyeli ari ic’ukuri, na co kikaba ari ikijanye n’iranguka rikomeye ry’ubuhanuzi Ezekiyeli yashikirije ku biraba amahanga mabanyi nka Tiro, Misiri na Edomu. Nk’akarorero, Ezekiyeli yavuze ko i Tiro hosanganguwe, kandi ivyo vyararangutse ku rugero runaka igihe Nebukadinezari yigarurira ico gisagara amaze imyaka 13 acugarije (Ezk. 26:2-21). Iyo ntambara ntiyatumye Tiro iherengetera. Ariko rero, urubanza Yehova yari yaraciriye Tiro rwari urw’uko hotegerejwe gusangangurwa n’agasya n’akarenge. Abicishije kuri Ezekiyeli, yari yaravuze ati: “Umukungugu waho nzowukukumba, mpahindure urutare rugaragara. . . . Amabuye n’ibiti n’umukungugu vy’amasakamburira yawe bazobishiburira mu kiyaga” (26:4, 12). Ivyo vyararangutse neza na neza haciye imyaka irenga 250, igihe Alegizandere Mukuru yahagurukira igice co mu kiyaga c’igisagara ca Tiro. Ingabo za Alegizandere zarakukumvye ibihomvagurike vyose vy’igisagara ca Tiro kitari mu kiyaga cari casanganguwe zibisuka mu kiyaga, gutyo zikora inzira y’imetero 800 ishika kuri nya gisagara co mu kiyaga. Maze, zimaze kwugariza ico gisagara mu buryo bugoye itegera, zarananagiye uruzitiro rwaco rwareha n’imetero 46 zibona kwigarurira ico gisagara mu mwaka wa 332 B.G.C. Abantu ibihumbi barishwe, abandi amasinzi baragurishwa bajanwa mu buja. Nk’uko kandi Ezekiyeli yari yarabivuze, i Tiro harahindutse ‘urutare rugaragara, aho kwanikira insenga’ (26:14). Ku rundi ruhande rwa ca Gihugu c’Isezerano, Abanyedomu b’abahemu na bo nyene baratikijwe, biba bishikije ubuhanuzi Ezekiyeli yari yaravuze (25:12, 13; 35:2-9). Ariko kandi, n’ubuhanuzi Ezekiyeli yashikirije ku bijanye n’ugusangangurwa kwa Yeruzalemu be n’ubwavuga ko Isirayeli yosubijwe umutamana, na bwo nyene bwararangutse nk’uko nyene bwari bwaravuzwe.—17:12-21; 36:7-14.
ce 216 ing. 3
Bibiliya yoba vy’ukuri yahumetswe n’Imana?
3 Tiro cari igisagara gikomeye co muri Fenisiya gifise ikivuko. Carahemukiye ihanga rya Isirayeli ryasenga Yehova, rikaba ryari mu bumanuko bwaco. Biciye ku muhanuzi Ezekiyeli, Yehova yaravuze ko Tiro hotikijwe, abivuga hagisigaye imyaka irenga 250 ngo bibe. Yavuze ati: “Nzodugana amahanga menshi akurwanye . . . Ntibazobura guhomvora impome za Tiro, basambure iminara yaho; nanje nzokukumurayo umukungugu waho, ndahagire ahantu ho ku rutare hakayangana, hagaragara. Hazocika imbuga yo kwanikiramwo insenga z’umukwabu hagati mu kiyaga.” Ezekiyeli yaravuze n’ihanga ryotanguye kwugariza Tiro n’uwobaye arirongoye, ati: “Ehe ngira nzane kuri Tiro Nebukadirezari wa mwami wa Babiloni.”—Ezekiyeli 26:3-5, 7.
it-1 74
Alegizandere
Alegizandere yaratahukanye intsinzi zikomeye mu kunesha kabiri kose Abaperesi muri Aziya ntoya (ubwa mbere ku Ruzi Granique; ubwa kabiri mu kiyaya citwa Issus, aho yatsindiye bimwe vy’akarorero abasoda b’Abaperesi bangana nk’igice c’umuliyoni). Aho guca yoma inyuma abo Baperesi bariko barahunga, yaciye ahindukirira igisagara ca Tiro. Imyaka amajana imbere y’igihe, vyari vyaravuzwe ko impome zaho, iminara yaho, amazu yaho n’umukungugu waho vyoterewe mu kiyaga. (Ezk 26:4, 12) Birahambaye rero kubona Alegizandere yarafashe ibihomvagurike vy’ico gisagara, icari kimaze imyaka mikeyi gitikijwe na Nebukadinezari, abisuka mu kiyaga maze aronka inzira y’imetero 800 ajabukana mu kuja gutera igice co mu mazi c’ico gisagara ca Tiro. Muri Mukakaro 332 imbere ya Kristu, amato yiwe n’ibirwanisho vyiwe vyaratikije ico gisagara cibona caganza ikiyaga.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Ezekiyeli—Igice ca 1
24:6-14—Ingese ziri mu nkono zigereranya iki? Yeruzalemu yugarijwe, igereranywa n’inkono ifise umunwa munini. Ingese zayo zigereranya ukwononekara mu vy’inyifato runtu kw’ico gisagara, na kwo kukaba ari ubuhumane, ubushakanyi be no kuvisha amaraso, ivyo vyose bikaba ari vyo ico gisagara cagirizwa. Ubuhumane bwaco burakomeye cane ku buryo mbere gushira iyo nkono iri gusa ku makara yaka be no kuyicanira cane bidashobora gukura ingese ziyirimwo.
w88 15/9 21 ing. 24
Yehova asokora inkota yiwe
24 Ubukurikira, umuhanuzi Ezekiyeli yasabwe gukora ikintu kidasanzwe. (Soma Ezekiyeli 24:15-18.) Kubera iki yabwiwe kutagandarira umugore wiwe? Kugira yerekane ingene Abayuda bojumarariwe igihe Yeruzalemu, abaho n’urusengero rwaho vyotikijwe. Kubera ko ivyo Ezekiyeli yari amaze kuvuga kuri Yeruzalemu vyari bihagije, nta bundi butumwa buvuye ku Mana yovuze gushika amenyeshejwe ko Yeruzalemu yatikijwe. No muri iki gihe, amadini y’abiyita abakirisu hamwe n’abayasengamwo b’indyadya, bazojumararirwa nihagera ko batikizwa. Vyongeye, ya “makuba akomeye” niyamara gutangura, ivyo abo mu mugwi w’inderetsi, ni ukuvuga abarobanuwe, bazoba bamaze kuvuga ku bijanye n’iherezo ry’ayo madini bizoba bihagije. (Matayo 24:21) Mugabo Imana niyazana “inkota” yayo kuri ayo madini, abo bayasengeramwo hamwe n’abandi ‘bazobwirizwa kumenya yuko ari Yehova.’—Ezekiyeli 24:19-27.