Harumagedoni—Intambara y’Imana izorangiza izindi ntambara zose
“Babona yuko kwica umuntu nka bo ari ikintu giteye ikinya; ni co gituma intambara ari ikintu kitumvikana kuri bo kikaba n’ikintu co kwamirira kure, ikintu kitagira ijambo rigiserura mu rurimi rwabo.”—UKWO NI KO UMUGENDUZI W’UTURERE WO MURI NOROVEJE YITWA FRIDTJOF NANSEN YADONDOYE MU 1888 ABANTU BO MURI GROENLAND BITWA ABA INWITE (INUIT).
NI NDE ga yemwe atari gushima kuba mu kibano aho intambara yabonwa ko ari ikintu ‘kitumvikana kandi co kwamirira kure’? Ni nde atipfuza cane kuba mw’isi, aho mbere n’ijambo intambara ritabaho kubera yuko indwano zitahabarizwa? Isi mwene iyo yoshobora gusa n’iyidashoboka, na canecane mu gihe twoba twizigiye yuko abantu ari bo bazotuma iboneka.
Ariko rero, mu buhanuzi bwa Yesaya, Imana ubwayo iratanga umuhango w’uko izotuma isi mwene iyo iboneka. Buvuga buti: “Inkota zabo bazozivunjamw’amasuka, n’amacumu bazoyavunjamw’inkero; nta hanga rizobangurira irindi hanga inkota, kandi ntibazokwiga kurwana ukundi.”—Yesaya 2:4.
Kugira ngo uwo muhango uranguke, birumvikana yuko vyoba ngombwa ko muri kino gihe hagira ibintu bikomeye bihinduka mu bijanye n’isi hamwe n’abasirikare bayo bangana imiliyoni 20 bari ku rugamba, be no mu bijanye n’intambara zishika 20 ziriko zirabica bigacika. Ntibitangaje kubona vyobaye ngombwa ko Imana Mushoboravyose Yehova ihaseruka ikagira ico ikoze mu bijanye n’ivyo abantu bakora. Ukwo kuhaseruka kwa Yehova kuzoba ku co Bibiliya yita Harumagedoni.—Ivyahishuwe 16:14, 16.
Naho mu myaka ya vuba iryo jambo “Harumagedoni” ryakoreshejwe mu kwerekeza ku gatikizo gakwiye kw’isi yose gatewe n’ibirwanisho ruhonyanganda, igitabu kimwe c’inyizamvugo kidondora insobanuro nyamukuru y’iryo jambo muri ubu buryo: “Ni ikibanza kiberamwo intambara ya nyuma kandi ikomeye, iba hagati y’ingabo zishigikira iciza be n’izishigikira ikibi.” Ubwo none iciza coba kizokwigera gitsinda ikibi, canke iyo ntambara yoba ari ikintu c’igitito gusa?
Turashobora guhumurizwa no kumenya yuko Bibiliya ivuga incuro n’izindi ibijanye n’iherezo ry’ubukozi bw’ikibi. Umwanditsi wa Zaburi yavuze imbere y’igihe ati: “Abanyavyaha [bazohona] bashire mw isi: ababi [ntibazoba bakibaho] ukundi.” (Zaburi 104:35) Igitabu c’Imigani na co kivuga giti: “Abagororotsi bazokwībēra mu gihugu, kand’abatunganye bazokwamayo. Arikw abanyavyaha bazokomborwa mu gihugu, kand’abaguranyi bazorandurwa muri co.”—Imigani 2:21, 22.
Bibiliya kandi iravuga itomora yuko inkozi z’ikibi zitazoreka gutera igere, akaba ari co gituma bizoba bikenewe ko haba intambara ya nyuma y’Imana kugira ngo irandurane n’imizi ububi bwose, ushizemwo n’ububi bw’intambara. (Zaburi 2:2) Izina Bibiliya iha iyo ntambara idasanzwe, ari ryo Harumagedoni, riratekeye insobanuro ikomeye.
Intambara zabereye hafi ya Megido muri kahise
Ijambo “Harumagedoni” risobanura ngo “Umusozi wa Megido.” Igisagara ca kera ca Megido hamwe n’ikiyaya c’i Yezireli kihakikuje, kuva kera na rindi vyamye biberamwo intambara zikomakomeye zo kumarana igabo. Mu gitabu kimwe (The Battles of Armageddon) umutohozakahise yitwa Eric H. Cline yanditse, yavuze ati: “Kuva kera na rindi, Megido be n’Umwonga wa Yezireli vyamye ari ibibanza vyaberamwo intambara zikomakomeye zagira ico zihinduye ku bijanye na kahise k’amahanga.”
Nk’uko Cline abivuga, intambara zabera hafi y’i Megido akenshi zaba ari intambara zikomakomeye zo kumarana igabo. Ingabo z’abantu bitwa Abamongole, abari barigaruriye mu mwanya muto igice kinini ca Aziya mu kinjana ca 13 G.C., baranesherejwe muri uwo mwonga ari bwo bwa mbere. Mu kiringo c’Intambara ya mbere y’isi yose, ingabo z’Ubwongereza zari zirongowe na Jenerali Edmund Allenby zaranesheje ingabo z’igihugu ca Turukiya, ivyo bikaba vyabereye hafi y’aho i Megido. Umutohozakahise umwe w’umusirikare yadondoye iyo ntsinzi Allenby yatahukanye ko ari “kimwe mu bitero bikomakomeye vyo kumarana igabo vyabaye ivyihuta kuruta ibindi be n’imwe mu ntambara zo kumarana igabo bimwe bishitse kuruta izindi zose zabaye muri kahise kose.”
Intambara zikomakomeye zo kumarana igabo zivugwa muri Bibiliya na zo nyene zarabera hafi y’i Megido. Aho ni ho wa Mucamanza Baraki yatsindiye ingabo z’Abanyakanani zari ziyobowe na Sisera. (Abacamanza 4:14-16; 5:19-21) Mu micungararo yaho, ni ho Gideyoni ari kumwe n’umugwi mutoya w’abagabo 300, yatsindiye ingabo nyinshi z’Abamidiyani. (Abacamanza 7:19-22) Umwami Sauli be n’umuhungu wiwe Yonatani bapfiriye ku Musozi Gilibowa wari hafi ya Megido, igihe ingabo z’Abafilisitiya zatsinda ingabo z’Abisirayeli.—1 Samweli 31:1-7.
Kubera ko ukuntu i Megido be no mu mwonga wari hafi yaho hari hameze vyorohereza abasirikare mu ntambara, muri ako karere harabereye intambara nyinshi mu myaka irenga 4.000 iheze. Umutohozakahise umwe yaharuye n’imiburiburi izishika kuri 34.
Ivyabereye i Megido muri kahise be n’ukuntu hari ahantu horohereza abasirikare mu ntambara, nta gukeka yuko bifitaniye isano n’ikoreshwa ryo mu buryo bw’ikigereranyo ry’iryo jambo “Harumagedoni.” Naho iryo jambo riboneka rimwe gusa muri Bibiliya, ibirikikije bivugwa mu gitabu c’Ivyahishuwe birerekana neza yuko Harumagedoni izogira ico ikoze ku buzima bw’umuntu wese aba kw’isi.
Uko Bibiliya idondora Harumagedoni
Naho intambara zitari nke zo muri kahise zabereye hafi y’i Megido zabaye izo kumarana igabo bimwe bikomeye, nta n’imwe muri zo yashoboye kurandurana n’imizi ubukozi bw’ikibi. Nta n’imwe mu vy’ukuri yahuje nya guhuza ingabo zishigikira iciza be n’izishigikira ikibi. Birumvikana ko intambara mwene iyo itegerezwa kuva ku Mana. Nk’uko Yezu yigeze kubivuga, “nta n’umwe ari mwiza, kiretse umwe, na we ni Imana.” (Luka 18:19) Vyongeye, Bibiliya ivuga itomora yuko Harumagedoni ari intambara y’Imana.
Muri Bibiliya, igitabu c’Ivyahishuwe kivuga yuko “abami b’isi yose” bazokoranirizwa hamwe “ku ntambara yo kuri wa musi ukomeye w’Imana Mushoboravyose.” (Ivyahishuwe 16:14) Iyo nkuru y’ubuhanuzi ica yongerako iti: “Maze abakoraniriza hamwe ahantu hitwa Haru-Magedoni mu giheburayo,” canke Harumagedoni.a (Ivyahishuwe 16:16) Inyuma y’aho, igitabu c’Ivyahishuwe gica gisigura yuko “abami b’isi n’ingabo zabo,” “[bazokoranirizwa] hamwe kurwana n’umwe yicaye kuri ya farasi hamwe n’ingabo ziwe.” (Ivyahishuwe 19:19) Uwo muntu agendera kw’ifarasi si uwundi atari Yezu Kristu.—1 Timoteyo 6:14, 15; Ivyahishuwe 19:11, 12, 16.
None twisunze iyo mirongo, ni iciyumviro ikihe duca dushikako? Ni ic’uko Harumagedoni ari intambara izoba hagati y’Imana be n’ingabo z’abantu bayigambararira. None ni kubera iki Yehova be n’Umwana wiwe Yezu Kristu bazorwana intambara mwene iyo? Kimwe coco, intambara ya Harumagedoni “[izohonya] abariko barahonya isi.” (Ivyahishuwe 11:18) N’ikindi kandi, izotuma haboneka isi y’amahoro, ari yo “si nshasha turindiriye nk’uko umuhango [w’Imana] uri,” aho hakaba ari ho “ubugororotsi buzoba.”—2 Petero 3:13.
Ni kubera iki Harumagedoni ikenewe?
Vyoba bikugora gutahura ingene Yehova, “Imana y’urukundo,” yogena Umwana wiwe, wa “Mukama w’amahoro,” kugira ngo arwane intambara? (2 Abakorinto 13:11; Yesaya 9:6) Nta gukeka ko kumenya igituma barwana iyo ntambara vyoca bituma utahura neza ivyo bintu. Igitabu ca Zaburi kidondora Yezu ko ari umurwanyi agendera kw’ifarasi. None ni kubera iki arwana? Uwo mwanditsi wa Zaburi asigura yuko Kristu agendera kw’ifarasi kugira ngo “[arwanire] ukuri n’ubugwaneza no kugororoka.” Arwana intambara kubera yuko akunda ubugororotsi akongera akanka ubukozi bw’ikibi.—Zaburi 45:4, 7.
Ukwo nyene ni ko Bibiliya idondora ukuntu Yehova avyifatamwo ku bijanye n’akarenganyo abona mw’isi muri kino gihe. Umuhanuzi Yesaya yandika ati: “Uhoraho yarabibonye, biramubabaza, kukw ata biroranye biriho. Yambara ukugororoka nk’icuma gikīngira igikiriza, no ku mutwe inkofero y’agakiza; yambara impuzu zo guhōra ngo zimubere imyambaro, yiyambika ishaka nk’umutamana.”—Yesaya 59:15, 17.
Igihe cose abantu b’inkozi z’ikibi bazoba bagifise ububasha, abantu b’abagororotsi ntibazoronka amahoro n’umutekano. (Imigani 29:2; Umusiguzi 8:9) Birumvikana yuko tutovuga ivyerekeye akarenganyo be n’ubukozi bw’ikibi ngo twibagire abantu babikora. Ku bw’ivyo rero, amahoro be n’ubutungane biramba bizoboneka ari uko inkozi z’ikibi ziranduwe. Salomo yanditse ati: “Umunyakibi aba incungu y’umugororotsi.”—Imigani 21:18.
Kubera yuko Imana ari yo Mucamanza, turashobora gushira amazinda yuko mu kintu cose, imanza izocira inkozi z’ikibi zizoba zigororotse. Aburahamu yabajije ati: “Umucamanza w’isi yose ntiyokora ibigororotse?” Inyishu Aburahamu yaronse ni iy’uko Yehova yama nantaryo agororotse. (Itanguriro 18:25) Vyongeye, Bibiliya iradukura amazinda yuko Yehova adahimbarwa no gusangangura inkozi z’ikibi; ivyo abigira gusa igihe ata kundi aba ari bugire.—Ezekiyeli 18:32; 2 Petero 3:9.
Ntidufate minenegwe ibijanye na Harumagedoni
None muri iyo ntambara ikomeye yo kumara igabo abanyakibi, tuzoja ku ruhande rwa nde? Benshi cane muri twebwe, twoca twihutira kuvuga yuko turi ku ruhande rw’ingabo zishigikiye iciza. Ariko none, twoshobora gute kwiyemeza neza ko ari uko biri? Umuhanuzi Zefaniya aduhimiriza ati: “Murondere ubugororotsi, bo n’ukwicisha bugufi.” (Zefaniya 2:3) Intumwa Paulo avuga yuko Imana igomba ko “abantu b’uburyo bwose bakizwa bagashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.”—1 Timoteyo 2:4.
Kwiga ukuri ku bijanye na Yehova be n’umugambi afise wo gukura ubukozi bw’ikibi kw’isi ni intambwe ya mbere ishikana ku bukiriro. Gukora ibigororotse ni intambwe igira kabiri, iyo na yo ikaba ituma dutoneshwa n’Imana tukongera tugakingirwa na yo.
Mu gihe twotera izo ntambwe zihambaye, twoshobora vy’ukuri kwitegana umushasharo Harumagedoni, iyo ikaba ari intambara izorangiza vy’ukuri izindi ntambara zose z’abantu. Iyo ntambara niyamara kurangira, abantu aho bazoba bari hose bazobona ko intambara ari ikintu kitumvikana kandi co kwamirira kure. “Ntibazokwiga kurwana ukundi.”—Yesaya 2:4.
[Akajambo k’epfo]
a Hamwe woba ushaka kumenya nimba Harumagedoni ikwiye gufatwa ko ari ikibanza nya kibanza, raba ikiganiro kivuga ngo “Ivyabajijwe n’abasomyi bacu,” ku rupapuro rwa 31.
[Iciyumviro ku rup. 5]
Ukuhaseruka kw’Imana ikagira ico ikoze mu bijanye n’ivyo abantu bakora, kwitwa Harumagedoni
[Ifoto ku rup. 6]
Megido
[Ifoto ku rup. 6]
Gideyoni be n’abantu biwe baratsinze intambara ikomeye yo kumarana igabo yabereye hafi y’i Megido
[Ifoto ku rup. 6, 7]
Harumagedoni niyamara kurangira, abantu aho bazoba bari hose bazobona ko intambara ari ikintu kitumvikana kandi co kwamirira kure
[Ifoto ku rup. 8]
Kwiga ukuri ku bijanye na Yehova be n’imigambi yiwe ni intambwe ya mbere ishikana ku bukiriro