URURIRIMBO RWA 21
Guma ubanza kurondera Ubwami
Integuro icapuwe
1. Har’igihimbar’Imana:
Ni bwa Bwami bwa Kristu
Bwo buzotunganya vyose,
N’ivyananiy’abantu.
(ICITABIRIZO)
Banz’urondere bwa Bwami
Be n’ukugororoka.
Shemeza Yehova kandi
Ntiwiger’udohoka.
2. Ntuganyir’umusi w’ejo.
Yehov’azodutunga.
Nimba tubanz’ivy’Ubwami
Azotubungabunga.
(ICITABIRIZO)
Banz’urondere bwa Bwami
Be n’ukugororoka.
Shemeza Yehova kandi
Ntiwiger’udohoka.
3. Dutangaze rer’Ubwami,
Dufash’abakwiriye
Ngo bizigire Yehova
N’intwaro yishingiye.
(ICITABIRIZO)
Banz’urondere bwa Bwami
Be n’ukugororoka.
Shemeza Yehova kandi
Ntiwiger’udohoka.
(Raba kandi Zab. 27:14; Mat. 6:34; 10:11, 13; 1 Pet. 1:21.)