ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • th icigwa 11 rup. 14
  • Gushwashwanuka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gushwashwanuka
  • Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Ivyo bijanye
  • Gukora ku mutima abakwumviriza
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Kwigisha ushwashwanutse
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
  • Impuhwe n’ikibabarwe
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Gushikiriza amakuru yigisha
    Niwijukire gusoma no kwigisha
Ibindi
Niwijukire gusoma no kwigisha
th icigwa 11 rup. 14

ICIGWA CA 11

Gushwashwanuka

Icanditswe

Abaroma 12:11

INCAMAKE: Nuvugane igishika kugira utume abakwumviriza bacangamuka no kugira ubavyurire umutima wo kugira ico bakoze.

UKO WOBIGIRA:

  • Nuvuge ibivuye ku mutima. Igihe utegura ikiganiro cawe, nuzirikane cane ukuntu gihambaye. Nutegure neza ivyo uzoshikiriza gushika bikunyuze, ku buryo uzobivuga bivuye ku mutima.

  • Nuzirikane abakwumviriza. Niwiyumvire ukuntu ivyo uzosoma canke ivyo uzokwigisha bizobagirira akamaro. Nurabe ukuntu wobishikiriza ku buryo barushiriza kubiha agaciro.

  • Nuvuge ucangamutse. Nuvugane igishika. Nureke mu maso hawe n’ibimenyetso vy’umubiri ugira biserure ukuntu wiyumva.

    Inama ngirakamaro

    Ntugume usubiramwo ikimenyetso kimwe gusa kuko vyosamaza abakwumviriza. Ntugire ibimenyetso bidafise insobanuro. Nurushirize gushwashwanuka igihe ushitse ku vyiyumviro bihambaye n’igihe uvyurira abakwumviriza umutima wo kugira ico bakoze. Ntugire igishika cinshi mu kiganiro cawe cose, kuko vyotuma abakwumviriza barambirwa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika