Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
1-7 NDAMUKIZA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 ABAKORINTO 7-9
“Kuba umwirebange ni ingabire”
Nukoreshe neza ubwirebange bwawe
3 Umuntu w’umwirebange akenshi usanga afise umwanya be n’umwidegemvyo vyiyongereye kuruta umuntu yubatse. (1 Kor. 7:32-35) Ivyo ni ivyiza bidasanzwe vyoshobora gutuma yagura ubusuku bwiwe, akaguka mu rukundo akunda abandi, akongera akarushiriza kwiyegereza Yehova. Ni co gituma abakirisu batari bake bahavuye batahura ivyiza biva ku bwirebange maze barafata ingingo yo ‘kubwemera,’ n’imiburiburi mu kiringo kinaka. Abandi na bo boshobora kuba batari barategekanije ivyo kuba abirebange, mugabo igihe ivyabo vyahinduka, barabizirikanyeko babijanishije n’isengesho maze barabona yuko na bo nyene bashobora kuvyiyemeza mu mutima babifashijwemwo na Yehova. Gutyo, baremeye ukwo kuntu ivyabo vyari vyahindutse maze baremera ubwirebange.—1 Kor. 7:37, 38.
Ibikurubikuru vyo mu makete ku Bakorinto
7:33, 34—Ibintu “vy’isi” biraza ishinga umugabo canke umugore yubatse ni ibiki? Paulo ashaka kuvuga ibintu vy’ubuzima bwa misi yose abakirisu bubatse bakenera kwitwararika. Ivyo birimwo ibifungurwa, ivyambarwa n’uburaro, mugabo ntibirimwo ibintu bibi vy’iyi si abakirisu biyamiriza.—1 Yoh. 2:15-17.
w96 1/11 8-9 ing. 14
Ubwirebange—Urugi ruja ku gukora ata mitima ibiri
14 Umukirisu w’umwirebange akoresha ukuba atubatse kwiwe kugira akurikirane amahangiro y’ubwikunzi ntaba ‘arushirije kugira neza’ kuruta abakirisu bubatse. Aba agumye ari umwirebange, atari “kubg’ubgami,” ariko ku bw’impamvu yisangije. (Matayo 19:12) Umugabo canke umugore atubatse akwiye “[kw]itwararika ivy’Umukama,” akitwararika “ingene yonezereza Umukama,” kandi ‘akaguma yiyeguriye Umukama adafise imitima ibiri.’ Ivyo bisobanura ko ashira umutima wiwe wose gusukurira Yehova na Kirisitu Yezu, atabangikanije. Aho ni ho gusa abagabo n’abagore bakirisu batubatse baba ‘barushirije kugira neza’ gusumvya abakirisu bubatse.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
lvs 251
Utujambo two ku mpera
Mu bihe bimwebimwe, hari abakirisu bafashe ingingo yo gutandukana n’abo bubakanye naho ata busambanyi bwari bwabaye. (1 Abakorinto 7:11) Umukirisu yoshobora guhitamwo gutandukana n’uwo bubakanye mu bihe nk’ibi:
• Igihe umugabo yanka kuronsa abagize umuryango ivya nkenerwa, ku buryo bahakwa kwicwa n’inzara.—1 Timoteyo 5:8.
• Igihe amusinzikariza ubuzima gushika n’aho abona ko amagara yiwe canke ubuzima bwiwe bigeramiwe.—Abagalatiya 5:19-21.
• Igihe abangamira bimwe bikomeye ubucuti afitaniye na Yehova, mu kugira ibishoboka vyose ngo amubuze gusenga.—Ivyakozwe 5:29.
w00 15/7 31 ing. 2
Urashobora kuguma utanduye muri iyi si yataye ubuntu
Abakiri bato rero, ntibakwiye kwihutira kwubaka izabo igihe batanguye kwumva inambu y’umubiri. Abashaka kwubaka baragiranira indagano, kandi kugira bayishitse bisaba ko baba ari abantu bahumuye. (Itanguriro 2:24) Iciza ni uko umuntu yorindira gushika “amaze kurengana ishurika ry’ubuto,” ni ukuvuga igihe agira icipfuzo gikomeye co guhuza ibitsina ku buryo vyotuma adafata ingingo zibereye. (1 Abakorinto 7:36) N’igihe umuntu aba ageze kwubaka, ntibiranga ubukerebutsi yisutse mu ngeso z’ubuhumbu yitwaje ngo ntaronse uwo bubakana, kandi abigenjeje gutyo aba acumuye.
8-14 NDAMUKIZA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 ABAKORINTO 10-13
“Yehova ni Umwizigirwa”
Ibibazo vy’abasomyi
Intumwa Paulo yanditse yuko Yehova ‘atazotureka ngo tugeragezwe ibirenze ivyo dushobora kwihanganira.’ (1 Kor. 10:13) Vyoba bisobanura ko Yehova asuzuma imbere y’igihe ibigeragezo dushobora kwihanganira, agaca ahitamwo ibizodushikira?
▪ Rimbura ico ivyo vyoca bisobanura. Igihe umwana w’umuvukanyi umwe yiyahura, nya muvukanyi yabajije ati: ‘Yehova yoba yarasuzumye imbere y’igihe yuko twe n’umukenyezi wanje twoshoboye kwihanganira urupfu rw’umuhungu wacu? Vyoba vyashitse kubera ko Imana yari yamaze kubona yuko twoshoboye kuvyihanganira?’ Umuntu rero yokwibaza nimba hari imvo yumvikana yotuma twemera ko Yehova agena imbere y’igihe ibidushikira mu buzima.
Turimbuye twitonze ivyo Paulo yavuze mu 1 Abakorinto 10:13, dushika kuri iki ciyumviro: Nta mvo n’imwe ishingiye ku Vyanditswe yotuma twemera ko Yehova asuzuma imbere y’igihe ibigeragezo dushobora kwihanganira, agaca ahitamwo ibizodushikira. Reka turimbure imvo zine zituma dushika kuri ico ciyumviro.
Ubwa mbere, Yehova yaremanye umuntu umwidegemvyo wo kwihitiramwo. Yipfuza ko twihitiramwo mu buzima. (Gus. 30:19, 20; Yos. 24:15) Duhisemwo neza, turashobora kwitega ko Yehova ayobora intambuko zacu. (Imig. 16:9) Ariko duhisemwo nabi, ntitubura gushikirwa n’ingaruka mbi. (Gal. 6:7) None nka hamwe Yehova yoduhitiramwo ibigeragezo bidushikira, ubwo ntiyoba ahonyanze umwidegemvyo yaduhaye wo kwihitiramwo?
Ubwa kabiri, Yehova ntadukingira “ibihe be n’ibishika giturumbuka.” (Umus. 9:11) Ivyago birashobora guhitana umuntu bimusanze aho yibereye, atari avyiteze. Yezu yaravuze ibijanye n’icago cahitanye abantu 18 igihe umunara umwe wabagwako, aca arerekana neza ko Imana atari yo yateje iryo sanganya. (Luka 13:1-5) Wumva none vyumvikana ko Imana yogena imbere y’igihe uwuhitanwa n’impanuka be n’uwuyirokoka?
Ubwa gatatu, ikibazo c’ukudahemuka kirerekeye umwe wese ku giti ciwe. Niwibuke ko Shetani yavuze yuko abasavyi ba Yehova bamukorera kubera ivyo abaha, ko rero tutoguma turi intahemuka kuri Yehova hamwe twohura n’ibigeragezo. (Yobu 1:9-11; 2:4; Ivyah. 12:10) None hamwe Yehova yodukingira ibigeragezo bimwebimwe ngo kubera ko tutoshobora kuvyihanganira, ubwo ntiyoba ariko ashigikira ivyo binyoma vya Shetani?
Ubwa kane, si ngombwa ngo Yehova amenye imbere y’igihe ibidushikira vyose. Kwiyumvira ko Imana ihitamwo imbere y’igihe ibigeragezo bizodushikira, nta ho bitaniye no kuvuga ko itegerezwa kumenya akantu kose kazoshika mu buzima bwacu. Ariko ivyo birahushanye n’ivyo Bibiliya ivuga. Ni ivy’ukuri ko Yehova ashobora kumenya imbere y’igihe ivyo muri kazoza. (Yes. 46:10) Ariko Bibiliya irerekana yuko adahitamwo kumenya akantu kose imbere y’igihe. (Ita. 18:20, 21; 22:12) Naho ashobora kumenya ibintu imbere y’igihe, arubahiriza umwidegemvyo wacu wo kwihitiramwo. None ivyo si vyo twokwitega kuri iyo Mana yubahiriza agateka kacu, kandi itigera irenza urugero mu kuntu igaragaza kamere zayo?—Gus. 32:4; 2 Kor. 3:17.
None dukwiye gutahura gute ivyo Paulo yavuze ati: “Imana . . . ntizobareka ngo mugeragezwe ibirenze ivyo mushobora kwihanganira”? Ng’aho Paulo avuga ivyo Yehova akora igihe turi mu bigeragezo, atari imbere y’uko vyaduka. Ivyo iyo ntumwa yavuze biradukura amazinda yuko naho twoshikirwa n’ikigeragezo kimeze gute, Yehova azodushigikira nitwamwizigira. (Zab. 55:22) Ayo majambo ahumuriza Paulo yavuze, ashingiye ku bintu bibiri vyumvikana.
Ica mbere, ibigeragezo bidushikira ni ‘ibisanzwe bishikira abantu.’ Ibigeragezo rero bishikira bose. Mwene ivyo bigeragezo turashobora kuvyihanganira, turamutse twihetse ku Mana. (1 Pet. 5:8, 9) Imbere y’uko Paulo avuga ibiri mu 1 Abakorinto 10:13, yabanje kuvuga ibijanye n’ibigeragezo Abisirayeli baciyemwo igihe bari mu gahinga. (1 Kor. 10:6-11) Ku Bisirayeli b’intahemuka, nta na kimwe muri ivyo bigeragezo cari akatabonetse canke ngo kibe ico batoshoboye kwihanganira. Paulo yaravuze incuro zine zose yuko “bamwe muri bo” bagararije. Birababaje kubona Abisirayeli bamwebamwe baratwawe n’ivyipfuzo bibi kubera ko batihetse ku Mana.
Ica kabiri, “Imana ni inyizigirwa.” Kuba Yehova yagumye yitwararika abasavyi biwe, birerekana neza ko atigera ahemukira “abamukunda be n’abagumya amabwirizwa yiwe.” (Gus. 7:9) Birerekana kandi ko Yehova yama ashitsa ivyo asezerana. (Yos. 23:14) Turavye ukuntu yagumye ari umwizigirwa muri kahise, abamukunda kandi bamugamburukira barashobora kwizigira ko naho boshikirwa n’ikigeragezo kimeze gute, azoshitsa ibi bintu bibiri yasezeranye: (1) Nta kigeragezo na kimwe azoreka ngo gikomere gushika aho kibananira kwihanganira, (2) ‘azobacira icanzo.’
None Yehova acira icanzo gute abamwihekako igihe bari mu bigeragezo? Ni ivy’ukuri yuko ashobora guca adukurako ico kigeragezo, igihe abona ko bibereye. Ariko rero, niwibuke ko Paulo yavuze ati: “Hamwe na nya kigeragezo, [Yehova azobacira] kandi icanzo kugira mushobore kucihanganira.” Akenshi rero, aducira “icanzo” mu kuturonsa ivyo dukeneye kugira ngo dushobore kwihanganira ibigeragezo. Raba uburyo bumwebumwe ashobora gukoresha mu kuducira icanzo:
▪ Yehova ‘araduhoza mu makuba yacu yose.’ (2 Kor. 1:3, 4) Arashobora kuruhura ubwenge bwacu n’umutima wacu akoresheje Ijambo ryiwe, impwemu yiwe nyeranda, be n’imfungurwa z’ivy’impwemu turonswa na wa mushumba w’umwizigirwa.—Mat. 24:45; Yoh. 14:16; Rom. 15:4.
▪ Arashobora kutuyobora akoresheje impwemu nyeranda. (Yoh. 14:26) Igihe turi mu bigeragezo, iyo mpwemu irashobora kudufasha kwibuka inkuru be n’ingingo ngenderwako dusanga muri Bibiliya, tugaca tumenya neza ico twokora.
▪ Arashobora kudufasha akoresheje abamarayika.—Heb. 1:14.
▪ Arashobora kudufasha akoresheje abo dusangiye ukwemera, bakatubera “imfashanyo ikomeza” biciye ku vyo bavuga no ku vyo bakora.—Kol. 4:11.
Dusigarane iki none ku bijanye n’insobanuro y’ivyo Paulo yavuze mu 1 Abakorinto 10:13? Yehova ntaduhitiramwo ibigeragezo bidushikira. Ariko igihe turi mu bigeragezo, turemera tudakeka ko nitwizigira Yehova duherejeko, atazokwigera areka ngo dushikirwe n’ibigeragezo tudashobora kwihanganira. Azokwama aducira icanzo kugira ngo dushobore kuvyihanganira. Ese ukuntu ivyo bihumuriza!
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibibazo vy’abasomyi
Ni kubera iki mu 1 Ab’i Korinto 10:8 havuga yuko Abisirayeli 23.000 ari bo bapfuye ku musi umwe bivuye ku bushakanyi, mu gihe mu Guharūra 25:9 hatanga igitigiri c’abantu 24.000?
Hariho ibintu bitari bike vyosigura iryo tandukaniro ry’ibitigiri bitangwa muri ivyo vyanditswe bibiri. Ikintu kimwe coroshe gutahura kuruta ibindi vyose, coba ari uko igitigiri nyakuri c’abo bantu kiri hagati ya 23.000 na 24.000, bikaba bituma umuntu ashobora kuronka kimwe muri ivyo bitigiri vyuzuye mu gukurako ibirengako canke mu kwongerako ibibuze.
Rimbura ubundi buryo bushoboka. Intumwa Paulo yarasubiyemwo inkuru y’ivyashikiye Abisirayeli i Shitimu kugira ngo ibere akarorero ko kuburira abakirisu b’i Korinto ha kera, igisagara cari kizwi cane ko kibayeho mu buryo buranga ubushegabo. Yanditse ati: “Kandi ntitugashakane, nk’uko bamwe bo muri ba bandi bāshakanye, maze hagapfamw’abantu ibihumbi mirongwibiri na bitatu ku musi umwe”. Paulo amaze gukuramwo abo Yehova ubwiwe yiyiciye abahoye ubushakanyi, yatanze igitigiri c’abantu 23.000.—1 Ab’i Korinto 10:8.
Ariko rero, mu Guharūra ikigabane ca 25 hatubwira yuko ‘Abisirayeli bifatanije na Bayali y’i Peyori, maze uburake bwa Yehova burabaziriringira’. Yehova yaciye ategeka Musa kwica “abakuru bose baganza abantu”. Musa na we yaciye ategeka abacamanza ngo bashitse iryo tegeko. Amaherezo, igihe Finehasi yaca yica adatebaganye Umwisirayeli yari yazanye Umumidiyanikazi mw’ikambi, “ikīza cā[ra]bogojwe”. Iyo nkuru iherezwa n’aya majambo: “Abishwe n’ico kīza bār’ibihumbi mirongwibiri na bine”.—Guharūra 25:1-9.
Igitigiri gitangwa mu gitabu co Guharūra biboneka yuko kirimwo ba “bakuru . . . baganza abantu” bicwa n’abacamanza hamwe n’abo Yehova ubwiwe yiyiciye. Abo bakuru bishwe n’abacamanza bishoboka ko bashika ku gihumbi, bigaca rero bikwiza igitigiri c’abantu 24.000. Abo bakuru canke abo baja imbere abandi nimba barakoze ubusambanyi, nimba baragize uruhara muri nya birori, canke barashigikiye ababikoze, na bo nyene ‘barifatanije na Bayali y’i Peyori’.
Ku bijanye n’ijambo ‘kwifatanya’, igitabu kimwe kivuga ivya Bibiliya gisigura yuko rishobora gusobanura “kwibohera ku muntu”. Abisirayeli bari ihanga ryiyeguriye Yehova, mugabo igihe ‘bifatanya na Bayali y’i Peyori’, barasambuye ubucuti bari bafitaniye n’Imana bwari bushingiye ku kuba barayiyeguriye. Haheze imyaka 700, Yehova yabwiye Abisirayeli abicishije ku mumenyeshakazoza Hoseya ati: “Bāgiye kuri Bayali y’i Peyori, bīyegurira ako gatētereza, bahinduka umuziro nk’ico nyene bakunze” (Hoseya 9:10). Abagize ivyo bose bari bakwiriye urubanza rubi rw’Imana. Ni co gituma Musa yibukije Abisirayeli ati: “Amaso yanyu yiboneye ivyo Uhoraho yakoze kubga Bayali y’i Peyori; kuk’Uhoraho Imana yanyu yaranduye abantu bose bākurikiye Bayali y’i Peyori, akabakūra hagati muri mwebge”.—Gusubira mu vyagezwe 4:3.
Ibibazo vy’abasomyi
Umwamamaji w’Ubwami w’igitsina-gore yoba abwirizwa kwitwikira igihe ayobora inyigisho ya Bibiliya hari umwamamaji w’igitsina-gabo?
▪ Mu kiganiro “Ibibazo vy’abasomyi” casohowe mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2002, haravuzwe ko mushiki wacu akwiye kwitwikira mu mutwe igihe ayobora inyigisho ya Bibiliya hari umwamamaji w’igitsina-gabo, yaba yarabatijwe canke atarabatizwa. Ico kibazo carasubiye kurimburwa, bica biboneka ko hakwiye kuba igihindurwa kuri ubwo buyobozi.
Nimba uwo mushiki wacu ariko ayobora inyigisho ya Bibiliya aherekejwe n’umwamamaji w’igitsina-gabo yabatijwe, birumvikana ko akwiye kwitwikira. Kubera ko aba ariko arangura uruhara mu bisanzwe rugenewe umuvukanyi, aba rero yerekanye ko yubaha intunganyo Yehova yashizeho yerekeye ubukuru mw’ishengero rya gikirisu. (1 Kor. 11:5, 6, 10) Canke na ho, yoshobora guca asaba uwo muvukanyi akayobora iyo nyigisho, nimba akwije ibisabwa kandi akaba ashoboye kuyiyobora.
Ku rundi ruhande, nimba mushiki wacu ariko ayobora inyigisho ya Bibiliya aherekejwe n’umwamamaji w’igitsina-gabo atarabatizwa kandi akaba atari umugabo wiwe, Ivyanditswe ntibimusaba ko yokwitwikira. Ariko rero, bashiki bacu bamwebamwe boshobora kwumva ijwi ryo mu mutima ribahimiriza kwitwikira no muri ico gihe.
22-28 NDAMUKIZA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 ABAKORINTO 14-16
“‘Imana izoba vyose kuri bose’”
w98 1/7 29 ing. 10
‘Urupfu Ruzorandurwa’
10 “Iherezo” rivugwa ni iherezo rya ya Ngoma ya Kirisitu y’Imyaka Igihumbi, igihe Yezu azosubiza Ubwami Imana yiwe ari yo Se, abigiranye ukwicisha bugufi n’ukudahemuka. (Ivyahishuriwe 20:4) Umugambi w’Imana wo “gukoraniriza vyose muri Kristo” uzoba warangutse. (Abanyefeso 1:9, 10) Mugabo ubwa mbere, Kirisitu azoba yarahoneje “ubukuru bgose, n’ububasha bgose, n’ubushobozi bgose” burwanya ukugomba kw’Imana [Mushoboravyose]. Ivyo birimwo ibiruta ka gatikizo kazoba kuri Harumagedoni. (Ivyahishuriwe 16:16; 19:11-21) Paulo avuga ati: “[Kirisitu] guhangama azokwama ahangamye gushitsa ah’azoshirira abansi biwe bose musi y’ibirenge vyiwe. Urupfu ni we mumenja w’imperēra azorandurwa.” (1 Ab’i Korinto 15:25, 26) Ni vyo, amakanda yose y’icaha n’urupfu bikomoka kuri Adamu nta wuzomenya n’iyo yaciye. Imana itegerezwa rero kuzoba yogeje ‘imva’ mu kugarukana mu buzima abapfuye.—Yohana 5:28.
Ubwami bw’Imana bushitsa kw’isi ivyo Imana igomba
21 Bite ho ku bijanye n’ingaruka ikunze gushika y’indwara, ingaruka ata n’umwe ashobora kwirinda y’igicumuro, ari yo rupfu? Uwo ni we “mwansi wa nyuma” wacu, wa mwansi ateba agatura hasi abantu b’abanyagasembwa bose. (1 Kor. 15:26) Ariko none urupfu rwoba rushobora kunanira Yehova? Raba ivyo Yesaya yavuze: “Urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe bidahera, kandi Umukama Segaba Yehova azohanagura koko amosozi mu maso ha bose.” (Yes. 25:8) Nuse n’uwubona mu bwenge ico gihe. Nta vy’amaziko, ivy’amatongo y’abapfuye, canke ivy’amarira y’intuntu tuzosubira kwumva! Ahubwo hazoba amarira y’umunezero Yehova niyashitsa umuhango uteye akamwemwe yatanze wo kuzura abapfuye! (Soma Yesaya 26:19.) Inguma zitagira uko zingana zatewe n’urupfu zizoba zigiye zakira.
Amahoro mu kiringo c’imyaka igihumbi n’inyuma y’aho!
17 Nta yandi majambo yodondora ukuntu ibintu bizoba vyifashe muri ico gihe c’agaheta yoruta aya avuga ngo: kugira “ngo Imana ibe vyose ku muntu wese.” Ivyo none bisobanura iki? Niwibuke ivyabaye muri Edeni igihe ba bantu batagira agasembwa Adamu na Eva bari mu bagize umuryango wa Yehova wo mw’ijuru no kw’isi urangwa amahoro n’uguhuza. Yehova, we Segaba w’ibiriho vyose, ni we ubwiwe yategeka ibiremwa vyiwe vyose, baba abamarayika canke abantu. Barashobora kuganira na we, bakamusenga kandi akabahezagira. Yari “vyose ku muntu wese.”
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
w12 1/9 9, uruzitiro
Intumwa Paulo yoba yarabujije abakenyezi kuvuga?
Intumwa Paulo yanditse ati: “Abagore nibacereze mu mashengero.” (1 Abakorinto 14:34) None yashaka kuvuga iki? Yoba yashaka gushira hasi ubwenge bwabo? Na buhoro! N’ikivyemeza, yaravuze akatari gake ivyerekeye inyigisho nziza abakenyezi batanga. (2 Timoteyo 1:5; Tito 2:3-5) Mw’ikete Paulo yandikiye Abakorinto, impanuro y’uko umuntu akwiye kuguma ‘acereje’ igihe uwo basangiye ukwemera ariko aravuga, ntiyayihaye gusa abakenyezi mugabo yayihaye n’abari bafise ingabirano yo kuvuga izindi ndimi canke yo kuvuga ubuhanuzi. (1 Abakorinto 14:26-30, 33) Biboneka ko abakenyezi bakirisu baryoherwa cane n’ukwizera gushasha bari bubuye, ku buryo bacira mw’ijambo uwaba ariko aravuga mu kuza barabaza ibibazo, nk’uko vyari bimenyerewe muri ako karere. Kugira ngo ako kajagari karangire, Paulo yaremesheje abakenyezi “[kubaza] abagabo babo bwite i muhira.”—1 Abakorinto 14:35.
“Baguma bakurikira wa Mwagazi w’intama”
6 Kugira ngo dutahure urugero Yehova ashikanako mu kwizigira umushumba w’umwizigirwa, reka tuzirikane ku vyo yasezeraniye abawugize. Intumwa Paulo yanditse ati: “Urumbete ruzovuga, abapfuye [bazurwe] badashobora kubora, natwe [duhindurwe]. Kuko iki kibora gitegerezwa kwambara ukutabora, n’iki gipfa kigategerezwa kwambara ukudapfa.” (1 Kor. 15:52, 53) Abayoboke ba Kristu barobanuwe, bano bakaba basukurira Imana badahemuka kandi bagapfa bafise umubiri w’abantu ubora, barazurirwa kubaho ibihe bidahera ari ibiremwa vy’impwemu bidasanzwe. Bararonswa ukudapfa, ivyo bikaba bisobanura ko baronswa ukubaho ibihe vyose no kutigera barandurwa. Ikigeretseko, bararonka ukutabora, bakagira umubiri utigera utituka kandi bigaragara ko ubwawo ushoboye kwibungabunga. Mu Vyahishuwe 4:4 hadondora ko abo bazuwe bicaye ku ntebe z’ubwami bambaye ingori z’inzahabu ku mitwe yabo. Abakirisu barobanuwe barindiriye kuronka ubuninahazwa bw’ubwami. Ariko, hariho n’ibindi barindiriye.
w98 1/7 29 ing. 7
‘Urupfu Ruzorandurwa’
7 Maze Paulo aravuga ati: “N’ukuzuka kw’abapfuye ni nk’uko: habibga ikibora, hazurwa ikitabora.” (1 Ab’i Korinto 15:42) Umubiri w’umuntu, no mu gihe woba utagira agasembwa, ni uwushobora kubora. Urashobora kwicwa. Nk’akarorero, Paulo yavuze yuko uwazutse Yezu “atazosubira mw iborero.” (Ivyakozwe 13:34) Ntiyokwigeze asubira kugira ubuzima afise umubiri w’umuntu ubora, naho nyene woba ari uwutagira agasembwa. Imibiri Imana iha abasizwe bazutse ni iyidashobora kubora—idashobora kugerwako n’urupfu canke ugutituka. Paulo arabandanya ati: “Habibga igikēngērwa, hazurwa ic’icubahiro; habibga ikinyantege nke, hazurwa ic’inkomezi; habibga umubiri w’inyama, hazurwa umubiri w’impwemu.” (1 Ab’i Korinto 15:43, 44) Mu nyuma Paulo aravuga ati: “Uyu mubiri upfa ukwiye kuzokwambara ukudapfa.” Ukudapfa gusigura ubuzima butagira iherezo, budashobora kwicwa. (1 Ab’i Korinto 15:53; Abaheburayo 7:16) Muri ubwo buryo, abo bene kuzuka bagira “ishusho y’uw’ijuru,” Yezu, uwatumye izuka ryabo rishoboka.—1 Ab’i Korinto 15:45-49.
29 NDAMUKIZA–5 RUSAMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 ABAKORINTO 1-3
“Yehova ni ‘Imana y’uruhoza rwose’”
“Murirane n’abarira”
4 Uwo Muvyeyi wacu yuzuye imbabazi, na we nyene yarabuze abo yikundira. Twovuga nka Aburahamu, Izahaki, Yakobo, Musa be n’Umwami Dawidi. (Guh. 12:6-8; Mat. 22:31, 32; Ivyak. 13:22) Ijambo ry’Imana rivuga ko Yehova ashashaye cane kuzobazura. (Yobu 14:14, 15) Ico gihe bazohimbarwa bongere bagire amagara meza. Niwibuke kandi ko Yehova yabuze Umwana wiwe “yakunda bidasanzwe”, akicwa urw’agashinyaguro. (Imig. 8:22, 30) Nta woronka ingene yodondora umubabaro Yehova ategerezwa kuba yaragize.—Yoh. 5:20; 10:17.
“Murirane n’abarira”
14 Birumvikana rero ko bishobora kutugora kumenya ico twobwira uwurengewe n’intuntu. Naho ari ukwo, Bibiliya ivuga iti: “Ururimi rw’abantu b’inkerebutsi ruravūra.” (Imig. 12:18) Abenshi basanze ka gatabu Iyo Uwo Wakunda Apfuye karimwo amajambo aremesha yo kwirura ababuze. Ariko rero akenshi, ikintu wokora gifasha cane ni ‘ukurirana n’abarira.’ (Rom. 12:15) Umupfakazi yitwa Gaby avuga ko umubabaro yama awuserura mu kurira. Yongerako ati: “Iyo abagenzi bariranye nanje, nca numva nduhuriwe. Bigenze gutyo, nca mbona ko abandi basangiye nanje umubabaro.”
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibibazo vy’abasomyi
“Icemeza” be n’“ikidodo” umukirisu wese yarobanuwe ahabwa n’Imana ni iki?—2 Kor. 1:21, 22.
▪ Icemeza: Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe mu 2 Abakorinto 1:22 ngo “icemeza,” igitabu kimwe kivuga ko “ryakoreshwa mu vy’amategeko no mu vy’ubudandaji,” rikaba risobanura “amahera ya avansi, ayo gufatisha canke ay’ingwati umuntu atanga kugira ngo abe arafata ikintu kanaka, bigatuma kimwegukira imbere y’amategeko, canke bigatuma amasezerano kanaka aba ayemewe.” Igihe umukirisu arobanujwe impwemu nyeranda, aba ahawe icemeza. Ariko impembo yiwe ikwiye iravugwa mu 2 Abakorinto 5:1-5, ikaba ari ukwambara umubiri utabora wo mw’ijuru. Iyo mpembo irimwo kandi uguhabwa ukudapfa.—1 Kor. 15:48-54.
Mu kigiriki ca none, imvugo isa n’iyo irakoreshwa mu kwerekeza ku mpeta yo kureshanya. Iyo mvugo irabereye ku bazoba bagize umugeni wa Kristu w’ikigereranyo.—2 Kor. 11:2; Ivyah. 21:2, 9.
▪ Ikidodo: Muri kahise, ikidodo carakoreshwa nk’umukono werekana nyene ikintu, ko ikintu ari ic’ukuri canke ko umuntu acemeye. Abarobanuwe rero, impwemu nyeranda ibashirako “ikidodo” canke ikimenyetso mu buryo bw’ikigereranyo, kugira ngo yemeze ko begukira Imana. (Ef. 1:13, 14) Ariko rero ico kidodo kiba ntabanduka gatoyi imbere y’uko umuntu apfa ari umwizigirwa canke gatoyi imbere y’uko ya makuba akomeye atangura.—Ef. 4:30; Ivyah. 7:2-4.
Woba wari ubizi?
Ni igiki intumwa Paulo yabona mu bwenge igihe yavuga ibijanye n’“urugendo rw’intsinzi”?
▪ Paulo yanditse ati: “Imana . . . iturongora mu rugendo rw’intsinzi twifatanije na Kristu kandi igatuma akamoto k’ubumenyi buyerekeye kumvikana biciye kuri twebwe ahantu hose! Kuko ku Mana turi akamoto keza ka Kristu mu bariko barakizwa no mu bariko barahona; ku ba kabiri turi akamoto kava mu rupfu kaja mu rupfu, ku ba mbere akamoto kava mu buzima kaja mu buzima.”—2 Abakorinto 2:14-16.
Iyo ntumwa yariko ivuga ibijanye n’umugenzo Abaroma bari bafise wo kugira urugendo rwo kwigina intsinzi rwatera iteka umujenerali yaba yatsinze abansi b’igihugu. Muri ivyo birori, bagenda barerekana iminyago be n’imbohe z’intambara, impfizi z’inka zikaba ziriko zirajanwa aho ziza gutangwako ikimazi, mu gihe nya mujenerali yatahukanye intsinzi be n’ingabo ziwe na bo baba bariko bavugirizwa impundu. Urwo rugendo rurangiye, izo mpfizi zaca zitangwako ikimazi, kandi benshi muri za mbohe barashobora kwicwa.
Ku bijanye n’imvugo mberanya ngo “akamoto keza ka Kristu,” agasobanura ubuzima kuri bamwe kagasobanura urupfu ku bandi, igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The International Standard Bible Encyclopedia) kivuga yuko “ishobora kuba yakuwe ku mugenzo Abaroma bari bafise wo kugenda barosa imibavu bari muri urwo rugendo” rw’intsinzi. Iyo nkoranyabumenyi ibandanya iti: “Ako kamoto kasobanura intsinzi ku bayitahukanye, kibutsa imbohe zafatiwe ku rugamba urupfu rwashobora kuba rubarindiriye.”