ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • fg icig. 6 ibibazo 1-5
  • Ni icizigiro ikihe kiriho ku bapfuye?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni icizigiro ikihe kiriho ku bapfuye?
  • Inkuru nziza iva ku Mana
  • Ivyo bijanye
  • Hoba hariho icizigiro ku bapfuye?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Bigendera Gute Abacu Bapfuye?
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Nitwapfa bizotugendera gute?
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Iyo Umuntu Apfuye Aja he?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
Ibindi
Inkuru nziza iva ku Mana
fg icig. 6 ibibazo 1-5

ICIGWA CA 6

Ni icizigiro ikihe kiriho ku bapfuye?

1. Ni inkuru nziza iyihe yerekeye abapfuye?

Lazaro yakirwa na bashikiwe Marita na Mariya, amaze kuzuka

Igihe Yezu yashika i Betaniya hafi y’i Yeruzalemu, umugenzi wiwe Lazaro yari amaze imisi ine apfuye. Yezu yaciye aja ku mva yiwe ari kumwe na bashiki b’uwo mugabo yari yapfuye, ari bo Marita na Mariya. Isinzi ntiryatevye gukorana. Woba ushobora kwiyumvira umunezero Marita na Mariya bagize igihe Yezu yazura Lazaro agasubira kuba muzima?—Soma Yohani 11:21-24, 38-44.

Marita yari asanzwe azi neza inkuru nziza yerekeye abapfuye. Yari azi ko muri kazoza Yehova azozura abapfuye kugira basubire kuba kw’isi.—Soma Yobu 14:14, 15.

2. Abapfuye bamerewe gute?

Adamu aremwa, mu nyuma na ho yapfuye

Imana yabwiye Adamu iti: “Uri umukungugu, kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo.”—ITANGURIRO 3:19.

Abantu baremwe mu mukungugu. (Itanguriro 2:7; 3:19) Nta mutima w’ubwenge udupfa uri muri twebwe. Turi ibiremwa vy’inyama n’amaraso, akaba ari co gituma ata kintu na kimwe kiri muri twebwe kibandanya kubaho iyo dupfuye. Igihe dupfuye, n’ubwonko bwacu burapfa, ivyiyumviro vyacu bigaca bihera. Ni co gituma ata na kimwe Lazaro yavuze ku kuntu yari ameze igihe yari yapfuye kubera ko abapfuye ata co bazi.—Soma Zaburi 146:4; Umusiguzi 9:5, 6, 10.

Imana yoba ibabariza abapfuye mu muriro? Kubera ko Bibiliya yerekana ko abapfuye ata co bazi, biratomoye rero ko inyigisho y’umuriro udahera ari iy’ikinyoma kandi isiga iceyi Imana. Mbere n’iciyumviro co kubabariza abantu mu muriro ubwaco kirayisesema.—Soma Yeremiya 7:31.

Raba ividewo Abapfuye bamerewe gute?

3. Abapfuye boba bashobora kutuvugisha?

Abapfuye ntibashobora kuvuga canke kwumva. (Zaburi 115:17) Ariko hariho abamarayika b’ababisha bashobora kuvugana n’abantu, bakigira nk’aho ari imizimu y’abo bapfuye. (2 Petero 2:4) Yehova aratubuza ivyo kugerageza gusiguza abapfuye.—Soma Gusubira mu vyagezwe 18:10, 11.

4. Ni bande bazosubira kuba bazima?

Umugabo yazukiye kuba mw’Iparadizo yiga ivyerekeye Imana. Mu nyuma uwo mugabo arafasha mu bijanye no kwigisha abandi bazutse.

Abantu amamiliyoni bapfuye bari mu mva bazosubira kuba bazima babe kw’isi. Hari n’abantu batari bazi Imana kandi bakoze ibintu bibi bazozurwa.—Soma Luka 23:43; Ivyakozwe 24:15.

Abazoba bazutse bazoshobora kwiga ukuri ku vyerekeye Imana no kwerekana ko bizera Yezu mu kumugamburukira. (Ivyahishuriwe 20:11-13) Abazosubira kuba bazima maze bagakora ivyiza bazoshobora kwiberaho ibihe bidahera kw’isi.—Soma Yohani 5:28, 29.

5. Izuka ritwereka iki ku bijanye na Yehova?

Mu kurungika Umwana wayo kugira ngo adupfire, Imana yaratumye icizigiro c’uko abapfuye bazozuka gishoboka. Izuka rero riratwereka urukundo rwa Yehova be n’ubuntu ata wari abukwiriye bwiwe. Abapfuye nibasubira kuba bazima, ni bande canecane wipfuza kuzobona?—Soma Yohani 3:16; Abaroma 6:23.

Ushaka kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 6, ica 7 n’ica 10 vy’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika