UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Wobigirako iki?
Woba uri umukozi w’ishengero mushasha canke umukurambere mushasha? Ushobora kuba ufise ubuhanga, ububangukirwe, canke amashure abandi bagabo bagenywe mw’ishengero iwanyu badafise. Ariko rero, hari vyinshi wokwigira kuri abo bavukanyi be n’abandi bagabo b’abizigirwa batakirangura iryo banga kubera ubusaza, amagara make canke amabanga yo mu muryango.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO UBAHA ABAZI UTUNTU N’UTUNDI, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:
1. Umuvukanyi Déo yerekanye gute ko yubaha umuvukanyi Mariko?
2. Ni ikosa irihe Didasi yakoze, kandi kubera iki?
3. Ni ibiki Didasi yigiye ku karorero ka Elisha?
4. Waba uri umuvukanyi canke mushiki wacu, wokwerekana gute ko wubaha abakirisu bazi utuntu n’utundi kandi ko wipfuza kugira ivyo ubigiyeko?