Kumenya akabanga ko kubumbwa n’ivyo ufise
Mw’ikete riremesha intumwa Paulo yarungikiye abakirisu b’i Filipi, yanditse ati: “Nize kubumbga n’ivyo mfise uko ndi kose. . . . Muri cose no muri vyose nātiwe ibanga ryo mu vyo guhāga no mu vyo gusonza, ryo mu vyo kugira umurengera no mu vyo gukena”.—Ab’i Filipi 4:11, 12.
Ni igiki cafashije Paulo kubumbwa n’ivyo afise? Turavye ukuntu muri iki gihe cacu ukubaho bigoye be n’ukuntu ivy’ubutunzi biguma bihindagurika, nta gukeka ko vyoba ngirakamaro abakirisu b’ukuri bize ukuntu bobumbwa n’ivyo bafise kugira ngo bashobore kuguma bituniye ku murimo wabo barangurira Imana.
MURI iryo kete ryiwe, imbere y’uko avuga ayo majambo, Paulo yaradondoye ivyo yari yarashitseko. Yavuze ati: “Hogira uwundi wese yokwiyumvira kwishimira ivy’umubiri, nomurusha. Nakebge ku musi ugira umunani, nd’uwo mu bgoko bga Isirayeli, nd’uwo mu muryango wa Benyamini, mu Baheburayo nd’Umuheburayo, ku vyo gushimikira ivyagezwe, nd’Umufarisayo; ku vy’ishaka nahama ishengero; ku vy’ukugororoka kuzanwa n’ivyagezwe nta wobonye ic’angaya” (Ab’i Filipi 3:4-6). Vyongeye, kubera yuko Paulo yari Umuyuda w’umunyamwete, yari afise igikorwa yashinzwe n’abaherezi bakuru b’i Yeruzalemu. Ivyo vyose vyatumye yizigira kuronka ububasha be n’icubahiro mu runkwekwe rw’Abayuda, haba ari mu vya politike, mu vy’idini, kumbure no mu vy’amafaranga.—Ivyakozwe 26:10, 12.
Ariko rero, igihe Paulo yacika umusuku mukirisu w’umunyamwete, ibintu vyarahindutse rwose. Yaremeye guheba ku bw’inkuru nziza ivyo yahora akora be n’ibintu vyose vyahora bibonwa ko bihambaye (Ab’i Filipi 3:7, 8). None ico gihe yari kwibeshaho gute? Yoba yari kuronka umushahara kubera ari umusuku? Yokwironkeje gute ivyo akeneye?
Paulo yaranguye ubusuku bwiwe ata mushahara aronka. Kugira ngo ntabere umutwaro abo yasukurira, yarifatanije na Akwila be na Purisikila mu kujisha amahema igihe yari i Korinto, yongera arakora n’ibindi bintu kugira yibesheho (Ivyakozwe 18:1-3; 1 Ab’i Tesalonike 2:9; 2 Ab’i Tesalonike 3:8-10). Paulo yaragize ingendo ndende z’ubumisiyonari zitatu, yongera kandi aragendera amashengero yari akeneye kugenderwa. Kubera ko umwanya wose yawumara mu murimo w’Imana, yari afise ibintu bikeyi vy’umubiri. Akenshi abavukanyi baramuronsa ivyo akeneye. Ariko rero, rimwe na rimwe yarakena akongera akabura ico yiha kubera ibintu bitoroshe yaba arimwo (2 Ab’i Korinto 11:27; Ab’i Filipi 4:15-18). Naho ari ukwo, Paulo ntiyigeze yidodomba kubera ingorane yari arimwo, kandi ntiyanohokera ivyo abandi bafise. Yarakoze aratama abigiranye umutima ukunze be n’agahimbare ku bw’ineza y’abakirisu bagenziwe. Kukaba nkako, Paulo ni we yasubiyemwo amajambo azwi cane ya Yezu avuga ngo: “Gutanga kuzana [agahimbare], kuruta guhabga”. Ese ukuntu ari akarorero kibonekeje kuri twese!—Ivyakozwe 20:33-35.
Ico kubumbwa n’ivyo ufise bisobanura
Ikintu ahanini catumye Paulo agira agahimbare be n’ugushira akanyota, ni ukuntu yatahura ico ari co kubumbwa n’ivyo umuntu afise. None kubumbwa n’ivyo ufise bisobanura iki? Tubivuze mu buryo bworoshe, bisobanura kumarwa ipfa n’ibintu vy’ishimikiro ufise. Ku bijanye n’ivyo, Paulo yabwiye Timoteyo, uwamuherekeza mu busuku ati: “Ariko kwubaha Imana gufatanije no kubūmbga n’ivy’ufise kuvamw’inyungu nyinshi koko: kukw ata co twazanye mw isi kand’ata co dushobora kuyivanamwo. Arikw iyo dufise ivyo turya n’ivyo twambaye biba bitubūmvye”.—1 Timoteyo 6:6-8.
Urabona ko kubumbwa n’ivyo umuntu afise Paulo yabisanishije n’ukwubaha Imana. Yaremeye icese yuko ubuhirwe nyakuri buva ku kwubaha Imana, ni ukuvuga gushira umurimo turangurira Imana mu kibanza ca mbere, atari ugushira imbere ivy’umubiri canke ubutunzi. ‘Ivyo yarya n’ivyo yambara’ ni bwo buryo bwonyene yari afise bwamufasha kubandanya akurikira ukwubaha Imana. Kuri Paulo rero, akabanga ko kubumbwa n’ivyo umuntu afise kwari ukwiheka kuri Yehova, uko ibintu vyoba vyifashe kwose.
Abantu benshi muri iki gihe baragira imyitwarariko myinshi bakabura n’agahimbare kubera yuko batazi ako kabanga canke kubera bakirengagiza. Aho gutsimbataza ukubumbwa n’ivyo bafise, bahitamwo kwishimira amahera be n’ivyo bashobora kuyaguramwo. Ukurata ibidandazwa kugirwa n’amahinguriro be n’ibimenyeshamakuru, gutuma abantu bumva ko badashobora kugira ubuhirwe bataronse ibintu canke amamashini biherutse gusohoka kandi bizimvyezimvye, bagashaka guca babironka ubwo nyene. Ivyo bituma abantu benshi bagwa mu mutego wo gukurikirana amahera be n’ibintu vy’umubiri. Aho kuronka agahimbare n’ugushira akanyota, “bagwa mu nyosha no mu mutego no mu kwifuza kwinshi kw’ubupfu gusinzikaza, kudobeza abantu mu bibonona bikabarandura”.—1 Timoteyo 6:9, 10.
Barize ako kabanga
Mu bihe vya none, vyoba vy’ukuri bishoboka ko umuntu abaho yubaha Imana kandi abumbwa n’ivyo afise hanyuma akaronka agahimbare be n’ugushira akanyota? Egome, birashoboka. Kanatsinda, ivyo ni vyo nyene abantu amamiliyoni bariko baragira muri iki gihe. Barize akabanga ko kubumbwa n’ivy’umubiri bafise. Abo ni Ivyabona vya Yehova biyeguriye Imana, bakora ivyo igomba kandi bakigisha abantu bo mu mihingo yose umugambi wayo.
Rimbura nk’akarorero abitanze kugira bamenyerezwe hanyuma barungikwe kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana ari abamisiyonari mu bihugu batamenyereye (Matayo 24:14). Kenshi na kenshi, uburyo bwo kubaho bwo mu bihugu barungikwamwo, usanga budateye imbere nk’ubwo bari bamenyereye. Nk’akarorero, igihe abamisiyonari bashika mu gihugu kimwe co muri Aziya mu ntango zo mu 1947, inkurikizi z’intambara zari zicibonekeza, kandi amazu makeyi gusa ni yo yari afise amatara y’umuyagankuba. Mu bihugu vyinshi, abamisiyonari basanze ivyo kumesura bigirirwa ku rubaho canke ku mabuye mu ruzi, bakamesura imwimwe n’iminwe aho kumesuza imashini. Mugabo kubera bari baje kwigisha abantu ukuri kwa Bibiliya, baramenyereye ivyo muri ako karere hanyuma barakora cane mu busuku.
Abandi na bo barafashe umurimo w’igihe cose canke barimukira mu turere tutari bwashikanwemwo inkuru nziza. Adulfo aramaze imyaka irenga 50 ari umusuku w’igihe cose mu turere dutandukanye two muri Megizike. Avuga ati: “Nka kumwe kw’intumwa Paulo, jewe n’umukenyezi wanje twarize guhuza n’uko ibintu vyifashe. Nk’akarorero, rimwe mu mashengero twagendeye, nta gisagara na kimwe canke isoko na rimwe vyari biryegereye. Mu gihe cose c’ugufungura, abavukanyi bapfa kurya agatsima baba bashizemwo ibinure bikeyi vy’ingurube be n’umunyu, bagashozako igikombe c’ikawa. Izo ni zo mfungurwa zonyene bari bafise, bakaba bazifungura gatatu ku musi. Gutyo twarize kubaho nk’uko abo bavukanyi bari babayeho. Naraciye mu bintu vyinshi nk’ivyo mu myaka 54 namaze nsukurira Yehova mu murimo w’igihe cose”.
Florentino aribuka ukuntu we n’umuryango wiwe bategerejwe kumenyera ibihe bitoroshe. Mu kwibuka imisi yiwe yo mu ntango, avuga ati: “Dawe yari umudandaza ateye imbere. Yari afise amatongo menshi. Ndacibuka akabati ko kugurishirizako ibintu kari mu mangazini yacu. Hariho agasandugu gapima nk’isantimetero 50 z’ubwaguke n’isantimetero 20 z’amajepfo, kano kakaba kari gafise utwumba tune. Aho ni ho twashira amahera twacuruza ku musi ku musi. Ku mpera y’umusi, kama kuzuye ibingorongoro be n’inoti.
“Mu nyuma, vyose vyarahindutse bukwi na bukwi, turasubira inyuma mu vy’ubutunzi, tuva ku kugira umukimba w’ibintu tuja mu bukene. Twaratakaje ibintu vyose twari dufise kiretse inzu. Ikigeretseko, umwe muri bakurwanje yaragize isanganya, aca akuraho amugara amaguru yompi. Ntitwari bwigere tubona amakuba nk’ayo. Naramaze igihe ntembereza ivyamwa be n’inyama. Narimbura kandi ipampa, imizabibu be n’ivyatsi vy’ibitungwa vyitwa luzerne nkongera nkajamwo mu vy’ukunywesha imirima. Abantu bamwebamwe bantazira mukoravyose. Akenshi mawe yaraturemesha avuga yuko dufise ukuri, rikaba ari itunga ry’ivy’impwemu ryari rifiswe na bake. Ku bw’ivyo, narize kugira vyinshi n’ukugira bike canke kutagira na kimwe. Ubu maze nk’imyaka 25 nsukurira Yehova mu murimo w’igihe cose, ndashobora kuvuga yuko uko umusi wagiye urengana, nagize umunezero wo kumenya yuko nahisemwo uburyo bwiza bwo kubaho, ni ukuvuga gusukurira Yehova mu murimo w’igihe cose”.
Bibiliya itubwira ishimika yuko ‘uko isi imeze uku kugenda guhinduka’. Ku bw’ivyo, iduhimiriza kandi iti: “Abanezerewe bamere nk’abatanezerewe, n’abagura bamere nk’abatagira ico bafise, n’abakoresha ivy’isi, bamere nk’abatabishishikaye”.—1 Ab’i Korinto 7:29-31.
Iki ni co gihe rero co gusuzuma witonze uburyo ubayeho. Nimba ufise uburyo buke, uraba maso ntuhave ugira inzika, mbere ntuhave usanga wuzuye umururazi n’ukunohokera ivy’abandi. Ku rundi ruhande, ivyo ufise uko bingana kwose, vyoba biranga ubukerebutsi ubishize mu kibanza kibereye mu buzima bwawe kugira ngo ntibihave biba ari vyo bikwiganzira. Nk’uko intumwa Paulo yagabishije, uko biri kwose, ntushire icizigiro ku ‘butunzi butari ubwo kwishimirwa, ariko wishimire Imana, iduha vyose bisesekaye, ngo tubinezerererwe. Ivyo ubikoze, na wewe rero urashobora kuvuga yuko wamenye akabanga ko kubumbwa n’ivyo ufise.—1 Timoteyo 6:17-19.
[Ifoto ku rup. 9]
Paulo yakoresha ayiwe maboko kugira ngo ntabere umutwaro abandi
[Ifoto ku rup. 10]
Abantu ibihumbi n’ibihumbi bariko baronkera agahimbare mu buzima bw’‘ukwubaha Imana gufatanije n’ukubumbwa n’ivyo umuntu afise’