ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • re ikig. 14 rup. 74-82
  • Ubwiza bw’intebe y’ubwami ya Yehova yo mw’ijuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubwiza bw’intebe y’ubwami ya Yehova yo mw’ijuru
  • Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ubwiza bukayangana bwa Yehova
  • Ba bakurambere 24 ni bande?
  • Imiravyo, amajwi n’imituragaro
  • Amatara y’umuriro n’ikiyaga c’ikiyo
  • “Ibinyabuzima bine”
  • Ugusamirana kw’amashemezo aturwa Yehova
  • “Ni nde abereye kuzingurura uwo muzingo?”
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Wewe Woba Ushima Ishirahamwe rya Yehova?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Ivyahishuriwe Yohani
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Intebe y’Ubwami ya Yehova yo mw’ijuru
    Ririmbira Yehova amashemezo
Ibindi
Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
re ikig. 14 rup. 74-82

Ikigabane ca 14

Ubwiza bw’intebe y’ubwami ya Yehova yo mw’ijuru

Iyerekwa rya 2​—Ivyahishuwe 4:1–5:14

Ibivugwamwo: Ibintu biteye akoba bibera imbere y’intebe y’ubwami Imana icirako imanza

Igihe birangukirako: Iryo yerekwa ryerekeye ibintu biba kuva mu 1914 gushika ku mpera ya ya myaka igihumbi be n’inyuma yaho, igihe ibiremwa vyose mw’ijuru no kw’isi bizoshemeza Yehova.—Ivyahishuwe 5:13

1. Kubera iki dukwiye kwitwararika cane ivyo Yohani atuyagira mu vyo yeretswe?

YOHANI aratangura kutuyagira ibindi bintu vy’inkoramutima yeretswe. Biciye ku guhumekerwa, aracari mu musi w’Umukama. Ni co gituma ivyo avuga bihambaye cane kuri twebwe tubayeho muri ico gihe c’umusi w’Umukama. Biciye ku vyo Yohani yerekwa, Yehova araduhishurira ibintu bitaboneka vyo mw’ijuru kandi akatubwira ingene ubwiwe abona ibijanye n’imanza azoshitsa kuri iyi si. Vyongeye, twaba dufise icizigiro co kuba mw’ijuru canke kw’isi, ivyo ahishura biradufasha kubona ikibanza dufise mu mugambi wiwe. Ku bw’ivyo, twese dukwiye kubandanya kwitwararika cane amajambo Yohani avuga ati: “Hahiriwe uwusoma n’ijwi ryumvikana be n’abumva amajambo y’ubu buhanuzi, kandi bakubahiriza ibintu vyanditswe muri bwo.”—Ivyahishuwe 1:3.

2. Ubu na ho Yohani abona iki?

2 Ivyo Yohani aca abona birarengeye ibintu vyose umuntu yobona mu masenema muri iki gihe! Yandika ati: “Inyuma y’ivyo, ngize ntya mbona umuryango wuguruye mw’ijuru, kandi ijwi rya mbere numvise ryari nk’iry’urumbete, rivugana nanje, riti: ‘Duga hano, nkwereke ibintu bitegerezwa kuba.’” (Ivyahishuwe 4:1) Mu vyo Yohani yerekwa, arinjira aho Yehova ari mw’ijuru hataboneka, kure cane y’ikirere kibonwa n’abahinga mu vy’imibumbe, mbere kure cane ya vya bigwibigwi vy’inyenyeri vyo mu kirere. Nk’aho Yohani yoba yinjiye mu muryango wuguruye, arahabwa ikaze ngo aratire ijisho ibintu vy’akumiza vyo mw’ijuru rininahaye, aho Yehova ubwiwe avyagiye ku ntebe y’ubwami. (Zaburi 11:4; Yesaya 66:1) Mbega agateka!

3. Iryo jwi rimeze “nk’iry’urumbete” ritwibutsa iki, kandi ritegerezwa kuba rikomoka kuri nde?

3 Bibiliya ntitubwira nyene iryo “jwi rya mbere” uwo ari we. Nka kumwe kwa rya jwi rikomeye rya Yezu ryari ryumvikanye imbere y’aho, ni ijwi ryo gutegeka rimeze nk’iry’urumbete. (Ivyahishuwe 1:10, 11) Bica bitwibutsa rya jwi rikomeye ry’inzamba ryamenyesha ko Yehova yari ku Musozi Sinayi. (Kuvayo 19:18-20) Nta gukeka ko ubwo butumire bukomoka kuri Yehova. (Ivyahishuwe 1:1) Yaruguruye umuryango kugira Yohani ashobore kubona ahantu heranda kuruta ahandi hose mu karere amahanga Yehova agaba akaganza.

Ubwiza bukayangana bwa Yehova

4. (a) Ivyo Yohani yeretswe bifitiye akamaro akahe abakirisu barobanuwe? (b) Ivyo yeretswe bifitiye akamaro akahe abafise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera?

4 None Yohani abona iki? Reka tumwumvirize atuyagire ibintu bitangaje abona. Agira ati: “Hanyuma y’ivyo, buno nyene mba mu bubasha bw’impwemu: maze mbona intebe y’ubwami yari mu kibanza cayo mw’ijuru, kandi hari uwari yicaye kuri nya ntebe.” (Ivyahishuwe 4:2) Mu kanya isase, inguvu zikora z’Imana zirajana Yohani mu buryo bw’impwemu zikamushikana imbere y’intebe y’ubwami ya Yehova. Mbega igitangaza! Arerekwa ubwiza butangaje bw’ijuru ubwaryo aho we n’abandi bakirisu barobanuwe babikiwe “intoranwa itabora, idahumanye [kandi] idakabirana.” (1 Petero 1:3-5; Abafilipi 3:20) Ivyo Yohani yeretswe birahambaye no ku bafise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera. Birabafasha gutahura ubuninahazwa bwa Yehova n’ubw’intwaro yo mw’ijuru akoresha mu gucira urubanza amahanga, mu nyuma na ho akazoyikoresha mu gutegeka abantu bazoba baba kw’isi. Vy’ukuri, Yehova ni Imana itunganya ibintu mu buryo bwiza igitangaza!

5. Ni ibiki Yohani abona vyagereranywa na wa murumyo w’isandugu y’isezerano?

5 Vyinshi mu vyo Yohani abona aho mw’ijuru birasa n’ivyari muri ya taberenakulo yo mu bugaragwa. Hari haciye nk’imyaka 1.600 Abisirayeli bayubatse ngo ibabere intimatima y’ugusenga kw’ukuri. Aheranda Rwose h’iyo taberenakulo wahasanga isandugu y’isezerano, kandi Yehova ubwiwe yavugira hejuru y’umurumyo w’inzahabu w’iyo Sandugu. (Kuvayo 25:17-22; Abaheburayo 9:5) Ku bw’ivyo, umurumyo w’iyo Sandugu wagereranya intebe y’ubwami ya Yehova. Ubu rero Yohani arabona ico ivyo vyagereranya, ni ukuvuga Umukama Segaba Yehova ubwiwe avyagiye mu buninahazwa ku ntebe yiwe y’ubwami ininahaye yo mw’ijuru!

6. Yohani atubwira ko Yehova ameze gute, kandi kubera iki ivyo bibereye?

6 Mu buryo butandukanye n’abandi bahanuzi bari bareretswe intebe y’ubwami ya Yehova, Yohani we ntadondora cane wa Mweranda ayicayeko. (Ezekiyeli 1:26, 27; Daniyeli 7:9, 10) Mugabo aratubwira ukuntu abona uwo ayicayeko, ati: “Kandi uwari yicaye, uravye ishusho yiwe, yasa n’ibuye ryitwa yasipi be n’ibuye ry’agaciro ry’ibara ritukura, hirya no hino ya nya ntebe na ho hakaba umunywamazi usa n’ibuye ry’agaciro ryitwa emerode.” (Ivyahishuwe 4:3) Mbega ubwiza bw’akataraboneka! Yohani abona ubwiza bukayangana, bumeze nk’ubw’amabuye y’agaciro yakaka kandi aca ibibatsi. Ese ukuntu ivyo bihuye neza n’ingene umwigishwa Yakobo adondora Yehova mu kuvuga ko ari “Se w’imico yo mw’ijuru”! (Yakobo 1:17) Haciye igihe gitoyi Yohani yanditse igitabu c’Ivyahishuwe, yariyemereye ati: “Imana [ni] umuco, kandi ntihaba umwiza namba mu bumwe na yo.” (1 Yohani 1:5) Emwe, Yehova ni Imana y’ubuninahazwa bw’akaburarugero koko!

7. Kuba intebe y’ubwami ya Yehova ikikujwe n’umunywamazi bitwigisha iki?

7 Niwibuke ko Yohani abona umunywamazi w’ibara ry’urwatsi rutoto risa n’ibuye ry’agaciro ryitwa emerode ukikuje iyo ntebe. Ijambo ry’ikigiriki (irʹis) ryahinduwe ng’aho ngo umunywamazi ryerekeza ku muzingi. Umunywamazi utangura kuvugwa muri Bibiliya ku bijanye n’igihe ca Nowa. Aho amazi ya wa Mwuzure amariye gukama, Yehova yarashize umunywamazi mu gicu, maze arasigura ico wagereranya ati: “Nshize koko umunywamazi wanje mu gicu, kandi uzoba ikimenyetso c’isezerano hagati yanje n’isi. Nanje nzokwibuka koko isezerano ryanje riri hagati yanje namwe be n’igifise ubuzima cose mu biri n’umubiri vyose; kandi amazi ntazosubira gucika umwuzure wo guhonya ibiri n’umubiri vyose.” (Itanguriro 9:13, 15) None ivyo Yohani yeretswe mw’ijuru vyamwibukije iki? Umunywamazi yabonye utegerezwa kuba wamwibukije ko dukeneye kugiranira amahoro na Yehova, amahoro nk’amwe abagize umugwi wa Yohani bafitaniye na we muri iki gihe. Ushobora kandi kuba wamwibukije amahoro n’itekane birangwa aho Yehova ari, itekane abantu bose bagamburuka bazokwironkera Yehova niyasanza ihema ryiwe ku bantu mw’isi nshasha.—Zaburi 119:165; Abafilipi 4:7; Ivyahishuwe 21:1-4.

Ba bakurambere 24 ni bande?

8. Ni bande Yohani abona bakikuje ya ntebe y’ubwami, kandi bagereranya bande?

8 Yohani yari asanzwe azi ko kera abaherezi ari bo bakorera mw’itaberenakulo. Ashobora rero kuba yaratangaye igihe yabona ivyo aca atwiganira, ati: “Kandi hirya no hino ya nya ntebe hari intebe z’ubwami mirongo ibiri na zine, kandi kuri izo ntebe z’ubwami mbona hicaye abakurambere mirongo ibiri na bane bambaye impuzu zo hejuru zera, ku mitwe yabo na ho hakaba ingori z’inzahabu.” (Ivyahishuwe 4:4) Ego cane, aho kubona abaherezi, abona abakurambere 24 bicaye ku ntebe z’ubwami kandi bambaye ingori. None abo bakurambere ni bande? Si abandi, ni abarobanuwe bo mw’ishengero rya gikirisu bazuwe bakaba bari mu kibanza co mw’ijuru Yehova yabasezeraniye. Ivyo tubibwirwa n’iki?

9, 10. Tubwirwa n’iki ko ba bakurambere 24 bagereranya ishengero ry’abakirisu barobanuwe bari mu kibanza cabo kininahaye mw’ijuru?

9 Ubwa mbere hoho, bambaye ingori. Bibiliya ivuga ko abakirisu barobanuwe baronka ‘urugori rutabora’ be n’uko bahabwa ubuzima budahera, ni ukuvuga ukudapfa. (1 Abakorinto 9:25; 15:53, 54) Ariko kubera ko abo bakurambere 24 bicaye ku ntebe z’ubwami, izo ngori z’inzahabu zigereranya ubukuru bwa cami. (Gereranya n’Ivyahishuwe 6:2; 14:14.) Ivyo birahuye n’iciyumviro c’uko abo bakurambere 24 bagereranya abayoboke ba Yezu barobanuwe bamaze gushika mu kibanza cabo co mw’ijuru, kubera Yezu yabasezeraniye ko bazokwicara ku ntebe z’ubwami mu Bwami bwiwe. (Luka 22:28-30) Uretse Yezu n’abo bakurambere 24, nta wundi bivugwa ko ategeka ari mw’ijuru imbere ya Yehova, mbere naho boba ari abamarayika.

10 Ivyo birahuye n’umuhango Yezu yahaye ishengero ry’i Lawodiseya, ati: “Uwutsinda nzomuha kwicarana nanje ku ntebe y’ubwami yanje.” (Ivyahishuwe 3:21) Ariko igikorwa abo bakurambere 24 bashingwa mw’ijuru si ico gutegeka gusa. Mu ntango y’igitabu c’Ivyahishuwe, Yohani yavuze ku bijanye na Yezu ati: “Yatugize ubwami, abaherezi ku Mana yiwe ikaba na Data.” (Ivyahishuwe 1:5, 6) Abo bantu ni abami bakaba n’abaherezi. “Bazoba abaherezi b’Imana n’aba Kristu, kandi bazoganzanya na we . . . imyaka igihumbi.”—Ivyahishuwe 20:6.

11. Ni kubera iki bibereye kubona abo bakurambere ari 24, kandi ico gitigiri gisobanura iki?

11 None ico gitigiri c’abakurambere 24 Yohani abona bakikuje intebe y’ubwami gisobanura iki? Ico gitigiri kirafitaniye isano cane n’abaherezi b’abizigirwa bo muri Isirayeli ya kera. Intumwa Petero yandikiye abakirisu barobanuwe ati: “Mwebwe muri ‘ubwoko bwatowe, ubuherezi bwa cami, ihanga ryeranda, igisata c’inyegu yiharijwe.’” (1 Petero 2:9) Biri n’ico bivuze kubona abo baherezi b’Abayuda bari bagabuye mu mice 24. Kugira igikorwa ceranda kirangurwe ubudasiba, umuce umwumwe wose mu mwaka wari ufise amayinga wakoramwo igikorwa imbere ya Yehova. (1 Ngoma 24:5-19) Birabereye rero kubona Yohani yeretswe abakurambere 24 bariko barangura igikorwa c’ubuherezi mw’ijuru kubera ko bakorera Yehova ubudasiba. Igitigiri c’abatahukana intsinzi nicamara gukwira, bazoba bagize imice 24, umwumwe urimwo abantu 6.000, kuko mu Vyahishuwe 14:1-4 hatubwira ko hariho abantu 144.000 (24 x 6.000) “baguzwe bakuwe mu bantu” kugira bahagarare ku Musozi Siyoni wo mw’ijuru bari kumwe na wa Mwagazi w’intama Yezu Kristu. Kubera ko igitigiri 12 gisobanura ishirahamwe Imana ibona ko ritunganijwe neza, igitigiri 24 (12 x 2) gica gishimika kuri ico ciyumviro.

Imiravyo, amajwi n’imituragaro

12. Ubu na ho Yohani abona iki kandi yumva iki, vyongeye, “imiravyo n’amajwi n’imituragaro” bitwibutsa iki?

12 None ubu na ho Yohani abona iki kandi yumva iki? Agira ati: “Kandi kuri nya ntebe hava imiravyo n’amajwi n’imituragaro.” (Ivyahishuwe 4:5a) Emwe, ivyo bica bitwibutsa ibindi bihe Yehova yagaragaje ububasha bwiwe mu buryo buteye ubwoba! Nk’akarorero, ku bijanye n’igihe Yehova ‘yamanuka’ ku Musozi Sinayi, Musa yanditse ati: “Ku musi ugira gatatu mu gitondo, hatangura kuba imituragaro n’imiravyo, n’igicu kizitanye ku musozi, n’ijwi ryumvikana cane ry’inzamba. . . . Maze ijwi ry’inzamba rirushirije kuguma riduga, Musa atangura kuvuga, Imana y’ukuri na yo itangura kumwishura n’ijwi.”—Kuvayo 19:16-19.

13. Imiravyo iva ku ntebe y’ubwami ya Yehova igereranya iki?

13 Mu kiringo c’umusi w’Umukama, Yehova arerekana ububasha bwiwe mu buryo butangaje. Ariko rero, ntakoresha imiravyo buravyo kuko ivyo Yohani abona ari ibimenyetso. None iyo miravyo igereranya iki? Mu bisanzwe imiravyo iratanga umuco, ariko kandi irashobora no kwica. Ku bw’ivyo, iyo miravyo iva ku ntebe y’ubwami ya Yehova igereranya umuco yagiye araronsa abasavyi biwe, ariko canecane ikagereranya ubutumwa bwiwe bukaze bujanye n’imanza.—Gereranya na Zaburi 18:14; 144:5, 6; Matayo 4:14-17; 24:27.

14. Ni mu buryo ki amajwi yasamiranye muri iki gihe?

14 Ayo majwi yoyo asobanura iki? Igihe Yehova yamanuka ku Musozi Sinayi, hari ijwi ryavuganye na Musa. (Kuvayo 19:19) Amategeko menshi n’ubutumwa bwinshi dusanga mu gitabu c’Ivyahishuwe vyagiye biratangwa n’amajwi ava mw’ijuru. (Ivyahishuwe 4:1; 10:4, 8; 11:12; 12:10; 14:13; 16:1, 7; 18:4; 19:5; 21:3) No muri iki gihe, Yehova yarahaye abasavyi biwe amategeko n’ubutumwa kugira barushirize gutahura ubuhanuzi n’ingingo ngenderwako dusanga muri Bibiliya. Akenshi amakuru ajanye n’umuco mushasha yagiye arashikirizwa ku mahwaniro mpuzamakungu, ukwo kuri kwo muri Bibiliya kuraheza gutangazwa kw’isi yose. Mu kwerekeza ku bamamaji b’inkuru nziza b’intahemuka, intumwa Paulo yavuze ati: “Erega nkako, ‘ijwi rya[bo] ryagiye mw’isi yose, kandi amajambo ya[bo] yashitse ku mpera z’isi.’”—Abaroma 10:18.

15. Ni imituragaro bwoko ki yavuye kuri ya ntebe y’ubwami muri iki kiringo c’umusi w’Umukama?

15 Umuravyo ukunze guherekezwa n’umuturagaro. Dawidi yavuze ko “ijwi rya Yehova” ari umuturagaro. (Zaburi 29:3, 4) Igihe Yehova yatabara Dawidi abansi biwe, Dawidi yavuze ko umuturagaro wavuye kuri Yehova. (2 Samweli 22:14; Zaburi 18:13) Elihu yabwiye Yobu ko ijwi rya Yehova ryasana nk’umuturagaro igihe akora “ibintu bikomeye tudashobora kumenya.” (Yobu 37:4, 5) Muri iki kiringo c’umusi w’Umukama, Yehova ‘yaraturagaye’ mu kugabisha abantu ku bintu bikomeye agiye gukorera abansi biwe. Ukwo kwasana kw’imituragaro y’ikigereranyo kwarumvikanye kwisubiriza mw’isi yose. Urahiriwe nimba warateze yompi ubwo butumwa bwasana nk’umuturagaro kandi ukaba uriko urakoresha neza ururimi rwawe kugira ngo burushirize gusamirana!—Yesaya 50:4, 5; 61:1, 2.

Amatara y’umuriro n’ikiyaga c’ikiyo

16. Ya “matara indwi y’umuriro” asobanura iki?

16 Ni ibiki kandi Yohani abona? Avuga ati: “Kandi hari amatara indwi y’umuriro yakira imbere ya nya ntebe, ayo akaba agereranya za mpwemu indwi z’Imana. Kandi imbere ya nya ntebe hari ico womenga ni ikiyaga c’ikiyo kimeze nk’ibuye ry’agaciro ryitwa kirisitalo.” (Ivyahishuwe 4:5b, 6a) Yohani ubwiwe aratubwira insobanuro y’ayo matara indwi, ati: “Ayo . . . agereranya za mpwemu indwi z’Imana.” Igitigiri indwi cerekana ikintu Imana ibona ko cuzuye. Ku bw’ivyo, ayo matara indwi ategerezwa kuba agereranya ububasha bwuzuye impwemu nyeranda ifise bwo gutanga umuco. Ese ukuntu abagize umugwi wa Yohani bakenguruka kuba barajejwe uwo muco n’ibanga ryo kuwuronsa abantu bo kw’isi bashonje mu buryo bw’impwemu! Ese ingene duhimbarwa kubona uko umwaka utashe amakopi imiliyoni amajana y’ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi abandanya kurasa uwo muco mu ndimi 205!—Zaburi 43:3.

17. “Ikiyaga c’ikiyo kimeze nk’ibuye ry’agaciro ryitwa kirisitalo” kigereranya iki?

17 Yohani kandi arabona “ikiyaga c’ikiyo kimeze nk’ibuye ry’agaciro ryitwa kirisitalo.” None ico kiyaga coba gisobanura iki ku batumiwe mu kirimba ca Yehova co mw’ijuru? Paulo yaravuze ingene Yezu yejeje ishengero mu “[kuryuhagiza] amazi biciye kuri rya jambo.” (Abanyefeso 5:26) Imbere y’uko Yezu apfa, yabwiye abigishwa biwe ati: “Mwebwe musanzwe mutyoroye kubera ijambo nababwiye.” (Yohani 15:3) Ico kiyaga c’ikiyo kimeze nka kirisitalo rero gitegerezwa kuba kigereranya Ijambo ry’Imana ryanditse rityorora abantu. Kugira ngo abagize bwa buherezi bwa cami barenguke imbere ya Yehova, bategerezwa kuba baratyorowe n’Ijambo ryiwe bimwe bishitse.

“Ibinyabuzima bine”

18. Yohani abona iki hagati ya ntebe y’ubwami no hirya no hino yayo?

18 Ubu na ho Yohani arabona ikindi kintu. Yandika ati: “Kandi hagati ya nya ntebe no hirya no hino yayo hari ibinyabuzima bine vyuzuyeko amaso imbere n’inyuma.”—Ivyahishuwe 4:6b.

19. Vya binyabuzima bine bigereranya iki, kandi ivyo tubibwirwa n’iki?

19 None ivyo biremwa bigereranya iki? Ivyo umuhanuzi Ezekiyeli yeretswe biradufasha kuronka inyishu. Ezekiyeli yarabonye Yehova avyagiye ku mukogote wo mw’ijuru, ukaba wari kumwe n’ibinyabuzima bisa n’ivyo Yohani adondora. (Ezekiyeli 1:5-11, 22-28) Mu nyuma, Ezekiyeli yarasubiye kubona uwo mukogote wariko intebe y’ubwami uri kumwe na vya binyabuzima. Ariko ico gihe hoho yavuze ko ivyo binyabuzima ari abakerubi. (Ezekiyeli 10:9-15) Ivyo binyabuzima bine Yohani abona bitegerezwa kuba bigereranya abakerubi indiri b’Imana, ni ukuvuga ibiremwa bifise ikibanza co ku rwego rwo hejuru mu ndinganizo yayo y’abamarayika. Yohani ntatangara abonye abakerubi iruhande ya Yehova, kuko muri ya taberenakulo ya kera hariho abakerubi babiri b’inzahabu bahagaze ku murumyo w’isandugu y’isezerano, na yo ikaba yagereranya intebe y’ubwami ya Yehova. Hagati y’abo bakerubi ni ho ijwi rya Yehova ryatangariza amabwirizwa yahabwa ihanga ry’Abisirayeli.—Kuvayo 25:22; Zaburi 80:1.

20. Ni mu buryo ubuhe twovuga ko vya binyabuzima bine biri “hagati ya nya ntebe no hirya no hino yayo”?

20 Ivyo binyabuzima bine biri “hagati ya nya ntebe no hirya no hino yayo.” None ivyo bisobanura iki vy’ukuri? Bishobora gusobanura ko bikikuje iyo ntebe ku buryo kimwe cose gihagaze hagati na hagati ku ruhande rumwerumwe. Ni co gituma abahinduye Bibiliya imwe (Today’s English Version) baseruye muri make ico ciyumviro bafatiye ku mvugo yo mu kigiriki co mu ntango, bati: “Bikikuje intebe y’ubwami ku mpande zayo zose.” Canke na ho, iyo mvugo yoshobora gusobanura ko ivyo binyabuzima bine biri hagati na hagati mw’ijuru aho iyo ntebe y’ubwami iri. Kumbure ni co gituma Bibiliya imwe (Bible de Jérusalem) ihahindura ngo “biri hagati, bikikuje intebe y’ubwami ubwayo.” Igihambaye ni uko abo bakerubi bari hafi y’intebe y’ubwami ya Yehova, nka kumwe kwa ba bakerubi Ezekiyeli yabona ku mpande zose z’umukogote ugereranya ishirahamwe rya Yehova. (Ezekiyeli 1:15-22) Ivyo vyose birahuye n’amajambo dusanga muri Zaburi 99:1, agira ati: “Yehova ubwiwe acitse umwami. . . . Yicaye ku bakerubi.”

21, 22. (a) Yohani adondora gute vya binyabuzima bine? (b) Kimwekimwe cose muri vyo kigereranya iki?

21 Yohani arabandanya ati: “Ikinyabuzima ca mbere cari kimeze nk’intambwe, ikinyabuzima ca kabiri na co nk’ikimasa, ikinyabuzima ca gatatu na co cari gifise mu maso nk’ah’umuntu, ikinyabuzima ca kane na co kikaba kimeze nk’inkona iriko iraguruka.” (Ivyahishuwe 4:7) Ni kubera iki ivyo binyabuzima bine bidasa? Biboneka yuko ikinyabuzima kimwekimwe cose kigereranya kamere kanaka y’Imana. Ica mbere gisa n’intambwe. Muri Bibiliya, intambwe igereranya umutima rugabo, canecane mu bijanye no gushitsa ubutungane n’ubugororotsi. (2 Samweli 17:10; Imigani 28:1) Ku bw’ivyo, birabereye ko intambwe igereranya kamere y’Imana yo gushitsa ubutungane ibigiranye umutima rugabo. (Gusubira mu vyagezwe 32:4; Zaburi 89:14) Ica kabiri gisa n’ikimasa. Iyo ubonye ishuri uca wibuka kamere iyihe? Ku Bisirayeli, ishuri cari ikintu c’agaciro kubera ububasha bwayo. (Imigani 14:4; raba kandi Yobu 39:9-11.) Ikimasa rero kigereranya ububasha, inguvu Yehova atanga.—Zaburi 62:11; Yesaya 40:26.

22 Ikinyabuzima kigira gatatu gifise mu maso nk’ah’umuntu. Ivyo bitegerezwa kuba bigereranya urukundo rw’Imana, kubera yuko kw’isi umuntu wenyene ari we yaremwe mw’ishusho y’Imana, afise kamere iruta izindi zose y’urukundo. (Itanguriro 1:26-28; Matayo 22:36-40; 1 Yohani 4:8, 16) Nta gukeka ko abakerubi bagaragaza iyo kamere igihe bakorera hirya no hino y’intebe y’ubwami ya Yehova. Ca kinyabuzima kigira kane coco bite? Kimeze nk’inkona iriko iraguruka. Yehova ubwiwe aravuga ko inkona ifise ubushobozi bwo kubona kure, ati: “Amaso yayo aguma araba kure cane.” (Yobu 39:29) Ku bw’ivyo, inkona ni ikigereranyo kibereye c’ubukerebutsi burimwo ukubona kure. Yehova ni we Sôko ry’ubukerebutsi kandi abakerubi biwe baragaragaza iyo kamere igihe bagamburuka amategeko yiwe.—Imigani 2:6; Yakobo 3:17.

Ugusamirana kw’amashemezo aturwa Yehova

23. Kuba vya binyabuzima bine “vyuzuyeko amaso” bigereranya iki, kandi kuba bifise amababa abirabiri incuro zitatu bishimika ku ki?

23 Yohani arabandanya kubidondora ati: “Kandi ku vyerekeye ivyo binyabuzima bine, kimwekimwe muri vyo uko bikurikirana gifise amababa atandatu; hirya no hino be no munsi vyuzuyeko amaso. Kandi nta karuhuko bigira ku murango no mw’ijoro kuko biguma bivuga biti: ‘Mweranda, mweranda, mweranda ni Yehova Imana, Mushoboravyose, uwariho kandi ariho kandi ariko araza.’” (Ivyahishuwe 4:8) Kuba ivyo binyabuzima bine vyuzuyeko amaso ni icerekana ko bibona kure kandi ata kibica mu ryahumye. Ubwo bushobozi biguma bibukoresha kuko bidakeneye kuryama. Birigana Yehova kuko ku bijanye na we vyanditswe ngo: “Yehova amaso yiwe anyuragira mw’isi yose kugira ngo yerekane inkomezi ziwe ku bw’abafise umutima ukwiye kuri we.” (2 Ngoma 16:9) Kubera yuko abo bakerubi bafise amaso menshi ukuraho, barashobora kubona hose. Nta na kimwe kibacika. Ku bw’ivyo, barafise ibikenewe vyose kugira bakorere Imana mu gikorwa cayo co guca imanza. Ku bijanye n’Imana, dusoma duti: “Amaso ya Yehova ari ahantu hose, akaguma areretse ababi n’abeza.” (Imigani 15:3) Vyongeye, kubera ko abo bakerubi bafise amababa abirabiri incuro zitatu, igitigiri gatatu muri Bibiliya kikaba gikoreshwa mu gushimika, baranyaruka nk’umuravyo bagiye gutangaza imanza za Yehova no kuzishitsa.

24. Abakerubi bashemeza Yehova gute, kandi ivyo bavuga bisobanura iki?

24 Umve yemwe ururirimbo ruryoheye ugutwi kandi rukora ku mutima abo bakerubi baririmba bashemeza Yehova! Rugira ruti: “Mweranda, mweranda, mweranda ni Yehova Imana, Mushoboravyose, uwariho kandi ariho kandi ariko araza.” N’aha nyene, iryo jambo risubiwemwo gatatu ku bwo gushimika. Abo bakerubi baremeza bashimitse ko Yehova Imana ari mweranda. Ni we Sôko ry’ubweranda akaba na we Karorero ruheta mu bweranda. Vyongeye, ni “Umwami w’ibihe bidahera,” akaba yamye ari “Alufa na Omega, uwa mbere n’uwa nyuma, intango n’iherezo.” (1 Timoteyo 1:17; Ivyahishuwe 22:13) Abo bakerubi ntibaruhuka mu gutangaza mu biremwa vyose kamere ntangere za Yehova.

25. Ni mu buryo ki vya binyabuzima na ba bakurambere 24 basenga Yehova bunze ubumwe?

25 Ijuru ry’amajuru rica risamirana amashemezo aturwa Yehova! Yohani abandanya kubidondora ati: “Kandi igihe cose nya binyabuzima bihaye ubuninahazwa n’iteka n’ugukenguruka Umwe yicaye kuri ya ntebe y’ubwami, Umwe abaho ibihe bitazoshira, ba bakurambere mirongo ibiri na bane baca bikubita hasi imbere y’Umwe yicaye kuri ya ntebe bagasenga Umwe abaho ibihe bitazoshira, bagaterera ingori zabo imbere y’iyo ntebe, bakavuga bati: ‘Urabereye, Yehova, egome wewe Mana yacu, kuronka ubuninahazwa n’iteka n’ububasha, kubera ko waremye vyose, kandi kubera ukugomba kwawe vyarabayeho, biraremwa.’” (Ivyahishuwe 4:9-11) Muri Bibiliya yose, ayo ni yo majambo ahebuje kuruta ayandi yose yo gushemeza Yehova Imana yacu akaba n’Umukama Segaba.

26. Ni kubera iki ba bakurambere 24 baterera ingori zabo imbere ya Yehova?

26 Abo bakurambere 24 baragaragaza umutima nk’uwa Yezu gushika n’aho baterera hasi ingori zabo imbere ya Yehova. Ntibarota bihayagiza imbere y’Imana. Baremera bicishije bugufi ko intumbero yatumye baba abami ari ukugira gusa batere iteka Imana no kugira bayininahaze, nk’uko Yezu yama abigira. (Abafilipi 2:5, 6, 9-11) Barayoboka bakemera icese ko ari batoyi cane, bakatura ko ubutegetsi bwabo babukesha ubusegaba bwa Yehova. Gutyo rero, barahuza neza n’abakerubi be n’ibindi vyaremwe bidahemuka, mu gushemeza no mu kuninahaza ya Mana yaremye ibintu vyose.—Zaburi 150:1-6.

27, 28. (a) Ukuntu Yohani adondora ibintu yeretswe bikwiye gutuma dukora iki? (b) Ni ibibazo ibihe bivyuka ku bijanye n’ivyo Yohani aca abona be n’ivyo yumva?

27 Ni nde ga yemwe yogenda adakozwe ku mutima asomye ukuntu Yohani yigana ivyo bintu yeretswe? Emwe, ni agahore ntiworaba, ni igitangaza! Hari akantu uwovyibonera amaso mu yandi! Icubahiro ca Yehova gikwiye gukabura umuntu wese akenguruka maze akifatanya na vya binyabuzima bine be na ba bakurambere 24 mu kumushemeza, haba mw’isengesho canke mu gutangaza izina ryiwe ku mugaragaro. Iyo ni yo Mana abakirisu batewe agateka ko kubera ivyabona muri iki gihe. (Yesaya 43:10) Niwibuke ko ivyo Yohani yeretswe vyerekeye umusi w’Umukama, ari na wo turimwo. “Za mpwemu indwi” zama ziri hafi kugira zituyobore kandi zidukomeze. (Abagalatiya 5:16-18) Turafise Ijambo ry’Imana muri iki gihe ridufasha kuba aberanda mu gikorwa turangurira Imana nyeranda. (1 Petero 1:14-16) Vy’ukuri, turahiriwe kuba dusoma n’ijwi ryumvikana amajambo y’ubu buhanuzi. (Ivyahishuwe 1:3) Ese ingene aturemesha kuba intahemuka kuri Yehova no kutareka ngo isi itubuze kumuririmbira amashemezo twivuye inyuma!—1 Yohani 2:15-17.

28 Gushika ubu, Yohani yariko adondora ivyo yabonye igihe yahabwa ikaze ngo yinjire aciye mu muryango wuguruye mw’ijuru. Yatwiganiye canecane ko Yehova yicaye ku ntebe yiwe y’ubwami yo mw’ijuru, akaba yisakaye ubwiza bwose bw’icubahiro ciwe n’iteka ryiwe. Akikujwe n’ishirahamwe rikomeye kuruta ayandi yose, ryiza igitangaza kandi ridahemuka. Sentare y’Imana irashashe. (Daniyeli 7:9, 10, 18) Hari ikintu kidasanzwe kigira kibe. None ico na co ni igiki, kandi kitwerekeye gute muri iki gihe? Reka tubirabe!

[Ifoto yuzuye urupapuro rwose, rup. 75]

[Ifoto yuzuye urupapuro rwose, rup. 78]

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika