ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 1/1 rup. 25-29
  • Kurondera ukugororoka bizodukingira

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kurondera ukugororoka bizodukingira
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ingene ukugororoka guhambaye
  • Baragororoka mw’isi itagororoka
  • Umutego w’ubuhumbu
  • Akosho ko mu kibano
  • Ntiwibagire Yehova
  • Uraba maso ku gatima k’ubwigenge
  • Twigane Yezu
  • Nukunde ubugororotsi n’umutima wawe wose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Duhimbarirwe Ubugororotsi bwa Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Abasavyi ba Yehova barakunda ubugororotsi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Gume mubanza kurondera “ubugororotsi bw’imana”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 1/1 rup. 25-29

Kurondera ukugororoka bizodukingira

“Ariko mubanze mwitwaririke [canke, ‘murondere’, “UB”] . . . ukugororoka [kw’Imana]”.​—MATAYO 6:33.

1, 2. Ni ingingo iyihe umukirisukazi umwe akiri muto yafashe, kandi ni kubera iki yayifashe?

MURI Aziya, hari umuvukanyikazi mukirisu akiri muto yari umunyamabanga mu biro bimwe vya Leta. Yaritwararika cane akazi kiwe, agatonda hakiri kare kandi ntatakaze umwanya igihe ari ku kazi. Ariko rero, kubera ko ako kazi yari afise kari ak’agateganyo, harageze igihe co gusuzuma ivyako. Umukuru w’ivyo biro yamubwiye yuko yomukoresheje atari igihe gito gusa, mbere akanamuduza igarade aramutse yemeye kugiranira na we imigenderanire y’ubuhumbu. Uwo muvukanyikazi yaranse yivuye inyuma, naho vyotumye akurwa mu kazi.

2 Uwo mukirisukazi yoba yakoze ibidategereka? Eka data. Yariko yitondera ya majambo ya Yezu agira ati: “Ariko mubanze mwitwaririke [canke, ‘murondere’, UB] . . . ukugororoka [kw’Imana]” (Matayo 6:33). We yabona ko kwisunga ingingo ngenderwako zigororotse bihambaye rwose kuruta kuronka inyungu biciye mu gukora ivy’ubuhumbu.​—1 Ab’i Korinto 6:18.

Ingene ukugororoka guhambaye

3. Ukugororoka ni iki?

3 “Ukugororoka” gusobanura ukuba intadohoka mu vy’inyifato runtu no kuba inzirabugunge. Muri Bibiliya, amajambo y’ikigiriki n’igiheburayo yahinduwe ngo “ukugororoka” atanga iciyumviro c’“ukutagorama” canke “kutabogama”. Ntigusobanura ukwibona ubugororotsi, ari kwo kwiyumvira uko uri ufatiye ku kuntu wewe ubwawe ubona ibintu (Luka 16:15). Ni ukugororoka gufatirwa ku kuntu Yehova abona ibintu. Ni ukugororoka kw’Imana.​—Abaroma 1:17; 3:21.

4. Ni kubera iki ukugororoka guhambaye ku mukirisu?

4 Ni kubera iki ukugororoka guhambaye? Kubera ko Yehova, ya “Mana igororotse”, atonesha abasavyi biwe igihe bakora ivy’ukugororoka (Zaburi 4:1, NW; Imigani 2:20-22; Habakuki 1:13). Umuntu wese akora ivy’ukugabitanya ntashobora kugiranira na we ubucuti bwa somambike (Imigani 15:8). Ico ni co catumye intumwa Paulo ahimiriza Timoteyo ati: “[U]kwifuza kw’ubusore uguhunge, maz’ukurikire ukugororoka”, be n’izindi kamere zihambaye cane (2 Timoteyo 2:22). Ni na co gituma Paulo yashizemwo “icuma gikīngīra igikiriza” ari co “ukugororoka”, igihe yadondora ibirwanishwa vyacu bitandukanye vyo mu vy’impwemu.​—Abanyefeso 6:14.

5. Ibiremwa binyagasembwa bishobora gute kurondera ukugororoka?

5 Ego ni ko, nta muntu n’umwe ari umugororotsi ijana kw’ijana. Abantu bose bararazwe agasembwa na Adamu kandi bose ni abanyavyaha, bakaba rero batagororotse uhereye bakivuka. Yamara, Yezu yavuze ko dukwiye kurondera ukugororoka. Ivyo vyoba bishoboka? Birashoboka kubera ko Yezu yatanze ubuzima bwiwe butagira agasembwa kugira aducungure, kandi niba twizeye iyo nkuka, Yehova ariteguriye kuduharira ivyaha vyacu (Matayo 20:28; Yohana 3:16; Abaroma 5:8, 9, 12, 18). Rero, uko twiga ingingo mfatirwako za Yehova zigororotse tukongera tukagira uko dushoboye kwose ngo tuzikurikize, tugasenga Yehova tumusaba ngo adufashe gutsinda ubugoyagoye bwacu, aremera ugusenga kwacu yishimikije iyo ncungu (Zaburi 1:6; Abaroma 7:19-25; Ivyahishuriwe 7:9, 14). Ese ingene ivyo bihumuriza!

Baragororoka mw’isi itagororoka

6. Ni kubera iki isi yari ahantu h’akaga ku bakirisu bo mu ntango?

6 Igihe abigishwa ba Yezu bashingwa igikorwa co kumushingira intahe “gushitsa ku mpera y’isi”, bari barindiriwe n’ibintu bitoroshe (Ivyakozwe n’intumwa 1:8). Icibare cose bari bahawe “[ca]ganzwa na wa Mubi” ari we Shetani (1 Yohani 5:19, UB). Isi yari yarandujwe n’agatima kabi aremesha, kandi abakirisu ntibari baratewe urucanco rubakingira ako kosho kandukira (Abanyefeso 2:2). Kuri bo, isi yari ahantu h’akaga. Mu gihe boramutse babanje kurondera ukugororoka kw’Imana, ni ho honyene boshoboye kwihangana bakongera bakaguma ari intadohoka. Benshi barihanganye, mugabo hari bakeyi bataye “inzira y’ukugororoka”.​—Imigani 12:28; 2 Timoteyo 4:10.

7. Ni amabanga ayahe asaba ko umukirisu arwanya utwosho twonona?

7 None isi yoba yarahindutse ikaba ahantu hatagira inkomanzi ku bakirisu muri iki gihe? Ihibambewe! Ubu mbere yarononekaye rwose kuruta uko yari imeze mu kinjana ca mbere. Vyongeye, Shetani yarajugunyiwe kw’isi, akaba arwanya bimwe bikaze abakirisu basizwe, ni ukuvuga “abo mu ruvyaro [rwa wa mugore] basigaye, bitondera ivyagezwe n’Imana kandi bafise ibishingira Yesu intahe” (Ivyahishuriwe 12:12, 17). Vyongeye, Shetani aragaba igitero ku muntu wese ashigikira urwo “ruvyaro”. Yamara, abakirisu ntibashobora guhunga isi. Naho batari ab’isi, babwirizwa kuyibamwo (Yohana 17:15, 16). N’ikindi kandi, babwirizwa kuyamamazamwo kugira barondere abantu bari mu mero nziza y’umutima bongere babigishe kuba abigishwa ba Kirisitu (Matayo 24:14; 28:19, 20). Ku bw’ivyo rero, kubera ko abakirisu badashobora kwirinda ijana kw’ijana utwosho twonona two muri iyi si, babwirizwa kutunanira. Reka twihweze tune muri two.

Umutego w’ubuhumbu

8. Ni kubera iki Abisirayeli batanguye gusenga imana z’Abanyamowabu?

8 Igihe Abisirayeli bari bimirije kurangiza rwa rugendo bamaramwo imyaka 40 baca mu bugararwa, benshi muri bo barataye inzira y’ukugororoka. Bari bariboneye ibikorwa vyinshi vyo kubarokora Yehova yari yarakoze, kandi ico gihe bari hafi yo kwinjira mu Gihugu c’Isezerano. Yamara, muri ico gihe gihambaye rwose, baratanguye gukorera imana z’Abanyamowabu. Kubera iki? Batwawe n’“ivyifuzo vy’umubiri” (1 Yohana 2:16). Iyo nkuru yigana iti: “Abantu batangura gusambana n’Abanyamowabukazi”.​—Guharūra 25:1.

9, 10. Ni ibintu ibihe biriho muri kino gihe bituma biba ibihambaye ko umuntu yamiza ku muzirikanyi akosho konona k’ivyipfuzo vy’umubiri bibi?

9 Ico kintu cabaye kirerekana ukuntu ivyipfuzo vy’umubiri bibi bishobora kwonona umuntu asamara. Vyoba vyiza tuhakuye icigwa, canecane kubera yuko ubu abenshi basigaye babona ko ubuhumbu ari ibisanzwe (1 Ab’i Korinto 10:6, 8). Raporo imwe yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ivuga iti: “Imbere yo mu 1970, ivy’ukubana kw’abatandikishije umubano vyari bibujijwe n’amategeko hose muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ubu bisigaye vyarabaye akamenyero. Abarenga ica kabiri c’abubaka ari bwo bwa mbere mu buryo bwemewe n’amategeko, usanga baba barabanje kubana batandikishije umubano”. Ivyo, hamwe n’izindi ngeso mbi zisa na zo, ntibigirwa mu gihugu kimwe gusa. Birangwa kw’isi yose, kandi birababaje kubona abakirisu bamwebamwe barakurikiye iyo ngendo, mbere baranatakaza impagararo bari bafise mw’ishengero rya gikirisu.​—1 Ab’i Korinto 5:11.

10 Vyongeye, ivy’ubuhumbu usanga vyamamazwa mu mihingo nka yose. Amasenema n’ibiganiro vyo kuri televiziyo birerekana yuko atari bibi na gato ko abakiri bato barangura amabanga mpuzabitsina imbere yo kwubaka izabo. Ubucuti bushingiye ku kumarana inambu y’umubiri kw’abasangiye igitsina bwerekanwa nk’aho ari ikintu gisanzwe. N’ikindi kandi, amasanamu menshi arerekana abantu bariko barahuza ibitsina, akavyerekana mu buryo burushiriza kuba ubwibonekeza. Amasanamu yerekana ivy’uguhuza ibitsina araboneka kandi bitagoranye kuri Internet. Nk’akarorero, hari umwanditsi w’ikinyamakuru yavuze yuko agahungu kiwe k’imyaka indwi katashe kavuye kw’ishure maze kamubwira n’akamwemwe kenshi yuko umugenzi bigana kw’ishure yari yubuye umuhora wo kuri Internet werekana abagore bari uko bakavutse bariko baramarana inambu. Se w’ako kana ubwanwa bwarapfutse umunwa. Mugabo none, ni abana bangahe bubura mwene iyo mihora ariko ntibigere babibwira abavyeyi babo? N’ikindi kandi, wibaza ko ari abavyeyi bangahe baba bazi ibiri mu dukino two kuri videwo abana babo bakina? Twinshi mu dukino dukundwa cane usanga turimwo ubuhumbu bushisha, ivy’amadayimoni be n’ivy’ubukazi.

11. Umuryango ushobora gute gukingirwa ubuhumbu bwo muri iyi si?

11 Umuryango ushobora gute kunanira mwene ivyo bintu vyonona vyitwa ngo ni ivy’ukwinezereza? Ushobora kubinanira mu kubanza kurondera ukugororoka kw’Imana, ukanka kwisuka mu kintu cose kirimwo ubuhumbu (2 Ab’i Korinto 6:14; Abanyefeso 5:3). Abavyeyi bacungera neza ivyo abana babo bakora bakongera bakinjiza mu bana babo ugukunda Yehova n’amategeko yiwe agororotse, baba babakomeje kugira birinde ivyerekana ubushegabo, udukino two kuri videwo turimwo ivy’ubuhumbu, amasenema arimwo ivy’ubuhumbu, be n’ibindi bintu bitagororotse vyosha nabi.​—Gusubira mu vyagezwe 6:4-9a.

Akosho ko mu kibano

12. Ni ingorane iyihe yashitse mu kinjana ca mbere?

12 Igihe Paulo yari i Lusitira muri Aziya Ntoya, yarakijije umuntu ku gitangaro. Inkuru ijanye n’ico kintu yigana iti: “Ishengero ribonye ico Paulo akoze, bavuga n’ijwi rirenga mu Kinyalukawoniya, bat’Imana zitumanukiyemwo zīshushanije n’abantu. Barunaba bamwita Zeyu, Paulo na we bamwita Herume, kukw ari we yar’imvuzi” (Ivyakozwe n’intumwa 14:11, 12). Mu nyuma, ayo masinzi nyene ni yo yashatse kwica Paulo na Barunaba (Ivyakozwe n’intumwa 14:19). Biribonekeza yuko abo bantu bashobora gutwarwa bitagoranye n’akosho ko mu kibano. Bisa n’uko igihe bamwebamwe bo muri ako karere bacika abakirisu, bagumye bafise agatima ko kwemera ibintazi. Mw’ikete Paulo yandikiye abakirisu b’i Kolosayi, yarababuriye ngo birinde “gusenga abamarayika”.​—Ab’i Kolosayi 2:18.

13. Ni imigenzo imwimwe iyihe umukirisu ategerezwa kwirinda, kandi ashobora gute kuronka inkomezi zo kuyirinda?

13 Muri iki gihe, abakirisu b’ukuri na bo nyene barakeneye kwirinda imigenzo yemerwa n’abantu benshi ishingiye ku vyiyumviro vyo mu madini y’ikinyoma biteye kubiri n’ingingo ngenderwako za gikirisu. Nk’akarorero, mu bihugu bimwebimwe, ibirori vyinshi bigirwa bwa mugenzo mu misi y’ivuka no mu misi y’urupfu, bishingiye ku kinyoma c’uko ngo dufise umutima w’ubwenge ubandanya kubaho iyo dupfuye (Umusiguzi 9:5, 10). Mu bihugu bimwebimwe usanga hari umugenzo wo gucacura agahimba canke uduhimba tw’irondoka tw’abakobwa bakiri batoyib. Uwo ni umugenzo uranga ubunyamaswa kandi udakenewe uhushanye n’ukuntu abavyeyi bakirisu bakwiye kwitwararikana urukundo ibibondo vyabo (Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7; Abanyefeso 6:4). Umukirisu ashobora gute none kunanira utwosho two mu kibano no guheba mwene iyo migenzo? Ashobora kubigira mu kwizigira Yehova agaherezako (Zaburi 31:6). Ya Mana igororotse izokomeza yongere yitwararike abayibwira babikuye ku mutima bati: “Ur’ubuhungiro bganje n’igihome kinkīngira, Imana yanje nizigira”.​—Zaburi 91:2; Imigani 29:25.

Ntiwibagire Yehova

14. Ni ingabisho iyihe Yehova yahaye Abisirayeli imbere y’uko binjira muri ca Gihugu c’Isezerano?

14 Gatoyi imbere y’uko Abisirayeli binjira muri ca Gihugu c’Isezerano, Yehova yabagabishije ngo ntibaze bamwibagire. Yavuze ati: “Muze mwirinde, mwoye kwibagira Uhoraho Imana yanyu, mukareka kwitondera ivyagezwe vyiwe, n’amatēka yiwe ashinzwe, n’amabgirizwa yiwe, ivyo mbageze uyu musi. Ni mwamara kurya mugahimba, mukūbaka amazu meza mukayabamwo; amasho yanyu n’imikuku yanyu bikagwira, mukagwiza amafeza n’amazahabu, mber’ivyo mufise vyose bikagwira; maze muze mwirinde, imitima yanyu yoye kwishira hejuru, ngo mwibagire Uhoraho Imana yanyu”.​—Gusubira mu vyagezwe 8:11-14.

15. Twoshobora gute kuraba ko tutariko turibagira Yehova?

15 Ikintu nk’ico coba coshobora gushika muri iki gihe? Ego cane, coshobora gushika niba dushira imbere ibidakwiye kuja imbere. Ariko rero, niba tubanza kurondera ukugororoka kw’Imana, ugusenga gutyoroye kuzoba co kintu gihambaye kuruta ibindi vyose mu buzima bwacu. Nk’uko Paulo yaturemesheje kugira, ‘tuzokwicungurira umwanya ubereye’ twongere turangure ubusuku bwacu, tubona ko ibintu vyihutirwa (Ab’i Kolosayi 4:5, NW; 2 Timoteyo 4:2). Mugabo rero, hamwe twoba tubona yuko kwiruhura canke kurondera kwinezereza bihambaye kuruta ukwitaba amakoraniro be n’ubusuku bwo mu ndimiro, twoshobora kwibagira Yehova tukamuha ikibanza ca kabiri mu buzima bwacu. Paulo yavuze yuko mu misi y’iherezo, abantu bobaye “bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana” (2 Timoteyo 3:4). Abakirisu b’inziraburyarya bama bisuzuma kugira barabe neza yuko batoshwa na mwene ukwo kubona ibintu.​—2 Ab’i Korinto 13:5.

Uraba maso ku gatima k’ubwigenge

16. Ni agatima kabi akahe Eva na bamwebamwe bo mu gihe ca Paulo bagaragaje?

16 Muri Edeni, Shetani yarashoboye gufatira ku cipfuzo Eva yari afise kiranga ubwikunzi co kurondera kwigenga. Eva yashatse kwifatira ingingo ku vyerekeye iciza n’ikibi (Itanguriro 3:1-6). Mu kinjana ca mbere, hari abo mw’ishengero ry’i Korinto bari bafise mwene ako gatima k’ubwigenge. Biyumvira yuko bari bazi vyinshi kurusha Paulo, uno akaba yabise mu buryo bw’agahemo intumwa zihambaye.​—2 Ab’i Korinto 11:3-5; 1 Timoteyo 6:3-5.

17. Dushobora gute kwirinda kugira agatima k’ubwigenge?

17 Mw’isi ya kino gihe, abenshi ni “ibirandamuke [n’]abikakisha”, kandi abakirisu bamwebamwe barohejwe n’ako gatima. Hari mbere n’abacitse abarwanya ukuri (2 Timoteyo 3:4; Ab’i Filipi 3:18). Ku bijanye n’ugusenga gutyoroye, birahambaye cane ko turondera kuyoborwa na Yehova tukongera tugasenyera ku mugozi umwe na wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge” be n’abakurambere b’ishengero. Ubwo ni uburyo bumwe bwo kurondera ukugororoka, kandi buraturinda kugira agatima k’ubwigenge (Matayo 24:45-47; Zaburi 25:9, 10; Yesaya 30:21). Ishengero ry’abakirisu basizwe ni “inkingi ishigikiye ukuri”. Yehova yarishizeho kugira adukingire yongere atuyobore (1 Timoteyo 3:15). Gutahura uruhara ruhambaye rifise bizodufasha ‘kutagira ico dukora ku bwo kwifata uko tutari’, ari kwo kwishira imbere, uko tugamburuka tubigiranye ukwicisha bugufi ivyo Imana igomba bigororotse.​—Ab’i Filipi 2:2-4; Imigani 3:4-6.

Twigane Yezu

18. Turemeshwa kwigana Yezu mu buryo butari bumwe ubuhe?

18 Bibiliya yari yaravuze imbere y’igihe ku vyerekeye Yezu iti: “Wakunze ukugororoka, wanka ubugarariji” (Zaburi 45:7; Abaheburayo 1:9). Ese ukuntu ako ari agatima keza dukwiye kwigana (1 Ab’i Korinto 11:1)! Yezu ntiyari azi gusa ingingo mfatirwako za Yehova zigororotse, ariko kandi yarazikunda. Igihe rero Shetani yamugeragereza mu bugaragwa, Yezu yaranse kuva mu ‘nzira y’ubugororotsi’, abigira ata kugonanwa kandi ashikamye.​—Imigani 8:20; Matayo 4:3-11.

19, 20. Ni ivyiza ibihe biva ku kurondera ukugororoka?

19 Ego ni ko, ivyipfuzo vy’umubiri bitagororotse birashobora kuba bikomeye (Abaroma 7:19, 20). Mugabo niba tubona ko ukugororoka ari ukw’agaciro, bizodukomeza kugira twirinde ubukozi bw’ikibi (Zaburi 119:165). Gukunda ukugororoka bimwe bigera ibwina bizodukingira igihe duhanzwe n’ikibi (Imigani 4:4-6). Ibuka yuko igihe cose tworoheye inyosha mbi, tuba duhaye Shetani intsinzi. Ese ukuntu ari vyiza ko tumunanira tugaha Yehova intsinzi!​—Imigani 27:11; Yakobo 4:7, 8.

20 Abakirisu b’ukuri, kubera yuko barondera ukugororoka, “[bar]uzuye imbuto zo kugororoka ziheshwa na Yesu Kristo, ngo [ba]heshe Imana icubahiro n’ishimwe” (Ab’i Filipi 1:10, 11). Barambara “wa muntu musha, yaremwe mw ishusho y’Imana mu kugororoka no mu kwera kw’ukuri” (Abanyefeso 4:24). Ni aba Yehova kandi babaho kugira bamukorere, ntibabaho kugira binezereze bo ubwabo (Abaroma 14:8; 1 Petero 4:2). Ico ni co kintu kigenga ivyo biyumvira n’ivyo bakora. Ese ukuntu bahimbara umutima wa Se wabo wo mw’ijuru!​—Imigani 23:24.

[Utujambo tw’epfo]

a Inama ngirakamaro z’ukuntu abavyeyi bokingira umuryango utwosho tw’ubuhumbu ziraboneka mu gitabu Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

b Ukwo gucacura ako gahimba canke utwo duhimba ku bakobwa canke abakenyezi kwahora kwitwa ugukebwa kw’abantu b’igitsina-gore.

Woshobora kubisigura?

• Ni kubera iki bihambaye cane ko turondera ukugororoka?

• Umukirisu w’umunyagasembwa ashobora gute kurondera ukugororoka?

• Ni ibintu bimwebimwe vyo mw’isi ibihe umukirisu ategerezwa kwirinda?

• Kurondera ukugororoka bidukingira gute?

[Ifoto ku rup. 26]

Ku bayoboke ba Yezu, isi yari ahantu h’akaga

[Ifoto ku rup. 27]

Abana bigishijwe gukunda Yehova, bizobakomeza kugira birinde ubuhumbu

[Ifoto ku rup. 28]

Abisirayeli bamwebamwe bamaze gutunga no gutunganirwa muri ca Gihugu c’Isezerano, baribagiye Yehova

[Ifoto ku rup. 29]

Nka kumwe kwa Yezu, abakirisu baranka ivy’ukugabitanya

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika